Yehova arakoranya abasavyi biwe bahimbawe
“Koranya abantu, abagabo n’abagore n’abana batoyi na kavamahanga wawe.”—GUS. 31:12.
1, 2. Ni ibintu ibihe bijanye n’amahwaniro ya gitewokarasi tugira twihweze?
AMAHWANIRO mpuzamakungu be n’ay’intara aramaze igihe agirwa n’Ivyabona vya Yehova bo mu bihe vya none nk’uko abatari bake muri twebwe bavyibuka. Benshi muri twebwe baramaze igihe bitaba ivyo biringo biteye umunezero, abatari bake bakaba bashobora kuba bamaze imyaka mirongo bavyitaba.
2 Mu myaka ibihumbi iheze, abasavyi b’Imana na bo nyene baragira amahwaniro meranda. Tugira twihweze amahwaniro amwamwe avugwa mu Vyanditswe, ano akaba ari yo ayagirwa mu bihe vya none yisunga, turabe amasano ari hagati y’ibintu vyaranga iyo mitororokano ya kera be n’ibiranga iyo muri iki gihe, maze dushimike ku vyiza tuhakura igihe tuyitavye.—Zab. 44:1; Rom. 15:4.
AMAHWANIRO Y’INTIBAGIRWA YA KERA BE N’AYO MU BIHE VYA NONE
3. (a) Ni igiki caranze ihwaniro rya mbere rivugwa mu Vyanditswe ryagizwe n’abasavyi ba Yehova? (b) Abisirayeli bahamagarwa gute kugira ngo bakoranire hamwe?
3 Rya teraniro ryabera ku mucamo w’Umusozi Sinayi ni wo mutororokano wa mbere munini uvugwa mu Vyanditswe abasavyi b’Imana bagize kugira ngo bigishwe mu buryo bw’impwemu. Wabaye vy’ukuri ikintu gihambaye muri kahise k’ugusenga gutyoroye. Muri ico kiringo giteye umunezero, kikaba ata gukeka carabaye intibagirwa ku bari ng’aho, Yehova yareretse Abisirayeli ububasha bwiwe igihe yabaha Itegeko ryiwe. (Kuv. 19:2-9, 16-19; soma Kuvayo 20:18; Gusubira 4:9, 10.) Ico kintu cogize ikintu kinini gikoze ku migenderanire Isirayeli yogiraniye n’Imana mu nyuma. Haciye igihe gito, Yehova yarashizeho uburyo bwogiye burakoreshwa mu gutumako abasavyi biwe. Yategetse Musa guhingura inzumbete zibiri z’ifeza zogiye zirakoreshwa mu guhamagara “ikoraniro ryose” kugira ngo rikoranire “ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.” (Guh. 10:1-4) Gerageza kwiha ishusho y’umunezero warangwa kuri ben’ivyo biringo!
4, 5. Ni kubera iki amahwaniro yatunganijwe na Musa be na Yosuwa yari ahambaye cane?
4 Ya myaka 40 Abisirayeli bamara mu gahinga iri mu kurangira, ku gihe cari gihambaye cane kuri iryo hanga ryari rishasha, Musa yarakoranije Abisirayeli bagenziwe. Bari biteguriye kwinjira mu Gihugu c’isezerano. Ico cari igihe kibereye c’uko Musa yibutsa bene wabo ibintu vyose Yehova yari yarabakoreye be n’ibintu vyose yari kuzobakorera.—Gus. 29:1-15; 30:15-20; 31:30.
5 Kuri iryo hwaniro nyene hashobora kuba ari ho Musa yavuga ibijanye n’intunganyo yogiye iragirwa yo gukoranya abasavyi b’Imana kugira ngo bigishwe. Mu myaka y’Isabato mu gihe c’Umusi mukuru w’insago, abagabo, abagore, abana na ba kavamahanga bo muri Isirayeli babwirizwa gukoranira mu kibanza Yehova yaba yatoye ‘kugira bumvirize no kugira bige gutinya Yehova Imana bongere bitwararike gushitsa amajambo yose y’Itegeko.’ (Soma Gusubira 31:1, 10-12.) Ku bw’ivyo, kuva igisata c’Imana gitanguye kubaho, vyaragaragara ko babwirizwa kuza barakoranira hamwe kugira ngo bihweze ijambo rya Yehova n’imigambi yiwe. Igihe Abisirayeli bari baramaze kwigarurira Igihugu c’isezerano mugabo bakaba bari bagikikujwe n’amahanga y’abapagani, Yosuwa yarakoranije Isirayeli yose afise intumbero yo gukomeza umwiyemezo bari bafise wo kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Ivyo vyatumye ico gisata kirahira yuko kizokorera Imana.—Yos. 23:1, 2; 24:1, 15, 21-24.
6, 7. Ni mu buryo ubuhe twovuga ko amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova yagizwe mu bihe vya none yabaye ibintu vy’intibagirwa?
6 Abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none na bo nyene bamye bagira amahwaniro y’intibagirwa, muri ivyo biringo hakaba ari ho hagiye haramenyeshwa amahinduka ahambaye mu bijanye na tewokarasi canke mu bijanye n’ukuntu dutahura Ivyanditswe bimwebimwe. (Imig. 4:18) Ihwaniro rya mbere rikomeye Abatohoji ba Bibiliya bagize inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose ryabereye i Cedar Point muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1919. Kuri uwo mutororokano, uwitwabwe n’abantu nka 7.000, haratangujwe isekeza ryo kwamamaza kw’isi yose. Mu 1922, kw’ihwaniro ryamaze imisi icenda ryabereye muri ico kibanza nyene, Joseph F. Rutherford yaratumye ico gikorwa kirushiriza kugirirwa umwete, mu guhimiriza abariko baramwumviriza bitonze ati: “Mubere Umukama ivyabona b’abizigirwa kandi b’ukuri. Shishikare urugamba gushika ibisigarira vyose vya Babiloni biherengeteye. Tangaze ubwo butumwa mu mihingo ya kure. Isi itegerezwa kumenya yuko Yehova ari Imana be n’uko Yezu Kristu ari Umwami w’abami n’Umukama w’abakama. Uyu ni umusi uruta iyindi yose. Raba, Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Abari ng’aho, hamwe n’abasavyi b’Imana bo hirya no hino kw’isi, barakirije yompi ayo majambo yo kubahimiriza.
7 Mu 1931, kw’ihwaniro ryabereye i Columbus muri Ohio, Abatohoji ba Bibiliya barahimbawe rwose no kwitwa Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma, mu 1935, kw’ihwaniro ryabereye i Washington, D.C., umuvukanyi Rutherford yarerekanye abagize rya “sinzi rinini” abo ari bo, bano bakaba bavugwa mu Vyahishuwe ko “bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 7:9-17) Mu 1942, mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, Nathan H. Knorr yarashikirije insiguro ikora ku mutima ivuga ngo “Amahoro yoba ashobora kurama?” Muri iyo nsiguro, yarerekanye “ca gikoko c’ibara ry’agahama” kivugwa mu Vyahishuwe 17 ico ari co, yongera aravuga yuko inyuma y’iyo ntambara hobaye hakiriho vyinshi vyo gukora mu gikorwa co kwamamaza.
8, 9. Ni ibiki vyatumye amahwaniro amwamwe akora ku mutima bimwe bidasanzwe abasavyi b’Imana?
8 Ikintu cibonekeje bimwe bidasanzwe kw’Iteraniro rya gitewokarasi ryataziriwe ngo “Amahanga ahimbawe” ryabereye i Cleveland muri Ohio mu 1946, yari insiguro yashikirijwe n’umuvukanyi Knorr yari ifise umutwe uvuga ngo: “Ingorane zijanye n’ugusanura be n’ukwagura.” Umwe mu bari ng’aho yarerekanye ukuntu iyo nsiguro yatumye abantu banezerwa cane mu kwandika ati: “Nari natewe agateka ko kuja inyuma yiwe ku mukiruruko kuri uwo mugoroba, kandi igihe yasigura ibijanye n’igikorwa hanyuma akavuga ivyerekeye umugambi wo kwagura Beteli n’icapuriro vy’i Brooklyn, isinzi ry’abantu ryari ng’aho ryaciye rikoma amashi ryisubiriza. Naho umuntu atashobora kubona neza ukuntu mu maso h’abari ng’aho hameze ari ku mukiruruko, vyari vyoroshe gutahura ko banezerewe.” Kw’ihwaniro mpuzamakungu rimwe ryabereye mu gisagara ca New York mu 1950, abari ng’aho barahimbawe cane no kuronka Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu congereza, ikaba yari igihimba ca mbere mu bihimba bigize Bibiliya yahinduwe mu mvugo ya none yasubije izina ry’Imana mu kibanza caryo mw’Ijambo ryayo.—Yer. 16:21.
9 Amahwaniro Yehova yakoranirijemwo Ivyabona vyiwe b’abizigirwa inyuma y’ibiringo vy’uruhamo canke ukubuzwa kw’igikorwa cabo, na yo nyene yarabavyuriye cane umutima wo kugira ico bakoze. Adolf Hitler yari yariyemeje guherengeteza Ivyabona vya Yehova mu Budagi, mugabo abashika 107.000 barakubise baruzura mu kibanza yahora agiriramwo ibirori i Nuremberg kw’ihwaniro rimwe ryabaye mu 1955. Benshi mu bari ng’aho vyaranse ko bigumya barakorora amosozi y’umunezero! Benshi mu bashitsi 166.518 bari baje ku mahwaniro atatu yataziriwe ngo “Ukwihebera Imana” yabereye muri Polonye mu 1989, bari baje bava mu citwa ico gihe Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti no muri Cekosolovakiya be no mu bindi bihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko. Bamwebamwe ryari irya mbere bitavye umutororokano urimwo abasavyi b’Imana barenga 15 canke 20. Iyumvire kandi umunezero abantu bagize kw’Ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Inyigisho iva ku Mana” ryabereye i Kiev muri Ukraine mu 1993, aho abantu 7.402 babatijwe, kikaba ari co gitigiri kinini kuruta ibindi vyose vy’Ivyabona vya Yehova babatijwe ku musi umwe.—Yes. 60:22; Hag. 2:7.
10. Ni amahwaniro ayahe yabaye canecane ay’intibagirwa kuri wewe, kandi kubera iki?
10 Hashobora kuba hariho amahwaniro y’intara canke mpuzamakungu utazokwigera wibagira. Woba wibuka ihwaniro rya mbere witavye canke kumbure iryo wabatirijweko? Ivyo vyabaye ibiringo bijanye n’ivy’impwemu vy’intibagirwa kuri wewe. Ntuze wigere wibagira ivyo bintu!—Zab. 42:4.
IBIRINGO BITERA UMUNEZERO VYAMA BIBA
11. Ni imisi mikuru y’ibiringo iyihe Imana yategetse Isirayeli ya kera kwama igira?
11 Yehova yasaba yuko Abisirayeli bakoranira i Yeruzalemu ku bw’imisi mikuru y’ibiringo itatu yagirwa buri mwaka, iyo na yo ikaba yari Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro, Umusi mukuru w’amayinga (uwahavuye witwa Pentekoti) be n’Umusi mukuru w’insago. Ku bijanye n’iyo misi mikuru, Imana yategetse iti: “Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe azoseruka mu maso y’Umukama w’ukuri, Yehova.” (Kuv. 23:14-17) Kubera yuko ba serugo benshi batahura ko iyo misi mikuru yari ihambaye cane mu vy’impwemu, barayitaba bari kumwe n’umuryango wabo wose.—1 Sam. 1:1-7; Luka 2:41, 42.
12, 13. Kwitaba imisi mikuru yagirwa buri mwaka, vyasaba iki Abisirayeli benshi?
12 Iyumvire ico kugira urwo rugendo vyasaba umuryango w’Umwisirayeli. Nk’akarorero, Yozefu na Mariya bagira urugendo rw’ibilometero 100 bava i Nazareti baja i Yeruzalemu udashizemwo gusubira inyuma. Wibaza yuko vyogutwara igihe kingana gite kugira urangize urwo rugendo n’amaguru uri kumwe n’abana batoyi? Inkuru ijanye n’igihe Yezu yaja i Yeruzalemu akiri muto, irerekana yuko incuti n’abandi bantu bashobora kuba baragira mwene izo ngendo bari mu mugwi. Gitegerezwa kuba cari ikintu kitoroshe kuri bo kugira urugendo no gutegurira hamwe imfungurwa be no kuronka aho barara habereye bari ahantu batazi. Yamara, hari umutekano uhagije ku buryo umwana w’imyaka 12 nka Yezu ahabwa umwidegemvyo ku rugero runaka. Iyumvire ukuntu iyo misi mikuru ishobora kuba yaraba intibagirwa, na canecane ku bakiri bato!—Luka 2:44-46.
13 Igihe Abisirayeli bari barasanzariye kure cane y’igihugu cabo c’amavukiro, abitaba iyo misi mikuru baza bavuye mu bihugu vyinshi. Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C, Abayuda be n’abahindukiriye idini ryabo bakenguruka baragira urugendo baja i Yeruzalemu bavuye nko mu Butaliyano, muri Libiya, i Kirete, muri Aziya ntoyi no muri Mezopotamiya.—Ivyak. 2:5-11; 20:16.
14. Abisirayeli bungukira gute ku kwitaba imisi mikuru yaba buri mwaka?
14 Ikintu nyamukuru Abisirayeli b’abizigirwa bitwararika cane muri izo ngendo wari umuce ujanye n’ivy’impwemu, ni ukuvuga gusenga Yehova babishashaye bari kumwe n’abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi bakunda ibintu vy’impwemu. None ivyo vyagira ico bikoze gute ku baba bayitavye? Inyishu tuyisanga mu buyobozi Yehova yahaye abasavyi biwe ku bijanye n’Umusi mukuru w’insago. Yavuze ati: “Utegerezwa kunezerwa mu gihe c’umusi mukuru wawe, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi na kavamahanga n’impfuvyi n’umupfakazi, bari mu marembo yawe. Imisi indwi uzohimbaza umusi mukuru ku bwa Yehova Imana yawe ahantu Yehova azotora, kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira mu mwimbu wawe wose no mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe, kandi utegerezwa kuba uwunezerewe gusa.”—Gus. 16:14, 15; Soma Matayo 5:3.
KUBERA IKI TWOHA AGACIRO AMAHWANIRO YO MU BIHE VYA NONE?
15, 16. Ni utwigoro utuhe wabwirijwe kugira kugira ngo witabe amahwaniro? Ni kubera iki utwo twigoro tutabaye impfagusa?
15 Ese ukuntu iyo mitororokano ya kera ari uburorero bwiza ku basavyi b’Imana bo muri iki gihe! Naho ibintu vyinshi vyahindutse mu myaka amajana ihaciye, ibintu nyamukuru biranga amahwaniro ntivyahindutse. Mu bihe vya Bibiliya, abasavyi b’Imana bategerezwa kugira utwigoro kugira ngo bitabe amahwaniro. Ukwo ni ko benshi babigira muri iki gihe. Yamara, akigoro bagira karavamwo ivyiza. Iyo misi mikuru yari ibiringo vyo mu vy’impwemu bihambaye kandi n’ubu ni ko biri. Biraturonsa amakuru n’ugutahura bidufasha cane kuguma dufitaniye n’Imana ubucuti bwa hafi. Amahwaniro aratuvyurira umutima wo gushira mu ngiro ivyo twiga, akadufasha kwirinda ingorane, akongera akaturemesha kuguma dukurikirana ibintu bituruhurira aho gukurikirana ibituruhisha.—Zab. 122:1-4.
16 Umunezero ni ikintu abantu bitaba amahwaniro bama bironkera. Raporo imwe yagizwe ku bijanye n’ihwaniro rinini rimwe ryabaye mu 1946, yavuze iti: “Vyari biteye akamwemwe kwibonera ivyabona ibihumbi n’ibihumbi bicaye neza batekanye, eka mbere vyari birushirije kuba ibiteye umunezero kwumviriza umugwi munini w’abacuraranzi uherekejwe n’amajwi y’abantu amasinzi bariko bararirimba indirimbo z’Ubwami ziryoheye ugutwi zo gushemeza Yehova.” Iyo raporo yongeyeko iti: “Urwego rujejwe abakora bavyishakiye rwaranditse bamwebamwe mu bavuye mu bindi bihugu bitanze kugira ngo bakorere mu nzego zose, babitumwe gusa n’uko bahimbarwa no gusukurira ivyabona bagenzi babo.” Woba nawe warigeze kugira umunezero nk’uwo ku mahwaniro y’intara canke mpuzamakungu?—Zab. 110:3; Yes. 42:10-12.
17. Ni amahinduka ayahe yabaye mu bijanye no gutunganya amahwaniro mu bihe vya vuba?
17 Hariho ibintu bimwebimwe vyahindutse mu bijanye n’ukuntu amahwaniro atunganywa. Nk’akarorero, bamwebamwe mu basavyi b’Imana baribuka igihe amahwaniro yashobora kumara imisi umunani! Hariho ibiringo vyo mu gitondo, ku muhingamo no mw’ijoro. Umurimo wo mu ndimiro wama uri mu bigize porogarama. Rimwe na rimwe porogarama yatangura isaha zitatu zo mu gitondo igahera isaha zitatu zo mw’ijoro. Abakora bavyishakiye barakora umwanya muremure kandi bagatama mu gutegurira abitavye ihwaniro ibifungurwa vyo mu gitondo, ivyo ku mutaga n’ivyo mw’ijoro. Ubu amahwaniro amara imisi mikeyi, kandi kuba imiryango be n’abantu ku giti cabo bitegurira ibifungurwa, biratuma barushiriza gutega yompi iyo porogarama yo gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu.
18, 19. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishikirizwa ku mahwaniro urindirana igishika, kandi kubera iki?
18 Ibintu bimwebimwe bimaze igihe bishirwa muri porogarama y’amahwaniro, usanga tubirindirana igishika. “Ibifungurwa [vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa] ku gihe kibereye,” ibituma turushiriza gutahura ubuhanuzi be n’inyigisho vyo muri Bibiliya, ntitubironka biciye gusa ku nsiguro ariko kandi tubironka biciye ku bisohokayandikiro bishasha bisohorwa ku mahwaniro. (Mat. 24:45) Bene ivyo bisohokayandikiro, akenshi usanga ari ibikoresho bifasha abantu b’umutima nziraburyarya gutahura ukuri kwo mu Vyanditswe. Ibikino bishingiye kuri Bibiliya bikora ku mutima biraremesha abakiri bato n’abakuze gusuzuma imvo zituma bakora ibintu no kwirinda utwosho tuva ku vyiyumviro vyo muri iyi si bitandukanye n’ivy’Imana. Insiguro y’ibatisimu na yo nyene iratuma twese turonka akaryo ko kwihweza ivyo dushira imbere y’ibindi mu buzima bwacu ikongera igatuma tunezerwa no kwibonera abandi babatizwa mu kwerekana yuko biyeguriye Yehova.
19 Egome, amahwaniro, ano akaba amaze igihe ari umuce w’ugusenga gutyoroye, aratuma abasavyi ba Yehova bahimbawe baronka ibikenewe vyose kugira ngo bamukorere mu buryo bubereye mu bihe bigoye. Iyo mitororokano iradukabura mu buryo bw’impwemu, ikaturonsa uturyo two kuronka abandi bagenzi, ikadufasha gutahura umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, kandi ni bwo buryo nyamukuru Yehova akoresha mu guhezagira abasavyi biwe no mu kubitwararika. Nta gukeka ko umwe wese muri twebwe yipfuza gutunganya ivyiwe kugira ngo yitabe ibiringo vyose vy’ihwaniro yongere avyungukireko.—Imig. 10:22.