ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/1 rup. 4-5
  • Ikintu abantu basaba kw’isi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikintu abantu basaba kw’isi yose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico kintu kirasabwa no mu madini atari aya gikirisu
  • Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • “Mukama, twigishe gusenga”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Ubwami bwawe nibuze”​—Igisabisho kivugwa n’abantu amamiliyoni
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ca gisabisho ca Dawe wa twese—ico gisobanura kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/1 rup. 4-5

Ikintu abantu basaba kw’isi yose

NIWIYUMVIRE abantu amamiliyoni amajana, eka mbere amamiliyaridi, bose bariko barasaba ikintu kimwe. Bariko basaba ngo ubutegetsi buruta ubundi bwose kw’isi no mw’ijuru bubaronse ikintu kanaka. Yamara, bake cane muri bo ni bo bazi neza na neza ico basaba ico ari co. Ivyo vyoba bishobora gushika? Tuvugishije ukuri, ivyo ni vyo bishika imisi yose. None abo bantu bose baba bariko barasaba iki? Baba bariko barasaba ko Ubwami bw’Imana bwoza.

Hari abagereranije yuko hariho nk’amadini 37.000 yiyita ko ari aya gikirisu, ayavuga ko Yezu Kristu ari we Ndongozi yabo. Ayo madini afise abanywanyi barenga imiliyaridi zibiri. Benshi cane muri bo baravuga ca gisabisho gikunze kwitwa Dawe wa twese. Woba ukizi? Dukurikije uko Yezu yacigishije abayoboke biwe, gitangura gitya: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru”.​—Matayo 6:9, 10.

Ubu haraciye ibinjana n’ibindi abantu basubiramwo ayo majambo babigiranye ukwubaha, igihe baba bari mu misa bariko barasenga. Barayasubiramwo kandi ku mutwe bari mu muryango canke umuntu umwumwe wese ari ukwiwe, mu bihe ibintu vyifashe neza no mu bihe vyifashe nabi. Ayo majambo bayavuga ata buryarya, eka mbere bashimitse. Abandi batari bake barayafashe ku mutwe maze bakama bayasubiramwo, batazi n’ico asobanura. Abo banywanyi b’amadini y’abiyita abakirisu si bo bonyene bizigiye ukuza kw’Ubwami bw’Imana kandi basenga babusaba.

Ico kintu kirasabwa no mu madini atari aya gikirisu

Rimwe mu masengesho yo mw’idini ry’Abayuda (Kaddish) rizwi cane ni iryo gucura intimba. Naho atari isengesho rijanye n’ivy’urupfu canke intuntu, rirakunda gusubirwamwo mu bihe abantu baba babuze ababo. Iryo sengesho rivuga riti: “Ese [Imana] yoshinga Ubwami bwayo ukiriho . . . mbere ikabigira ningoga”a. Irindi sengesho rya kera ryavugirwa mw’isinagogi rivuga ibijanye n’icizigiro c’Ubwami burongowe na Mesiya akomoka mu nzu ya Dawidi.

Abandi bantu bari mu madini atari aya gikirisu basanze Ubwami bw’Imana ari ikintu gihimbaye. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (The Times of India) kibivuga, indongozi y’idini y’Umuhindi izwi cane yo mu kinjana ca 19, uwitwararika cane kurondera amasano yoba ari hagati y’abahindu, abisilamu be n’abemera Kristu, yavuze ati: “Ubwami bw’Imana bw’ukuri, ntibuzoza abo mu bihugu vyo muri Aziya be n’abo mu za Buraya batagiye hamwe”. Umuyobozi umwe w’ishure rimwe ry’abisilamu ry’i Strathfield muri Ositaraliya, na we aherutse kwandikira ikinyamakuru kimwe ati: “Cokimwe n’abisilamu bose, ndemera [yuko] Yezu azogaruka agashinga Ubwami bw’Imana bw’ukuri”.

Nta gukeka rero ko abizigiye Ubwami bw’Imana kandi basenga babusaba, ubu baharurwa mu mamiliyaridi. Ariko raba iki kintu gishimishije.

Ushobora kuba uzi yuko twebwe Ivyabona vya Yehova, abasohora iki kinyamakuru, tugenda ku nzu n’inzu mu kibano iwanyu kugira tuganire n’abantu ibijanye na Bibiliya. Gushika ubu iki kiganiro kiriko kirandikwa, dukora ico gikorwa kw’isi yose, mu bihugu 236 be no mu ndimi zirenga 400. Iciyumviro nyamukuru c’ivyo twamamaza ni Ubwami bw’Imana. Nkako, urabona ko umutwe wose w’iki kinyamakuru ari Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova. Turakunda kubaza abantu nimba basenga basaba ubwo Bwami. Abatari bake bishura ko babusaba. Yamara rero, igihe babajijwe ico ubwo Bwami busobanura, benshi bishura bati: “Nta vyo nzi”, canke bagatanga inyishu idatomoye kandi irimwo ugukekeranya.

Ni kubera iki abantu benshi cane gutyo basaba ikintu badashobora gusobanura? Kwoba ari kubera ko Ubwami bw’Imana ari ikintu kitumvikana kandi kidatomoye? Haba namba. Ubwami burasigurwa neza kandi mu buryo butomoye muri Bibiliya. N’ikirushirije, ubutumwa bwo muri Bibiliya bujanye n’Ubwami burashobora gutuma ugira icizigiro nyakuri muri ibi bihe vy’umwiza. Mu kiganiro gikurikira, turaza kubona ukuntu Bibiliya isigura ico cizigiro. Hanyuma turaza kubona igihe rya sengesho rya Yezu rijanye n’uko Ubwami bwoza, rizokwishurirwa.

[Akajambo k’epfo]

a Cokimwe na rya sengesho ry’akarorero Yezu yigisha, iryo sengesho ryo gucura intimba ry’Abayuda na ryo nyene risaba ko izina ry’Imana ryokwezwa. Naho hari impari ku vy’uko iryo sengesho ari iryo mu gihe ca Kristu canke mbere imbere yaho, ntidukwiye gutangazwa n’isano iryo ari ryo ryose rifitaniye na rya sengesho ry’akarorero. Isengesho Yezu yigishije ntiryari rifise intumbero yo gutanguza ikintu gishasha. Ikintu cose casabwa muri ryo cari gishingiye ku Vyanditswe Abayuda bose bari bafise ico gihe. Yezu yariko aremesha Abayuda bagenziwe gusenga basaba ibintu bari bakwiye kuba basanzwe basaba.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika