ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/10 rup. 9-14
  • Ni bande bariko baraninahaza Imana muri iki gihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni bande bariko baraninahaza Imana muri iki gihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ntibagira ico bireguza’
  • ‘Indongozi zihumye’ zirazimiza benshi
  • Ni bande vy’ukuri bariko baraninahaza Imana?
  • Wewe woba uriko uraninahaza Imana?
  • Woba uriko urerekana ubuninahazwa bwa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nimuninahaze Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ntihagire ikikubuza gucakira ubuninahazwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Vyose nibimenyekanishe ubuninahazwa bwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/10 rup. 9-14

Ni bande bariko baraninahaza Imana muri iki gihe?

“Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa [canke, “ubuninahazwa”, “UB”] n’icubahiro n’ububasha”.—IVYAHISHURIWE 4:11.

1, 2. (a) Ni uburorero ubuhe bwerekana yuko abantu bigana ibintu bisanzwe biriho mu bidukikije? (b) Ni ikibazo ikihe kivyuka, kandi inyishu yaco ni iyihe?

UMUSI umwe mu myaka ya 1940, umuhinga mu vy’uguhingura ibintu w’Umunyasuwisi yitwa George de Mestral yajanye imbwa yiwe gutembera. Agarutse i muhira, yabonye impuzu ziwe be n’ubwoya bw’imbwa vyuzuyeko utubuto tumata tw’icatsi gihanda. Kubera ko yashaka kumenya ivyatwo, yaradusuzumye neza mu cuma ca rugagamisha maze arakwegerwa cane n’uduhwaduhwa twatwo twigonze twafata ku kintu cose gifise utwanyatwanya. Amaherezo, yahavuye ahingura ibintu bimata bimeze nka two: ivyiswe Velcro. De Mestral ntiyabaye we wenyene mu kwigana ibintu bisanzwe biriho mu bidukikije. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abavukana basangiye izina ari ryo Wright barahinguye indege inyuma y’aho bamariye kwihweza inyoni nininini ziriko ziguruka. Umuhinga mu vy’uguhingura ibintu w’Umufaransa yitwa Alexandre-Gustave Eiffel yaracafye imigero y’umunara wahavuye wubakwa i Paris witirirwa izina ryiwe yisunze ingingo ngenderwako z’ishimikiro zituma igufa ryo mw’itako ryikorera uburemere bw’umubiri.

2 Ubwo burorero burerekana neza ukuntu abantu bama biganye ibintu bisanzwe biriho mu bidukikije. Ariko rero, hari ikibazo gishimishije gica kivyuka: Ni kangahe bene guhingura ibintu ari bwo bwa mbere bavyitirira uwaremye twa tubuto dutoduto tumata twa ca catsi gihanda, za nyoni nininini, rya gufa ry’umuntu ryo mw’itako, be n’ibindi bintu vyose biteye igomwe bisanzwe biriho abantu barabirako mu guhingura ibintu kanaka ari bwo bwa mbere? Ikibabaje ni uko mw’isi ya kino gihe ari gake Imana yitirirwa ibintu canke ihabwa ubuninahazwa ikwiriye.

3, 4. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuninahazwa” risobanura iki, kandi iyo rikoreshejwe kuri Yehova rikwiye kwerekeza ku ki?

3 Hari abokwibaza bati: ‘Ni kubera iki kuninahaza Imana ari nkenerwa? None Imana ntisanzwe ininahaye?’. Ni ivy’ukuri yuko Yehova ari we aninahaye kuruta uwo ari we wese mw’isi no mw’ijuru, mugabo ivyo ntibisobanura yuko aninahaye mu maso y’abantu bose. Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuninahazwa” rifise insobanuro y’ishimikiro y’“uburemere”. Ryerekeza ku kintu cose gituma umuntu asa n’uwuremereye canke uwuhambaye ku bandi. Iyo rikoreshejwe ku Mana, ryerekeza ku kintu gituma Imana iba agatangaza ku muntu.

4 Bake muri kino gihe ni bo babona ibintu bituma Imana iba agatangaza (Zaburi 10:4; 14:1). Kukaba nkako, ba rurangiranwa mu kibano, nimba na ho nyene bemera Imana, akenshi baratumye abantu badafatana icubahiro wa Muremyi w’ijuru n’isi aninahaye. Ni mu buhe buryo ivyo babigize?

‘Ntibagira ico bireguza’

5. Abanyasiyansi bamwebamwe basigura gute ibitangaza vy’irema?

5 Abanyasiyansi benshi bashimika bavuga yuko ata Mana iriho. None basigura gute ibitangaza vy’irema, ushizemwo n’ikiremwa-muntu? Bavuga ko ibitangaza nk’ivyo vyabayeho biciye kw’ihindagurika, ni ukuvuga inguvu igoye isigura ishingiye ku gihamana. Nk’akarorero, uwushigikira ivy’ihindagurika yitwa Stephen Jay Gould yanditse ati: “Turiho kubera ko hari umugwi umwe w’amafi ameze ukwayo yari afise amababa yashoboye guhindukamwo amaguru y’ibikoko vy’i musozi . . . . Twoshobora kwipfuza kuronka inyishu ‘irengeye’ iyo, mugabo nta yiriho”. Mu buryo nk’ubwo, Richard E. Leakey na Roger Lewin na bo nyene banditse bati: “Kumbure abantu ni isanganya riteye ubwoba ryapfuye kuhaba mu bijanye n’ubuzima”. Mbere n’abanyasiyansi bamwebamwe bahayagiza ubwiza buri mu bidukikije be n’ingene bihinguye, barananirwa kuvyitirira Imana.

6. Ni igiki gituma abantu benshi babona ko bitabereye kuvuga yuko Imana ari yo Muremyi?

6 Igihe abantu bize cane bemeza yuko ihindagurika ari ikintu cabaye, baba bashaka kuvuga yuko ikijuju conyene ari co cokwanka kuryemera. Abenshi bakira gute iciyumviro nk’ico? Haraciye imyaka umugabo umwe azi utuntu n’utundi mu bijanye n’ihindagurika abajije ibibazo abantu bemera iyo nyigisho y’ivyihindagurika. Yavuze ati: “Nasanze benshi mu bemera ihindagurika baryemera kubera ko babwiwe yuko abantu bose bazi ubwenge baryemera”. Ni vyo, igihe abantu bize baseruye ivyiyumviro vy’ukutemera ko Imana ibaho, abandi baca babona yuko bitabereye kuvuga ko Imana ari yo Muremyi.—Imigani 14:15, 18.

7. Twisunze Abaroma 1:20, ni igiki umuntu ashobora kubona mu buryo butomoye yitegereje ivyaremwe bibonwa n’amaso, kandi ni kubera iki?

7 Abanyasiyansi boba bashitse ku vyiyumviro vyabo kubera yuko ibimenyamenya ari co vyerekana? Habe namba! Hirya no hino yacu hariho ibimenyamenya vy’uko hariho Umuremyi. Ku bimwerekeye, intumwa Paulo yanditse ati: “Ibitaboneka vy[iwe], ni vyo bushobozi bg[iwe] budashira n’ubumana bg[ayo], bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi [y’abantu], bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo [abatizera] ntibagire ico bireguza” (Abaroma 1:20). Umuremyi yarashize akaranga kiwe ku gikorwa c’amaboko yiwe. Gutyo, Paulo ariko avuga yuko uhereye ku ntango y’ukubaho kw’umuntu, vyamye bishoboka yuko abantu ‘babona’ ikimenyamenya c’uko Imana iriho biciye ku vyaremwe bibonwa n’amaso. None ico kimenyamenya kiri he?

8. (a) Ivyo tubona mu kirere vyemeza gute ububasha n’ubukerebutsi bw’Imana? (b) Ni igiki cerekana yuko hariho ikintu catumye isi n’ijuru bibaho?

8 Turabona ikimenyamenya c’uko Imana iriho turavye ijuru ryuzuye inyenyeri. Muri Zaburi 19:1 havuga hati: “Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana [canke, “ubuninahazwa bw’Imana”, NW]”. “Ijuru”, ni ukuvuga izuba, ukwezi n’inyenyeri, biremeza ububasha n’ubukerebutsi vy’Imana. Inyenyeri amasinzi n’amasinzi ziriho zituma twumva akoba. Vyongeye, ivyo bisyo vyose vyo mu kirere biragendagenda mu kirere. Kandi ntibipfa kugenda gutyo nyene gusa, ariko bigenda bikurikiza amategeko atomoye abigengaa (Yesaya 40:26). Vyoba none vyumvikana kuvuga yuko urutonde nk’urwo rwabayeho ku gihamana? Abanyasiyansi benshi bavuga yuko ijuru n’isi vyatanguye bukwi na bukwi, ivyo bikaba biri n’ico bivuze. Mu gusigura ico ivyo bishaka kuvuga, umwigisha umwe wo kuri kaminuza yanditse ati: “[Iciyumviro c’uko hari] ijuru n’isi vyamyeho ni iciyumviro kirushirije kwemereka ku wemera ko ata Mana iriho canke ku wuvuga ko idashobora kumenyekana. Mu buryo nk’ubwo nyene, [iciyumviro c’uko hari] ijuru n’isi vyagize intango gisa n’igisaba yuko habanza kubaho icatumye bibaho; nakare ni nde yokwiyumvira yuko ibintu nk’ivyo vyabayeho ariko ntihabe hariho icatumye biba?”.

9. Ubukerebutsi bwa Yehova bugaragarira gute mu biremwa vy’ibikoko?

9 Kw’isi, na ho nyene turahabona ikimenyamenya c’uko Imana iriho. Umwanditsi wa Zaburi yatangaye ati: “Uhoraho we, ereg’ibikorwa vyawe n’ivy’uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: isi yuzuye ubutunzi bgawe” (Zaburi 104:24). “Ubutunzi” bwa Yehova, ushizemwo n’ibiremwa vy’ibikoko, burashingira intahe ubukerebutsi bwiwe. Nk’uko twabibonye mu ntango, ibintu bisanzwe biriho ni vyo abahinga barondera kwigana. Reka dufate ubundi burorero bukeyi. Abashakashatsi bariko biga amahembe akomeye y’ubwoko bw’impongo kugira bashobore gukora ibikofero vyo kwikingira bikomeye kuruta; bariko bihweza ubwoko bw’isazi zumva cane mu ntumbero yo kurondera kuryohora ibikoresho bifasha kwumva; vyongeye bariko basuzuma amoya yo kw’ibaba ry’igihuna kugira baryohore mwene za ndege zigoye kubona. Mugabo, naho umuntu yoraramwo, ntashobora vy’ukuri gukora ikintu kimeze neza na neza n’igisanzwe kiriho mu vyaremwe. Igitabu kimwe (Biomimicry—Innovation Inspired by Nature) kivuga giti: “Ibinyabuzima vyarakoze ikintu cose dushaka gukora, bitarinze gusesagura ibitoro, gutosekaza iyi si, canke gushira mu kaga kazoza kavyo”. Mbega ubukerebutsi buri aho!

10. Ni kubera iki bitumvikana guhakana yuko hariho Umuhinguzi Ahambaye? Nubitangire akarorero.

10 Witegereje mu kirere canke ugatereza ijisho ku biremwa biri aha kw’isi, urabona ikimenyamenya gitomoye c’uko hariho Umuremyi (Yeremiya 10:12). Dukwiye kwemeranya rwose n’ibiremwa vyo mw’ijuru bisemerera biti: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa [canke, “ubuninahazwa”, UB] n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose” (Ivyahishuriwe 4:11). Yamara, abanyasiyansi benshi barananirwa kubona n’‘amaso y’imitima yabo’ ikimenyamenya c’uko hariho Umuremyi, naho mbere boba batangazwa n’ukuntu ivyo bibonera n’amaso yabo bwite bihinguye (Abanyefeso 1:18). Dushobora kubitangira akarorero muri ubu buryo: Gutangarira ubwiza buri mu vyaremwe be n’ingene bihinguye maze ugahakana yuko hariho Umuhinguzi Ahambaye yabihinguye, nta ho bitaniye no gutangarira igicapo ciza cane, mugabo muri ico gihe nyene ugahakana yuko hariho umuhinguzi w’utugenegene yafashe igitambara ata kintu na kimwe kiriko hanyuma akagicapako igicapo gikoranywe ubuhinga. Ntibitangaje kubona abanka kwemera Imana bavugwa ko ‘batagira ico bireguza’!

‘Indongozi zihumye’ zirazimiza benshi

11, 12. Inyigisho yuko Imana iba yaranditse imbere y’igihe ibishikira umuntu ishingiye ku kihe ciyumviro, kandi ni igiki cerekana yuko iyo nyigisho itaninahaza Imana?

11 Abantu benshi bafise umwete mu vy’idini bemera ata buryarya yuko uburyo basenga buninahaza Imana (Abaroma 10:2, 3). Ariko rero, idini turifatiye hamwe rigize uwundi muce w’ikibano c’abantu mu vy’ukuri wabujije abantu amamiliyoni kuninahaza Imana. Uti gute? Reka turimbure uburyo bubiri.

12 Ubwa mbere, amadini aratuma Imana itaninahazwa biciye ku nyigisho z’ikinyoma. Fata nk’akarorero inyigisho ivuga yuko Imana iba yaranditse imbere y’igihe ibishikira umuntu. Iyo nyigisho ishingiye ku vy’uko ngo, kubera yuko Imana ifise ubushobozi bwo kumenya kazoza, itegerezwa kumenya imbere y’igihe ibizoshikira ikintu cose. Iyo nyigisho y’uko Imana yandika imbere y’igihe ibishikira umuntu yerekana yuko kuva kera cane Imana yashinze imbere y’igihe ukuntu kazoza k’umuntu wese kazoba kameze, kaba ari keza canke kabi. Dufatiye kuri ico ciyumviro, imibabaro yose be n’ububisha bwose biri mw’isi ya kino gihe nta wundi bica vyegekwako atari Imana. Ntibininahaza Imana na gato igihe bayagirije ibintu bikwiye kwagirizwa wa Mwansi wayo mukuru ari we Shetani, umwe Bibiliya yita “umwami w’isi”!—Yohana 14:30; 1 Yohana 5:19.

13. Ni kubera iki ari ubupfu kwiyumvira yuko Imana idashobora gushingira akarimbi ububasha ifise bwo kumenya kazoza? Nubitangire akarorero.

13 Ivy’uko ibishikira umuntu biba vyaranditswe n’Imana ni inyigisho idashingiye ku Vyanditswe isiga iceyi Imana. Iyo nyigisho yitiranya ivyo Imana ishoboye gukora n’ivyo mu vy’ukuri ikora. Ivy’uko Imana ishobora kumenya imbere y’igihe ibintu, biravugwa mu buryo butomoye muri Bibiliya (Yesaya 46:9, 10). Ariko rero, ntivyumvikana kwiyumvira yuko idashobora gushingira akarimbi ububasha ifise bwo kumenya kazoza, canke kwiyumvira yuko ari yo yobazwa ikintu cose gishika. Tubitangire akarorero: Dufate ko ufise inguvu nyinshi. Mbega ivyo vyoca bituma wumva ko ubwirizwa guterura ikintu cose kiremereye wobona? Nawe uravyumva ko atari ukwo vyomera! Mu buryo nk’ubwo nyene, kuba Imana ifise ubushobozi bwo kumenya kazoza ntibica bituma itegerezwa kumenya imbere y’igihe canke gushinga imbere y’igihe akantu kose. Ubushobozi ifise bwo kumenya ibintu imbere y’igihe ntipfa kubukoresha ku kantu kose canke ngo ipfe uko ibukoreshejeb. Biratomoye yuko inyigisho z’ikinyoma, harimwo n’iy’uko Imana iba yarandikiye umuntu ibimushikira, zitaninahaza Imana.

14. Ni mu buhe buryo idini ryateje urubwa Imana?

14 Ubundi buryo bugira kabiri idini riteza urubwa Imana ni uburyo abayoboke baryo bigenza. Abakirisu bitezwe yuko bakurikiza inyigisho za Yezu. Kimwe coco, Yezu yigishije abayoboke biwe ‘gukundana’ no kuguma ‘batari ab’isi’ (Yohana 15:12; 17:14-16). Tuvuge iki ku bakuru b’amadini y’abiyita abakirisu? Boba vy’ukuri barakurikije izo nyigisho?

15. (a) Abakuru b’amadini bazwi gute ku bijanye n’intambara z’amahanga? (b) Inyifato y’abakuru b’amadini yagize ingaruka iyihe ku bantu amamiliyoni?

15 Rimbura ukuntu abakuru b’amadini bazwi ku bijanye n’intambara. Barashigikiye intambara nyinshi amahanga yarwanye, barazirenzako uruho rw’amazi, eka mbere baraba imboneza muri izo. Barahezagiye ingabo zija kurwana, mbere baranavuga yuko nya bwicanyi bwari bufise ishingiro. Ntitwobura rero kwibaza duti: ‘Mbega vyoba bitarashikira abo bakuru b’amadini ngo biyumvire yuko bagenzi babo bari ku rundi ruhande na bo nyene bariko bagira nk’ukwo nyene?’ (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Imana iri ku ruhande rwa nde?”.). Abakuru b’amadini ntibaba baninahaje Imana igihe bavuga yuko ishigikira intambara zisesa amaraso; eka mbere ntibaba baninahaje Imana igihe bavuga yuko ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zataye igihe kandi bakarenza uruho rw’amazi ku bushegabo bw’uburyo bwose. Emwe, batwibutsa za ndongozi z’amadini Yezu yita “abakora ibizira” n’“impumyi zijana izindi” (Matayo 7:15-23; 15:14)! Inyifato y’abakuru b’amadini yatumye urukundo abantu amamiliyoni bakunda Imana rutimba.—Matayo 24:12.

Ni bande vy’ukuri bariko baraninahaza Imana?

16. Kugira twishure ca kibazo co kumenya abariko vy’ukuri baraninahaza Imana, ni kubera iki dutegerezwa kwisunga Bibiliya?

16 Nimba abantu bakomakomeye kandi bemerwa bo mw’isi muri rusangi barananiwe kuninahaza Imana, ni bande none bariko vy’ukuri barayininahaza? Kugira twishure ico kibazo, dutegerezwa kwisunga Bibiliya. Nakare, Imana irafise uburenganzira bwo kuvuga uburyo ikwiye kuninahazwa, kandi mw’Ijambo ryayo Bibiliya, irerekana ingene yoninahazwa (Yesaya 42:8). Reka turimbure uburyo butatu bwo kuninahaza Imana, muri bumwebumwe bwose tukaba tuza turatorera inyishu ca kibazo co kumenya abariko vy’ukuri barayininahaza muri iki gihe.

17. Yehova ubwiwe yerekanye gute ko kuninahaza izina ryiwe ari umuce uhambaye w’ivyo agomba, kandi ni bande muri kino gihe bariko barashemeza izina ry’Imana kw’isi yose?

17 Ubwa mbere, turashobora kuninahaza Imana mu gushemeza izina ryayo. Ivy’uko kubigenza gutyo ari umuce nyamukuru w’ivyo Imana igomba biragaragarira mu vyo Yehova yabwiye Yezu. Imisi mikeyi imbere y’uko Yezu apfa, yasenze ati: “Dawe, ninahaza izina ryawe”. Maze, hari ijwi ryaciye ryishura riti: “Nararininahaje, mbere nzokwongera kurininahaza” (Yohani 12:28, UB). Uwariko avuga, nta gukeka ko yari Yehova. Dufatiye ku vyo yishuye, biratomoye yuko kuninahaza izina ryiwe kuri we bihambaye. Ni bande none muri kino gihe bariko baraninahaza Yehova mu kumenyekanisha izina ryiwe no mu kurishemeza kw’isi yose? Ni Ivyabona vya Yehova, kandi ivyo bariko babigira mu bihugu 235!—Zaburi 86:11, 12.

18. Dushobora gute kumenya abariko basenga Imana mu “kuri”, kandi ni umugwi uwuhe umaze imyaka irenga ijana wigisha ukuri kwo muri Bibiliya?

18 Ubugira kabiri, turashobora kuninahaza Imana mu kwigisha ukuri kuyerekeye. Yezu yavuze ko abasenga b’ukuri ‘bosengeye Imana mu . . . kuri’ (Yohana 4:24). Dushobora gute kumenya abariko basenga Imana mu “kuri”? Bategerezwa kwamirira kure inyigisho zidashingiye kuri Bibiliya kandi zivuga ukutari kwo Imana be n’ivyo igomba. Mu gishingo c’ivyo, bategerezwa kwigisha ukuri gutyoroye kwo mw’Ijambo ry’Imana, harimwo n’ibi bikurikira: Yehova ni we Mana Musumbavyose, kandi ni we wenyene akwiye kuninahazwa ku bw’ico kibanza arimwo kiri hejuru (Zaburi 83:18); Yezu ni Umwana w’Imana akaba n’Umutegetsi yagenywe ngo aganze Ubwami bw’Imana bwa kimesiya (1 Ab’i Korinto 15:27, 28); Ubwami bw’Imana buzokweza izina rya Yehova bwongere bushitse umugambi afitiye iyi si n’abantu bari kuri yo (Matayo 6:9, 10); inkuru nziza yerekeye ubwo Bwami itegerezwa kwamamazwa mw’isi yose (Matayo 24:14). Haraheze imyaka irenga ijana umugwi umwe wonyene ari wo wigisha ukwo kuri kw’agaciro ubigiranye ukudahemuka, uwo na wo ukaba ari Ivyabona vya Yehova!

19, 20. (a) Ni kubera iki ukwigenza neza kw’umukirisu kwoshobora gutuma Imana ininahazwa? (b) Ni ibibazo ibihe bishobora kudufasha kubona umugwi uriko uraninahaza Imana muri iki gihe mu kuguma wigenza neza?

19 Ubugira gatatu, turashobora kuninahaza Imana mu kubaho twisunga ingingo mfatirwako yashinze. Intumwa Petero yanditse ati: “Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza [canke, ‘baninahaza’, UB] Imana ku musi ibagendeye” (1 Petero 2:12). Ukuntu umukirisu yigenza kuragira ico gukoze ku kwizera kwiwe. Igihe abamwitegereza babona iryo sano, ni ukuvuga igihe babona yuko ukwigenza neza kw’umukirisu kuva neza na neza ku kwizera afise, biraninahaza Imana.

20 Ni bande muri iki gihe bariko baraninahaza Imana mu kuguma bigenza neza? Mbega, ni umugwi uwuhe w’ivy’idini intwaro zitari nke zahayagije kubera urangwa amahoro, ugizwe n’abanyagihugu bagamburuka amategeko kandi bariha amakori (Abaroma 13:1, 3, 6, 7)? Ni abantu abahe bazwi mw’isi yose ko bafitaniye ubumwe n’abo basangiye ukwizera, ubumwe burengera ibara ry’urukoba, ubwenegihugu, be n’ubwoko (Zaburi 133:1; Ivyakozwe 10:34, 35)? Ni umugwi uwuhe uzwi mw’isi yose ko urangura igikorwa c’ukwigisha Bibiliya kiremesha ukugamburuka amategeko, ukwubahiriza imico runtu mu muryango, be n’inyifato runtu ivugwa muri Bibiliya? Hari umugwi umwe rudende ushingirwa intahe n’ukwigenza neza kwawo muri iyo mice no mu yindi, uwo na wo ukaba ari Ivyabona vya Yehova!

Wewe woba uriko uraninahaza Imana?

21. Ni kubera iki dukwiye kurimbura niba ubwacu turiko turaninahaza Yehova?

21 Umwumwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba ubwanje ndiko ndaninahaza Yehova?’. Twisunze Zaburi ya 148, vyinshi mu vyaremwe biraninahaza Imana. Abamarayika, ikirere n’ibiri muri co, isi n’ibiremwa vy’ibikoko biri kuri yo, vyose birashemeza Yehova (Umurongo wa 1-10). Ese ukuntu bibabaje kubona abantu benshi muri kino gihe batayishemeza! Mu kubaho mu buryo buninahaza Imana, uba uhurije hamwe n’ibindi vyaremwe bisigaye, biriko birashemeza Yehova (Umurongo wa 11-13). Nta bundi buryo bwiza wokoresha ubuzima bwawe bwoza busumba ubwo.

22. Uninahaje Yehova, ni mu buryo butari bumwe ubuhe uhezagirwa, kandi umwiyemezo wawe ukwiye kuba uwuhe?

22 Uninahaje Yehova, urahezagirwa mu buryo bwinshi. Mu gihe wizeye inkuka y’incungu ya Kirisitu, uca usubiza hamwe n’Imana kandi ukagiranira na So wo mw’ijuru ubucuti burangwa amahoro kandi buvamwo ivyiza (Abaroma 5:10). Uko urondera imvo zo kuninahaza Imana, uca urushiriza kuba umuntu abona ibintu mu buryo bwiza kandi ukaba umuntu akenguruka (Yeremiya 31:12). Maze, uca uba umuntu ashoboye gufasha abandi kubaho bafise ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota, ukaba rero wironkeye agahimbare kenshi (Ivyakozwe 20:35). Ese woba mu bo umwiyemezo ukomeye bafise ari uwo kuninahaza Imana ubu no mu bihe bidahera!

[Utujambo tw’epfo]

a Ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu ibiri mu kirere bigaragaza ubukerebutsi n’ububasha bw’Imana, raba ikigabane ca 5 n’ica 17 vyo mu gitabu Niwiyegereze Yehova, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 641, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko abanyasiyansi muri rusangi batafashije abantu kuninahaza Imana?

• Ni mu buryo bubiri ubuhe idini ryabujije abantu kuninahaza Imana?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dushobora kuninahaza Imana?

• Ni kubera iki dukwiye kurimbura niba ubwacu turiko turaninahaza Yehova?

[Uruzitiro ku rup. 12]

“Imana iri ku ruhande rwa nde?”

Hari umugabo umwe yari mu ngabo z’Abadagi zarwanira mu kirere mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’isi yose mugabo yahavuye aba Icabona ca Yehova yibuka ibi:

“Icamvuruga umutwe muri iyo myaka y’intambara . . . kwari ukubona abakuru b’amadini bo mu madini hafi nka yose, uri abagatolika, abaluteri, abepisikopale, n’abandi, bahezagira indege z’indwano n’abazirwanisha imbere yo guhaguruka ngo zije gukoragura ivyo zari zitwaye vyica. Akenshi naribaza nti: ‘Imana iri ku ruhande rwa nde?’.

“Abasoda b’Abadagi bari bambaye umushipi aho wasanga kuri karya kantu bawugaza hariko aya majambo avuga ngo Gott mit uns (Imana iri kumwe natwe). Mugabo naribaza nti: ‘Kubera iki Imana itoba iri kumwe n’abasoda bo ku rundi ruhande basangiye idini na bo kandi ari nya Mana nyene na bo bariko basenga?’”.

[Ifoto ku rup. 10]

Mw’isi yose, Ivyabona vya Yehova bariko vy’ukuri baraninahaza Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika