Ubwirebange—Urugi Ruja ku Gukora Ata Mitima Ibiri
“[Ni] kugira ngo mwiyegurire Umukama mudafise imitima ibiri.”—1 ABAKORENTI 7:35, Ubwuzure Bushasha.
1. Ni amakuru maki ahagarika umutima yashikiriye Paulo ku vyerekeye Abakirisu b’i Korinto?
UMUPOSOLO Paulo yari arajwe ishinga n’abavukanyi biwe bakirisu b’i Korinto, mu Bugiriki. Imyaka nk’itanu imbere yaho, yari yashinze nya korane muri ico gisagara gisagamvye cari kavugangwa mu vy’ubushegabo bwaho. Buno, nko mu 55 G.C., igihe yari i Efeso muri Aziya Ntoya, yararonse amaraporo ahagarika umutima avuye i Korinto, y’ivy’amacakubiri ava ku nkurikirabantu, hamwe n’irekeranwa ry’ubushegabo bubi bwari bwakozwe. Si ivyo gusa, Paulo yari yaronse kandi ikete rivuye ku Bakirisu b’i Korinto risaba inyobozo ku vyerekeye ihuzabitsina, ubusiribateri, ukwubaka, ugutâna, hamwe n’ukwubaka busha.
2. Ubushegabo bwari bweze i Korinto biboneka ko bwariko bwonona Abakirisu muri ico gisagara gute?
2 Ubushegabo bw’akajoreza bwari bweze i Korinto bwasa n’uko bwariko bwonona ikorane ryaho mu buryo bubiri. Abakirisu bamwebamwe bǎriko borohera akayaga k’urwangara mu vy’ukwigenza runtu, bongera barekerana ubushegabo. (1 Ab’i Korinto 5:1; 6:15-17) Bisa n’uko abandi, mu kurwanya iyo myinezerezo y’ubuhuzabitsina yari ikwiye hose muri ico gisagara, bagiye ku kurenza urugero boherereza ivy’ukwibuza ubuhuzebitsina bwose, naho hoba ku bubatse.—1 Ab’i Korinto 7:5.
3. Ni ibintu biki Paulo yabanje gutunganya mw ikete ryiwe rya mbere yandikiye Abanyakorinto?
3 Mw ikete rirerire Paulo yandikiye Abanyakorinto, yabanje kwihatira imbangamyi yerekeye amacakubiri. (1 Ab’i Korinto, ikigabane 1-4) Yabihanikije ngo birinde gukurikira abantu, ivyo bikaba bishobora gusa gushikana ku myicagaguro igirira nabi. Bari bakwiye kwunga ubumwe nk’ ‘abakozi bakorana’ n’Imana. Maze yarabahaye inyigisho zitomoye ku vy’ukugumya ikorane rítanduye mu vya runtu. (Ibigabane 5, 6) Uwo muposolo mu nyuma yaciye aja kuri nya kete ryabo.
Ubwirebange Búrātwa
4. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yagira ngo “iciza n’ukw izinamuhungu atohūye n’icitwa umukobga”?
4 Yatanguye uku: “Ariko ku vyo mwanyandikiye, iciza n’ukw izinamuhungu atohūye n’icitwa umukobga.” (1 Ab’i Korinto 7:1) Imvugo ngo “atohūye n’icitwa umukobga,” ngaha isobanura ukwirinda guhwanya imibiri n’umugore ku bw’ukwinezereza mu kwimara inambu y’umubiri. Kubera ko Paulo yari yamiye ubusambanyi, ngaho yariko avuga ivy’amahuzabitsina mu mubano w’abubatse. Ni co gituma buno Paulo yariko ararāta ubwirebange. (1 Ab’i Korinto 6:9, 16, 18; gereranya n’Itanguriro 20:6; Imigani 6:29.) Hepfo gatoyi yanditse ati: “[Abatarubaka], bo n’abapfakazi, ndababgira yukw iciza kuri bo ar’uko bogumya kumera nkanje.” (1 Ab’i Korinto 7:8) Paulo yari uwutubatse, ngirango umupfakare.—1 Ab’i Korinto 9:5.
5, 6. (a) Ni kuki bitomoye yuko Paulo atǎriko arâta uburyo bw’ukubaho bwo mw imonasiteriyo? (b) Ni kuki Paulo yarâse ubwirebange?
5 Umengo Abakirisu b’i Korinto bari baragize ico bamenya kuri filozofiya y’Abagiriki, imigwi imwimwe y’abasangiranyigisho bayo bakaba barahayagiza ivy’ukwibabaza kurengeje urugero, ari kwo kwiyanka. Ivyo vyoba ari vyo vyatumye Abanyakorinto babaza Paulo yuko vyoba ari “vyiza” ku Bakirisu kwirinda ubuhuzabitsina bwose? Inyishu Paulo yatanze ntiyamota filozofiya y’Abagiriki. (Ab’i Kolosayi 2:8) Ibinyuranye n’abanyatewolojiya ba Gatolika, nta na hamwe yigeze arâta ubuzima bw’ukwibabaza bwa gisiribateri bwo mw imonasiteriyo canke mw ikuva, nka kumwe umengo abantu b’abirebange (abatubatse) boba bari n’ubweranda bisangije bakaba kandi bashoboye guterera agacumu k’ubumwe ku gakiza kabo bwite bakoresheje uburyo bwabo bw’ukubaho hamwe n’amazambo yabo.
6 Paulo yarāse ubwirebange “kubg’igihe kigoye ca none.” (1 Ab’i Korinto 7:26) Ashobora kuba yariko avuga ibihe bigoye Abakirisu bariko bacamwo, ivyashobora kwunyurwa n’ukwubaka. (1 Ab’i Korinto 7:28) Impanuro yahaye Abakirisu batubatse yari iyi: “Iciza kuri bo [ni] uko bogumya kumera nkanje.” Ku bapfakare, yavuze icese ati: “Wabohowe ku mugore? Nturondere umugore.” Ku vy’umupfakazi mukirisu yanditse ati: “Iy’agumye ukw ari, ni ho arushiriza guhirwa, uko niyumvira kubganje: kandi ngira ngo nanje mfise [im]pwemu [y’I]mana.”—1 Ab’i Korinto 7:8, 27, 40.
Nta Wuhatwa ngo Agume Ari Umwirebange
7, 8. Ni igiki cerekana yuko Paulo atariko ahata Umukirisu n’umwe ngo agume ari umwirebange?
7 Nta nkeka, impwemu yera ya Yehova yari iyoboye Paulo igihe yatanga iyo mpanuro. Uburyo bwose yerekanye ubusiribateri n’ukwubaka burimwo uburimbane n’ubwigumye. Ntabigira ikintu c’ubwizerwe canke ubuhemu. Ahubwo, ni ikibazo c’ukwihitiramwo, uburimbanyi bugahengekera ku vy’ukuba umwirebange ku bashoboye kugumana ubwerentegerwa muri iyo mero.
8 Buno nyene amaze kuvuga ngo “iciza n’ukw izinamuhungu atohūye n’icitwa umukobga,” Paulo yongeyeko ati: “Ariko kubgo kwirinda gushakana, umugabo wese agire uwiwe mugore, n’umugore wese agire uwiwe mugabo.” (1 Ab’i Korinto 7:1, 2) Aho ahereje guhanurira abantu batubatse hamwe n’abapfakazi ngo “[mugumye] kumera nkanje,” ntiyatevye kwongerako ati: ‘Ariko namba badashobora kwigumya, nibubake; kuko kwubaka ari kwiza, kuruta gushuhagira.’ (1 Ab’i Korinto 7:8, 9) Yarongeye ahanura abapfakare ati: “Nturondere umugore. Arikw iy’urongoye, nta caha uba ukoze.” (1 Ab’i Korinto 7:27, 28) Iyo mpanuro irimbanijwe irumvikanamwo umwidegemvyo w’ukwihitiramwo.
9. Ku bwa Yezu na Paulo, ni mu buryo ki ukwubaka n’ubwirebange vyompi ari ingabire ziva ku Mana?
9 Paulo yararanze yuko ukwubaka hamwe n’ubwirebange vyompi ari ingabire ziva ku Mana. “Nagomba kw abantu bose bomera nkanje: arik’umuntu wese afise ingabire yiwe ahawe n’Imana, umwe ukwiwe, uwundi ukwiwe.” (1 Ab’i Korinto 7:7) Mu muzirikanyi ategerezwa kuba yïyumvira ico Yezu yavuze. Yezu aho amariye gutomora ivy’uko ukwubaka kwavuye ku Mana, yarerekanye ko ubwirebange bw’uwuvyigombeye ku neza y’ugusukurira ivyunguranyi vy’Ubwami ari ingabire iri n’ico yisangije: “Si bose bashobora kwemer[er]a iryo jambo, atar’abābihawe. Kuko har’inkone zavutse zirtyo uhereye kuva mu nda za ba nyina, kandi har’inkone zakonwe n’abantu, kandi har’inkone zīkona ubgazo kubg’ubgami bgo mw ijuru. Ūshobora kuvyeme[re]ra n’avyemere[re].”—Matayo 19:4-6, 11, 12.
Ukwemerera Ingabire y’Ubwirebange
10. Umuntu ashobora gute ‘kwemerera’ ingabire y’ubwirebange?
10 Naho Yezu na Paulo bompi bavuze ivy’ubwirebange ko ari “ingabire,” nta n’umwe muri bo yavuze ko ari ingabire yo ku gitangaro ifiswe na bamwe gusa. Yezu yavuze yuko “[atari] bose bashobora kwemer[er]a” iyo ngabire, yongera aringinga abashoboye kugenza ukwo ngo ‘bayemerere,’ ari na vyo Yezu na Paulo bagize. Ego ni ko, Paulo yanditse ngo “kw[ubaka ni] kwiza, kuruta gushuha[gira],” ariko yariko avuga ‘abadashoboye kwigumya.’ (1 Ab’i Korinto 7:9) Mu vyo yanditse imbere y’ivyo, Paulo yararanze yuko Abakirisu bashobora kwirinda gushuhagira. (Ab’i Galatiya 5:16, 22-24) Kugendeshwa n’impwemu bisobanura kureka impwemu ya Yehova ikayobora intambwe zacu zose. Abakirisu bakiri bato ivyo boba bashobora kubigira? Egome, mu gihe bakurikiye Ijambo rya Yehova badata. Umunyamazaburi yanditse ibi: “Umusore [canke inkumi] azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ukw ijambo ryawe rivuga.”—Zaburi 119:9.
11. ‘Kugendeshwa n’impwemu’ bisigura iki?
11 Ivyo birimwo ukwirinda ivyiyumviro mburakarimbi bikwizwa hakoreshejwe ibiganiro vyinshi vyo kuri TV, amasenema, ibihimbu vy’ibinyamakuru, ibitabu, hamwe n’ibivugirwa mu ndirimbo. Ivyiyumviro mwen’ivyo bigenzwa n’umunofo. Umukirisu akiri muto w’umuhungu canke umukobwa ashaká kwemerera ubwirebange akwiye “[ku]tagenda mu buryo bg’akameremere [kiwe], ariko [ku]genda mu bg’impwemu. Kukw abaganzwa n’akameremere k’umubiri bitwaririka ivy’umubiri, kand’abaganzwa n’impwemu bitwaririka ivy’impwemu.” (Abaroma 8:4, 5, impiriko ni izacu.) Ibintu vy’impwemu biratunganye, biratyorotse, birakunditse, birimwo ingeso nziza. Abakirisu, abato n’abakuze, baba bagize neza ‘babandanije kwiyumvira ivyo bintu.’—Ab’i Filipi 4:8, 9.
12. Ahanini ukwemerera ingabire y’ubwirebange bishiramwo iki?
12 Ukwemerera iyo ngabire y’ubwirebange ahanini ni ikintu c’ukwishingira umutima kuri iryo hangiro no kuzamba Yehova ngo afashe kurikurikirana. (Ab’i Filipi 4:6, 7) Paulo yanditse ati: “Ūkomeye mu mutima wiwe, adafise ikimuhambira, arikw ashobora gukora ivy’agomba ubgiwe, akaba yagabiye mu mutima kuzigama [ubusugi bwiwe bwite, NW] azoba agize neza. Nuk’ūtanga [ubusugi bwiwe mu mwabirano, NW] aba agize neza; kand’ūta[bu]tanga [mu mwabirano, NW] aba arushirije kugira neza.”—1 Ab’i Korinto 7:37, 38.
Ubwirebange Bugiranywe Intēgo
13, 14. (a) Ni igereranya nyabaki umuposolo Paulo yagize hagati y’Abakirisu batubatse n’abubatse? (b) Ni mu buryo ki gusa Umukirisu w’umwirebange ashobora kuba ‘arushirije kugira neza’ gusumvya abubatse?
13 Ubwirebange ubwabwo si bwo bukwiriye iteka. None bushobora kuba ‘burushirije kuba bwiza’ mu nyuro nyabaki? Vyose biva ku kugene umuntu akoresha umwidegemvyo buzana. Raba ivyo Paulo yanditse: “Ariko ndipfuza ko mutogira imyitwarariko ya cane. Utagira umugore aritwararika ivy’Umukama n’ingene yonezereza Umukama; uwufise umugore aritwararika ivy’isi n’ingene yonezereza umugore; uwo akaba abangikanije. Na we umugore atagira umugabo be n’umwigeme, baritwararika ivy’Umukama, kugira ngo babe beranda ku mubiri no ku mutima. Uwufise umugabo na we aritwararika ivy’isi, ingene yonezereza umugabo wiwe. Ivyo ndabibabwiye ngo bibabere vyo, sinabivuze ngo mbatege umutego, ariko ndabivuze ngo muhimbarwe kandi ngo mwiyegurire Umukama mudafise imitima ibiri.”—1 Abakorenti 7:32-35, UB.
14 Umukirisu w’umwirebange akoresha ukuba atubatse kwiwe kugira akurikirane amahangiro y’ubwikunzi ntaba ‘arushirije kugira neza’ kuruta Abakirisu bubatse. Aba agumye ari umwirebange, atari “kubg’ubgami,” ariko ku bw’impamvu yisangije. (Matayo 19:12) Umugabo canke umugore atubatse akwiye “[kw]itwararika ivy’Umukama,” akitwararika “ingene yonezereza Umukama,” kandi ‘akaguma yiyeguriye Umukama adafise imitima ibiri.’ Ivyo bisobanura ko ashira ikebu ku gusukurira Yehova na Kirisitu Yezu, atabangikanije. Aho ni ho gusa abagabo n’abagore bakirisu batubatse baba ‘barushirije kugira neza’ gusumvya Abakirisu bubatse.
Gukora Ata Mitima Ibiri
15. Ikintu ngenderwako mu ciyumviro Paulo yasohoye mu 1 Ab’i Korinto ikigabane c’7 ni igiki?
15 Iciyumviro Paulo yasohoye cose uko kingana muri ico kigabane, ni iki: Naho ukwubaka kwemewe, kandi mu bihe bimwebimwe kukaba kubera abandi inama nziza, nta woharira ngo ubwirebange ntibuzanira uturusho umugabo canke umugore Mukirisu ashaka gusukurira Yehova asamazwa na bike bishoboka. Magingo umuntu yubatse aba “abangikanije.” Umukirisu atubatse we ari n’umwidegemvyo wo kwitunira “ivy’Umukama.”
16, 17. Umukirisu w’umwirebange ashobora gute kurushirizaho kwitunira “ivy’Umukama”?
16 Ibintu vy’Umukama Umukirisu atubatse ashobora kwitwararika yidegemvya kuruta abantu bubatse ni ibiki? Mu yandi makikizo, Yezu yaravuze “ivy’Imana”—ibintu Umukirisu adashobora guha Kayisari. (Matayo 22:21) Ivyo bintu ahanini vyerekeye ubuzima bw’Umukirisu, insengo yiwe, n’igikorwa ngenerwa arangura.—Matayo 4:10; Abaroma 14:8; 2 Ab’i Korinto 2:17; 3:5, 6; 4:1.
17 Abantu b’abirebange mu bisanzwe usanga barushirije kuba bidegemvya kugira bahebere umwanya ubusuku bwa Yehova, ubushobora kubungura mu vy’impwemu bukungura n’urugero rw’igikorwa ngenerwa cabo. Bashobora guhebera umwanya urushirije ukwiga bari ukwa bonyene, hamwe n’ukuzirikana. Abakirisu b’abirebange kenshi bashobora gushira ugusoma Bibiliya mu rutonde rwabo bitagoranye kuruta abubatse. Bashobora kwitegurira amahwaniro n’ubusuku bwo mu ndimiro neza kuruta. Ivyo vyose ni ku “kubafasha.”—1 Ab’i Korinto 7:35.
18. Abavukanyi b’abirebange batari bake bashobora kwerekana gute yuko bashaka gusukurira Yehova “[ba]dafise imitima ibiri”?
18 Abavukanyi benshi b’abirebange bamaze kuba bakora bwa basuku bagenwa bari n’umwidegemvyo w’ukubwira Yehova bati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma.” (Yesaya 6:8) Bashobora gusaba kwitaba ya Shure Imenyereza Abakozi Bagenwa, iyibikiwe gusa abasuku bagenwa n’abakurambere b’abirebange bidegemvya gusukurira aho inkenero ari nini kuruta. N’abavukanyi batorohewe kuvirira ikorane ryabo bashobora kwitanga ngo basukurire abavukanyi babo bwa basuku bagenwa canke abakurambere.—Ab’i Filipi 2:20-23.
19. Abavukanyikazi benshi b’abirebange bahezagiwe gute, kandi uburyo bumwe bashobora kubera umuhezagiro amakorane ni ubuhe?
19 Abavukanyikazi b’abirebange batagira umugabo abagaba bahanuza canke bitura, bashobora kurushiriza kworoherwa no ‘guterera imizigo yabo kuri Yehova.’ (Zaburi 55:22; 1 Ab’i Korinto 11:3) Ivyo birahambaye canecane ku bavukanyikazi usanga ari abirebange bivuye ku rukundo bafitiye Yehova. Niba mu gihe kiza bubatse, hoba ari ‘mu Mwami wacu gusa,’ ni ukuvuga, kwubakana gusa n’umuntu yiyeguriye Yehova. (1 Ab’i Korinto 7:39) Abakurambere barakura ubwatsi kubona mu makorane yabo harimwo abavukanyikazi batubatse; abo kenshi baragendera kandi bagafasha abarwaye hamwe n’abageze mu zabukuru. Ivyo birazanira ubuhirwe abo vyerekeye bose.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
20. Abakirisu batari bake bariko baranga gute ko ‘biyegurira Umukama badafise imitima ibiri’?
20 Abakirisu benshi bakiri bato bǎratunganije ivyabo ku buryo ‘biyegurira Umukama badafise imitima ibiri.’ (1 Ab’i Korinto 7:35) Barasukurira Yehova ari abakozi bagenwa b’igihe cose b’abatsimvyi, abamisiyonari canke bagakora kuri bimwe mu biro vy’amashami y’Ishirahamwe Watch Tower. Ese umugwi uhiriwe bagize! Ewe kuntu ukuhaba kwabo kuruhurira! Emwe, mu nyonga za Yehova no mu nyonga za Yezu, bameze nyene “nk’ikime.”—Zaburi 110:3.
Nta Ndagano y’Ukugumana Ubusiribateri
21. (a) Ni kuki vyiserura yuko Paulo atǎremesheje abantu ngo bagire indagano y’ubusiribateri? (b) Ni igiki yashatse kuvuga igihe yagira ngo “burenganye agashuriko k’ubuto”?
21 Ikintu gikuru mu mpanuro Paulo yatanze ni uko Abakirisu boba bagize “vyiza” bemereye ubwirebange, mu buzima bwabo. (1 Ab’i Korinto 7:1, 8, 26, 37) Ariko rero, nta ho namba abasaba kugira indagano y’ubusiribateri. Ahubwo nyabuna yanditse ati: “Umuntu ni yiyumvira kw atagirira [ubusugi bwiwe, NW] neza, [niba buno burenganye agashuriko k’ubuto, NW], kandi namba bikwiye rwose, [nagire ico ashaka, NW]: nta caha azoba akoze, [nibubake].” (1 Ab’i Korinto 7:36) Nya jambo rimwe ry’Ikigiriki (hy·peʹra·kmos) rihibanuwe ngo “burenganye agashuriko k’ubuto” urudome ku rundi risobanura “burenganye urugero rukirurutse kuruta” rikaba ryerekeza ku kurengana umutuno w’agaheta w’icipfuzo c’ukwimara inambu y’umubiri. Nuko, abamaze igitigiri kinaka c’imyaka mu bwirebange bakaba bahavuye bumva ko bakwiye kwubaka, nta kibabuza namba kwubakana n’abizeye bagenzabo.—2 Ab’i Korinto 6:14.
22. Uko vyorabwa kwose, ni kubera iki Umukirisu vyomugirira akarusho atubatse akiri mutoyi cane birenze?
22 Imyaka Umukirisu akiri muto amara asukurira Yehova atagira imitima ibiri ni ishingamutahe riranga urwevu. Iramuha akaryo k’uguca urwevu, uruma n’uguca mu kajisho vy’ingirakimazi. (Imigani 1:3, 4) Umuntu agumye ari umwirebange ku bw’Ubwami, mu nyuma arashobora neza cane kuruta, kurangura amabanga y’ubuzima bw’abubatse ngirango n’ay’ukuba umuvyeyi, niba ino ari yo ngingo afashe.
23. Abantu bategekanya ivy’ukwubaka boshobora kwiyumvira iki mu muzirikanyi, ariko ni ikibazo ikihe kija kwihwezwa mu bihimbu bikurikira?
23 Abakirisu bamwebamwe bamaze igitigiri kinaka c’imyaka basukurira Yehova igihe cose bari mu bwirebange baritonda bagahitamwo uwo bazokwubakana bárondera kubandanya mu bwoko bunaka bw’ubusuku bw’igihe cose. Vy’ukuri ico ni akarâtitse rwose. Bamwe boshobora mbere kwitegekaniriza kwubaka bafise iciyumviro c’ukutareka ngo ukwubaka kwabo kuzibire ubusuku bwabo mu buryo na bumwe. Ariko none Umukirisu yubatse yoba akwiye kwiyumvamwo ko ata kimubuza kwitunira ubusuku arangurira Yehova nk’igihe yari umwirebange? Ico kibazo kiraja kwihwezwa mu bihimbu bikurikira.
Reka Twiyibutse
◻ Ni kuki umuposolo Paulo yabonye bikenewe ko yandikira ikorane ry’i Korinto?
◻ Ni kuki tuzi yuko Paulo atǎriko arâta uburyo bw’ukubaho bwo mw imonasiteriyo?
◻ Umuntu ashobora gute ‘kwemerera’ ubwirebange?
◻ Abavukanyikazi b’abirebange bashobora gute kuronkera akarusho ku bwirebange bwabo?
◻ Abavukanyi b’abirebange bashobora gute kwungukira ku mwidegemvyo bafise w’ugusukurira Yehova “[ba]dafise imitima ibiri”?