ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/3 rup. 3-8
  • Nitumenye “Ivyiyumviro vya Kristo”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nitumenye “Ivyiyumviro vya Kristo”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukubaho Kwiwe Imbere y’Uko Aba Umuntu Nkatwe
  • Ubuzima bwo kw’Isi Hamwe n’Ivyo Yahakoreye
  • Uko Yezu Yari Ameze Igihe Yari Umuntu
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ico twigira ku muryango Yezu yavukiyemwo ngaha kw’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu yarize kugamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/3 rup. 3-8

Nitumenye “Ivyiyumviro vya Kristo”

“Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Uhoraho ngo yigishe Uhoraho? Ariko twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo.”​—1 AB’I KORINTO 2:16.

1, 2. Yehova yabonye ko mw’Ijambo ryiwe bibereye guhishura iki ku vyerekeye Yezu?

YEZU yasa gute? Umushatsi wiwe wari ufise ibara irihe? Urukoba rwiwe rwo? Amaso yiwe yo? Uburebure bwobwo? Yapima ibiro bingahe? Mu binjana n’ibindi, abahinguzi b’utugenegene bagiye berekana Yezu mu buryo butandukanye, bahera ku buryo bwumvikana bashika ku butoshoboka. Bamwebamwe bamushushanije nk’umugabo w’indyamunyu kandi w’ibiguvu, mu gihe abandi na bo bamwerekana nk’uwufise amagara make kandi w’umubiri ubenje.

2 Ariko rero, Bibiliya ntishimikira cane ku kuntu Yezu yasa. Ahubwo, Yehova yabonye ko bibereye guhishura ikintu kiri n’ico kivuze kuruta, ni ukuvuga ukuntu Yezu yari ameze. Inkuru zo mu Njili ntizigana gusa ivyo Yezu yavuze hamwe n’ivyo yakoze, ariko vyongeye zirahishura ukuntu inyiyumvo ziwe zari izigera kure, zigahishura n’icitegererezo c’ukwiyumvira kwarongora amajambo yiwe be n’ibikorwa vyiwe. Izo nkuru zine zahumetswe ziradushoboza gusuzuma neza ivyo intumwa Paulo yerekezako avuga ko ari “ivyiyumviro vya Kristo.” (1 Ab’i Korinto 2:16) Ni ivy’ingirakamoro yuko tumenya ivyiyumviro, inyiyumvo hamwe na kamere vya Yezu. Kubera iki? Kubera imvo n’imiburiburi zibiri.

3. Dushitse ku kumenya ivyiyumviro vya Kirisitu bishobora kudufasha gutahura iki?

3 Iya mbere, ivyiyumviro vya Yezu biratwereka gatoyi ivyiyumviro vya Yehova Imana. Yezu kandi yari azinanyi rwose na Se wiwe ku buryo yashoboye kuvuga ati: “Nta wuzi Umwana uw’ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ari we atar’Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.” (Luka 10:22) Ni nk’aho Yezu yoba yariko avuga ati: ‘Nimba ushaka kumenya uko Yehova ameze, numbaze.’ (Yohana 14:9) Gutyo, igihe twiga ico Injili zihishura ku vyerekeye uburyo Yezu yiyumvira hamwe n’ukuntu yiyumva, ni nk’aho tuba turiko twiga ukuntu Yehova yiyumvira hamwe n’ukuntu yiyumva. Ubumenyi mwene ubwo buradushoboza kwiyegereza rwose Imana yacu.​—Yakobo 4:8.

4. Niba vy’ukuri dushaka gukora nka Kirisitu, ni igiki dutegerezwa kubanza kwiga, kandi kubera iki?

4 Iya kabiri, tumenye ivyiyumviro vya Kirisitu biradufasha ‘kugera neza ikirenge mu ca Yezu.’ (1 Petero 2:21) Gukurikira Yezu si ugupfa gusa gusubiramwo amajambo yiwe hamwe no kwigana ibikorwa yakoze. Kubera ko imvugo be n’ingiro vyoshwa n’ivyiyumviro hamwe n’inyiyumvo, gukurikira Kirisitu bisaba ko dutsimbataza “umutima” nk’uwo yari afise. (Ab’i Filipi 2:5) Mu yandi majambo, nimba dushaka vy’ukuri gukora nka Kirisitu, dutegerezwa kubanza kwiga kwiyumvira no kwiyumva nka we, ni ukuvuga gushika aho ubushobozi bwacu bugera twebwe abantu b’abanyagasembwa. Nimuze maze dusuzume neza ivyiyumviro vya Kirisitu dufashijwe n’abanditsi b’Injili. Turaganira ubwa mbere ku bintu vyagira akosho ku buryo Yezu yiyumvira hamwe no ku kuntu yiyumva.

Ukubaho Kwiwe Imbere y’Uko Aba Umuntu Nkatwe

5, 6. (a) Abo twifatanya bashobora kugira akosho akahe kuri twebwe? (b) Umwana w’Imana w’imfura yari yifatanije na nde mw’ijuru imbere yuko aza kw’isi, kandi ivyo vyagize akosho gaki kuri we?

5 Abagenzi twifatanya cane barashobora kugira ico bikoze kuri twebwe, bosha ivyiyumviro vyacu, inyiyumvo zacu, n’ibikorwa bikaba vyiza canke bikaba bibi.a (Imigani 13:20) Rimbura abo Yezu yifatanya na bo mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi. Injili ya Yohani irerekeza ivyiyumviro ku kubaho kwa Yezu imbere y’uko aba umuntu nkatwe, ikamwita “Jambo,” canke Umuvugizi w’Imana. Yohani avuga ati: “Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yari kumwe n’Imana, kandi Jambo yari imana. Uwo mu ntango yari kumwe n’Imana.” (Yohana 1:1, 2, NW) Kubera Yehova atagira intango, ukwo kuba Jambo yari kumwe n’Imana kuva mu ntango bitegerezwa kuba vyerekeza ku ntango y’ibikorwa vy’irema vy’Imana. (Zaburi 90:2) Yezu ni we “mfura mu vyaremwe vyose.” Kubera ico, yariho imbere y’uko ibindi biremwa vy’impwemu hamwe n’ibiri mu kirere vyose biremwa.​—Ab’i Kolosayi 1:15; Ivyahishuriwe 3:14.

6 Dukurikije ukuntu abanyasiyansi bamwebamwe babigereranya, ibiri mu kirere bimaze imyaka hafi amamiliyaridi 12 bibayeho. Hamwe vyoba ari ivy’ukuri, umwana w’imfura w’Imana yabaye kumwe na Se wiwe imyaka n’imyaka itavugwa imbere y’uko Adamu aremwa. (Gereranya na Mika 5:2.) Ubucuti burangwa ikibabarwe kandi bugera kure bwaratsimbataye hagati yabo uko ari babiri. Uwo Mwana w’imfura ari we bwenge bufashwe nk’umuntu, mu kubaho kwiwe kw’imbere y’uko aba umuntu, yerekanwa avuga ngo: ‘Imisi yose narahimbara [Yehova], nama niginagura imbere yiwe.’ (Imigani 8:30) Mu vy’ukuri, kumara ibiringo bidaharurwa ari kumwe n’umwe Soko ry’urukundo mu bucuti bwa somambike, vyaragize ico bikora kinini ku Mwana w’Imana! (1 Yohana 4:8) Uwo Mwana yahavuye amenya yongera aragaragaza ivyiyumviro, inyiyumvo hamwe n’inzira vya Se wiwe mu buryo ata wundi muntu n’umwe yobishoboye.​—Matayo 11:27.

Ubuzima bwo kw’Isi Hamwe n’Ivyo Yahakoreye

7. Imwe mu mvo zatumye biba nkenerwa ko Umwana w’imfura w’Imana aza ngaha kw’isi ni iyihe?

7 Umwana w’Imana yari afise vyinshi vyo kwiga, kubera ko umugambi wa Yehova wari uwo kuronsa ivyangombwa Umwana wiwe kugira ngo abe Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi, ashobora “kubabarana natwe mu ntege nke zacu.” (Abaheburayo 4:15) Imwe mu mvo zatumye Umwana aza kw’isi ameze nk’umuntu kwari ugushitsa ibisabwa kugira ngo arangure urwo ruhara. Hano, igihe Yezu yari umuntu w’inyama n’amaraso, yarashikiwe n’ibintu yari yabonye gusa ari mw’ijuru. Ico gihe nyene yari ashoboye kwibonera ubwiwe inyiyumvo be n’akanyengetera abantu bafise. Mu bihe bimwebimwe yarumva arushe, anyotewe, eka ashonje. (Matayo 4:2; Yohana 4:6, 7) Vyongeye mbere, yarihanganiye ubwoko bwose bw’amagume n’imibabaro. Gutyo ‘yarize kwumvira’ hanyuma acika uwushoboye bimwe bishitse uruhara rwiwe rw’ukuba Umuherezi Mukuru.​—Abaheburayo 5:8-10.

8. Tuzi iki ku vyerekeye ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi?

8 Bite none ku vyerekeye ivyo Yezu yiboneye mu gihe c’ubuzima bwiwe ngaha kw’isi? Inkuru yerekeye ubwana bwiwe ni ngufi cane. Kukaba nkako, Matayo na Luka bonyene ni bo biganye ivyabaye bijanye n’ivuka ryiwe. Abanditsi b’Injili bari bazi yuko Yezu yabanje kuba mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi. Ukwo kubaho imbere y’uko aba umuntu kwarasiguye gusumba ikindi kintu ico ari co cose, umuntu yavuyemwo uwo ari we. Naho ari ukwo, Yezu yari umuntu buntu. Naho atagira agasembwa, yabwirizwa naho nyene gukura, kuva mu buyoya gushika mu bwana, be no kuva ku buyabaga gushika mu bigero, igihe cose akaguma yiga. (Luka 2:51, 52) Bibiliya irahishura ibintu bimwebimwe vyerekeye ubuzima bwa Yezu bitabŭze kugira ico bikoze kuri we.

9. (a) Ni igiki cerekana ko Yezu yavukiye mu muryango ukenye? (b) Ni ubuzima bumeze gute Yezu asa n’uwakuriyemwo?

9 Biboneka yuko Yezu yavukiye mu muryango ukenye. Ivyo birerekanwa n’ishikanwa Yozefu na Mariya bazanye mu rusengero nk’imisi 40 inyuma y’ivuka ryiwe. Mu gishingo c’ukuzana umwagazi w’intama ukiri muto bwa shikanwa ry’ikimazi ry’ukwoswa hamwe n’inuma ikiri nto canke intunguru imwe bwa kimazi c’ivyaha, bazanye “Intunguru zibiri cank’ivyana vy’inuma bibiri.” (Luka 2:24) Nk’uko Ivyagezwe vya Musa vyavuga, iryo shikanwa ryari iryashiriweho kworohereza abakene. (Abalewi 12:6-8) Mu nyuma, uwo muryango uciye bugufi waragutse. Yozefu na Mariya baragize abandi bana batari musi ya batandatu bavutse mu buryo busanzwe inyuma y’ukuvuka kwa Yezu kwabaye ku gitangaro. (Matayo 13:55, 56) Nuko Yezu akurira mu muryango wagutse, bigasa n’uko hari mu buzima buciye bugufi.

10. Ni igiki cerekana ko Mariya na Yozefu bari abantu batinya Imana?

10 Yezu yarezwe n’abavyeyi batinya Imana kandi bamwitwararika. Nyina wiwe Mariya yari umugore ntangere. Ibuka yuko igihe umumarayika Gaburiyeli yamuramutsa, yavuze ati: “N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.” (Luka 1:28) Na Yozefu na we nyene yari umuntu akunda Imana. Uko umwaka utashe yagira ibirometero 150 agenda i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Na Mariya yarayitaba naho nyene ari abagabo gusa basabwa kubigira. (Kuvayo 23:17; Luka 2:41) Igihe kimwe nk’ico, Yozefu na Mariya bamaze kumurondera n’umwete mwinshi, Yezu uwari afise imyaka 12 bamusanze mu rusengero hagati y’abigisha. Yezu yabwiye abo bavyeyi biwe bari bahagaritse umutima ati: “Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?” (Luka 2:49) Ijambo “Data” ritegerezwa kuba ryari ririmwo igishika kandi ryumvikana neza kuri Yezu uwari akiri muto. Kimwe coco, bisa n’uko yari yabwiwe yuko Yehova yari we Se wiwe nyakuri. Vyongeye, Yozefu ategerezwa kuba yari se-murezi wa Yezu ameze neza. Birumvikana, Yehova ntiyotoye umuntu w’amanyama canke w’imburakigongwe ngo abe ari we arera Umwana Wiwe mukundwa!

11. Ni umwuga uwuhe Yezu yize, kandi mu bihe vya Bibiliya gukora uwo mwuga vyasaba iki?

11 Mu myaka yose Yezu yamaze i Nazareti, yarize umwuga wo kubaza, bigasa n’uko yawigiye kuri se-murezi, Yozefu. Yezu yaramenye neza uwo mwuga ku buryo ubwiwe yitwa “wa mubāji.” (Mariko 6:3) Mu bihe vya Bibiliya, ababaji barakoreshwa mu kwubaka amazu, mu guhingura ibikoresho vyo mu nzu (ushizemwo amameza, udutebe, hamwe n’intebe ndende), be no mu guhingura ibikoresho vyo kurima. Mu gitabu ciwe, Dialogue With Trypho, Justin Martyr wo mu kinjana ca kabiri mu G.C., yanditse ku vyerekeye Yezu ati: “Yari amenyereye gukora bwa mubaji igihe yari mu bantu, akora imikogote hamwe n’ingōgo.” Mwene ico gikorwa nticari coroshe kubera kumbure yuko umubaji wa kera atashobora kwigurira ibiti. Bisa cane n’uko yaja mw’ishamba hanyuma akarobanura igiti, akacicira hanyuma akaciremeka akijana muhira. Urumva ko Yezu ashobora kuba yari azi ingorane umuntu ahura na zo mu kuronka icorirenza, kwumvikana n’abaguzi, no kugira ngo aronke amahera yo gutunga umuryango.

12. Ni igiki cerekana yuko biboneka ko Yozefu yatanze Yezu gupfa, kandi ivyo vyoba vyari bivuze iki kuri Yezu?

12 Kubera yari we muhungu mukuru, Yezu kumbure yarafasha mu kwitwararika umuryango, na canecane kubera bisa n’uko Yozefu yapfuye imbere yuko Yezu apfa.b Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni (mu Congereza) wo ku wa 1 Nzero 1900, wavuze uti: “Inkuru mpererekano zivuga yuko Yozefu yapfuye igihe Yezu yari akiri muto, n’uko Yezu yafashe umwuga wo kubaza hanyuma aca aba ari we atunga umuryango. Ivyo birashigikirwa gatoyi n’intahe iri mu Vyanditswe, aho Yezu ubwiwe yitwa umubaji, kandi nyina wiwe hamwe na benewabo bakahavugwa, ariko Yozefu ntavugwe. (Mariko 6:3) . . . Birashoboka neza rero yuko ikiringo kirekire c’imyaka cumi n’umunani y’ubuzima bw’Umukama wacu, kuva igihe haba ca kintu [canditswe muri Luka 2:41-49] gushika ku gihe c’ukubatizwa kwiwe, yakimaze akora ibikorwa bisanzwe vyo mu buzima.” Mariya n’abana biwe ushizemwo na Yezu, kumbure bari bazi umubabaro umuntu agira iyo umugabo yakunda akaba na se w’abana apfuye.

13. Igihe Yezu yatangura igikenurwa ciwe, ni kuki yagikoranye ubumenyi, ugutahura hamwe n’inyiyumvo zigera kure, bimwe ata wundi muntu n’umwe yoshoboye?

13 Biboneka ko Yezu atavukiye mu buzima bworoshe. Ahubwo, ubwiwe yagize ubuzima bw’abantu basanzwe. Maze mu 29 G.C., igihe cari kigeze c’uko Yezu ashitsa igikorwa Imana yamushinze cari kimurindiriye. Mu gatasi k’uwo mwaka, yarabatijwe mu mazi aba avyawe bwa Mwana w’Imana wo mu buryo bw’impwemu. ‘Ijuru ryaramukingurukiye,’ bikaboneka ko ivyo vyerekana yuko ico gihe yari ashoboye kwibuka ubuzima yari afise mw’ijuru ataraba umuntu nkatwe, ushizemwo n’ivyiyumviro hamwe n’inyiyumvo vyajana. (Luka 3:21, 22) Nuko rero, igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe, yagikoranye ubumenyi, ugutahura hamwe n’inyiyumvo zigera kure ata wundi muntu n’umwe yoshoboye kugira. Ni co gituma rero abanditsi b’Injili vyinshi mu vyo banditse ari ibijanye n’igikenurwa ca Yezu. Naho ari ukwo, ntibashoboye kwandika akantu kose yavuze n’ako yagize. (Yohana 21:25) Ariko ivyo bahumekewe kwandika biradufasha kumenya neza ivyiyumviro vy’uwo muntu ahambaye kuruta ababayeho bose.

Uko Yezu Yari Ameze Igihe Yari Umuntu

14. Injili zerekana gute Yezu bwa muntu w’igishika kivanze n’ikibabarwe kandi w’inyiyumvo zigera kure?

14 Kamere ya Yezu yibonekeza mu Njili ni iy’umuntu w’igishika kivanze n’ikibabarwe kandi afise inyiyumvo zigera kure. Yaragaragaje akanyengetera kiwe ko mu mutima mu buryo bwinshi butandukanye: yaragiriye impuhwe umunyamibembe (Mariko 1:40, 41); yaratuntujwe n’abantu bakomantaza imitima (Luka 19:41, 42); yaragiriye ishavu rigororotse abavunji b’amahera b’umwina. (Yohana 2:13-17) Yezu yari umuntu w’impuhwe, yarashobora no gukorora amosozi, kandi ntiyahisha akanyengetera afise. Igihe umukunzi wiwe w’inkoramutima Lazaro yari yapfuye, Yezu abonye Mariya mushiki wa Lazaro arira, vyaramukoze ku mutima cane ku buryo ubwiwe yakoroye amosozi, ararira mu maso y’abandi bantu.​—Yohana 11:32-36.

15. Ni gute inyiyumvo z’ikibabarwe ca Yezu zabonekera mu buryo yabona abandi no mu kuntu yabafata?

15 Inyiyumvo Yezu yari afise z’ikibabarwe zaragaragaye canecane mu buryo yabona abandi no mu kuntu yabafata. Yarashikira abakene hamwe n’abakandamizwa, akabafasha “[ku]ronka uburuhukiro bg’imitima ya[bo].” (Matayo 11:4, 5, 28-30) Ntiyari afise vyinshi akora ku buryo atitwararika ivyo abagowe bakeneye, haba nk’igihe umugore arwaye ubutinyanka yasoboka agakora ku mpuzu yiwe canke igihe umusēzi w’impumyi umwe vyanka ko azibiranywa. (Matayo 9:20-22; Mariko 10:46-52) Yezu abandi yarababonamwo iciza kibarimwo kandi akabashimira; yamara kandi yari n’umutima ukunze wo gukangira igihe bikenewe. (Matayo 16:23; Yohana 1:47; 8:44) Igihe wasanga abagore bahabwa agateka gato, Yezu yarabaha urupfasoni n’icubahiro biri ku burimbane. (Yohana 4:9, 27) Birumvikana kubona hariho umugwi umwe w’abagore bamukoreye babikunze bakoresheje ibintu vyabo batunze.​—Luka 8:3.

16. Ni ibiki vyerekana yuko Yezu yari afise uburimbane mu vy’ukuntu yabona ubuzima be n’ibintu vy’umubiri?

16 Yezu yari afise uburimbane mu vy’ukuntu abona ubuzima. Kuri we ibintu vy’umubiri si vyo vyari bihambaye kuruta ibindi. Bisa n’uko ivy’umubiri yari atunze vyari bikeya cane. Yavuze yuko atari afise “ah’arambika umusaya.” (Matayo 8:20) Muri ico gihe nyene, Yezu yarongerereje umunezero abandi. Igihe yitaba ubugeni bumwe, bukaba bwari ubukwe bwarangwa n’umuziki, ukuririmba, n’ukunezerwa, biraboneka yuko atari ahari kugira ngo atere ubuyega muri ubwo bukwe. Si ivy’imbeshere, ni ho Yezu yakoreye igitangaro ciwe ca mbere. Aho umuvinyu uhereye, yarahinduye amazi umuvinyu uryoshe, kikaba ari ikinyobwa “[k]inezereza imitima y’abantu.” (Zaburi 104:15; Yohana 2:1-11) Ibirori vy’uwo musi mukuru rero vyabonye kubandanya, kandi nta nkeka batagora umugeni n’umukwe. Uburimbane bwiwe burabonekera kandi mu vy’uko hari ibihe vyinshi cane bivugwa aho Yezu yakora igihe kirekire kandi agatama mu gikenurwa ciwe.​—Yohana 4:34.

17. Ni kuki bidatangaje kuba Yezu yari Umwigisha w’Umuhanga, kandi inyigisho ziwe zagaragaje iki?

17 Yezu yari Umwigisha w’Umuhanga. Vyinshi mu vyo yigisha vyari bijanye n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, bikaba ari ibintu ubwiwe yari azi neza. (Matayo 13:33; Luka 15:8) Uburyo bwiwe bwo kwigisha nantaryo bwari ntangere: bwama nantaryo butomoye, bworoshe, kandi ngirakimazi. Mbere icari gihambaye kuruta ni ivyo yigisha. Inyigisho ziwe zaragaragaje icipfuzo yari afise ku mutima co kumenyesha abamwumviriza ivyiyumviro vya Yehova, inyiyumvo ziwe, hamwe n’inzira ziwe.​—Yohana 17:6-8.

18, 19. (a) Ni indondoro izihe Yezu yakoresheje mu kwerekana Se wiwe uko ameze? (b) Ni ibiki vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?

18 Kenshi Yezu akoresheje uturorero, yarahishuye Se wiwe akoresheje indondoro zimwerekana mu buryo butomoye zitoshoboye kworoha kwibagira. Imana si inyakigongwe gusa. Yehova ni nk’Umuvyeyi w’umunyembabazi yumva ikigongwe abonye umuhungu wiwe agarutse, ku buryo ‘yirukanga, akamugwa mw’izosi, akamugumbira.’ (Luka 15:11-24) Mu kwiyamiriza imico kama ikomeye ari na yo indongozi z’amadini zisunga mu kugaya abantu banyarucari, Yezu yasiguye yuko Se wiwe ari Imana yoroshe kwegera yahisemwo ugutakamba kw’umutozakori yicisha bugufi, gusumba isengesho ry’ukwiyerekana ry’umufarizayo w’umunyabwibone. (Luka 18:9-14) Yezu yadondoye Yehova ko ari Imana yitwararikana, imenya igihe akanyoni gatoyi kitwa ikijuri gakorokeye hasi. Yezu yarasubirije umutima mu nda abigishwa biwe mu kubabwira ati: “Ntimutinye: mwebwe muruta utunyoni twinshi.” (Matayo 10:29, 31) Uca wumva igituma abantu bumiwe n’“inyigisho” za Yezu hanyuma bagakwegerwa kuri we. (Matayo 7:28, 29) Mbere igihe kimwe “ishengero ryinshi” ryagumye iruhande yiwe imisi itatu, mbere ritagira ivyo kurya!​—Mariko 8:1, 2.

19 Turashobora gushimira Yehova kubona yaraduhishuriye mw’Ijambo ryiwe ivyiyumviro vya Kirisitu! Mugabo none, dushobora gute gutsimbataza kandi tukagaragaza ivyiyumviro vya Kirisitu mu migenderanire yacu n’abandi? Ivyo ni vyo vyihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Ivy’uko ibiremwa vy’impwemu bishobora kwoshwa n’ivyo vyifatanya, birerekanwa mu Vyahishuriwe 12:3, 4. Ngaho Shetani yadondowe nk’“igisato” cashoboye gukoresha akosho kaco kugira ngo gishikire izindi “nyenyeri,” canke abana b’impwemu, kugira bifatanye na we mu ngendo y’ubugarariji.​—Gereranya na Yobu 38:7.

b Ahantu hanyuma Yozefu avugwa ni igihe Yezu uwari afise imyaka 12 bamusanga mu rusengero. Nta na hamwe herekana ko Yozefu yoba yari kuri bwa bugeni bw’i Kana, mu ntango y’igikenurwa ca Yezu. (Yohana 2:1-3) Mu 33 G.C., Yezu uwari amanitswe yarashinze Yohani intumwa yakundwa kubungabunga Mariya. Ico ni ikintu bisa n’uko Yezu atari kugira iyo Yozefu aba yari akiriho.​—Yohana 19:26, 27.

Woba Uvyibuka?

• Ni kubera iki bihambaye ko tumenya “ivyiyumviro vya Kristo”?

• Yezu yari yifatanije na nde imbere yuko aza kw’isi ari umuntu nkatwe?

• Mu gihe c’ukubaho kwiwe kwo kw’isi, Yezu yagize ubuzima bumeze gute kandi ni ibiki yiboneye ubwiwe?

• Injili zihishura ibiki ku vyerekeye kamere ya Yezu?

[Ifoto ku rup. 3]

Yezu yakuriye mu muryango wagutse, bigasa n’uko hari ubuzima buciye bugufi

[Ifoto ku rup. 6]

Abigisha baratangajwe n’ugutahura kwa Yezu be n’inyishu ziwe afise imyaka 12

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika