Ibibazo vy’abasomyi
Hari abavuze yuko ngo ubwato Paulo yarimwo butasabiye mw’izinga rya Melita riri mu Bumanuko bwa Sisile, ariko ko ngo bwasabiye mu rindi zinga. None bwasabiye hehe?
Ico kibazo cerekeza ku biherutse kuvugwa yuko ngo ubwato intumwa Paulo yarimwo butasabiye mw’izinga Melita, mugabo ko ngo bwasabiye mw’izinga Kefaloniya (canke Kefallinía), hafi y’izinga rya Korufu ryo mu Kiyaga Iyoniya, ku nkengera yo mu Burengero bw’Ubugiriki. Inkuru yahumetswe yanditse itubwira yuko Paulo yavuye i Kayisariya acungerewe n’umugabisha w’abasoda w’Umuroma yitwa Yuliyo, hamwe n’abandi basoda be na bagenzi ba Paulo. Nk’uko vyerekanwa kw’ikarata, baruriye ubwato baja i Sidoni n’i Mura. Baciye bimukira mu bundi bwabo bunini butwara ingano bwari bwavuye i Alegizandiriya mu Misiri, maze bagenda berekeza i Kinido, amaja mu Burengero. Ntibashobora kubandanya baca mu nzira yari itegekanijwe, ni ukuvuga mu guca mu Kiyaga Égée hanyuma bagakikura isonga ry’Ubugiriki bakabona kwerekeza i Roma. Imiyaga ikaze cane yarabasunitse babwirizwa guca mu Bumanuko berekeza i Kirete maze bagenda bikinze inkengera za Kirete. Aho i Kirete, barahagaze ku kivuko citwa Vyambuvyiza. Bamaze kwihereza ikiyaga ‘bavuye i Kirete’, ubwabo ‘bwarahushwe’ n’“umuyaga w’igihuhuta citwa Ewurakulo”. Ubwo bwato bwari buremerewe cane n’ingano “[bwarakubezwe] irya n’ino mu kiyaga” gushika mw’ijoro rigira 14. Amaherezo, ubwo bwato bwarasabanye abantu 276 bose bari muri bwo, bukaba bwasabiye kw’izinga igisomwa co mu kigiriki c’Ivyanditswe Vyeranda cita Me·liʹte.—Ivyakozwe 27:1–28:1.
Uko imyaka yagiye irengana, haratanzwe ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’iryo zinga Me·liʹte iryo ari ryo. Bamwe biyumviriye yuko ryari rya zinga ryitwa Melita Ilirika ubu risigaye ryitwa Milijeti riri mu Kiyaga Adiriya uvuye ku nkengera ya Korowasiya. Ariko ivyo bisa n’uko bitoshoboka kubera yuko izinga Milijeti riherereye mu Buraruko, bikaba rero bigoye kurihuza n’ibibanza bikurikira Paulo avuga ko baciyemwo mu rugendo yagize, ivyo bibanza bikaba ari Surakusa, Sisile be n’inkokoro y’Ubutaliyano yo mu Burengero.—Ivyakozwe 28:11-13.
Benshi mu bahinduzi ba Bibiliya bashitse ku ciyumviro c’uko Me·liʹte ryerekeza kw’izinga Melite Afirikanusi, ubu rikaba ryitwa Melita. Ikivuko ca nyuma ubwato Paulo yarimwo bwaruhukiyeko cari Vyambuvyiza c’i Kirete. Maze umuyaga w’igihuhusi gikomeye warahuhiye ubwo bwato mu Burengero, ubwerekeza i Kilawuda. Uwo muyaga wagumye utwara ubwo bwato mu kiringo c’imisi myinshi. Birumvikana rwose yuko ubwo bwato bwariko butwarwa n’igihuhusi bwogiye kure mu Burengero maze bugashika i Melita.
Uwitwa Conybeare be n’uwitwa Howson, baravye umuyaga ukunda kuhaba be n’“iyo uhuhera ujana be n’ubunyarutsi” bwawo, bavuze amajambo akurikira mu gitabu cabo citwa Ubuzima be n’amakete vya Paulo mweranda (mu congereza): “Hagati ya Kilawuda na Melita hari ibilometero vyegereza cane 770. Ivyo bintu birahuye cane ku buryo bigoye rwose kwemera yuko igihugu abasozabwato [begereye] ku musi ugira cumi na kane coba cari ikindi atari Melita. Kuba ico gihugu gishobora kuba cari Melita ni ntaseswa”.
Naho hari ibindi bibanza vyoshobora gutangwa, ukuba ubwato bwasabiye i Melita nk’uko biboneka kuri iyo karata iri aho haruguru, bisa n’ibihuye n’inkuru yo muri Bibiliya.
[Ikarata/Ifoto ku rup. 31]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Yeruzalemu
Kayisariya
Sidoni
Mura
Kinido
KIRETE
KILAWUDA
MELITA
SISILE
Surakusa
Uburoma
MILIJETI
UBUGIRIKI
KEFALONIYA