Woba Woguma Uri Intadohoka?
NI IBIJURI bingahe vyapfuye ejo? Nta n’umwe abizi, kandi abantu bake ni bo bashobora kuba bavyitwararika, kubera yuko hariho inyoni nyinshi cane. Ariko rero, Yehova aravyitwararika. Mu kwerekeza kuri izo nyoni zisa n’aho ataco zivuze, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi.” Yongeyeko ati: “Ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.”—Matayo 10:29, 31.
Mu nyuma, abigishwa baratahuye mu buryo butomoye rwose ukuntu Yehova abaha agaciro. Umwe muri bo, ni ukuvuga intumwa Yohani yanditse ati: “Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we.” (1 Yohana 4:9) Yehova ntiyatanze incungu gusa, ariko kandi akura amazinda umwe wese mu basavyi biwe ati: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.”—Abaheburayo 13:5.
Biratomoye ko urukundo Yehova akunda abasavyi biwe rutanyiganyiga. Ariko rero, ikibazo gica kivyuka ni iki: ‘Twoba twifatanije na Yehova akaramata ku buryo tutazokwigera tumuheba?’
Ukuntu Shetani Agerageza Gusenyura Ukutadohoka Kwacu
Igihe Yehova yereka Shetani ukutadohoka kwa Yobu, Shetani yasubijeyo ati: “Mbeg’ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa?” (Yobu 1:9) Yashatse kuvuga yuko ukudahemuka ku Mana abantu bagira guhagaze gusa ku ‘vyo bashobora kuharonkera.’ Iyo ivyo biba ari ivy’ukuri, ukutadohoka kw’Umukirisu ukwo ari kwo kwose kwoshoboye kugoyagoya, yokira gusa guhabwa ikintu kimukwegera bimwe bihagije.
Mu bijanye na Yobu, Shetani mu ntango yivugishije yuko ukudahemuka ku Mana kwa Yobu kwoheze aramutse atakaje ibintu yakunda cane kuruta ibindi vyose yari atunze. (Yobu 1:10, 11) Igihe ico gitutsi cagaragara ko ari ikinyoma, Shetani yaciye yivugisha ati: “Ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Naho ivyo Shetani yivugishije bishobora kuba ivy’ukuri kuri bamwebamwe, Yobu yaranse kudohoka. Inkuru y’ivya kahise iremeza ko yagumye ari intadohoka. (Yobu 27:5; 42:10-17) Woba ufise ukudahemuka nk’ukwo? Canke woba woreka Shetani agasenyura ukutadohoka kwawe? Niwibaze ibikwerekeye uko dusuzuma ibintu bimwebimwe bibaho biraba Umukirisu wese ku giti ciwe.
Intumwa Paulo yaremeye ko ukudahemuka kw’Umukirisu nyakuri gushobora gukomera cane. Yanditse ati: “Mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubu[zima], . . . cank’ibiriho, cank’ibizoba, . . . cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 8:38, 39) Turashobora kugira ukujijuka nk’ukwo nyene niba urukundo dukunda Yehova rukomeye. Urukundo nk’urwo ni umugozi w’intamenwa mbere n’urupfu rudashobora gusambura.
Niba dufitaniye ubucuti nk’ubwo n’Imana, ntituzokwigera twibaza duti: ‘Ubwo nzoba ngikorera Yehova mu myaka mikeyi iri imbere?’ Mwene ukwo gukekeranya kwokwerekana ko ukudahemuka ku Mana kwacu kuvana n’ivyoshobora kudushikira mu buzima bwacu. Ibintu bishika vyo hanze ntibigira ico bikoze ku kutadohoka nyakuri. Ukutadohoka nyakuri guhagaze ku co turi imbere muri twebwe. (2 Ab’i Korinto 4:16-18) Niba dukunda Yehova n’umutima wacu wose, ntituzokwigera tumutetereza.—Matayo 22:37; 1 Ab’i Korinto 13:8.
Ariko rero, dutegerezwa kwibuka yuko Shetani aguma arondera gusenyura ukutadohoka kwacu. Ashobora kutwosha ngo dutwarwe n’ivyipfuzo vy’umubiri, dutwarwe n’akosho k’urunganwe canke ngo tureke icago kinaka gitume duheba ukuri. Isi yiyonkoye ku Mana ni yo canecane Shetani acako mu kugira ico gitero, naho udusembwa twacu bwite ari two tworohereza igikorwa ciwe. (Abaroma 7:19, 20; 1 Yohana 2:16) Naho biri ukwo, turafise ibintu vyinshi twungukirako muri iyo ntambara, ikiza imbere y’ibindi vyose kikaba ari uko tutayobewe imigabo ya Shetani.—2 Ab’i Korinto 2:11.
Imigabo ya Shetani ni iyihe? Paulo yarayidondoye mw’ikete yandikiye Abanyefeso ko ari “ibikorwa vy’urwenge” canke “ibikorwa vy’uruyeri.”a (Abanyefeso 6:11; NW, akajambo k’epfo) Shetani atambika ivyo bikorwa vy’urwenge mu nzira ducamwo kugira asenyure ukutadohoka kwacu. Igishimishije ni uko dushobora kumenya ivyo bikorwa vy’urwenge, kubera yuko uburyo Shetani akoresha bwanditswe mw’Ijambo ry’Imana ku bwacu. Ukuntu Shetani yagerageje gusenyura ukutadohoka kwa Yezu n’ukwa Yobu birerekana bumwebumwe mu buryo arondera gusenyura ukutadohoka kwacu kwa gikirisu.
Ukutadohoka kwa Yezu Ntikwoshoboye Gusenyurwa
Mu ntango y’ubusuku bwa Yezu, Shetani yaragize uburindutsi bwo kugerageza Umwana w’Imana, mu kumuhigisha ngo ibuye arihinduremwo umukate. Ese ukuntu rwari uruyeri! Yezu yari amaze imisi 40 adafungura, agategerezwa rero kuba yari ashonje cane. (Luka 4:2, 3) Shetani yashaka ko Yezu ahaza buno nyene icipfuzo ciwe gisanzwe, mu buryo bwari bunyuranye n’ivyo Yehova agomba. No muri iki gihe nyene, poropagande y’isi iremesha ivy’uguhaza icipfuzo buno nyene, umuntu atabanje kwiyumvira na gatoyi canke ngo aniyumvire hoho ingaruka bivamwo. Ico itubwira ni iki: ‘Ubu ni ho ukwiriye kugira ico kintu’ canke ‘pfa kugikora gusa!’
Iyo Yezu atururuza imisonga y’inzara yari afise atabanje kurimbura ingaruka bizana, Shetani yari kuba yerewe mu vyo gutuma Yezu adohoka. Yezu yaravye ibintu mu buryo bw’impwemu, maze yishura ashikamye ati: “Vyanditswe ng’Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa.”—Luka 4:4; Matayo 4:4.
Shetani ico gihe yaciye ahindura amayeri akoresha. Mu gukoresha Ivyanditswe ukutari ko Yezu yari yamye asubiramwo, Shetani yaremesheje Yezu kwikororera hasi avuye ku gasongero k’urusengero. Shetani yivugishije ati: ‘Umumarayika wiwe azokuzigama.’ Yezu nta mugambi yari afise wo gusaba Se uburinzi bwo ku gitangaro kugira gusa yiyerekane. Yezu yavuze ati: “Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.”—Matayo 4:5-7; Luka 4:9-12.
Amayeri ya nyuma Shetani yaciye akoresha yari arushirije kuba ayadakikiriza. Yaragerageje guhendahenda Yezu ngo amuhe isi yose n’ubuninahazwa bwayo, abanje kumusenga gusa. Ivyo vyari vyo bintu vyose Shetani yari afise vyo gutanga. Mugabo, Yezu yoshoboye gute kwikubita imbere y’umwansi katwa wa Se ngo amusenge? Ni ikintu atari no kwiyumvira! Yezu yasubijeyo ati: “Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene.”—Matayo 4:8-11; Luka 4:5-8.
Ubwo buryo butatu bwo kumugerageza bumaze kunanirwa, Shetani “imuva iruhande gushika aho izoba ikimugarukirako.” (Luka 4:13, UB, ni twe tubihiritse.) Ivyo vyerekana ko Shetani yaguma arereka akaryo ko kugerageza ukudahemuka kwa Yezu. Igihe kibereye carabonetse hashize imyaka ibiri n’igice igihe Yezu yatangura gutegura abigishwa biwe ku bw’urupfu rwiwe rwari rwimirije. Intumwa Petero yavuze ati: “Ntibikāze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato.”—Matayo 16:21, 22.
Iyo mpanuro yatanganywe intumbero nziza ariko irimwo ukwihenda, yoba yarashoboye gukwegera Yezu kubera ko yari ivuye kuri umwe mu bigishwa biwe? Yezu ubwo nyene yaciye amenya ko ayo majambo agaragaza ivyipfuzo vya Shetani, atari ivya Yehova. Kirisitu yishuranye ugushikama ati: “Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ikintsitaza, kukw ivy’Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’abantu.”—Matayo 16:23.
Kubera urukundo rwamaho Yezu yakunda Yehova, Shetani ntiyashoboye gusenyura ukutadohoka kwiwe. Nta kintu na kimwe Shetani yoshoboye gutanga, nta kigeragezo na kimwe ukwo caba gikaze kwose, coshoboye gutuma ukudahemuka Yezu yari afise kuri Se wiwe wo mw’ijuru kugoyagoya. Twoba tuzogira umwiyemezo nk’uwo nyene igihe uko ibintu vyifashe bituma bigora kuguma turi intadohoka? Akarorero ka Yobu kazodufasha kurushiriza gutegera neza ingorane dushobora guhangana.
Ukudahemuka Igihe Turi mu Magorwa
Nk’uko Yobu yavyiboneye, amagorwa arashobora kudushikira igihe ico ari co cose. Yari umugabo yubatse ahimbawe, afise abana cumi akaba kandi yari afise akamenyero keza ko mu vy’impwemu. (Yobu 1:5) Mugabo Yobu atanabizi, ukutadohoka ku Mana kwiwe kwahindutse ibihari ku kirimba co mw’ijuru, maze Shetani yiyemeza gusenyura ukutadohoka kwiwe mu buryo bwose yoshoboye.
Bidatevye, Yobu yaratakaje amatungo y’umubiri yari afise. (Yobu 1:14-17) Naho vyagenze ukwo, ukutadohoka kwa Yobu kwaratsinze ikigeragezo kubera yuko atigeze ashira icizigiro ciwe ku mahera. Mu kwibuka igihe yari umutunzi, Yobu yavuze ati: “Asangwa naragize izahabu ivyizigiro vyanje, . . . kand’asangwa nanejerejwe n’uk’ubutunzi bganje ari bginshi, . . . ivyo na vyo vyoba ar’ikibi . . . , kuko noba nihakanye Imana iri hejuru.”—Yobu 31:24, 25, 28.
Muri iki gihe, birashoboka kandi ko dutakaza hafi ibintu vyose dutunze mu kanya isase. Icabona ca Yehova umwe w’umudandaza baramuhenze bakoresheje amayeri bamutwara igitigiri kinini cane c’amahera, bamusiga yifumbereje. Yariyemereye atarya umunwa ati: “Narahatswe kurwara umutima. Nkako, nibaza ko nari kuwurwara iyo ntaza kuba nari mfitaniye ubucuti n’Imana. Yamara ivyo vyanshikiye vyaratumye mbona yuko guha agaciro ivy’impwemu bitari biri mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje. Akamwemwe ko kurondera kwunguka amahera kariko kagomba kunigira mu menshi ikindi kintu cose.” Ico Cabona yaciye agabanya ibikorwa vyiwe vy’ubucuruzi uko bishoboka kwose, hanyuma akora ubudahorereza ari umutsimvyi mufasha, akamara amasaha 50 canke arenga ku kwezi mu busuku bwa gikirisu. Ariko rero, hari izindi ngorane zishobora mbere kuba izitesha umutwe kuruta gutakaza ivyo umuntu yari atunze.
Yobu ataraheza no kwumviriza inkuru z’uko yatakaje amatungo yiwe, yagiye yumva inkuru ivuga ko abana biwe cumi bapfuye. Yagumye ashimika ati: “Izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.” (Yobu 1:18-21) Twoba twoguma turi intadohoka hamwe vyoshika gihuruduka tukaburira icarimwe nka bangahe mu muryango wacu? Uwitwa Francisco, akaba ari umucungezi mukirisu wo muri Esupanye yarabuze abana biwe babiri bahitanywe n’impanuka iteye akagongwe y’umuduga utwara abantu. Yararonse impumurizo mu kwiyegereza Yehova no mu kwongereza igikorwa ciwe mu busuku bwa gikirisu.
Mbere n’inyuma ya kwa kubura abana biwe guca umutima, umubabaro Yobu yagize ntiwarangiye. Shetani yamuteje indwara iteye ishishi kandi isinzikaza. Muri ico gihe, Yobu yararonse impanuro mbi ivuye ku mugore wiwe. Yamuhimirije ati: “Tuka Imana, upfe uveho.” Yobu yarirengagije impanuro y’umugore wiwe, kandi “ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.” (Yobu 2:9, 10) Ukudahemuka kwiwe ntikwari guhagaze ku gushigikirwa n’umuryango wiwe, ariko kwari guhaze ku bucuti yari afitaniye na Yehova.
Flora, uwo umugabo wiwe n’umuhungu wiwe w’imfura bahevye inzira ya gikirisu ubu hakaba haheze imyaka irenga cumi, aratahura inyiyumvo Yobu ategerezwa kuba yaragize. Yiyemerera ati: “Mu gihe bishitse gihuruduka ntube ugishigikirwa n’umuryango wawe, bishobora kuba umusonga ukaze. Ariko nari nzi yuko ntoshoboye kuronkera ubuhirwe ahatari mw’ishirahamwe rya Yehova. Gutyo, narahagaze nshikamye, kandi ndashira Yehova mu kibanza ca mbere uko nihatira kubandanya kuba umukenyezi mwiza na inarugo mwiza. Narasenze ubudahorereza, kandi Yehova yarankomeje. Ndi umuntu anezerewe kubera ko, naho narwanijwe n’umugabo wanje bimwe bikabije, nize kwiheka wese kuri Yehova.”
Ikindi kintu Shetani yakoresheje kugira asenyure ukutadohoka kwa Yobu cari cerekeye ba bagenzi batatu biwe. (Yobu 2:11-13) Ese ingene bitegerezwa kuba vyari ibibabaza aho batanguriye kumuvuga nabi. Iyo yemera ivyiyumviro vyabo, ntiyari kuba akiri umuntu yizigiye Imana. Impanuro yabo ica intege yari gushobora kumuvuna umutima kandi igasenyura ukutadohoka kwiwe, gutyo, imigabo ya Shetani ikaba yerewe.
Aho kumera gutyo, Yobu yarashimitse ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku [“kutadohoka,” NW] kwanje.” (Yobu 27:5) Ntiyavuze ati: ‘Sinzoreka ngo mwebwe munkure ku kutadohoka kwanje!’ Yobu yari azi yuko ukutadohoka kwiwe kwari guhagaze kuri we no ku rukundo akunda Yehova.
Arakoresha Uruyeri rwa Kera Kugira Hagire Ikindi Kintu Acakira
Shetani aracakoresha impanuro zitari zo canke amajambo asunitswe n’umuyaga biva ku bagenzi canke abo dusangiye ukwizera. Ikintu gica intege giturutse mw’ishengero kirashobora gutuma icizigiro cacu kigoyagoya bitagoranye kuruta uruhamo ruvuye ku wutari uwo mw’ishengero. Umukurambere mukirisu umwe yari yahoze arwana mu ntambara zikaze mu gisirikare yari yahozemwo, yavuze ko ivy’intambara ata ho bihuriye n’umubabaro yagize uturutse ku majambo be no ku bikorwa bitarimwo ukwiyumvira vy’Abakirisu bamwebamwe basangiye ukwizera. Ku bijanye n’ivyo, yavuze ati: “Ni co kintu kigoye kurusha ivyo maze gucamwo vyose.”
Umuntu abiravye mu bundi buryo, turashobora guhungabanywa n’udusembwa tw’abo dusangiye ukwizera, ku buryo duhagarika kuvugisha bamwebamwe canke mbere tugatangura gusiba amakoraniro ya gikirisu. Kwikura ibishavushavu dufise bishobora gusa nk’aho woba ari wo muti nyawo. Ariko, ese ingene bibabaje kugira iciyumviro nk’ico kitaranga ukwiyumvira maze tukareka ubutunzi bwacu bw’agaciro, ni ukuvuga ubucuti dufitaniye na Yehova, bukagoyagozwa n’ivyo abandi bakora canke bavuga. Turamutse turetse ivyo bigashika, twoba turiko turagwa mu mutego w’amayeri Shetani yakoresheje kera.
Mu buryo bubereye, mw’ishengero rya gikirisu ni ho turonderera ingingo mfatirwako ziri hejuru. Ariko niba twitega ibirenze ku bo dusenga hamwe tukiri abanyagasembwa, nta nkeka ko ataco tuzohanoba. Ariko, Yehova we abona ibintu nk’uko biri ku vyo asaba abasavyi biwe. Turamutse twiganye akarorero kiwe, tuzoba twiteguriye kwihanganira udusembwa twabo. (Abanyefeso 4:2, 32) Intumwa Paulo yatanze iyi mpanuro igira iti: “Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse, kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro.”—Abanyefeso 4:26, 27.
Nk’uko Bibiliya ivyerekana mu buryo butomoye, Shetani akoresha imigambi y’urwenge itandukanye kugira ngo arabe ko yoshobora kwubura uburyo bwo gusenyura ukutadohoka kw’Umukirisu. Amwamwe mu mayeri akoresha ni ayakwegera ivyipfuzo vy’umubiri munyacaha, ayandi na yo akaba ateza umubabaro. Mu vyo duhejeje kuganira, ushobora kuba wabonye igituma udakwiye kwigera urugwamwo. Uko ukunda Imana mu buryo bushikamye mu mutima wawe, niwiyemeze kugaragaza ko Shetani ari umubeshi, maze bitume umutima wa Yehova unezerwa. (Imigani 27:11; Yohana 8:44) Niwibuke ko ukutadohoka nyakuri kwa gikirisu tukwumirako naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute.
[Akajambo k’epfo]
a Incabwenge mu vya Bibiliya W. E. Vine avuga ko ijambo ryo mu ntango ry’Ikigiriki rishobora kandi guhindurwa ngo “imigambi y’urwenge.”