ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/9 rup. 21-25
  • ‘Ibwirizwa ry’umunyabukerebutsi’ ni isôko ry’ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ibwirizwa ry’umunyabukerebutsi’ ni isôko ry’ubuzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nube umuntu yoroshe kwigisha
  • Rinda ururimi rwawe!
  • Nube umunyamwete
  • Ubugororotsi ni uburinzi
  • Ntitwifate uko tutari
  • Tugume tworoheje ivyipfuzo
  • Tunezererwe mu “muco”
  • Uragaba ntiwizigire ivy’uruhendo
  • Ibwirizwa ry’Imana ni isoko ry’ubuzima
  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ugutinya Imana ‘kwigisha ubukerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • “Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/9 rup. 21-25

‘Ibwirizwa ry’umunyabukerebutsi’ ni isôko ry’ubuzima

“YŌ, UBUREBURE bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ub[ukerebutsi] no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishobora kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!”. Ukwo ni ko intumwa Paulo yatangaye avuga (Abaroma 11:33). Umwe sokuruza w’umwizerwa Yobu na we yavuze ati: ‘Yehova Imana ni umunyabukerebutsi mu mutima’ (Yobu 9:4). Vyemere, Umuremyi w’ijuru n’isi afise ubukerebutsi ntangere. Twovuga iki none ku vyerekeye iryo bwirizwa, ari ryo Jambo ryanditse, ry’Umuremyi nk’uyo?

Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ub[ukerebutsi]. Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima, ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso” (Zaburi 19:7, 8). Ese ukuntu wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera ategerezwa kuba yaratahuye ingene ayo majambo ari ay’ukuri! Yavuze ati: “Ibgirizwa ry’umunyab[ukerebutsi] n’isōko y’ubu[zima], rikūra mu mitego y’urupfu” (Imigani 13:14). Mu mirongo 13 itangura yo mu Migani ikigabane ca 13, Salomo yarerekanye ukuntu impanuro ziri mw’Ijambo ry’Imana zishobora kudufasha kuryohora ubuzima bwacu no kwirinda kubushira mu kaga.

Nube umuntu yoroshe kwigisha

Mu Migani 13:1 havuga hati: “Umwana w’ub[ukerebutsi] ashira umutima ku gutozwa indero nziza na se, arik’umucōkōranyi ntiyumvira igihano”. Ugutoza indero umwana kugirwa na sebibondo gushobora kuba kworoheje canke gukaze. Bishobora kubanza kugirwa mu buryo bwo kumumenyereza, hanyuma nimba nya mwana avyanse, bigatinda bikagirwa mu buryo bw’igihano. Umwana aba agize ubukerebutsi igihe yemeye ugutozwa indero na se.

Bibiliya ivuga iti: “Uwo Uhoraho akunda [ni] we akāngīra”, kandi “a[ka]ramagura uwo yemera wese kw ar’umwana wiwe” (Abaheburayo 12:6). Uburyo bumwe Data wa twese wo mw’ijuru akoresha mu kudutoza indero, abicisha kw’Ijambo ryiwe ryanditse ari ryo Bibiliya. Igihe dusoma Bibiliya tuyiha agaciro twongera dushira mu ngiro ivyo tuyigamwo, Ijambo ryiwe riradutoza indero koko. Ivyo ni ku neza yacu, kubera yuko ikintu cose Yehova avuga ari ku bw’inyungu yacu.​—Yesaya 48:17.

Turashobora gutozwa indero kandi biciye mu gukosorwa n’uwo dusangiye ukwizera yitwararika ivy’uko tumererwa neza mu vy’impwemu. Impanuro ngirakimazi iyo ari yo yose ihuye n’Ijambo ry’Imana ntitwoyibona nk’aho ivuye kuri uwo muntu, ariko twoyibona nk’aho ivuye kuri umwe Soko rihambaye ry’ukuri. Tuba tubaye inkerebutsi tuyemeye nk’aho ivuye kuri Yehova. Igihe ivyo tubigize tukongera tukareka iyo mpanuro ikosha ivyiyumviro vyacu, ikaryohora uburyo dutahura Ivyanditswe, kandi igakosora inzira zacu, tuba turiko turungukira kuri nya gutozwa indero. Ni ko bimeze no ku bijanye n’impanuro turonkera ku makoraniro ya gikirisu be no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Gushira mu ngiro ivyo twiga biciye kuri mwene ayo majambo yanditse canke avuzwe, ni uburyo bwiza bwo kwitoza indero.

Ku rundi ruhande, umucokoranyi ntiyakira neza ugutozwa indero. Igitabu kimwe kivuga giti: “Kubera ko yiyumvira yuko azi ibibereye, ntiyoroshe kwigisha”. Mbere ntiyemera igikangiro, ni ukuvuga uburyo bukomeye bwo gutozwa indero. Ariko none, yoba ashobora kwerekana yuko indero itangwa na Data wa twese atari yo? Yehova ntiyigeze yihenda, eka mbere ntazokwigera yihenda. Umucokoranyi yanse gutozwa indero, nta kindi aba agize atari ugutuma acokorwa. Ese ukuntu Salomo, akoresheje amajambo makeyi acaguwe neza, yerekana mu buryo bwiza agaciro ko kuba umuntu yoroshe kwigisha!

Rinda ururimi rwawe!

Kugira yerekane ukuntu bihambaye ko tuyoborwa n’Ijambo ry’Imana mu vyo tuvuga, umwami wa Isirayeli asanisha akanwa n’igiti cama ivyamwa. Avuga ati: “Umuntu azorya ivyiza abiheshejwe n’[“ivyamwa vy’akanwa”, “NW”] kiwe, arikw ingunge zifuza kugira [“ubukazi”, “NW”]” (Imigani 13:2). Amajambo avuzwe, ni vyo vyamwa vy’akanwa. Kandi umuntu yimbura ivyo yabivye akoresheje amajambo yiwe. Incabwenge imwe ivuga iti: “Mu gihe amajambo yiwe ayavuganye intumbero nziza kandi akaba ayavuze kugira ngo bitume agiranira ubucuti bwiza n’ababanyi, azorya ivyiza, abeho ahimbawe kandi afise amahoro”. Ukwo si ko bigenda ku muhemu. Ashaka gukora ivy’ubukazi no kugirira abandi nabi. Ubukazi ni bwo ategura, kandi ubukazi bukaba ari bwo yimbura. Imitego y’urupfu iri mu rwinjiriro rw’umuryango wiwe.

Salomo abandanya ati: “Ūrinda akanwa kiwe azigama ubugingo bgiwe, arikw ikirofoke kizoranduka” (Imigani 13:3). Ukuvugwa nabi, inyiyumvo zibabaza, ubucuti bwononekaye eka mbere n’ukumererwa nabi ku mubiri ivyo vyose bishobora kuba biva ku majambo asunitswe n’impwemu kandi y’ubupfu. Iminwa irofoka irashobora kandi gutuma umuntu atemerwa n’Imana, kubera yuko Imana igira ico ibaza umuntu wese ku vyo avuga (Matayo 12:36, 37). Nkako, kuguma ducungereye cane akanwa kacu bizoturinda kumererwa nabi. Dushobora gute none kwiga kurinda akanwa kacu?

Uburyo bumwe bworoshe bwo kubigira ni ukutavuga menshi. Bibiliya ivuga iti: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura” (Imigani 10:19). Uburyo bwo kubigira ni ukwiyumvira imbere yo kuvuga. Uwo mwanditsi yavuze ahumekewe ati: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota” (Imigani 12:18). Iyo amajambo avuzwe atabanje kwiyumvirwa, ashobora kubabaza nyene kuyavuga na bene kuyumviriza. Ku bw’ivyo, Bibiliya iduha impanuro ngirakimazi igira iti: “Umutima w’umugororotsi [“urazirikana”, “NW”] ivyo wishura”.​—Imigani 15:28.

Nube umunyamwete

Salomo avuga ati: “Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, arik’umutima w’abanyamwete uratotahara” (Imigani 13:4). Igitabu kimwe kivuga giti: “Iciyumviro [kiri muri uwo mugani] ni ic’uko icipfuzo conyene ata co kimaze, umwete ni wo uhambaye. Abanyabute usanga batwarwa n’ivyipfuzo . . . bibanyoha, kandi nta n’ico bafise bokwiratira”. Ariko rero, umutima canke ivyipfuzo vy’abanyamwete birahazwa, ni ukuvuga ko bitotahara.

Tuvuge iki none ku bantu banka kwiyegurira Yehova kubera yuko bashaka kwirinda gushingwa amabanga? Barashobora kuba bagaragaza ko bipfuza kuba mw’isi nshasha y’Imana. Mugabo none, boba bashaka kugira ico bakoze kuri ivyo? Igisabwa ku bantu ‘bava muri wa mubabaro mwinshi’ ni uko baba baragaragaje ukwizera mu nkuka y’incungu ya Yezu, bakiyegurira Yehova hanyuma bakagereranya ukwiyegura kwabo mu kubatizwa mu mazi.​—Ivyahishuriwe 7:14, 15.

Rimbura kandi ico bisaba kugira ngo umuntu ashike ku kuba umucungezi mw’ishengero. Icipfuzo co kurondera gushikira ico gikorwa ciza ni ico gukezwa koko kandi kiraremeshwa mu Vyanditswe (1 Timoteyo 3:1). Ariko rero, kugaragaza ko uvyipfuza ubwavyo ntibihagije. Kugira ngo umuntu akwize ibisabwa bituma ashingwa ibanga kanaka, bisaba gutsimbataza kamere be n’ububangukirwe bikenewe. Ivyo bisaba yuko umuntu agira akigoro abigiranye ubwira.

Ubugororotsi ni uburinzi

Umugororotsi aratsimbataza kamere zishimwa n’Imana kandi akavuga ukuri. Aratahura yuko kubesha biteye kubiri n’amategeko ya Yehova (Imigani 6:16-19; Ab’i Kolosayi 3:9). Mu bijanye n’ivyo, Salomo avuga ati: “Umuntu agororotse yanka ibinyoma, arik’umuntu w’umunyakibi n’agatētereza kandi n’agaterasoni” (Imigani 13:5). Umugororotsi ntiyirinda gusa kubesha, ariko kandi aravyanka koko. Arazi yuko naho ibinyoma vyoba bisa n’uko umenga nta nabi birimwo, bisambura ubucuti bwiza abantu bafitaniye. Vyongeye, umuntu avuga ibinyoma ntaba acizigirwa. Umunyakibi akora mu buryo buteye isoni haba ari mu kubesha canke mu bundi buryo, gutyo akaba yikojeje isoni.

Kugira ngo wa mwami w’inkerebutsi yerekane ko gukora ibibereye mu nyonga z’Imana ari ngirakimazi, avuga ati: “Ubugororotsi buzigama ūgenda agororotse, arikw ikibi gitsinda hasi umunyavyaha” (Imigani 13:6). Nka kurya kw’igihome, ubugororotsi burakingira umuntu mu gihe ikibi co kimutsinda hasi.

Ntitwifate uko tutari

Mu kwerekana ko atahura ukuntu umuntu ameze, uwo mwami wa Isirayeli avuga ati: “Har’uwifata rutunzi ata co afise, har’uwifata rworo kand’afise ibitayega” (Imigani 13:7). Umuntu ashobora kuba atameze nk’uko aboneka. Abantu bamwebamwe bakenye bashobora kwigira abatunzi, kumbure kugira ngo biyerekane, baboneke nk’aho umenga baratunganiwe canke kugira gusa biheshe icubahiro. Umuntu atunze ashobora kwigira umukene kugira ngo gusa ahishe ubutunzi bwiwe.

Kwaba ukwiyerekana canke ukwihisha, nta na kimwe ari ciza. Nimba ubutunzi bwacu ari buke, gusesagurira amahera ku bintu bizimvyezimvye kugira gusa twerekane ko turi abatunzi birashobora gutuma twe n’imiryango yacu tubura ivya nkenerwa mu buzima. Vyongeye, umuntu yigize umukene kandi ari umutunzi, vyoshobora gutuma aba ingumyi, akaba yitesheje agateka be n’agahimbare kava ku kuba inda nziza (Ivyakozwe 20:35). Kubaho nk’uko dusanzwe turi bituma tugira ubuzima bwiza.

Tugume tworoheje ivyipfuzo

Salomo avuga ati: “Ico umuntu yicunguza n’itunga ryiwe, arik’umworo ntiyicura imikankamo” (Imigani 13:8). Ni icigwa ikihe gishikirizwa muri iyo mvugo iranga ubukerebutsi?

Kuba umutunzi birimwo ivyiza, ariko kugira ubutunzi si wo muhezagiro nyawo. Muri ibi bihe bidurumbanye tubayemwo, abatunzi akenshi basanga bo hamwe n’imiryango yabo bageramiwe no kunyuruzwa maze bagasabwa kugira ivyo batanze kugira ngo bicungure. Rimwe na rimwe, umutunzi arashobora kugira ivyo atanze kugira ngo akize ubuzima bwiwe canke ubuzima bw’uwo mu muryango wiwe. Ariko akenshi, usanga uwo nyene kunyuruzwa yishwe. Ico ni ikintu cama gihanamiye umutunzi.

Umuntu atunze utuntu dukeyi ntagira mwene ukwo guhagarika umutima. Mu gihe atoba afise ibintu vyinshi vyizavyiza be n’amatungo y’umubiri abatunzi bafise, kumbure usanga ari gake abanyuruji bamutumbera. Ico ni iciza kimwe kiva ku kuguma tworoheje ivyipfuzo no kudahereza umwanya wacu n’inguvu zacu mu kwiruka inyuma y’amatungo.​—2 Timoteyo 2:4.

Tunezererwe mu “muco”

Salomo abandanya kwerekana yuko ugukora ibintu mu buryo buhuje n’inzira ya Yehova bitugirira akamaro cane. Avuga ati: “Umuco w’abagororotsi n’akanyamuneza, arikw itara ry’abanyakibi rizozimwa”.​—Imigani 13:9.

Itara ni ikigereranyo c’ico twisunga kugira ngo kimurikire inzira yacu y’ubuzima. ‘Ijambo ry’Imana ni itara rimurikira ibirenge vy’umugororotsi, ni umuco umurikira mu nzira yiwe’ (Zaburi 119:105). Ririmwo ubumenyi be n’ubukerebutsi bitagira aho bigarukira vy’Umuremyi. Uko turushiriza kuryohora ugutahura kwacu ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo, ni ko umuco wo mu vy’impwemu utuyobora urushiriza gukayangana. Umve ntuze ukuntu ari isoko ry’umunezero! Ni kubera iki twosamazwa n’ubukerebutsi bw’isi canke n’“ivyitwa ubgenge atari bgo”?​—1 Timoteyo 6:20; 1 Ab’i Korinto 1:20; Ab’i Kolosayi 2:8.

Ku munyakibi, naho itara ryiwe ryoba risa n’irikayangana gute kandi akaba asa n’uwusagamvye gute, itara ryiwe rizozimwa. Amaherezo yiwe ni mu mwiza, aho ikirenge ciwe gitegerezwa gutsitara. Vyongeye, ‘nta kazoza’ agira.​—Imigani 24:20.

Dukwiye gukora iki none nimba tutazi neza ico twokora mu gihe kinaka? Bite ho hamwe twoba tutazi neza ko dufise uburenganzira bwo gukora ikintu kinaka? Mu Migani 13:10 hatugabisha hati: “Ubgibone butera imitongano gusa”. Gukora ico tutazi canke tudafitiye uburenganzira ni ubwibone kandi nta kindi bikora atari ugutuma tutumvikana n’abandi. Ntivyoba vyiza none tubajije abandi bafise ubumenyi n’ubukerebutsi? “Ub[ukerebutsi] bubana n’abemera inama nziza”, ukwo ni ko wa mwami w’inkerebutsi avuga.

Uragaba ntiwizigire ivy’uruhendo

Amahera arashobora kurangura umugambi ngirakimazi. Kuba ufise amahera akwiye ni vyiza kuruta kubaho ufise intica ntikize canke uri mu bukene (Umusiguzi 7:11, 12). Ariko rero, ivyo umuntu yobona ko ari inyungu zivuye mw’itunga ridaciye mu mategeko birashobora kuba ari uruhendo. Salomo agabisha ati: “Ubutunzi buronkeshejwe amagambo atagira ikimazi bugenda buyōka, arik’ūrundanya yitonze azokwunguka”.​—Imigani 13:11.

Rimbura nk’akarorero umutego uri mu vyo gukina akamari. Umukinyi w’akamari ashobora kumarira mu kamari uduhera twose yaronse abize akuya yizigiye kurya amahera menshi. Mugabo, ese ukuntu ivyo akenshi bishira mu kaga umuryango wiwe! Bigenda gute none iyo umukinyi w’akamari ariye? Kubera yuko ayo mahera yayaronse bitagoranye, ashobora kubona ko ata gaciro kanini afise. Vyongeye, ashobora kuba adafise ubuhanga bw’ukuntu yokoresha neza ayo mahera yariye. None ubwo butunzi bwiwe ntibushobora kuyonga ningoga nk’uko yaburonse? Ku rundi ruhande, ubutunzi umuntu yaronse buhorobuhoro, ni ukuvuga ubutunzi yagiye araronka mu gukorana ubwira igikorwa, buguma bwiyongera, kandi burashobora gukoreshwa neza.

Salomo avuga ati: “Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima, arikw icifujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubu[zima]” (Imigani 13:12). Ivyizigiwe ntibiranguke bishikana ku kwihebura gutuma umuntu avunika umutima. Ivyo vyama vyabaye mu buzima bwa misi yose. Ariko rero, ukwo si ko bimeze ku vyizigiwe bishingiye mu buryo butanyiganyiga kw’Ijambo ry’Imana. Turashobora kwizigira tugaherezako yuko bizoranguka. Naho vyosa n’ibitevye, ni gake bituma twihebura.

Nk’akarorero, turazi yuko isi nshasha y’Imana yegereje (2 Petero 3:13). Tuvyiteganye umushasharo, turarindirana umunezero yuko ivyo Imana yasezeranye biranguka. Ni ibiki bishika iyo dukoresheje umwanya dufise wo kurindira, mu kuguma turi na vyinshi dukora “mu gikorwa c’Umukama” (NW), mu kuremesha abo dusangiye ukwizera no mu gutsimbataza ubucuti bwa somambike na Yehova? Aho ‘kuvunika umutima’, turuzura umunezero (1 Ab’i Korinto 15:58; Abaheburayo 10:24, 25; Yakobo 4:8). Iyo ico twari tumaze igihe kirekire turindiriye gishitse, kiba igiti c’ubuzima, vy’ukuri igiti gisubiriza agatege kandi kikaruhura.

Ibwirizwa ry’Imana ni isoko ry’ubuzima

Mu kwerekana yuko bikenewe kugamburukira Imana, mu Migani 13:13 havuga hati: “Umuntu wese akēngēra ijambo, [“bazomutwara ingwati ku bw’umwenda yariye”, “NW”], arik’uwubaha icagezwe azohērwa”. Uwariye umwenda asuzuguye ivyo yasezeranye mu kutishura ivyo yaguranye, yoburiramwo ico yatanzeko ingwati. Mu buryo nk’ubwo nyene, nta co twohanoba turamutse tunaniwe kugamburuka ivyagezwe vy’Imana. Ni igiki twobura?

“I[bwirizwa ry]’umunyab[ukerebutsi] n’isōko y’ubu[zima], rikūra mu mitego y’urupfu” (Imigani 13:14). Kubaho tudafise ibwirizwa rya ya Mana Yehova y’ubukerebutsi bwose, ni ukubaho tutagira ubuyobozi bushobora kudufasha kugira ubuzima bwiza kandi buramba. Ese ukuntu ari ikintu kinini cane twoba dutakaje! Icotubera ciza rero, ni uko twitondera Ijambo ry’Imana kandi tukareka rikaba ari ryo riyobora ivyo twiyumvira, ivyo tuvuga be n’ivyo dukora.​—2 Ab’i Korinto 10:5; Ab’i Kolosayi 1:10.

[Amafoto ku rup. 23]

Gushira mu ngiro impanuro zo mu Vyanditswe ni uburyo bwiza bwo kwitoza indero

[Amafoto ku rup. 24, 25]

‘Umutima w’umugororotsi urazirikana ivyo wishura’

[Amafoto ku rup. 24, 25]

Kuguma turi na vyinshi dukora “mu gikorwa c’Umukama” biratwuzuza umunezero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika