Bika neza
Woba uriko urakoresha utu dutabu?
Pourquoi adorer Dieu en amour et en vérité?
Kagenewe gushimisha abahindu
Ingene twogashikiriza: “Hari igisabisho co mu Buhindi kizwi cane kigira giti: ‘Nkura mu kinyoma unjane mu kuri. Nkura mu mwiza unjane mu muco.’ Woba wibaza ko bihambaye gusenga Imana mu kuri no mu rukundo? [Rindira yishure.] Raba ico Yezu yabivuzeko.” Soma Yohani 4:24. Nuce usoma ingingo ya 4 iri ku rupapuro rwa 3 maze umushikirize ako gatabu.
Woshobora kugerageza iki kintu: Nimba yemeye ako gatabu, nuce uvuga uti: “Hari inararibonye z’abahindu zivuga yuko ukuri kunyegejwe mu mitima yacu. Izindi na zo zivuga ko ukuri kuri mu vyanditswe vyeranda. Ubutaha, noshima ko tuganira ku kibazo kiri mu mpera y’ingingo ya 3 ku rupapuro rwa 4 kibaza aho tworonderera ukuri kuva ku Mana.”
Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ubaho ubhimbawe
Kagenewe gushimisha abisilamu baba ahantu bumva bafise umwidegemvyo wo kwiga Bibiliya
Ingene twogashikiriza: Mwereke ishusho iri ku rupapuro rwa 16-17 uce uvuga uti: “Ibi tubona ng’aha biratandukanye cane n’ivyo tubona mw’isi muri iki gihe. Woba wibaza ko bishoboka ko umusi uri izina kw’isi ibintu bizomera gutya? [Rindira yishure.] Raba ivyo iki gitabu c’Imana gisezerana. [Soma muri Bibiliya yawe kimwe mu vyanditswe bisubirwamwo kuri izo mpapuro.] Aka gatabu karadufasha kwizera vy’ukuri yuko ivyo bintu Imana isezerana bizoranguka.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Murangije kuyaga ari ryo rya mbere, numusabe ahitemwo kimwe mu bibazo biri ku rupapuro rwa nyuma. Nuce utunganya ivyo kuzogaruka kugira murabire hamwe inyishu muri ako gatabu.
Urashobora kuba Umukunzi w’Imana!
Kagenewe gushimisha abize amashure make canke abatazi gusoma neza
Ingene twogashikiriza: “Woba wibaza ko dushobora kuba abakunzi b’Imana? [Rindira yishure. Nuce usoma Yakobo 2:23.] Aka gatabu kagenewe kudufasha kuba abakunzi b’Imana nka kumwe kwa Aburahamu.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Igihe muyaga ari ryo rya mbere canke ugarutse kumuraba, numwereke ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa mu kurabira hamwe ibiri mu cigwa ca 1 cose canke igice caco.
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Kagenewe gushimisha abazi bike kuri Bibiliya, na canecane abatari abakirisu
Ingene twogashikiriza: “Twoshima kumenya ico wiyumvira kuri iki kintu kivugwa mu Vyanditswe (canke muri iki gitabu ceranda). [Soma Zaburi 37:11, icanditswe kiri mu sgihimba ca 11.] Wibaza ko isi izomera gute ibi bivuzwe nivyaranguka? [Rindira yishure.] Ako ni akarorero kamwe k’icizigiro n’uruhoza abantu bo mu mico yose no mu madini yose bashobora kuronka biciye kuri Bibiliya.” Soma ingingo itangura hejuru ku rupapuro rwa 3, uheze ushikirize ako gatabu.
Woshobora kugerageza iki kintu: Nimba wiga n’umuntu atari umukirisu mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, igihe cose mutanguye canke murangije kwiga nuze urafata akanya gatoyi ko gusuzumira hamwe igihimba kimwe c’ako gatabu kugira abone muri rusangi ibiri muri Bibiliya.
Un livre pour tous
Kagenewe gushimisha abantu bize mugabo bazi bike kuri Bibiliya
Ingene twogashikiriza: Soma 2 Timoteyo 3:16, 17. Nuce uvuga uti: “Woba nawe wemera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana? Canke ubona ko ari igitabu ciza gusa? [Rindira yishure.] Ico kibazo abantu benshi usanga bari n’ico bakivugako, ariko twasanze bake ari bo mu vy’ukuri bamaze kwisuzumira Bibiliya. [Soma icabonywe kiri munsi y’umutwe uri ku rupapuro rwa 3.] Aka gatabu gashimishije karerekana imvo zumvikana zotuma abantu bo mu mico kama yose no mu madini yose bihweza ibiri muri Bibiliya.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Nimba uwo muyaga yemeye ako gatabu, nuce uvuga uti: “Impamvu imwe ituma abantu benshi babona ko Bibiliya ata kintu kinini yobamarira ni uko amadini yatumye abantu babona ukutari ko Bibiliya be n’ivyo yigisha. Ninagaruka, noshima kuguha akarorero.” Ugarutse, nimwihweze bimwebimwe mu bivugwa ku rupapuro rwa 4-5.
Une vie pleinement satisfaisante: Comment?
Kagenewe gushimisha abantu batitaho ivy’Imana
Ingene twogashikiriza: “Tubagendeye kubera ko abantu benshi bipfuza kugira ubuzima burushirije kuba ubuhimbaye. Twese turashikirwa n’ingorane zishobora gutuma twumva tudahimbawe. Zidushikiye, twoshobora gusaba impanuro incuti canke umugenzi twizigiye, canke tukazironderera mu bitabu kibure ku buhinga bwa Internet. Wewe wasanze impanuro nziza umuntu yozikura hehe? [Rindira yishure.] Bamwebamwe baratangaye baronse impanuro ngirakamaro muri Bibiliya. Reka nkwereke akarorero. [Numwereke ikigabane ca 2 muce musoma kimwe mu vyanditswe vyasubiwemwo.] Aka gatabu kagenewe gusigura ukuntu twoshikira ubuzima burushirije kuba ubuhimbaye.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Nimba yemeye ako gatabu, nuce uvuga uti: “Benshi barumvise bivugwa yuko Bibiliya yuzuyemwo amakosa. Ninagaruka, noshima kukwereka akarorero koshobora kugutangaza kerekana ko Bibiliya ihuza n’ivyo abahinga bubuye.” Ugarutse, nimwihweze ingingo ya 4 iri ku rupapuro rwa 12.
Nos problèmes—Qui nous aidera à les résoudre?
Kagenewe gushimisha abahindu
Ingene twogashikiriza: “Abantu benshi twayaze baratuntuzwa n’ububisha babona mw’isi. Woba wiyumvira ko umusi uri izina Imana izokura ingorane kuri iyi si? [Rindira yishure.] Aya majambo yavuzwe kera araduha icizigiro. [Soma Zaburi 37:11.] Ayo majambo ndayasomye muri Bibiliya, igitabu gikunze gutahurwa no gukoreshwa ukutari ko. Wotangazwa no kumenya ko Bibiliya atari igitabu c’abazungu; ntiremesha ivyiyumviro vy’ubukoloni canke vy’uko hari abantu b’ibara rinaka ry’urukoba baruta abandi. Ahubwo iraduha icizigiro c’uko Imana igiye kudukurako ingorane zacu. Irimwo kandi ingingo ngenderwako zishobora kudufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira ubu. Aka gatabu karatanga n’ayandi makuru.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Ikindi gihe, nimba waramaze gutuma ashimishwa na Bibiliya, numwereke amashusho ari ku rupapuro rwa 4-5 mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Nusome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyasubiwemwo, uce umushikiriza ico gitabu.
La direction venant de Dieu : le chemin qui mène au Paradis
Kagenewe gushimisha abisilamu baba ahantu bumva bafise umwidegemvyo wo kwiga Bibiliya
Ingene twogashikiriza: “Amatwi ansumira ngo abisilamu bemera Imana y’ukuri imwe n’intumwa zayo zose. Nankana? [Rindira yishure.] Nagomba tuyage ikintu kimwe intumwa y’Imana yavuze kera yuko isi izohinduka iparadizo. Wonkundira nkagusomera ivyo iyo ntumwa y’Imana yanditse? [Soma Yesaya 11:6-9.] Benshi baribaza ukuntu Imana izobigenza. Aka gatabu karerekana ico intumwa z’Imana zibivugako.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Nimba yemeye ako gatabu, nuce uvuga uti: “Iki gitabu c’Imana kirasigura yuko mu ntango umuntu yaba mw’iparadizo. Nitwasubira kuyaga, noshima kwishura iki kibazo: ‘Umuntu yateye gute akagere ubuyobozi bw’Imana bituma atakaza iparadizo?’” Ugarutse, nimwihweze ibivugwa mu ntango z’igihimba gitangurira ku rupapuro rwa 6.
Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie
Kagenewe gushimisha abakirisu b’urwaruka bigishwa ibijanye n’ihindagurika kw’ishure kakaba gashobora no kudufasha kuzirikana n’abashigikira ivy’ihindagurika, abakekeranya ko Imana ibaho, be n’abahakanamana (Ako gatabu si ako gushikiriza inzu ku nzu.)
Ingene twogakoresha igihe tuvugana n’umuntu yemera ihindagurika canke umuhakanamana: “Ibitabu nka vyose vya siyansi birigisha ivy’ihindagurika. Woba ubona ko ihindagurika ari inyigisho gusa, canke wiyumvira ko ubu bimaze kwigaragaza ko ari ibintu vyabaye koko? [Rindira yishure.] Kugira ngo ugire aho uhagaze ku kibazo kinaka wisunze amakuru y’ukuri, ndibaza ko nawe wemera ko umuntu akwiye kubanza gusuzuma ivyo impande zompi zikivugako. Aka gatabu karerekana ibimenyamenya bimwebimwe vyatumye benshi bemera ko ibiriho vyaremwe.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Uri kw’ishure, nushire ako gatabu ku ntebe uheze urabe nimba hari abo mwigana boshima kumenya ibirimwo.
Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?
Kagenewe gushimisha Abayahudi
Ingene twogashikiriza: “Kuva kera na rindi abantu bamye bashikirwa n’imibabaro myinshi biturutse ku ntambara. Wibaza ko ari kubera iki habandanya kuba intambara kandi abantu bavuga ko bipfuza amahoro? [Rindira yishure.] Aya majambo yari yaravuzwe kera na Yesaya aratanga icizigiro. [Soma Yesaya 2:4.] Ariko rero, ivyo bica bivyura ibibazo vyinshi: Ivyo bintu Yesaya yavuze bizoranguka ryari kandi gute? Kubera iki dushobora kwizigira ko Ivyanditswe ari isôko ry’icizigiro ryo kwizigirwa? Aka gatabu karishura ivyo bibazo.”
Woshobora kugerageza iki kintu: Nimba yemeye ako gatabu, numwereke ku rupapuro rwa 16-17 uce uvuga uti: “Abantu benshi baravuga amabi y’agahomerabunwa yabaye, nka rya Honyabwoko ry’Abayahudi, bigatuma babaza bati: ‘Nimba Imana ibaho, kubera iki ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?’ Turashobora kuzobiganira ninagaruka.”