ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 51 rup. 124-rup. 125 ing. 2
  • Agakobwa k’Akisirayeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agakobwa k’Akisirayeli
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Karipfuje kugira ico gafashije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yaragagaje ariko mu nyuma aragamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Akigeme Gafasha Umukuru
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Abana bahimbara Imana abo ari bo
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 51 rup. 124-rup. 125 ing. 2
Namani ashitse kwa Elisha kugira amukize

ICIGWA CA 51

Agakobwa k’Akisirayeli

Mu gihugu c’i Siriya, hariho agakobwa kamwe k’Akisirayeli. Kari katwawe muri ico gihugu ca kure n’abasoda b’Abasiriya bagakuye mu muryango wako. Bakajanye gukorera umugore wa Namani, umukuru w’abasoda. Ako gakobwa kasenga Yehova, naho kaba mu bantu basenga ibigirwamana.

Namani yari arwaye ingwara y’urukoba ibabaza cane. Ako gakobwa karashaka cane kumufasha. Kaciye kabwira inabuja gati: ‘Ndazi umuntu ashobora gukiza databuja. Muri Isirayeli hariyo umuntu wa Yehova yitwa Elisha. Arashobora kumukiza.’

Uwo mugore yarabwiye umugabo wiwe ivyo ako gakobwa kari kavuze. Namani yari kwemera gukora ivyo bamubwiye vyose kugira arabe ko yokira. Yaciye rero agenda muri Isirayeli kuraba Elisha. Namani yari yiteze ko Elisha amwakira nk’umuntu adasanzwe. Ariko Elisha ntiyaje ngo bivuganire amaso mu yandi. Yatumye umukozi wiwe ngo amuramutse, ace amubwira ati: ‘Genda wiyoge mu ruzi Yorodani incuro indwi, uca ukira.’

Namani yarababaye cane. Yavuze ati: ‘Nagira ngo yari gusenga Imana yiwe, akazungagiza amaboko yiwe hejuru yanje ngaca nkira. None ambwiye ngo nje kwiyoga mu ruzi rwo muri Isirayeli! Muri Siriya turafise inzuzi nziza kuruta izo muri Isirayeli. Nari gupfuma noga muri izo nzuzi z’iwacu.’ Namani yarashavuye cane, aca arigira.

Namani aroga mu ruzi Yorodani agaca akira

Abakozi biwe baciye bamuhanura bati: ‘None hari ico utokora kugira ukire? Uwo muntu w’Imana agusavye gukora ikintu coroshe cane. None ubuzwa n’iki kugikora?’ Namani yaremeye impanuro bamuhaye. Yaragiye ku ruzi Yorodani aribira mu mazi incuro indwi. Ku ncuro igira indwi, Namani yavuye mu mazi yakize neza. Yaranezerewe cane, aca arasubira inyuma gushimira Elisha. Namani yavuze ati: ‘Ubu ndamenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri.’ Wibaza ko ka gakobwa k’Akisirayeli kumvise kamerewe gute igihe kabona Namani agarutse yakize?

«Washize amashemezo mu kanwa k’abana n’abonka.»​—Matayo 21:16

Ibibazo: Ka gakobwa k’Akisirayeli vyoba vyarakoroheye kuvugana n’umugore wa Namani? Ni igiki cagafashije guhera ubwoba?

2 Abami 5:1-19; Luka 4:27

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika