ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g23 no. 1 rup. 15
  • Imana isezerana ko iyi si izorusimba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana isezerana ko iyi si izorusimba
  • Be maso!—2023
  • Ivyo bijanye
  • Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ibiri muri iki kinyamakuru
    Be maso!—2023
  • Abantu boba bazokwonona isi ubutakivayo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Iyi si yoba izohonywa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2023
g23 no. 1 rup. 15
Ikiyaga gikikujwe n’imisozi n’ishamba.

Oleh_Slobodeniuk/E+ via Getty Images

Imana isezerana ko iyi si izorusimba

«Iyi si irakomeye cane kuruta uko tuvyibaza.»

Ivyo ni vyo umugwi w’abashakashatsi mpuzamakungu washitseko ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere. Nimba wemera ko hariho Umuremyi yitwararika abantu, ico kintu abahinga bashitseko kirashobora kukwibutsa ukuntu Imana yaremye iyi si yacu ku buryo yisanasana mu mice myinshi.

Ariko, uravye urugero abantu bagezako mu kwonona isi, harakenewe n’ibindi kugira iyi si izorusimbe. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Imana izogira ico ikoze?

Raba ivyanditswe biri mu ruzitiro bidukura amazinda ko iyi si izorusimba mbere ikamera neza cane.

  • Isi yaremwe n’Imana. «Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.»—Itanguriro 1:1.

  • Imana ivuga ko isi ari iyayo. «Isi n’ibiri muri yo vyose ni ivya Yehovaa.»—Zaburi 24:1.

  • Imana yaremye isi ku buryo idashobora kuvaho. «Wateretse isi ku mushinge wayo. Ntizokwigera iva mu kibanza cayo gushika ibihe bidahera.»—Zaburi 104:5.

  • Imana isezerana ko ibiremwa bizoba kw’isi ibihe bidahera. “Imana y’ukuri, yo yabumvye isi, ntiyayiremeye ubusa mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.”—Yesaya 45:18.

  • Imana isezerana ko abantu bazoba kw’isi ibihe bidahera. «Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.»—Zaburi 37:29.

Imana yaremye isi ku buryo ishobora kuguma imeze neza naho abantu boba bayonona. Bibiliya ivuga ko igihe Yehova Imana yashinze nicagera, azokuraho abantu bose bonona isi.—Ivyahishuwe 11:18

Bibiliya ivuga ko ico gihe Imana izohindura isi ikaba iparadizo nziza cane, kandi “igapfumbaturura igipfunsi cayo, igahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”—Zaburi 145:16

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika