Abakolosayi
3 Ariko nimba mwarazuranywe na Kristu+, nimubandanye kurondera ibintu vyo mw’ijuru, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+. 2 Mugumize ubwenge ku bintu vyo mw’ijuru+, ntimubugumize ku bintu vyo kw’isi+. 3 Kuko mwapfuye, ubuzima bwanyu na bwo bukaba bwaranyegejwe hamwe na Kristu mu bumwe n’Imana. 4 Kristu we buzima bwacu+ niyerekanwa, ni ho namwe muzokwerekanwa hamwe na we mu buninahazwa+.
5 Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu+ biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi*, ubuhumane, ukwirekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ivyipfuzo bibi n’umwina, na wo akaba ari ugusenga ibigirwamana. 6 Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana. 7 Ukwo ni ko na mwebwe mwahora mwigenza* kera mu buzima bwanyu*+. 8 Ariko ubu, mutegerezwa kuvyikunkumura vyose: uburake, ishavu, ikibi+, ugutukana+, kandi ntihagire amajambo ateye isoni+ ava mu kanwa kanyu. 9 Ntimubeshane+. Mwambure kamere* ya kera+ n’ingeso bijanye, 10 hanyuma mwambare kamere* nshasha+, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye+, biciye ku bumenyi butagira amakosa. 11 Mu bijanye na kamere nshasha, nta Bagiriki* canke Abayuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, abanyamahanga canke Abasikite*, abashumba canke abidegemvya. Ahubwo Kristu ni vyose kandi muri vyose+.
12 Nuko rero mwebwe abatowe n’Imana+ beranda kandi bakundwa, nimwambare impuhwe n’ikibabarwe+, ubuntu, ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi+ n’ukwihangana+. 13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera uwundi+. Nk’uko Yehova* yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mutegerezwa kugenza ukwo nyene+. 14 Mugabo hambavu y’ivyo vyose, mwambare urukundo+ kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe+.
15 Vyongeye, amahoro ya Kristu naganze mu mitima yanyu*+, kuko ayo mahoro ari yo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe. Kandi mwerekane ko mushima. 16 Ijambo rya Kristu niryuzure muri mwebwe, mugire ubukerebutsi bwose. Mugume mwigishanya mwongera muremeshanya* mukoresheje amazaburi+, amajambo yo gushemeza Imana, indirimbo z’ivy’impwemu ziririmbanywe ugushima*, muririmbira Yehova* mu mitima yanyu+. 17 Ivyo mukora vyose, haba mu mvugo canke mu ngiro, vyose mubikore mw’izina ry’Umukama Yezu, mukengurukira Imana ari yo Data biciye kuri we+.
18 Yemwe bagore, nimuyobokere abagabo banyu+, nk’uko bibereye imbere y’Umukama. 19 Yemwe bagabo, nimugume mukunda abagore banyu+ kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi*+. 20 Yemwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose+, kuko ari vyo bihimbara rwose Umukama. 21 Yemwe ba sebibondo, ntimuratse* abana banyu+ kugira ngo ntibavunike umutima*. 22 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja bo kw’isi* muri vyose+. Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*, ahubwo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova*. 23 Ico mukora cose mugikorane umutima wanyu wose, nk’abakorera Yehova*+, atari nk’abakorera abantu, 24 kuko muzi yuko Yehova* ari we azobaha intoranwa ngo ibe impembo yanyu+. Nimukorere Shobuja Kristu nk’abashumba. 25 Uwukora ikibi ntazobura kwishurwa ikibi yakoze+, kandi nta wuzogirirwa nkunzi+.