ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/11 rup. 26-29
  • “Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe ubukerebutsi bwubaka urugo
  • Igihe iminwa irongorwa n’ubukerebutsi
  • Igihe ubukerebutsi buyobora ivyo abantu bagerageza kurangura
  • Igihe icabona ari inkerebutsi
  • Igihe ‘ukumenya kworoha’ kuronka
  • Igihe ubukerebutsi buyoboye ubucuti abantu bagiriranira
  • “Ubutunzi n’ubukire biri mu rugo rwiwe”
  • “Ubukerebutsi ni uburinzi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • ‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/11 rup. 26-29

“Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”

CA GIHUHUTA ca Harumagedoni nicatera maze kigakuraho urunkwekwe rubi rw’ibintu rwa Shetani, “inzu y’abanyakibi izoheneberezwa”. “Urugo rw’abagororotsi” rworwo bizorugendera gute? Emwe, mw’isi nshasha izoshirwaho n’Imana, “ruzogira umugisha”.—Imigani 14:11.

Ariko rero, imbere y’uko hashika ko ‘abanyavyaha bakomborwa mu gihugu, abaguranyi na bo bakarandurwa muri co’, abatunganye bategerezwa kubana n’abanyakibi (Imigani 2:21, 22). Abagororotsi boba bashobora kuronka umugisha canke gusagamba ibintu vyifashe gutyo? Kuva ku murongo wa 1 gushika ku wa 11 mu gitabu ca Bibiliya c’Imigani ikigabane ca 14, harerekana yuko turetse ubwenge canke ubukerebutsi bukayobora ivyo tuvuga n’ivyo dukora, dushobora gusagamba tukongera tugatekanirwa ku rugero runaka, mbere no muri iki gihe.

Igihe ubukerebutsi bwubaka urugo

Igihe Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yariko agira ico avuze ku ruhara umugore ashobora kugira rugatuma umuryango umererwa neza, yagize ati: “Umugore wese w’ubgenge yubaka urugo rwiwe, arik’uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe ubgiwe” (Imigani 14:1). Ni gute umugore afise ubwenge canke ubukerebutsi yubaka urugo rwiwe? Umugore w’inkerebutsi arubaha indinganizo Imana yashizeho yerekeye uwuri umutwe mu rugo (1 Ab’i Korinto 11:3). Uwo mugore ntiyoshwa n’impwemu canke agatima k’ubwigenge kiganje mw’isi ya Shetani (Abanyefeso 2:2). Arorohera umunega wiwe kandi akamuvuga neza, akongereza icubahiro abandi bashobora kuba bamufitiye. Umugore w’inkerebutsi aragira uruhara ruboneka mu guha abana biwe inyigisho yo mu vy’impwemu be n’iyo mu buzima. Arakora agatama ku bw’ineza y’urugo, agatuma i muhira haba ahantu hahimbaye kandi haryoshe kuba ku bagize umuryango. Uburyo bwiwe bwo kuringaniza ibintu usanga burangwa n’ukwiyubara be no gukoresha itunga neza. Umugore w’inkerebutsi koko arafasha mu vyo gutuma urugo rwiwe rusagamba kandi rugatekana.

Umugore w’igipfu ntiyubaha indinganizo Imana yashizeho yerekeye uwuri umutwe mu rugo. Ntatinya kuvuga nabi umunega wiwe. Kubera ko uwo mugore ari umuntu asesagura bivuye ku kuba atazi guhangira, arasesagura itunga urugo ruronka rubanje kubira akuya. Ikindi kandi, apfisha ubusa umwanya. Ico bivamwo ni uko usanga inzu idafashwe neza, abana na bo bakamererwa nabi mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu. Ni vyo koko, umugore w’igipfu asambura urugo rwiwe.

Ariko none, ni igiki cerekana nimba umuntu ari inkerebutsi canke igipfu? Mu Migani 14:2 havuga hati: “Ūgendera mu bugororotsi bgiwe yubaha Uhoraho, arik’ūgoramangika inzira ziwe aba amukēngereye”. Umugororotsi arubaha canke aratinya Imana y’ukuri, tukaba tuzi yuko “kwubaha [canke, “gutinya”, NW] Uhoraho [ari] itanguriro ry’ubgenge” (Zaburi 111:10). Umuntu w’inkerebutsi koko arazi yuko ategerezwa ‘gutinya Imana no kwitondera ivyagezwe na yo’ (Umusiguzi 12:13). Igipfu coco gikurikirana ingendo iteye kubiri n’ingingo mfatirwako z’Imana zerekeye ukugororoka. Inzira zaco ziragoramanze. Umuntu nk’uyo akengera Imana, akibwira mu mutima ati: “Nta Mana iriho”.—Zaburi 14:1.

Igihe iminwa irongorwa n’ubukerebutsi

Twovuga iki ku mvugo y’umuntu atinya Yehova be n’iy’umuntu amukengera? Wa mwami avuga ati: “Akanwa k’igipfu kamera inkoni yo gukubita ubgibone bgaco, arikw iminwa y’abanyabgenge irabazigama” (Imigani 14:3). Kubera ko umuntu w’igipfu atagira ubgenge canke ubukerebutsi buva mw’ijuru, usanga atari umunyamahoro ntabe n’umuntu agira ibitegereka. Ubukerebutsi buyobora intambuko ziwe ni ubw’isi, ubw’ubunyamaswa, n’ubw’abadayimoni. Avuga amajambo avyura ibihari kandi yo kwishira hejuru. Ubwibone bwo mu kanwa kiwe bumukwegera ingorane nyinshi bukazikwegera n’abandi.—Yakobo 3:13-18.

Iminwa y’umuntu w’inkerebutsi iramurinda, canke ikamukingira, igatuma amererwa neza. Uti gute? Ivyanditswe bivuga biti: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, arik’ururimi rw’abanyabgenge ruravūra” (Imigani 12:18). Amajambo y’umuntu w’inkerebutsi si ayo apfa kwadukana canke ayababaza abandi. Umutima wiwe urazirikana kugira ngo wishure (Imigani 15:28). Imvugo yiwe ahitamwo yitonze iravura, ni ukuvuga ko iremesha ubugingo bwishwe n’intimba ikanasubiza agatege uwihebuye. Aho kugira ngo iminwa yiwe irakaze abandi, iremesha amahoro n’itekane.

Igihe ubukerebutsi buyobora ivyo abantu bagerageza kurangura

Ubukurikira, Salomo ashikiriza umugani ushimishije usa n’uwuvuga ivy’uko bikenewe gushira ku munzane inyungu n’uruhombo bishobora kuba mu gukora igikorwa kinaka. Avuga ati: “Ah’inka zitari ikigega cama gusa, arik’ukugwira kw’ibirimwa kuva ku nkomezi z’inka”.—Imigani 14:4.

Igitabu kimwe, mu kugira ico kivuze ku nsobanuro y’uwo mugani, kigira giti: “Ikigega [kibikwamwo ibiribwa vy’ibitungwa] kigaragara, cerekana yuko ata bimasa [canke inka] bihari vyo kugaburira, gutyo umuntu akaba ata ngorane afise yo gusukura no kubungabunga ivyo bikoko, hakaba kandi hosohoka amahera make. Mugabo iyo ‘nyungu’ irakurwaho mu m[urongo] wa 4b: hadakoreshejwe ibimasa umwimbu ntuzoba mwinshi”. Umurimyi ategerezwa guhitamwo abigiranye ubukerebutsi.

None ingingo ngenderwako iri muri uwo mugani ntiyonakora igihe turimbura ivyo guhindura akazi, guhitamwo ubwoko bunaka bw’uburaro, kugura umuduga, gutunga igikoko mu rugo, be n’ibindi nk’ivyo? Umuntu w’inkerebutsi yoshira ku munzane ivyo yohungukira n’ivyo yohahombera maze akaraba nimba mu vy’ukuri yokwirirwa aragira ako kigoro agaheba n’amahera vyomusaba.

Igihe icabona ari inkerebutsi

Salomo abandanya ati: “Icabona cizigirwa ntikibesha, arikw icabona c’ibinyoma kivuga ibinyoma” (Imigani 14:5). Ukubesha kw’icabona c’ibinyoma kurashobora koko kugira nabi cane. Naboti w’i Yezireli yaricishijwe amabuye kubera abantu babiri b’inshirukanya canke b’imburakimazi bamwagirije ibinyoma (1 Abami 21:7-13). Mbega none ivyabona b’ibinyoma ntibagirije na Yezu, ivyo bigatuma yicwa (Matayo 26:59-61)? Ivyabona b’ibinyoma baragirije kandi na Sitefano, wa mwigishwa wa mbere wa Yezu yishwe ahorwa ukwizera kwiwe.—Ivyakozwe 6:10, 11.

Umuntu w’umubeshi yoshobora kutamenyekana muri ico gihe, mugabo rimbura kazoza kiwe. Bibiliya ivuga yuko Yehova yanka “icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ubuhūmvyi” (Imigani 6:16-19). Umugabane w’umuntu nk’uyo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, na co kikaba ari urupfu rwa kabiri, hamwe n’abanyakibi nk’abicanyi, abasambanyi, be n’abasenga ibigirwamana.—Ivyahishuriwe 21:8.

Icabona co kwizigirwa ntavuga ibinyoma igihe ariko arasūra. Ugusūra kwiwe ntikujamwo ibinyoma. Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko abwirizwa guha amakuru yose aboshobora kuba bari n’ukuntu bashaka kugirira nabi abasavyi ba Yehova. Ba bavyaramiryango ari bo Aburahamu na Isaka baririnze guha inkuru y’imvaho abantu bamwebamwe batasenga Yehova (Itanguriro 12:10-19; 20:1-18; 26:1-10). Rahabu w’i Yeriko yarayobeje abantu b’umwami (Yosuwa 2:1-7). Yezu Kirisitu ubwiwe yaririnda guhishura amakuru yose mu gihe kuyahishura vyari gutuma agirirwa nabi bitari ngombwa (Yohana 7:1-10). Yavuze ati: “Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga”. Kubera iki? Kugira ngo ‘ntizihave zibahindukirira zikabatabagura’.—Matayo 7:6.

Igihe ‘ukumenya kworoha’ kuronka

Ubukerebutsi coba ari ikintu gifiswe na bose? Mu Migani 14:6 havuga uku: “Umucokoranyi arondera ubgenge ntabubone, arik’ukumenya kuroroshe ku muntu akerebutse”. Umucokoranyi, canke umuntu atyekeza abandi, yoshobora kurondera ubwenge canke ubukerebutsi, mugabo ubukerebutsi nyakuri buramuca mu myanya y’intoki. Kubera ko umucokoranyi atwengera mw’ijigo n’ubwishime n’akantu ibintu vy’Imana, ntibimushobokera kuronka ikintu c’ishimikiro gicira inzira ubukerebutsi, ico kintu kikaba ari ubumenyi ntagakosa bwerekeye ya Mana y’ukuri. Ubwibone bwiwe be n’ukwishira hejuru kwiwe biramubuza kumenya ivyerekeye Imana no kuronka ubukerebutsi (Imigani 11:2). Ni kubera iki none yigora ngo ariko ararondera ubukerebutsi? Uwo mugani ntuvuga igituma, mugabo kumbure ivyo abigira kugira ngo abandi bahave biyumvira ko ari inkerebutsi.

“Ukumenya kuroroshe” ku muntu akerebutse canke ategera. Ugutegera gusobanurwa yuko ari “ugutegera mu bwenge: ugutahura”, “ubushobozi bwo kubona isano riri hagati y’ikintu be n’ibice bikigize”. Ni ubushobozi bwo gufatanya imice itandukanye y’ikintu maze ukakibonera hamwe, ntubone gusa igihimba kimwekimwe ukwaco. Uwo mugani uvuga yuko ubumenyi bworoshe kuronka ku muntu afise ubwo bushobozi.

Ku bijanye n’ivyo, rimbura ukuntu vyakugendeye ku vyerekeye kuronka ubumenyi bwerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe. Igihe watangura kwiga Bibiliya, bishoboka cane yuko inyigisho z’ishimikiro ku vyerekeye Imana, imihango yayo, be n’ivyerekeye Umwana wayo, zari mu bintu vya mbere vy’ukuri wamenye. Mu ntango ivyo bintu wabona ko ata sano bifitaniye. Mugabo uko washishikaye kwiga, ivyo bintu vyaratanguye kwuzuzanya, urashobora kubona mu buryo butomoye ingene ibintu vy’ido n’ido bitari bimwe bifitaniye isano n’umugambi wo muri rusangi Yehova afitiye abantu n’isi. Ukuri kwo muri Bibiliya kwaciye kwumvikana kandi ibikugize biragiriranira isano. Ico gihe kwiga ibintu bishasha no kuvyibuka vyaroroshe gusumba, kubera ko washobora kubona ukuntu bifitaniye isano n’ukuri kwose uko kungana.

Wa mwami w’inkerebutsi aratanga ingabisho ijanye n’aho umuntu adashobora gusanga ubgenge canke ubumenyi. Avuga ati: “Va imbere y’igipfu, kukw ata minwa y’ubgenge uzomubonana” (Imigani 14:7). Umuntu w’igipfu nta bwenge canke ubumenyi nyakuri afise. Iminwa yiwe ntivuga ivy’ubumenyi. Aho tugirwa inama yo kuva imbere y’umuntu nk’uyo, kandi ni ibiranga ubukerebutsi kumuguma kure. Umuntu wese “[a]cudika n’ibipfu azokomereka”.—Imigani 13:20.

Salomo abandanya ati: “Ubgenge bg’uwitonda bumenyesha inzira yiwe, arik’ubupfu bg’ibipfu burabihenda” (Imigani 14:8). Umuntu w’inkerebutsi arazirikana ku vyo akora. Ararimbura amahitamwo atandukanye ari imbere yiwe kandi akazirikana ku ngaruka zishobora kuva mw’ihitamwo rimwerimwe ryose. Ahitamwo n’ubukerebutsi ingendo yokurikira. Tuvuge iki ku muntu w’igipfu? Ahitamwo inzira y’ubupfu, yiyumvira yuko azi ivyo ariko arakora be n’uko ariko ahitamwo neza rwose. Ubupfu bwiwe buramuhenda.

Igihe ubukerebutsi buyoboye ubucuti abantu bagiriranira

Uwuyoborwa n’ubukerebutsi usanga afitaniye n’abandi ubucuti burangwa amahoro. Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Ibipfu bikinisha icaha, [mugabo] mu bagororotsi har’ugushimwa” (Imigani 14:9). Ukwiyumvamwo ko wakoze icaha, canke ukwiyagiriza, umuntu w’igipfu abona ko ari ibintu bitwengeje. Usanga yonona ubucuti yari afitaniye n’abo mu rugo be n’ubwo yari afitaniye n’ab’ahandi, kubera ko “yishira hejuru cane ku buryo adashobora gusubiza ibintu mu buryo” ngo arondere amahoro (The New English Bible). Umuntu agororotse usanga ari n’umutima ukunze wo kwihanganira udukosa tw’abandi. Aba yiteguriye gusaba ikigongwe no gusubiza ibintu mu buryo igihe ari we ari mw’ikosa. Kubera ko akurikirana amahoro, aragiriranira n’abandi imigenderanire irangwa agahimbare kandi idahungabana.—Abaheburayo 12:14.

Ubukurikira Salomo arerekana ikintu gituma imigenderanire abantu bagiriranira igira aho igarukira. Avuga ati: “Umutima wimenyera uwawo mubabaro, kand’umunezero wawo umunyamahanga ntashobora kuwītamwo” (Imigani 14:10). Twoba dushobora kwama nantaryo duserura inyiyumvo ziri imbere muri twebwe, zaba iz’akababaro canke umunezero, tukaziserurira abandi kandi tukababwira neza na neza ibintu biriko biradushikira? Vyongeye, umuntu yoba ashobora kwama atahura bimwe bishitse ingene uwundi muntu yumva amerewe? Inyishu kuri ivyo bibazo vyompi ni oya.

Nk’akarorero, rimbura inyiyumvo zijanye no gushaka kwiyahura. Umuntu afise izo nyiyumvo akenshi ntashobora kuzibwira mu buryo butomoye uwo mu muryango canke umugenzi. Vyongeye, abandi ntibashobora kwama babonye ibimenyetso biranga mwene izo nyiyumvo mu bo bari kumwe. Ntidukeneye kwiyagiriza igihe tutabonye ivyo bimenyetso bikaba vyatumye tudashobora kugira ico dufashije. Uwo mugani urigisha kandi yuko naho bihumuriza kwitura umugenzi atwumvira impuhwe kugira ngo adufashe mu vy’akanyengetera, impumurizo abantu batanga iri n’aho igarukira. Hari aho vyoba ngombwa ko twiheka kuri Yehova wenyene kugira ngo twihanganire ingorane zinaka.

“Ubutunzi n’ubukire biri mu rugo rwiwe”

Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Inzu y’abanyakibi izoheneberezwa, arik’urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha” (Imigani 14:11). Umunyakibi yoshobora gutunga agatunganirwa muri uru runkwekwe rw’ibintu kandi agashobora kwibera mu nzu yubatse neza. Mugabo none ivyo bizomumarira iki igihe azoba atakiriho (Zaburi 37:10)? Ku rundi ruhande, uburaro bw’umugororotsi bushobora kuba bubayabaye rwose. Mugabo nk’uko muri Zaburi 112:3 habivuga, “ubutunzi n’ubukire biri mu rugo rwiwe”. Ubwo butunzi be n’ubwo bukire ni nyabaki?

Igihe amajambo yacu be n’ibikorwa vyacu biyobowe n’ubukerebutsi, tuba dufise “itunga n’icubahiro” bibana n’ubukerebutsi (Imigani 8:18). Biba birimwo ubucuti burangwa amahoro tugiriranira n’Imana be n’abantu nkatwe, ukumererwa neza, be n’ugutekana ku rugero runaka. Ego cane, “urugo rw’abagororotsi” rurashobora kugira umugisha no muri iki gihe nyene.

[Ifoto ku rup. 27]

Umugore w’inkerebutsi arubaka urugo rwiwe

[Ifoto ku rup. 28]

“Ururimi rw’abanyabgenge ruravūra”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika