ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/9 rup. 3-5
  • Woba Uzi Uburyo bwo Kurindira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Uzi Uburyo bwo Kurindira?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gukoresha Nabi Ubuzima Bwacu
  • Kwiga Uburyo bwo Kurindira
  • Ukwihangana Kuzohererwa
  • Duhimbarwe no kurindira Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Woba uzorindira wihanganye?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nugaragaze Agatima ko Kurindira!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Nurindire Yehova unezerewe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/9 rup. 3-5

Woba Uzi Uburyo bwo Kurindira?

WOBA ushobora kwibaza ukuntu umwanya abantu bamara ku mwaka ku mwaka barindiriye gusa ungana? Bararindira batonze umurongo ku mangazini canke aho banyweshereza ibitoro. Bararindira kugira ngo bazanirwe ibifungurwa mu kazu k’uburiro. Bararindira kugira ngo babonane n’umuvuzi canke n’umuganga w’amenyo. Bararindira amabisi canke amagarimoshi. Egome, umwanya munini bitangaje wo mu buzima bw’umuntu awumara mu kurindira ko ibintu biba. Nk’uko vyagereranijwe igihe kimwe, Abadagi bonyene batakaza amasaha amamiliyaridi 4,7 ku mwaka ku mwaka mu kuza gusa bararindira igihe hari urutavanako rw’imiduga! Umuntu umwe yaharuye yuko ayo masaha angana n’igihe abantu nk’7.000 bokwitega kubaho tugifatiye hamwe.

Kurindira birashobora kuvuna umutima cane. Muri iki gihe, bisa n’uko hatigera haboneka umwanya uhagije wo gukora ibintu vyose, vyongeye kwiyumvira ivyerekeye ivyo bindi bintu twari dukwiye gukora birashobora gutuma ukurindira kuba ikigeragezo nya kigeragezo. Umwanditsi umwe Alexander Rose, igihe kimwe yavuze ati: “Ica kabiri c’umubabaro ukomeye wo mu buzima uterwa n’ukurindira.”

Uwahoze mu vy’intwaro w’Umunyamerika, Benjamin Franklin yemera icese yuko ukurindira gushobora kandi gutuma umuntu atakaza menshi. Haraciye imyaka irenga 250 amenyesheje ati: “Umwanya urazimvye.” Ni co gituma abadandaza barondera uburyo bwo kwirinda guteba bidakenewe mu gihe c’ibikorwa. Ibidandazwa vyinshi bihinguwe mu mwanya muto bishobora gutuma haboneka inyungu nyinshi kuruta. Amashirahamwe y’ivy’ubucuruzi arangurira imirimo abanyagihugu, aragerageza gukora mu buryo bubanyarukiriza​—imfungurwa zidateba, amabanki atunganiriza abantu bibereye mu miduga yabo, n’ibindi mwene ivyo—​kubera bazi yuko kunezereza umunywanyi birimwo kugabanya umwanya yorindiriye.

Gukoresha Nabi Ubuzima Bwacu

Umuryoshamvugo umwe w’Umunyamerika wo mu kinjana ca 19, Ralph Waldo Emerson, igihe kimwe yidodomvye ati: “Ese ukuntu igihe kinini c’ubuzima bw’abantu gitakarira mu kurindira!” Vuba cane, umwanditsi Lance Morrow yaridodombeye ivyerekeye ukuntu kurindira birambira kandi bibuza amahoro umubiri. Mugabo ico gihe yaciye avuga ivyerekeye “amagorwa ataboneka aterwa n’ukurindira.” Na yo ni ayahe? “Ni ukumenya yuko ikintu c’agaciro kuruta c’umuntu, ari wo mwanya, igihimba c’ubuzima bwiwe, kiriko kiribwa, kigatakara ubutakigaruka.” Birababaje, mugabo ni ko bimeze. Umwanya utakaye kubera ukurindira uba utakaye ubutakigaruka.

Birumvikana, iyaba ubuzima butari bugufi, ukurindira vyoturaje ishinga buhoro. Mugabo ubuzima ni bugufi. Haraheze imyaka ibihumbi n’ibihumbi umwanditsi wa Zaburi asiguye ati: “Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, canke naho, kubg’intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, yamar’ivyiratwa vyayo n’ubutame n’umubabaro, kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.” (Zaburi 90:10) Twaba tuba he canke turi bande, ubuzima bwacu​—imisi, amasaha, iminuta biba biri imbere yacu igihe tuvutse​—birafise aho bigarukira. Yamara, ntidushobora kwirinda ibintu bishika aho usanga tubwirizwa kugira uwo dutakaza muri uwo mwanya w’agaciro mu kurindira ko ibintu binaka biba canke mu kurindira abantu.

Kwiga Uburyo bwo Kurindira

Benshi muri twebwe biramaze gushika bakagendera mu muduga utwarwa n’umuntu aguma nantaryo agerageza kurengana umuduga uri imbere yiwe. Kenshi, ntibiba bikenewe cane​—uwo mushoferi nta sango aba afise ryihutirwa. Mugabo, ntashobora kwihanganira kunyaruka akurikije uko uwundi mushoferi ariko aragenda. Ukubura kwihangana kwiwe kwerekana yuko atize uburyo bwo kurindira. Kwiga? Egome, kumenya uburyo bwo kurindira ni icigwa gitegerezwa kwigwa. Nta muntu n’umwe abivukana. Abana barasaba kuguma bitwararikwa igihe bashonje canke bamerewe nabi. Igihe baba bariko barakura ni ho gusa batahura yuko rimwe na rimwe bategerezwa kurindira ico bashaka. Mu vy’ukuri, kubera ko ukurindira ari ikintu ntahara mu buzima, kumenya uburyo bwo kurindira wihanganye igihe bikenewe ni ikimenyetso kiranga umuntu ahumuye.

Birumvikana yuko habaho ibintu vyihutirwa bituma ukutihangana kuba ukwumvikana. Umugabo akiri muto ariko arirukangana umugore wiwe ku bitaro kubera ikibondo cabo kiri mu nzira, vyoba ari ibitahurika ko atihanganira ivy’uguteba. Ba bamarayika bariko bahutagiza Loti kuva i Sodomu ntibari biteguriye kurindira igihe Loti yatebagana. Isangangura ryari hafi, kandi ubuzima bwa Loti n’umuryango wiwe bwari bugeramiwe. (Itanguriro 19:15, 16) Ariko rero, akenshi, ubuzima ntibuba bugeramiwe igihe abantu babwirizwa kurindira. Muri ivyo bihe, ibintu vyoshobora kunezereza kuruta iyo umuntu wese yiga kuba uwihangana​—naho mbere ukwo kurindira kwoba kwatumwe n’umuntu adashoboye ibintu canke atavyitaho. Vyongeye, vyoshobora kworoha kuba uwihangana iyo umuntu wese yoba yarize ingene yokoresha mu buryo kirumara uwo mwanya amara mu kurindira. Uruzitiro rwo ku rupapuro rwa 5 rurimwo inama zimwezimwe kugira ngo umuntu atume ukurindira kudasaba gusa ukwihangana mugabo kandi kuba kirumara.

Ntitwoshobora kwirengagiza yuko umutima wo kutihangana ushobora guhishura agatima k’ubwishime, inyiyumvo yuko umuntu ahambaye cane ku buryo atorindirizwa. Ku muntu wese yoba afise agatima nk’ako, amajambo akurikira yo muri Bibiliya arakwiriye kurimburwa. Agira ati: “Uw’umutima wihangana aruta uw’umutima w’ubgibone.” (Umusiguzi 7:8) Ubwibone canke ubwishime ni akanenge gakomeye, kandi umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho.” (Imigani 16:5) Kwiga kwihangana​—ni ukuvuga kwiga uburyo bwo kurindira—​kwoshobora rero gusaba yuko twisuzuma neza vyongeye tugasuzuma n’imigenderanire dufitaniye n’abantu badukikuje.

Ukwihangana Kuzohererwa

Mu bisanzwe dusanga kurindira vyoroha kuruta iyo twajijutse yuko ico turindiriye kidatebeye ubusa kandi yuko mu vy’ukuri impera n’imperuka kizoza. Muri vyo, ni vyiza kurimbura ivy’uko abasenga Imana ata buryarya bose barindiriye iranguka ry’imihango yayo y’igitangaza dusanga muri Bibiliya. Nk’akarorero, tubwirwa muri zaburi imwe yahumetswe n’Imana duti: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.” Uwo muhango warasubiwemwo n’intumwa Yohani igihe yavuga ati: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (Zaburi 37:29; 1 Yohana 2:17) Biratomoye rero ko nimba twoshobora kubaho ibihe bidahera, ukurindira ntikwoba ingorane ikomeye. Mugabo ntituriko turabaho ibihe bidahera ubu. Vyoba mbere vyumvikana kuvuga ivyerekeye ubuzima budahera?

Imbere yo kwishura, zirikana ko Imana yaremye abavyeyi bacu ba mbere bafise icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera. Kuba baracumuye ni co gusa catumye batakaza ico cizigiro, baracitakariza bongera bagitakariza n’abana babo​—harimwo na twebwe. Ariko rero, bagiheza gucumura, Imana yaramenyesheje umugambi wayo wo gukuraho ingaruka zatewe n’ukugambarara kwabo. Yasezeranye ukuza kw’“Urubuto” (NW) rwahavuye ruba Yezu Kirisitu.​—Itanguriro 3:15; Abaroma 5:18.

Ukuba umwe wese muri twebwe azokura ivyiza kw’iranguka ry’umuhango Imana yatanze ni ingingo twifatira. Ivyo kubigira bizosaba ukwihangana. Kugira ngo Bibiliya idufashe kwiga ubwo buryo bw’ukwihangana, ituremesha kuzirikana ku karorero k’umurimyi. Aratera imbuto ziwe maze agategerezwa kurindira yihanganye​—akora ukwo ashoboye kwose kugira ngo akingire ibiterwa vyiwe—​gushika igihe c’ugushwabura kigeze. Maze araronka impera ku bw’ukwihangana kwiwe, kandi arabona ivyamwa bivuye mu butame bwiwe. (Yakobo 5:7) Intumwa Paulo aravuga akandi karorero k’ukwihangana. Aratwibutsa ivyerekeye abagabo n’abagore b’intahemuka bo mu bihe vya kera. Bari barindiranye umushasharo iranguka ry’imigambi y’Imana, mugabo bategerejwe kurindira igihe cashinzwe n’Imana. Paulo aturemesha kwigana abo bantu, “abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.”​—Abaheburayo 6:11, 12.

Egome, kurindira ni ikintu gitegerezwa kubaho mu buzima. Mugabo ntigitegerezwa nantaryo kwama ari isoko ry’amaganya. Ku bantu barorereye iranguka ry’imihango y’Imana, kurashobora kuba isoko ry’umunezero. Bashobora kwuzuza umwanya bamara barindiriye mu gutsimbataza ubucuti bwa hafi n’Imana no mu gukora ibikorwa bigaragaza ukwizera kwabo. Kandi biciye kw’isengesho, ku nyigisho no ku kuzirikana, barashobora gutsimbataza umwizero udahungabana w’uko ibintu vyose Imana yasezeranye bizoshika mu gihe gikwiriye kuri yo.

[Uruzitiro ku rup. 5]

NUGABANYE AMAGANYA ATERWA N’UKURINDIRA!

Nuteganye ibintu imbere y’igihe! Nimba uzi yuko uzotegerezwa kurindira, niwitegurire gusoma, kwandika, kujisha, kudesa, canke gukora akandi gakorwa kanaka k’ingirakamaro.

Nukoreshe uwo mwanya mu kuzirikana, ico kikaba ari ikintu kirushiriza kugora muri iyi si yacu ibintu vyose ari ukwihutagiza.

Nugumize hambavu y’itelefone ibintu vyo gusoma wokoresha igihe woba urindirijwe; mu minuta itanu canke cumi, urashobora gusoma impapuro zitari nke.

Igihe urindiriye uri mu mugwi w’abandi, nukoreshe ako karyo, nimba bibereye, kugira ngo utanguze ibiyago n’abandi hanyuma usangire na bo ivyiyumviro vyubaka.

Uragumana agakarine canke ikintu co gusomera mu muduga wawe ku bw’ibiringo wobwirizwa kurindira utari uvyiteze.

Nuhumirize, uruhuke, canke usenge.

KURORANIRWA MU KURINDIRA AHANINI BIVA KU NYIFATO NO KU KUBIZIRIKANAKO IMBERE Y’IGIHE.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika