ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/2 rup. 3-5
  • Ibitangaro vyoba bibaho koko canke ni umugani?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibitangaro vyoba bibaho koko canke ni umugani?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Tuvuge iki ku madini atari aya gikirisu?
  • Bite ho ku bitangaro vyo mu madini ya gikirisu?
  • Aho Bibiliya ihagaze
  • Kubera iki worondera kumenya ivyerekeye ibitangaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Woba ushobora kwemera ibitangaro bivugwa muri Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ibitangaro vya Yezu vyoba vyarabaye koko canke ni umugani?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/2 rup. 3-5

Ibitangaro vyoba bibaho koko canke ni umugani?

UWO mushingantahe ntiyatevye gutamarira icandiko cari kimaditse ku muduga wariko urarengana. Ico candiko cagira giti: “Ibitangaro birabaho: Pfa gusa kubaza abamarayika”. Naho nyene uwo mushingantahe yari umuntu akunda ivy’Imana, ntiyatahuye neza ico ivyo vyashaka kuvuga. Ico candiko coba casobanura ko uwo mushoferi yemera ibitangaro? Canke bwari uburyo bwo kuba aratwenza abantu, ashaka kwerekana ko atemera ibitangaro n’abamarayika?

Woshima kumbure kumenya ivyo umwanditsi umwe w’Umudagi yitwa Manfred Barthel yavuze. Yagize ati: “Ijambo igitangaro ni ijambo rituma abasomyi baca bigabura mu migwi ibiri idahuza”. Abemera ibitangaro usanga barajijutse yuko bibaho, be n’uko bishobora kuba biba kenshia. Nk’akarorero, bivugwa yuko mu Bugiriki muri iyi myaka iheze abizera bavuze yuko ibitangaro biba nka rimwe mu kwezi. Ivyo vyatumye umusenyeri umwe wo mw’ishengero ry’aborotodogisi ryo mu Bugiriki agabisha ati: “Abizera basa n’abagomba gufata Imana, Mariya hamwe n’aberanda, bakabagira abantu. Abizera ntibakwiye kurenza urugero muri ivyo”.

Mu bindi bihugu bimwebimwe, usanga abantu batemera ibitangaro cane nko mu Bugiriki. Itohoza rimwe ryagizwe mu Budagi mu 2002, ryerekanye yuko ibice 71 kw’ijana vy’abanyagihugu babona ko ibitangaro bitabaho, ahubwo ko ari umugani. Ariko rero, mu badashika n’ica gatatu bemera ibitangaro, harimwo abagore batatu bavuga ko baronse ubutumwa buvuye kuri Bikira Mariya. Haciye amezi makeyi bivuzwe ko Mariya yababonekeye ari kumwe n’abamarayika be n’inuma, hari ikinyamakuru kimwe (Westfalenpost) co mu Budagi cavuze giti: “Gushika ubu, abantu nka 50.000 bagendera ibibanza vyeranda, abarondera gukizwa indwara, eka n’abarondera kwimenyera utuntu n’utundi, barashize umutima ku vyo abo bagore beretswe”. Vyari vyitezwe ko abandi bantu bashika 10.000 basegenyukira muri ico gisagara kugira babone Mariya aramutse asubiye kubonekera abantu. Bivugwa yuko ngo Bikira Mariya yabonekeye abantu muri ubwo buryo nyene i Lourdes mu Bufaransa mu 1858, n’i Fátima muri Porotigali mu 1917.

Tuvuge iki ku madini atari aya gikirisu?

Ivyo kwemera ibitangaro tubisanga mu madini nka yose. Igitabu kimwe (The Encyclopedia of Religion) gisigura yuko abatanguje idini ry’ababuda, abatanguje iry’ubukirisu be n’abatanguje irya isilamu bari bafise ivyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye ibitangaro, mugabo kigaca kivuga giti: “Ivyabaye mu nyuma muri ayo madini birerekana ata kwihenda yuko ibitangaro be n’inkuru zivuga ivy’ibitangaro vyacitse kimwe mu bintu nyamukuru bigize ukwemera kw’abantu”. Ico gitabu kivuga yuko “Buddha ubwiwe yakora ibitangaro rimwe na rimwe”. Mu nyuma, igihe “idini ry’ababuda ryinjira mu Bushinwa, abamisiyonari baryo akenshi bikora ku bubasha bwabo bwo gukora ibitangaro”.

Ico gitabu kimaze kuvuga vyinshi muri ivyo bita ngo ni ibitangaro, gica gisozera giti: “Hari abatoshoka bemera izo nkuru zose zavuzwe n’abantu bakunda ivy’Imana banditse ibijanye n’ubuzima bwabo, ariko nta nkeka ko ata yindi ntumbero yatumye izo nkuru ziremaremwa atari iyo kuninahaza Buddha, uwari afise ubushobozi bwo guha abayoboke biwe b’abanyamwete mwene ubwo bubasha bwo gukora ibitangaro”. Ku vyerekeye isilamu, ico gitabu nyene kivuga giti: “Abisilamu benshi bamye biteze ibitangaro. Mu nkuru zivuga ivyo Muhamedi yavuze be n’ivyo yakoze (hadīths), Muhamedi adondorwa yuko yakoze ibitangaro ku mugaragaro mu bihe vyinshi. . . . Abantu baremera yuko n’igihe aberanda baba bamaze gupfa bashobora gukora ibitangaro bari mu mva, bakabikorera abayoboke b’intahemuka, kandi abantu barabambaza bizeye ko bashobora kubasabira”.

Bite ho ku bitangaro vyo mu madini ya gikirisu?

Benshi mu bakiriye ubukirisu ntibabibona kumwe. Hari abemera badakeka inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’ibitangaro Yezu yakoze be n’ivyakozwe n’abasavyi b’Imana bo mu gihe c’imbere y’ubukirisu. Ariko benshi babona ibintu nka kumwe kwa wa muporotisanti Martin Luther yatuma haba amahinduka mu vy’idini. Ca gitabu (The Encyclopedia of Religion) kimuvugako ibi: “Si Luther, si Calvin, bose banditse yuko igihe co gukora ibitangaro carenganye be n’uko abantu badakwiye kwitega ko bisubira kuba”. Ico gitabu kivuga yuko Ekeleziya gatolika yagumye yemera ibitangaro “mugabo ntigerageze gusigura ingene bishoboka”. Ariko rero, “abaporotisanti bize bahavuye bemera yuko ukubaho rukirisu cari ikintu kijanye ahanini n’ugukora ikibereye, be n’uko Imana canke ibiremwa bitaboneka bitagize ikintu kinini bihinduye ku buzima bw’abantu”.

Abandi biyita abakirisu, ushizemwo n’abakuru b’amadini bamwebamwe, barakekeranya ko ibitangaro bivugwa muri Bibiliya vyabaye koko. Fata nk’akarorero ivya ya nkuru iri muri Bibiliya ivuga ivy’igisaka caka umuriro yanditswe muri Kuvayo 3:1-5. Igitabu kimwe (What the Bible Really Says) gisigura yuko abanyatewolojiya batari bake b’Abadagi batemera ko iyo ari inkuru ivuga ivy’igitangaro cabaye koko. Bavuga riho yuko iyo nkuru “igereranya ingene Musa yariko aritonganya mu mutima, be n’ingene ijwi ryo mu mutima ryariko riramusogota”. Ico gitabu congerako giti: “Imbeya z’umuriro zoshobora kandi gufatwa yuko ari amashurwe yaciye ashurika kubera umuco uvuye ku kuba Imana iri aho hantu”.

Ngira urabona yuko iyo nsobanuro idahagije. None wofata iki? Vyoba vyumvikana umuntu yemeye yuko ibitangaro vyigeze kubaho? Bite hoho ku vyerekeye ibitangaro vyo muri iki gihe? Ko tutari bubaze abamarayika, twobaza nde?

Aho Bibiliya ihagaze

Nta wohakana yuko Bibiliya ivuga ko kera cane Imana yigeze kuba ihaseruka kugira ikore ibintu abantu babona ko bitoshoboka. Ku vyerekeye Imana, dusoma duti: “[Wakuje] abantu bawe b’Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa ibimenyetso n’ibitangaza n’ukuboko gukomeye kandi kurāmvuye, n’ibiteye ubgoba bginshi” (Yeremiya 32:21, ni twe dushimitse.). Iyumvire nawe: Ihanga rya rutura ryo muri ico gihe rigateterezwa n’ivyago cumi ritejwe n’Imana, muri ivyo vyago hakaba harimwo n’urupfu rw’abana b’imfura be n’ibikoko vy’uburiza! Emwe, vyari ibitangaro koko!​—Kuvayo, ikigabane ca 7 gushika ku ca 14.

Haciye ibinjana, abanditsi bane b’Injili baradondoye ibitangaro bishika 35 Yezu yakoze. Ubiravye, amajambo bakoresheje arumvikanisha ko yakoze n’ibindi bitangaro birengeye ivyo banditse. Izo nkuru zoba zarabaye koko canke ni umuganib?​—Matayo 9:35; Luka 9:11.

Nimba Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ry’ukuri, nk’uko ivyivugira, uri n’imvo yumvikana rero yo kwemera ibitangaro bivugwa muri yo. Bibiliya iravuga idacisha ku ruhande yuko ibitangaro vyabayeho kera, nk’akarorero: ugukiza abantu ku gitangaro, ukuzura abapfuye be n’ibindi nk’ivyo. Ariko kandi irasigura idakikiriza yuko ibitangaro nk’ivyo bitakibaho (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Igituma ata bitangaro bikibaho”, ruri ku rupapuro rwa 4.). None ivyo vyoba bishaka kuvuga yuko n’abemera Bibiliya babona ko ibitangaro vyo mu gihe ca none bitagira ishingiro? Reka ikiganiro gikurikira kiduhe inyishu.

[Utujambo tw’epfo]

a Muri iki kiganiro, ijambo “ibitangaro” rikoreshwa nk’uko ridondorwa n’inyizamvugo imwe ya Bibiliya. Ridondorwa uku: “Ibintu biba mu vyaremwe, birengeye ububasha bwose bw’abantu canke bwo mu bidukikije, bigaca rero vyitirirwa ikintu kirengeye ubushobozi bw’abantu”.

b Urashobora kwirabira ikimenyamenya cerekana ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa mu gitabu La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro ku rup. 4]

IGITUMA ATA BITANGARO BIKIBAHO

Hari ibitangaro bitandukanye bivugwa muri Bibiliya (Kuvayo 7:19-21; 1 Abami 17:1-7; 18:22-38; 2 Abami 5:1-14; Matayo 8:24-27; Luka 17:11-19; Yohana 2:1-11; 9:1-7). Vyinshi muri ivyo bitangaro vyari bifise intumbero yo kwerekana ko Yezu yari we Mesiya, kandi vyaremeje ko yari ashigikiwe n’Imana. Abayoboke ba Yezu bo mu ntango bari bafise ingabirano zo gukora ibitangaro, nko kuvuga izindi ndimi no gutahura amajambo ahumetswe (Ivyakozwe 2:5-12; 1 Ab’i Korinto 12:28-31). Izo ngabirano zo gukora ibitangaro zari ngirakamaro kw’ishengero rya gikirisu mu misi yaryo ya mbere. Uti gute?

Imvo imwe ni uko amakopi y’Ivyanditswe yari make. Akenshi, abatunzi ni bo bonyene wasanga bafise imizingo canke ibitabu vy’ubundi bwoko. Mu ntara z’abapagani, ntibari bazi Bibiliya canke uwo yakomotseko, ari we Yehova. Inyigisho za gikirisu zategerezwa gutangwa ku munwa. Ingabirano zo gukora ibitangaro zarafashije kwerekana ko Imana yariko irakoresha ishengero rya gikirisu.

Ariko Paulo yarasiguye yuko izo ngabirano zokuweho igihe zitobaye zigikenewe. Yavuze ati: “Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho. Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace, ariko, ah’igihingūye kizoshikira, ivy’agace bizokūrwaho”.​—1 Ab’i Korinto 13:8-10.

Muri iki gihe, abantu barashobora kuronka Bibiliya hamwe n’ibitabu vy’inkoranyamajambo be n’ivy’inkoranyabumenyi. Abakirisu bamenyerejwe barenga imiliyoni zitandatu bariko barafasha abandi kuronka ubumenyi bwerekeye Imana bushingiye kuri Bibiliya. Ibitangaro rero ntibigikenewe kugira vyemeze ko Yezu Kirisitu ari we Mucunguzi yagenywe n’Imana canke kugira vyemeze ko Yehova ashigikiye abasavyi biwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika