Ntuhe Shetani ikibanza
“Ntimuhe wa Mucokoranyi akaryo”.—ABANYEFESO 4:27, Byington.
1. Ni kubera iki abantu benshi bibaza nimba Shetani abaho?
MU BINJANA n’ibindi, abantu benshi bamye biyumvira ko Shetani ari ikiremwa gifise amahembe n’ibinono, cambaye ibitukura kandi gifise ikiyozo kimeze nk’igikanya gikoresha mu guta ababi mu muriro udahera ururumba. Bibiliya ntishigikira ico ciyumviro. Ariko rero, nta gukeka ko ivyiyumviro mwene ivyo bitari vyo vyatumye abantu amamiliyoni bibaza nimba Shetani abaho canke bakiyumvira yuko iryo jambo ryerekeza gusa ku kibi kiri mu bantu.
2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe Ivyanditswe bivuga kuri Shetani?
2 Bibiliya iratanga ikimenyamenya cavuye ku muntu yiboneye Shetani amaso mu yandi, ikongera ikerekana mu buryo butomoye yuko abaho koko. Yezu Kirisitu yaramubonye mu karere k’impwemu ko mw’ijuru aranavugana na we kw’isi (Yobu 1:6; Matayo 4:4-11). Naho Ivyanditswe bidahishura izina ico kiremwa c’impwemu cari gifise mu ntango, ijambo ry’ikigiriki ryo mu ntango ryo muri Bibiliya ryakoreshejwe kuri ico kiremwa risobanura “Umucokoranyi”, kikaba ciswe gutyo kubera ko cacokoye Imana. Citwa kandi Shetani (bisigura ngo “Murwanizi”), kubera ko kirwanya Yehova. Shetani wa Mucokoranyi avugwa ko ari “ya nzoka ya mbere”, bivanye kumbure n’uko yakoresheje inzoka mu guhenda Eva (Ivyahishuriwe 12:9; 1 Timoteyo 2:14). Azwi kandi ko ari “wa Mubi”.—Matayo 6:13a.
3. Ni ikibazo ikihe tugiye kurimbura?
3 Twebwe abasavyi ba Yehova ntitwipfuza mu buryo na bumwe kumera nka Shetani, umwansi mukuru wa ya Mana imwe nsa y’ukuri. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa gufata nka nkama iyi mpanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Ntimuhe wa Mucokoranyi akaryo” (Abanyefeso 4:27, Byington). Ni ibintu bimwebimwe ibihe none biranga Shetani dutegerezwa kutigana?
Ntiwigane wa mucokoranyi mukuru
4. “Wa Mubi” yacokoye Imana gute?
4 “Wa Mubi” arabereye kwitwa umucokoranyi. Gucokora umuntu ni ukumuvugako amajambo y’ibinyoma, aranga umutima mubi kandi yo kumusiga iceyi. Imana yategetse Adamu iti: “Igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza” (Itanguriro 2:17). Eva ivyo yari yarabimenyeshejwe, mugabo Shetani yamubwiye abicishije ku nzoka ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi” (Itanguriro 3:4, 5). Emwe, ukwo kwari ugucokora Yehova Imana kurangwa umutima mubi!
5. Ni kubera iki Diyotirefe yari akwiriye kubazwa ivy’ugucokorana kwiwe?
5 Abisirayeli bategetswe bati: “Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu” (Abalewi 19:16). Intumwa Paulo yaravuze ivy’umucokoranyi umwe wo mu gihe ciwe ati: “Har’ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera. Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu” (3 Yohana 9, 10). Diyotirefe yariko acokora Yohani, akaba rero yari akwiriye kubibazwa. Ni umukirisu w’intahemuka uwuhe ga yemwe yoshima kumera nka Diyotirefe mu kwigana Shetani, wa mucokoranyi mukuru?
6, 7. Ni kubera iki twoshima kwirinda gucokora umuntu n’umwe?
6 Abasavyi ba Yehova akenshi baravugwako amajambo akaze yo kubacokora no kubagiriza ibinyoma. “Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barahagara[ye], bakovya k[w]agiriza cane [Yezu]” (Luka 23:10). Paulo yaragirijwe ibinyoma n’Umuherezi Mukuru Ananiya be n’abandi (Ivyakozwe n’intumwa 24:1-8). N’ikindi kandi, Bibiliya ivuga ko Shetani ari “Umurezi wa bene Data . . . abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu” (Ivyahishuriwe 12:10). Abo bene Data baregwa canke bagirizwa ibinyoma ni abakirisu basizwe bari kw’isi muri iyi misi y’iherezo.
7 Nta mukirisu yoshima gucokora uwundi muntu canke kumwagiriza ibinyoma. Yamara, ivyo vyoshobora gushika hamwe twoba isura yagiriza umuntu kanaka tudafise amakuru y’imvaho. Mu gihe ca vya Vyagezwe vya Musa, umuntu yagiriza uwundi ibinyoma n’ibigirankana yarashobora kwicwa (Kuvayo 20:16; Gusubira mu vyagezwe 19:15-19). Vyongeye, mu bintu bisesema Yehova harimwo “icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ubuhūmvyi” (Imigani 6:16-19). Nta gukeka ko twipfuza kwirinda kwigana wa mucokoranyi mukuru akaba n’umureganyi mukuru yagiriza ibinyoma abandi.
Nuce kure inzira za wa mwicanyi wo kuva mu ntango
8. Ni mu buhe buryo Shetani “yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi”?
8 Shetani ni umwicanyi. Yezu yavuze ati: “Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi” (Yohana 8:44). Shetani yamye ari umwicanyi kuva igihe yakura Adamu na Eva ku Mana. Yarakwegeye urupfu uwo mugabo n’umugore ba mbere be n’ababakomotseko (Abaroma 5:12). Uca rero ubona ko ivyo vyokwitirirwa ikiremwa kibaho koko, bitokwitirirwa gusa ikibi kiri mu bantu.
9. Nk’uko vyerekanwa muri 1 Yohana 3:15, dushobora gute kuba abicanyi?
9 Rimwe muri ya Mabwirizwa Cumi yahabwa Isirayeli rivuga riti: “Ntukice” (Gusubira mu vyagezwe 5:17). Intumwa Petero yandikiye abakirisu ati: “Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi” (1 Petero 4:15). Rero, kubera ko turi abasavyi ba Yehova, ntitwokwica umuntu. Yamara, twoshobora kugira icaha imbere y’Imana mu gihe twanse umukirisu mugenzi wacu tukanamwipfuriza gupfa. Intumwa Yohani yanditse ati: “Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubu[zima] budashira ngo bugume muri we” (1 Yohana 3:15). Abisirayeli bategetswe bati: “Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe” (Abalewi 19:17). Nimuze twihutire gutorera umuti ingorane iyo ari yo yose yovyuka hagati yacu n’uwo dusangiye ukwizera, kugira ngo wa mwicanyi Shetani ntasambure ubumwe bwacu bwa gikirisu.—Luka 17:3, 4.
Nuhagarare udatsinzwe na wa munyabinyoma mukuru
10, 11. Dutegerezwa gukora iki kugira duhagarare tudatsinzwe na wa munyabinyoma mukuru Shetani?
10 Shetani ni umunyabinyoma. Yezu yavuze ati: “Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo” (Yohana 8:44). Shetani yarahenze Eva, mu gihe Yezu we yaje mw’isi gushingira intahe ukuri (Yohana 18:37). Niba dushaka guhagarara tudatsinzwe na Shetani bwa bayoboke ba Kirisitu, twokwirinda gukoresha ibinyoma canke uruhendo. Dutegerezwa ‘kuvuga ivy’ukuri’ (Zekariya 8:16; Abanyefeso 4:25). “Uhoraho, we Mana y’ukuri” ahezagira gusa Ivyabona vyiwe b’abanyakuri. Abanyakibi nta burenganzira bafise bwo kumuserukira.—Zaburi 31:5; 50:16; Yesaya 43:10.
11 Niba duha agaciro umwidegemvyo wo mu vy’impwemu dufise w’ukuba twarabohowe mu binyoma vya Shetani, tuzokwumira ku bukirisu, yo “nzira y’ukuri” (2 Petero 2:2; Yohana 8:32). Inyigisho za gikirisu zose uko zingana zigize “ukuri kw’ubutumwa bgiza” (Ab’i Galatiya 2:5, 14). Ntidushobora kuzoronka ubukiriro mu gihe “[tuta]gendera mu kuri”, mu kukwumirako no mu guhagarara tudatsinzwe n’umwe ‘se w’ibinyoma’.—3 Yohana 3, 4, 8.
Nunanire wa muhuni mukuru
12, 13. Dukwiye gufata gute abahuni?
12 Ca kiremwa c’impwemu cahinduka Shetani, ubwa mbere cari mu kuri. Yamara, nk’uko Yezu yabivuze, “ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we” (Yohana 8:44). Uwo muhuni mukuru yarabandanije kurwanya ya “Mana y’ukuri” adatezura. Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere baraguye mu “mutego wa wa Murwanizi”, bikaba biboneka ko baguye mu vyara vyiwe kubera ko bazimijwe bagata ukuri. Ku bw’ico, Paulo yahimirije Timoteyo umukozi mugenziwe kubahanurisha ubugwaneza kugira ngo basubirane mu vy’impwemu maze bave mu mutego wa Shetani (2 Timoteyo 2:23-26). Ariko ntiwumve, ni vyiza cane ko twumira ku kuri tukongera tukirinda kugwa mu mutego w’ivyiyumviro vy’ubuhuni.
13 Wa mugabo n’umugore ba mbere barabaye abahuni kubera ko bumvirije Shetani ntibamirira kure ibinyoma vyiwe. Twoba none dukwiye kwumviriza abahuni, gusoma ibitabu vyabo, canke kuraba imihora yabo yo kuri Internet? Niba dukunda Imana be n’ukuri, ivyo ntituzobigira. Ntidukwiye kureka ngo abahuni binjire mu ngo zacu canke ngo tunabaramutse, kubera yuko dukoze ibintu nk’ivyo twoba ‘dufatanije na bo mu bikorwa vyabo bibi’ (2 Yohana 9-11). Nimuze ntitwigere dutwarwa n’uruyeri rwa Shetani ngo tuve mu “nzira y’ukuri” ya gikirisu hanyuma dukurikire abigisha b’ikinyoma barondera ‘kuzana inyigisho zitera guhona’, bakongera bakagerageza ‘kwungukira kuri twebwe mu kutubwira amajambo y’amaremano’ canke y’uruyeri.—2 Petero 2:1-3.
14, 15. Ni ingabisho iyihe Paulo yahaye abakurambere b’i Efeso be n’umukozi mugenziwe Timoteyo?
14 Paulo yabwiye abakurambere bakirisu b’i Efeso ati: “Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose [im]pwemu [y]era yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso [“y’Umwana wayo bwite”, NW]. Ndazi yuko ni namara kuhava amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku. Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo” (Ivyakozwe n’intumwa 20:28-30). Mwene abo bahuni bahavuye koko baduka kandi “ba[ra]vuga ibigoramye”.
15 Nko mu 65 G.C., intumwa Paulo yahimirije Timoteyo “[ku]ramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”. Paulo yanditse ati: “Ariko, ibihumanya vy’amagambo y’ubusa ubizibukīre, kukw ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana, kand’ijambo rizorandagurana nk’igisebe c’igitema. Mur’abo umwe ni Humenayo na Fileto, kuko bāzimiye bakava mu vy’ukuri, bavuga ng’ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe”. Emwe, ubuhuni bwari bwaratanguye! Paulo yongeyeko ati: “Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye”.—2 Timoteyo 2:15-19.
16. Naho wa muhuni mukuru yakoresheje amayeri, ni kubera iki twagumye turi intahemuka ku Mana no kw’Ijambo ryayo?
16 Shetani akenshi yarakoresheje abahuni mu kugerageza kwonona ugusenga kw’ukuri, ariko bimuta ku w’amazi. Nko mu mwaka wa 1868, Charles Taze Russell yaratanguye kwihweza yitonze inyigisho zo mu madini y’abiyita abakirisu zari zimaze igihe kirekire zemerwa, maze asanga hari ibintu vyo mu Vyanditswe vyasigurwa ukutari ko. Russell hamwe n’abandi bakeyi barondera ukuri barashinze umugwi wiga Bibiliya i Pittsburgh muri Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu myaka yababa 140 iheze kuva ico gihe, abasavyi ba Yehova bagiye barushiriza kugira ubumenyi no gukunda Imana be n’Ijambo ryayo. Naho wa muhuni mukuru yagiye akoresha amayeri, kuba umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge wama ugavye mu buryo bw’impwemu vyarafashije abo bakirisu b’ukuri kuguma bari intahemuka kuri Yehova no kw’Ijambo ryiwe.—Matayo 24:45.
Ntiwigere ureka ngo wa mutware w’isi akwigarurire
17-19. Isi iri mu bubasha bwa Shetani ni iyihe, kandi ni kubera iki tudakwiye kuyikunda?
17 Shetani arondera kandi kudutega mu kutwosha gukunda iyi si igizwe n’ikibano c’abantu kitagororotse conkowe ku Mana. Yezu yise Shetani “umwami w’isi”, yongera avuga ati: “Muri jewe nta kintu ahafise” (Yohana 14:30). Ese tutokwigera tureka ngo hagire ikintu na kimwe Shetani agira muri twebwe, ari kwo kutwigarurira! Ariko ntiwumve, turazi ko “isi yose iri muri [uwo] Mubi” (1 Yohana 5:19). Ni co gituma Shetani yemereye Yezu “ubgami bgose bgo mw isi” mu gihe yoramutse agize ikintu kimwe c’ubuhuni, ni ukuvuga kumusenga, ivyo Umwana w’Imana akaba yaravyiyamirije yivuye inyuma (Matayo 4:8-10). Iyi si itwarwa na Shetani iranka abayoboke ba Kirisitu (Yohana 15:18-21). Ntibitangaje rero kuba intumwa Yohani yatugabishije ngo ntidukunde isi!
18 Yohani yanditse ati: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi. Kand’isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:15-17). Dutegerezwa kudakunda isi kubera yuko uburyo bwayo bwo kubaho bukwegera umubiri munyacaha, bukaba kandi ata ho buhuriye n’ingingo mfatirwako za Yehova Imana.
19 Bite hamwe twoba dukunda isi mu mitima yacu? Muri ico gihe, dukwiye gusenga Imana tuyisaba ngo idufashe gutsinda ukwo gukunda isi be n’ivyifuzo vy’umubiri bijanye na kwo (Ab’i Galatiya 5:16-21). Nta gukeka yuko tuzokwihatira kuguma ‘tutandujwe n’ivy’isi’ nimba tugumiza ku muzirikanyi yuko “impwemu mbi” ari zo “baganza iyi si” bataboneka baganza ikibano c’abantu kitagororotse.—Yakobo 1:27; Abanyefeso 6:11, 12; 2 Ab’i Korinto 4:4.
20. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko ‘tutari ab’isi’?
20 Yezu yavuze ku biraba abigishwa biwe ati: “S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi” (Yohana 17:16). Abakirisu basizwe be na bagenzi babo biyeguye barihatira kuguma batanduye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu, bakaguma bitandukanije n’isi (Yohana 15:19; 17:14; Yakobo 4:4). Iyi si itagororotse iratwanka kubera ko tuguma twitandukanije na yo tukaba kandi turi ‘abigisha b’ivy’ukugororoka’ (2 Petero 2:5). Ego ni ko, tuba mu kibano c’abantu kirimwo abasambanyi, abarenga ibigo, abanyazi, abasenga ibigirwamana, ibisuma, ababeshi n’imborerwa (1 Ab’i Korinto 5:9-11; 6:9-11; Ivyahishuriwe 21:8). Mugabo, ntiduhumeka “impwemu y’iyi si” kubera yuko tudatwarwa n’iyo nguvu yosha abantu gukora icaha.—1 Ab’i Korinto 2:12.
Ntuhe ikibanza na gitoyi Shetani
21, 22. Twoshobora gute gushira mu ngiro impanuro Paulo yatanze iri mu Banyefeso 4:26, 27?
21 Aho kuyoborwa n’“impwemu y’iyi si”, tuyoborwa n’impwemu y’Imana, yo yama muri twebwe kamere nk’urukundo be n’ukwigumya (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Izo kamere ziradufasha kunanira ibitero Shetani agaba ku kwizera kwacu. Yipfuza ko ‘dutwarwa umutima no gukora ibibi gusa’, ariko impwemu y’Imana iradufasha ‘kureka ishavu, no kuva mu burake’ (Zaburi 37:8). Ego ni ko, vyoshika rimwe na rimwe tugashavura bivuye ku mvo yumvikana, ariko Paulo aduhanura ati: “Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse, kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro” canke ikibanza.—Abanyefeso 4:26, 27.
22 Mu gihe twoguma dushavuye, iryo shavu ryoshobora kuvamwo icaha. Tubaye abantu baguma baratse, vyoha Shetani akaryo ko kuvyura amahane mw’ishengero canke bigatuma dukora ibikorwa bibi. Ni co gituma dukenera gutorera umuti mu maguru masha ingorane dufitaniye n’abandi, tukabigira mu buryo bushimwa n’Imana (Abalewi 19:17, 18; Matayo 5:23, 24; 18:15, 16). Nimuze rero turongorwe n’impwemu y’Imana, tube abantu bigumya kandi batigera bareka ngo n’ishavu rifise ishingiro rivemwo umururazi, umutima mubi be n’urwanko.
23. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura mu kiganiro gikurikira?
23 Twarimbuye ibintu bimwebimwe biranga Shetani tudakwiye kwigana. Yamara, abasomyi bamwebamwe boshobora kwibaza bati: Twoba dukwiye gutinya Shetani? Ni kubera iki ateza uruhamo abakirisu? Kandi dushobora gute kwirinda gutsindwa na we?
[Akajambo k’epfo]
a Raba urukurikirane rw’ibiganiro rufise umutwe uvuga ngo “Shetani yoba abaho koko?” ruri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2005.
Wokwishura iki?
• Ni kubera iki tudakwiye kwigera ducokora umuntu n’umwe?
• Twisunze 1 Yohana 3:15, twoshobora gute kwirinda kuba abicanyi?
• Dukwiye kubona gute abahuni, kandi kubera iki?
• Ni kubera iki tudakwiye gukunda isi?
[Ifoto ku rup. 23]
Ntituzokwigera tureka Shetani ngo asambure ubumwe bwacu bwa gikirisu
[Ifoto ku rup. 24]
Ni kubera iki Yohani yaduhimirije kudakunda isi?