ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/3 rup. 26-30
  • ‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ibicumuro bibera umuntu umutego’
  • ‘Ivyamwa bimara akanyota’
  • ‘Ururimi ruvura’
  • ‘Umunwa wamaho ibihe bidahera’
  • ‘Ururimi ruhisha ivyo ruzi’
  • ‘Amajambo atera umunezero’
  • Inzira ishikana ku mpera
  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Umunyamakenga agenda agavye”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Ibwirizwa ry’umunyabukerebutsi’ ni isôko ry’ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/3 rup. 26-30

‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’

NKA kurya akariro gakeyi gashobora kururumba maze kakayigiza ikibira cose, ni ko rushobora kwanduza ubuzima bwose bw’umuntu. Rurashobora kuba rwuzuye ubumara, ariko kandi rugashobora kuba ‘igiti c’ubuzima.’ (Imigani 15:4) Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bwarwo. (Imigani 18:21) Ubwo ni bwo bubasha bw’aka kagingo gatoyi, ari ko rurimi rwacu, urushobora kwanduza umubiri wacu. (Yakobo 3:5-9) Tuba tubaye inkerebutsi turinze ururimi rwacu.

Mu gice kigira kabiri c’ikigabane ca 12 c’igitabu co muri Bibiliya c’Imigani, Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera aratanga impanuro ngirakimazi zidufasha kurinda imvugo yacu. Akoresheje imigani migufimigufi ariko iri n’ico ivuze, uwo mwami w’inkerebutsi arerekana yuko amajambo umuntu avuga ashobora kugira ico akoze akongera akagira ico ahishuye ku vyerekeye kamere ziwe. Impanuro Salomo yanditse ahumekewe ni ntahara ku muntu wese yipfuza ‘kurinda umuryango w’iminwa yiwe.’​—Zaburi 141:3.

‘Ibicumuro bibera umuntu umutego’

Salomo avuga ati: “Ibicumuro vy’iminwa y’umuntu w’ikibi bimubera umutego; arik’umugororotsi akira ivyago.” (Imigani 12:13) Ukubesha ni igicumuro c’iminwa kibera umuntu abesha umutego wica. (Ivyahishuriwe 21:8) Ubugunge bushobora gusa nuko ari uburyo bworoshe bwo guhunga igihano canke kuzibukira ibintu bitoroshe. Mugabo none, kubesha rimwe ntibishikana ku kubesha kenshi? Nk’uko umuntu atanguye gukina akamari akoresheje uduhera dukeyi bituma agenda ararushiriza gushinga amahera menshi kugira agerageze kugarura ayo bamuriye, ni ko n’umubeshi asanga yisutse mu ngorane z’urudaca.

Igicumuro c’iminwa ni umutego kandi mu buryo bw’uko nyene kubesha abandi ashobora amaherezo gushika ku kwibesha ubwiwe. Nk’akarorero, umubeshi ashobora kwiyumvisha bitagoranye ko azi vyinshi, canke ari umunyabwenge, yamara mu vy’ukuri azi ibintu biri ku rushi. Aca rero atangura kubaho ari umubeshi. Si ivy’imbeshere, “yihema ubgiwe, k’ukugabitanya kwiwe kutazomenyekana ngo kwankwe.” (Zaburi 36:2) Ese ukuntu ukubesha ari umutego! Ku rundi ruhande, umugororotsi ntazokwisuka mu ngorane nk’iyo. Mbere naho yoba ari mu magorwa, ntazovuga ibinyoma.

‘Ivyamwa bimara akanyota’

Intumwa Paulo atanga iyi mburizi: “Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura.” (Ab’i Galatiya 6:7) Nta gukeka ko iyi ngingo ngenderwako ikora mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Salomo avuga ati: “Umuntu azohāga ivyiza, abiheshejwe n’ibivuye mu kanwa kiwe, kand’ umuntu ahabga ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yiwe.”​—Imigani 12:14.

Akanwa “kavuga ivy’ubgenge” kavamwo ivyamwa bimara akanyota. (Zaburi 37:30) Kugira ubukerebutsi bisaba ubumenyi, kandi nta muntu ari isoko ry’ubumenyi. Uwo ari we wese arakeneye kwumviriza impanuro nziza hanyuma akayikurikiza. Umwami wa Isirayeli avuga ati: “Inzira y’igipfu irabereye mu maso yaco ubgaco, arik’ūfise ubgenge yumvira inama agīriwe.”​—Imigani 12:15.

Yehova araturonsa impanuro nziza biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, akaba akoresha ibisohokayandikiro bitangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW; 2 Timoteyo 3:16) Ese ukuntu ari ubupfu gushibura impanuro nziza hanyuma tukaguma dushaka gukora uko twigombeye! ‘Dutegerezwa kwihutira kwumva’ igihe Yehova, “[umwe] yigisha abantu ubgenge,” aduhanura biciye ku muhora acishako mu gutanga amakuru.​—Yakobo 1:19; Zaburi 94:10.

Inkerebutsi n’igipfu bavyifatamwo gute igihe batutswe canke bacokowe? Salomo arishura ati: “Ishavu ry’igipfu rica riboneka ako kanya, arik’uwitonda iy’atutswe arirengagiza.”​—Imigani 12:16.

Igihe umuntu w’igipfu abwiwe amajambo yo kumusuzugura, aca ashavura ningoga, ni ukuvuga ‘ako kanya nyene.’ Ariko umuntu yiyubara, arasenga asaba impwemu y’Imana kugira imufashe kwigumya. Arafata umwanya wo kuzirikana ku mpanuro itangwa n’Ijambo ry’Imana akongera akazirikana akenguruka amajambo ya Yezu agira ati: “Ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi.” (Matayo 5:39) Kubera yuko umuntu yiyubara atipfuza ‘gusubiriza uwundi mu nkoko ku kibi yamugiriye’ ararinda umunwa wiwe kugira ntuvuge ibisunitswe n’umuyaga. (Abaroma 12:17) Mu buryo nk’ubwo nyene, twirengagije abantu abo ari bo bose bodutyoza, tuba twirinze ibihari vyokwaduka.

‘Ururimi ruvura’

Ibicumuro vy’umunwa birashobora kwonona ibintu vyinshi muri sentare. Umwami wa Isirayeli avuga ati: “Ūvuga ukuri yerekana ukugororoka, arikw icabona c’ibinyoma cerekana ubugunge.” (Imigani 12:17) Icabona c’ukuri kirerekana ukugororoka kubera yuko ivyo gishingira intahe ari ivyo kwishimirwa n’ivyo kwizigirwa. Amajambo yiwe atuma urubanza rucibwa hakoreshejwe ubutungane. Ku rundi ruhande, icabona c’ikinyoma cuzuye ubuhumvyi kandi gituma urubanza rudacibwa hakoreshejwe ubutungane.

Salomo abandanya ati: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, arik’ururimi rw’abanyabgenge ruravūra.” (Imigani 12:18) Amajambo arashobora gucumita nk’inkota, agasambura ubucuti kandi akavyura umuryano. Canke arashobora kuba aryoshe kandi ahimbaye, akazigama ubucuti. None amazina y’amatazirano, urwamo, amajambo y’agasuzuguro adatezura be n’ibitutsi biteza umuntu urubwa ntibimeze nk’ikintu gisogota gishobora gutuma umuntu akomereka mu mutima? Ese ukuntu vyoba ari vyiza dukosoye amakosa ayo ari yo yose twoshobora gukora mu bijanye n’ivyo, mu gukoresha amajambo yo gusaba imbabazi ata buryarya!

Muri ibi bihe bigoye turimwo, ntibitangaje kubona benshi bari n’“imitima imenetse” kandi “ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Igihe ‘turemesha abantu bishwe n’intimba’ (NW) kandi ‘tukaramira abafise intege nke,’ ntituba none turiko turakoresha ububasha bwo kuvura bw’amajambo tuvuga? (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Vyemere, amajambo aranga impuhwe arashobora kuremesha imiyabaga iriko irarwana n’akosho k’urunganwe konona. Ugukoresha neza ururimi birashobora gukura amazinda abageze mu za bukuru ko bakenewe kandi ko bakundwa. Nta gukeka ko amajambo aranga ubuntu ashobora gutuma umurwayi yirirwa neza. Mbere usanga birushiriza kworoha kwemera igikangiro mu gihe gitanganywe “umutima w’ubugwaneza.” (Ab’i Galatiya 6:1) Kandi ese ukuntu ururimi rw’umuntu arukoresha mu kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abumviriza ruvura!

‘Umunwa wamaho ibihe bidahera’

Akoresheje ijambo “umunwa” bwa citiranwa c’ “ururimi,” Salomo avuga ati: “Umunwa w’ukuri uzokomezwa gushitsa ibihe bidashira, arik’ururimi rw’ibinyoma n’urw’akanya gato.” (Imigani 12:19) Imvugo ngo “umunwa w’ukuri” mu Giheburayo iri mu rudende kandi irafise insobanuro ikomeye uretse ukuvugisha ukuri gusa. Igitabu kimwe kivuga giti: “Isaba kugira kamere nk’izi: ukuramba, ukwamaho, kwama uri umwizigirwa. Imvugo irimwo iyo kamere izokwamaho . . . ibihe bidahera kubera yuko izoboneka ko ari iyo kwizigirwa, aho kuba nk’ururimi rw’ibinyoma . . . rwo hashobora gushika igihe rukazimiza umuntu, mugabo rukaba rudashobora gutsinda igihe rushizwe mu kigeragezo.”

Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Ubugunge buri mu mitima y’abaja imigabo y’ikibi, arikw abaja inama z’amahoro bagira umunezero.” Yongerako ati: “Nta cago kizoba ku mugororotsi, arikw abanyakibi buzuye ibibi.”​—Imigani 12:20, 21.

Imigabo y’ikibi nta kindi ikora atari uguteza imibabaro n’ugucumukura. Ku rundi ruhande, abaja inama z’amahoro baramarwa akanyota n’ugukora ivyiza. Baragira kandi umunezero wo kubona ivyiza bivamwo. Igihambaye kuruta, baratoneshwa n’Imana, kubera ko “iminwa y’ibinyoma [ari] igisesema k’Uhoraho, arikw abakora ivy’ukuri [ari] bo bamuhimbara.”​—Imigani 12:22.

‘Ururimi ruhisha ivyo ruzi’

Mu kudondora itandukaniro riri hagati y’uwitondera amajambo akoresha n’uwutayitondera, umwami wa Isirayeli avuga ati: “Uwitonda ahisha ivyo azi, arik’umutima w’ibipfu uswaganya ubupfu.”​—Imigani 12:23.

Umuntu yiyubara arazi igihe akwiye kuvuga n’igihe akwiye guhora. Arahisha ubumenyi afise mu kwirinda ubwiwe kurata ivyo azi. Ivyo ntibisigura yuko yama ahisha ubumenyi afise. Ahubwo, akoresha ubwenge mu kubushira ahabona. Igitandukanye n’ivyo, umuntu w’igipfu yihutira kuvuga maze akamenyekanisha ubupfu bwiwe. Nimuze rero tube abavuga make kandi turinde ururimi rwacu rwoye kwirata.

Mu kubandanya kwerekana itandukaniro, Salomo arashikiriza iciyumviro gikomeye ku bijanye n’ubwira be n’ubute. Avuga ati: “Ukuboko kw’abanyamwete kuzoganza, arik’umunyabute azoshirwa mu buja.” (Imigani 12:24) Gukora cane bishobora gutuma umuntu yiteza imbere kandi ntazere inze mu vy’amahera, mu gihe ubunebwe bwo bushikana ku gukora ku gahato no ku kujakarira abandi. Incabwenge imwe ivuga iti: “Hashize igihe, umunebwe azojakarira umunyabwira mu bikorwa.”

‘Amajambo atera umunezero’

Umwami Salomo aragaruka ku vyerekeye imvugo, akihweza canecane ukuntu umuntu ameze. Avuga ati: “Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikīra, arikw ijambo ryiza rirawunezereza.”​—Imigani 12:25.

Hariho amaganya menshi n’imyitwarariko myinshi bishobora gutuma umutima udundumirwa n’umubabaro. Akajambo keza k’indemesho kavuye ku muntu atahurana ni ko gakenewe kugira ngo umutwaro uremuruke, n’umutima unezerwe. Ariko none abandi boshobora gute gutahura ukuntu amaganya yo mu mutima wacu angana tudaseruye ingorane zacu ngo twongere tuzivuge? Vyemere, igihe turi mu magorwa canke tudendebukiwe, turakeneye kwitura umuntu w’impuhwe ashobora kudufasha. Ikigeretseko, guserura inyiyumvo zacu dukoresheje amajambo biragabanura intuntu dufise mu mutima. Ku bw’ivyo rero, ni vyiza guserurira ingorane zawe uwo mwubakanye, umuvyeyi canke umugenzi w’umunyampuhwe kandi akuze mu vy’impwemu.

Hari amajambo meza aremesha yoza aruta ayo muri Bibiliya? Dutegerezwa rero kwiyegereza Imana biciye ku kuzirikana kw’Ijambo ryayo ryahumetswe tubigiranye ugukenguruka. Nta gukeka ko ukwo kuzirikana gushobora gutuma umutima wari wuzuye amaganya unezerwa, kandi kugatuma umuntu agira mu maso hakeye. Ivyo umwanditsi wa Zaburi yaravyerekanye ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge. Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima, ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso.”​—Zaburi 19:7, 8.

Inzira ishikana ku mpera

Mu kwerekana itandukaniro riri hagati y’inzira y’umugororotsi n’iy’umunyakibi, umwami wa Isirayeli avuga ati: “Umugororotsi arōngōra mugenzi we, arikw inzira y’abanyakibi irabazimiza.” (Imigani 12:26) Umugororotsi ariyubara ku vyerekeye abo bifatanya be n’abagenzi ahitamwo. Abahitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi, akihatira kwirinda imikwegano yomuta mu kaga. Ariko abanyakibi bo si uko, bo baranka impanuro, bakaguma bashaka gukora nk’uko bishakiye. Barazimira kandi bakayerera.

Ubukurikira, Umwami Salomo arerekana ahandi hantu umunyabute atandukaniye n’umunyabwira. Avuga ati: “Umunyabute ntatara inyama z’ico yahīze, arikw ikintu c’igiciro ku muntu [ni] umwete.” (Imigani 12:27) Umunyabute ari we “munebwe” “ntahiga,” canke ngo “yotse” inyama z’ico yahize. (New International Version) Ku bw’ivyo, ntashobora gusozera igikorwa yatanguye. Ariko ubwira bwobwo ni icitiranwa c’ubutunzi.

Ni co gituma ubunebwe ari bubi ku buryo intumwa Paulo yasanze bikenewe ko yandikira Abakirisu bagenzi we b’i Tesalonike akongera agakosora abantu bamwebamwe baho bariko ‘bagenda basaragurika,’ batagira ikintu na kimwe bakora mugabo bakita mu bitabaraba. Abantu nk’abo barikoreza umutwaro uremereye abasigaye. Paulo yarabahanuye adakikiriza, abahimiriza ashimitse ‘gukora ibikorwa batekereje, kugira babone kurya ivyo bironkeye ubwabo.’ Kandi baramutse badakurikije iyo mpanuro ishikamye, Paulo yakebuye abo mw’ishengero basigaye ‘kuzibukira’ abo bantu basaragurika, ni ukuvuga kubirinda, bikaboneka ko ivyo bobigize mu bijanye n’imibano.​—2 Ab’i Tesalonike 3:6-12.

Ntidutegerezwa gusa gushira ku muzirikanyi impanuro Salomo yatanze ku vyerekeye kuba umunyamwete, ariko kandi dutegerezwa no gushira ku muzirikanyi impanuro yatanze ku vyerekeye ugukoresha neza ururimi rwacu. Nimuze rero twihatire gukoresha ako gahimba k’umubiri wacu mu buryo buvura kandi butera umunezero uko twirinda ibicumuro vy’umunwa, maze dukurikirane ingendo y’ubugororotsi. Salomo adukura amazinda ati: “Mu nzira y’ukugororoka har’ubu[zima], kandi mu ndari yakwo nta rupfu ruhaba.”​—Imigani 12:28.

[Amafoto ku rup. 27]

“Ūfise ubgenge yumvira inama agīriwe”

[Amafoto ku rup. 28]

“Ururimi rw’abanyabgenge ruravūra”

[Ifoto ku rup. 29]

Guserurira umugenzi w’umwizigirwa ingorane birashobora guhumuriza

[Ifoto ku rup. 30]

Umuntu azirikanye kw’Ijambo ry’Imana akenguruka, biratuma umutima unezerwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika