ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 19
  • Yakobo Ari n’Abana Benshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yakobo Ari n’Abana Benshi
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yakobo Aja i Harani
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Itanguriro: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 19

INKURU YA 19

Yakobo Ari n’Abana Benshi

RABA abo bana bari ngaha. Ni abahungu ba Yakobo 12, kandi ari n’abakobwa. Urazi amazina yabo? Ni vyo tugomba kwiga.

Leya yavyaye Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda. Rakeli abonye ko atavyaye umwana arashavura cane, aha Yakobo incoreke yiwe Biliha, ivyara abahungu babiri, Dani na Nafutali. Na Leya nyene aha Yakobo incoreke yiwe Zilipa, ivyara Gadi na Asheri. Munyuma Leya avyara abandi bana babiri, Isakari na Zabuloni.

Rakeli arateba avyara umwana, amwita Yozefu. Turaza kwiga vyinshi vyerekeye Yozefu, kubera ko yari umuntu mukuru cane. Abo ni bo bahungu 11 Yakobo yavyaye akiri kumwe na Labani se wa Rakeli.

Yakobo yari afise n’abakobwa, ariko umwe gusa ni we Bibiliya ivuga izina, na we ni Dina.

Igihe kirashika aho Yakobo ashima gusubira i Kanani. Akoranya abiwe bose, umukuku w’intama n’ubusho bw’inka, afata urugendo rwa kure.

Hashize umwanya basubiye i Kanani, Rakeli avyara uwundi muhungu bakiri mu nzira. Rakeli biramugora cane, apfa ariko aravyara. Ariko uruyoya ntaco rwabaye, Yakobo aca amwita Benyamini.

Twibuke amazina ya ba bana 12 ba Yakobo, kubera ko ari bo igihugu c’Abisirayeli cakomotseko. Nkako, amoko 12 y’Abisirayeli yitirirwa amazina y’abahungu 10 ba Yakobo, na babiri ba Yozefu. Abo bana bose bamaze kuvuka, Isaka amara imyaka myinshi atarapfa. Ese ukuntu yahimbawe n’ukubona abuzukuru benshi! Ubu reka turabe ivyashikiye umwuzukuru wiwe Dina.

Itanguriro 29:32-35; 30:1-26; 35:16-19; 37:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika