ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/5 rup. 26-30
  • Umunezero turonka mu kugendera mu kutadohoka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umunezero turonka mu kugendera mu kutadohoka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Imihezagiro idutungisha’ muri iki gihe
  • “Nta mubabaro awuvangamwo”
  • Umuhezagiro wa Yehova Uradutungisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Gukomezanya mu Rugo Kugira Muzokwameho Muri Kazoza
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Nugendere mu nzira y’ukutadohoka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Hariho urwaruka runezereza umutima wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/5 rup. 26-30

Umunezero turonka mu kugendera mu kutadohoka

“Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo”.​—IMIGANI 10:22.

1, 2. Ni kubera iki dukwiye kwirinda kurazwa ishinga bimwe birenze urugero n’ivya kazoza?

“KURAZWA ishinga cane n’ivya kazoza . . . bituma tutabona ivy’ubu nk’uko biri koko”. Ivyo ni ivyavuzwe n’umufilozofe umwe w’Umunyamerika. Ukwo ni ko bigenda ku bana barazwa ishinga cane n’ivyo bashobora kuzokora bamaze gukura ku buryo baguma birengagiza ivyiza vyo mu myaka y’ubwana bwabo, bakaja kubibona bamaze gukura.

2 Abasavyi ba Yehova na bo nyene birashobora gushika bakabona ibintu muri ubwo buryo. Rimbura nk’ibi bintu bishobora gushika. Turashashaye kubona iranguka ry’umuhango Imana yatanze wo gutuma isi iba iparadizo. Si twe tuzobona turaronse ubuzima butagiramwo indwara, ubusaza, umubabaro n’ugucumukura. Naho ari vyiza kwitega ivyo bintu, vyogenda gute nka hamwe tworazwa ishinga cane n’ivyerekeye imihezagiro yo mu buryo bw’umubiri tuzoronka muri kazoza, ku buryo tutaba tukibona imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu turonka muri iki gihe? Emwe, ivyo vyotuma twicuza mu nyuma! Twoshobora kudendebukirwa bitagoranye, tukumva ‘tuvunitse umutima kubera ko ivyo twari twizigiye vyatevye’ cane kuruta uko twari tuvyiteze (Imigani 13:12). Ingorane be n’ibintu bigoye bishika mu buzima vyoshobora gutuma tugwa mu mutego w’ugucika intege n’ukwiganyira. Aho kunyinyana n’ibihe bigoye turimwo, twoshobora gusanga turiko turatsimbataza agatima ko kwidodomba. Ivyo vyose dushobora kuvyirinda mu kuzirikana ku mihezagiro turonka muri iki gihe, ivyo tukabigirana ugukenguruka.

3. Ni ibiki ahanini tuza kurimbura muri iki kiganiro?

3 Mu Migani 10:22 hagira hati: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo”. Ugusagamba mu vy’impwemu kw’abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe mbega si umuhezagiro twonezererwa? Nimuze turimbure imice imwimwe y’ugusagamba kwacu kwo mu vy’impwemu, turabe n’ico ivuze kuri twebwe umwumwe wese ukwiwe. Gufata akanya tukazirikana ku mihezagiro Yehova yahunze ‘abagororotsi bagendera mu [“kutadohoka”, NW] kwabo’ biraza vy’ukuri gukomeza umwiyemezo dufise wo kubandanya dusukurira Data wa twese wo mw’ijuru tunezerewe.​—Imigani 20:7.

‘Imihezagiro idutungisha’ muri iki gihe

4, 5. Ni inyigisho ya Bibiliya iyihe ushima bimwe bidasanzwe, kandi kubera iki?

4 Turafise ubumenyi butagira agakosa bwerekeye inyigisho zo muri Bibiliya. Muri rusangi, amadini y’abiyita abakirisu avuga yuko yemera Bibiliya. Ariko rero, ntibabona kumwe ivyo Bibiliya yigisha. N’abari mw’idini rimwe akenshi usanga batabona kumwe ico Ivyanditswe mu vy’ukuri vyigisha. Ese ukuntu ivyabo bitandukanye rwose n’uko ivy’abasavyi ba Yehova vyifashe! Twebwe, twaba dukomoka mu gihugu ikihe, twakuriye mu mico kama iyihe canke dufise ubwoko ubuhe, dusenga Imana tuzi izina. Si Imana y’amayobera igizwe n’abaperesona batatu (Gusubira mu vyagezwe 6:4; Yesaya 12:2; Mariko 12:29). Turazi kandi ko ca kibazo gihambaye kuruta ibindi vyose cerekeye ivy’uko Imana yoba ari yo ikwiye kugaba no kuganza kw’isi no mw’ijuru vuba kigiye gutorerwa inyishu, tukaba kandi tuzi yuko mu gihe umwe wese agumye ari intadohoka kuri yo aba yerekanye aho ahagaze ku bijanye n’ico kibazo. Turazi ukuri ku bijanye n’abapfuye kandi ivy’uko ngo Imana ibabariza abantu mu muriro udahera canke ngo irungika abantu mw’ipurugatori, ntibidutera ubwoba.​—Umusiguzi 9:5, 10.

5 Vyongeye, turahimbawe kuba tuzi ko tutabayeho ku gihamana biciye ku guhindagurika kwagiye kuraba giturumbuka, ahubwo ko twaremwe n’Imana, turemwa mw’ishusho yayo bwite (Itanguriro 1:26; Malaki 2:10). Umwanditsi wa Zaburi yaririmbiye Imana yiwe ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza”.​—Zaburi 139:14.

6, 7. Ni ibintu ibihe wewe wahinduye mu buzima bwawe canke abandi woba uzi bahinduye, wovuga ko ari umuhezagiro?

6 Twarahevye ingeso mbi. Biciye ku buryo butandukanye bwo kumenyesha amakuru, abantu bama bariko baragabishwa ku bijanye n’ingeramizi ziri mu kunywa itabi, kunywa inzoga zirenze urugero be n’ubuhumbu. Akenshi, izo ngabisho usanga zica inyuma y’amatwi. Ariko bigenda gute igihe umuntu w’inziraburyarya amenye yuko Imana y’ukuri yiyamiriza ibintu mwene ivyo kandi ko ibabazwa n’ababikora? Emwe, uwo muntu aca avyurirwa umutima wo guheba izo ngeso (Yesaya 63:10; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; 2 Ab’i Korinto 7:1; Abanyefeso 4:30)! Naho ivyo abigira canecane kugira ngo ahimbare Yehova Imana, arahakura n’ibindi vyiza. Aragira amagara meza kuruta be n’amahoro yo mu mutima.

7 Abenshi usanga guheba ingeso mbi bibabera urugamba. Yamara, ku mwaka ku mwaka hariho abantu ibihumbi mirongo babigira. Bariyegurira Yehova maze bakabatizwa mu mazi, gutyo bakaba berekanye icese yuko bamaze guheba ingeso zidahimbara Imana. Ese ukuntu ivyo bituremesha twese! Ivyo birakomeza umwiyemezo dufise wo kuguma tutari abaja b’inyifato irangwa icaha igira nabi.

8. Ni impanuro izihe Bibiliya itanga zituma haba agahimbare mu muryango?

8 Turagira agahimbare mu muryango. Mu bihugu vyinshi, ivyo mu muryango usanga ata ko vyifashe. Ingo nyinshi ziruhira gusambuka, akenshi abana bagasigara bishwe n’intuntu. Mu bihugu bimwebimwe vya Buraya, mu miryango 100 usanga hafi 20 irimwo umuvyeyi umwe gusa. None Yehova yadufashije gute kugendera mu nzira y’ukutadohoka mu bijanye n’ivyo mu muryango? Turakwingize usome mu Banyefeso 5:22–6:4, maze urabe impanuro nziza Ijambo ry’Imana riha abanega, abakenyezi be n’abana. Nta nkeka ko gushira mu ngiro ibivugwa muri iyo mirongo be n’ibivugwa mu yindi mirongo yo mu Vyanditswe bituma umubano w’abubatse ukomera, bigafasha abavyeyi kurera neza abana babo, bikongera bigatuma mu muryango haba agahimbare. Wumva none uwo atari umuhezagiro twonezererwa?

9, 10. Uburyo twebwe tubona ivya kazoza butandukanye gute n’ukuntu isi ibibona?

9 Turazi neza tudakeka yuko vuba ingorane zo kw’isi zigiye gutorerwa umuti. Naho siyansi n’ubuhinga bwa none vyateye imbere, indongozi zimwezimwe na zo zikagira utwigoro tuvuye ku mutima, ingorane zihambaye zo mu buzima bwo muri iki gihe nta ho ziraja. Uwitwa Klaus Schwab, uwashinze ya Nama y’amashirahamwe iraba ivy’ubutunzi kw’isi (mu gifaransa yitwa Forum économique mondial), aherutse kuvuga yuko “ingorane zihanze isi zitera zongerekana, yamara umwanya wo kuzitorera umuti ugatera ugabanuka”. Yaravuze ibijanye n’“ibintu biteye akaga usanga biba mu bihugu nka vyose, nk’iterabwoba, ugutituka kw’ibidukikije be n’ivy’ubutunzi biguma bihindagurika”. Schwab yasozereye ati: “Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, isi ihanzwe n’ingorane zisaba ko abantu bazivirira hasi rimwe kandi bakagira ico bakoze kiboneka”. Uko imyaka yo muri iki kinjana ca 21 igenda irarengana, abantu baguma babona ko batagira iyo bariko baraja.

10 Ese ukuntu biteye umunezero kuba tuzi ko Yehova yashizeho indinganizo ishoboye gutorera umuti ingorane zose zihanze abantu. Iyo ndinganizo ni bwa Bwami bw’Imana burongowe na Mesiya. Biciye kuri ubwo Bwami, Imana y’ukuri “[izo]ca intambara”, maze itume ‘hasendera amahoro’ (Zaburi 46:9; 72:7). Wa Mwami yasizwe, ari we Yezu Kirisitu, ‘azokiza umukene, umugorwa, n’uworoshe agahahazo n’umuryano’ (Zaburi 72:12-14). Igihe ubwo Bwami buzoba ari bwo buganza, ibifungurwa ntibizokena (Zaburi 72:16). Yehova “[a]zohanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize” (Ivyahishuriwe 21:4). Ubwo Bwami buramaze gushingwa mw’ijuru, kandi ubu bwa vuba bugiye guhagurukira ingorane zose zo kw’isi.​—Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 11:15.

11, 12. (a) Igihe umuntu akurikiranye ibimuryohera, vyoba bimuzanira agahimbare karamba? Sigura. (b) Ni igiki kizana agahimbare nyakuri?

11 Turazi ikizana agahimbare nyakuri. Ni igiki mu vy’ukuri kizana agahimbare nyakuri? Hari umuhinga wo mu vy’inyifato y’abantu yavuze yuko agahimbare kazanwa n’ibintu bitatu, ivyo na vyo akaba ari ukuryoherwa, kugira ivyo umuntu yitaho cane (nk’ukwitaho cane igikorwa kinaka canke umuryango), be n’ukugira intumbero (ni ukuvuga, gukora urondera gushitsa umugambi munaka ugirira akamaro n’abandi uretse wewe gusa). Muri ivyo bitatu, yavuze ko ukuryoherwa ari co kintu kidahambaye cane, maze agira ati: “Ico kibonwa ko ari ikintu kidasanzwe kubera ko abantu benshi usanga mu buzima bwabo ahanini bakurikirana ibibaryohera”. None Bibiliya yoyo ibivugako iki?

12 Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yavuze ati: “Nibgiye mu mutima wanje, nt’Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ubusa. Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?” (Umusiguzi 2:1, 2). Ivyanditswe vyerekana ko agahimbare kazanwa n’ukuryoherwa katamara na kabiri. Tuvuge iki ku bijanye no kwitaho cane igikorwa kinaka? Turafise igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose dukwiye kwitaho cane, ico na co kikaba ari ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa (Matayo 24:14; 28:19, 20). Mu kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye ubukiriro, tuba turiko dukora igikorwa gishobora gutuma twebwe ubwacu be n’abatwumviriza turonka ubukiriro (1 Timoteyo 4:16). Twebwe ‘abakorana n’Imana’ turibonera yuko “gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga” (1 Ab’i Korinto 3:9; Ivyakozwe n’intumwa 20:35). Ico gikorwa gituma ubuzima bwacu burushiriza kugira intumbero, kikanatuma Umuremyi wacu agira ico yishura umwe amucokora, ari we Shetani wa Mucokoranyi (Imigani 27:11). Vy’ukuri, Yehova yaratweretse yuko kumuyobokera ari vyo bizana agahimbare nyakuri kandi karamba.​—1 Timoteyo 4:8.

13. (a) Ni mu buryo ki rya Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ari umuhezagiro utuma tugira umunezero? (b) Wungukiye gute kuri rya Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi?

13 Turafise porogarama ihambaye kandi kirumara yo kutumenyereza. Uwitwa Gerhard ni umukurambere mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Yibutse ubuto bwiwe, avuga ati: “Igihe nari nkiri muto, vyarangora cane kuvuga. Igihe naba numva ko hari ibindemereye, vyarangora kuvuga ntobora, ngaca ntangura kugigimiza. Numva ndi hasi y’abandi maze bikaza birantuntuza mu mutima. Abavyeyi banje baratunganije ivy’uko nza ndakurikirana ivyigwa bijanye n’ivy’ukuvuga, ariko vyabaye impfagusa. Ingorane yanje yari iyo mu mutwe, ntibwari ubumuga bwo ku mubiri. Yamara, hari hasanzwe hariho intunganyo nziza utoraba Yehova yashizeho. Uti ni iyihe? Rya Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Kwiyandikisha muri iryo shure vyatumye ngira uburindutsi. Naragize uko nshoboye kwose nza ndimenyereza ivyo naba nize. Emwe, ntiworaba ukuntu vyamfashije! Naciye ntangura kuza ndavuga norohewe, sinasubira kuza ndatuntura mu mutima, mu busuku na ho ndarushiriza kuza ndavugana uburindutsi. Ubu ndashikiriza n’insiguro z’icese. Ndakengurukira cane Yehova kubona yaratumye ngira ubuzima bushasha biciye kuri iryo shure”. Ubona none uburyo Yehova atumenyereza kugira ngo dukore igikorwa ciwe budatuma tugira imvo yo kugira umunezero?

14, 15. Igihe turi mu bintu bigoye, ni imfashanyo iyihe dushobora kuronka bitagoranye? Bitangire akarorero.

14 Turagiranira na Yehova ubucuti bwa hafi, tukongera tugafatwa mu mugongo n’umuryango wacu w’abavukanyi wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Uwitwa Katrin, uwo akaba aba mu Budagi, yararandutse umutima igihe yumva amakuru avuga ivyerekeye ikinyamugigima gikaze cabaye muri Aziya yo mu Bumanuko bushira Ubuseruko be na vya bisebuzi bikomeye vyataziriwe tsunami vyaciye biba. Umukobwa wiwe yari yagiye gutembera muri Tayilande igihe ico cago catera. Uwo muvyeyi yamaze amasaha 32 atazi nimba uwo mukobwa wiwe yari akiriho canke nimba yari mu bantu bahasize ubuzima, igitigiri cabo caguma congerekana isaha ku yindi. Igihe amaherezo Katrin yasubirizwa umutima mu nda kuri telefone yuko umukobwa wiwe ata co yabaye, ntiworaba ukuntu yaciye yumva ikiri ku mutima cururutse!

15 Ni igiki none cafashije Katrin muri ayo masaha yose yamaze ahagaritse umutima? Yandika ati: “Namaze hafi uwo mwanya wose ntura amasengesho Yehova. Nariboneye akatari gake ukuntu ayo masengesho yankomeje cane yongera aratuma ngira amahoro mu mutima. N’ikindi kandi, abavukanyi bo mu vy’impwemu b’abanyarukundo baraje kundaba barampumuriza” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Ibaze ukuntu ivyiwe vyari kwunyuka iyo amara ayo masaha yose yishwe n’intuntu atungukira ku masengesho aturwa Yehova no ku mpumurizo z’abavukanyi bo mu vy’impwemu b’abanyarukundo! Ubucuti bwa hafi dufitaniye na Yehova be n’Umwana wiwe, hamwe n’ubwo dufitaniye n’abavukanyi bacu bakirisu, ni umuhezagiro ntangere, emwe, umuhezagiro uhambaye cane ku buryo tutowufatira mu rwara!

16. Tanga akarorero k’ivyabaye kerekana akamaro ko kugira icizigiro c’izuka.

16 Turafise icizigiro co kuzosubira kubona abacu bapfuye (Yohana 5:28, 29). Umugabo umwe akiri muto yitwa Matthias yarerewe mu muryango w’Ivyabona vya Yehova. Yamara rero, kubera ko atabona imihezagiro ivyo vyamuzanira, igihe yari akiri umuyabaga yaragiye akayombekere araheba ishengero rya gikirisu. Muri iki gihe yandika ati: “Nta ho twigeze vy’ukuri duseruranira na dawe akari ku mutima. Mu myaka n’iyindi yahaciye, twama twahazutse. Yamara, dawe nta kindi yanyipfuriza atari ineza. Yarankunda cane, ariko ivyo nta vyo nabona. Mu 1996, igihe nari nicaye iruhande y’uburiri bwiwe, ndamufashe ukuboko umwosori wandenze, naramubwiye ko nicuza cane kubera ivyo nari narakoze, ndamubwira kandi ko ndamukunda cane. Mugabo nta na kimwe yumva. Amaze igihe gito arwaye, yaracikanye. Ninabona dawe mw’izuka, tuzoryimara. Kandi, ntazobura kunezerwa niyamenya yuko umuhungu wiwe asigaye ari umukurambere be n’uko twe n’umukenyezi wanje twatewe agateka ko kuba abatsimvyi”. Ese ingene icizigiro c’izuka ari umuhezagiro kuri twebwe!

“Nta mubabaro awuvangamwo”

17. Kuzirikana ku mihezagiro ya Yehova bikwiye gutuma twumva tumerewe gute?

17 Yezu Kirisitu yavuze ku vyerekeye Se wiwe wo mw’ijuru ati: “Atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya” (Matayo 5:45). Nimba Yehova Imana aha imihezagiro abagabitanya n’abanyakibi, wumva none yobura guhunda imihezagiro abagendera mu nzira y’ukutadohoka? Ku vyerekeye Yehova, muri Zaburi 84:11 hagira hati: “Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye”. Igihe tuzirikanye ku kuntu Yehova yitwararitse mu buryo budasanzwe abamukunda, emwe, duca twumva imitima yacu yuzuye ugukenguruka n’umunezero!

18. (a) Ni kubera iki twovuga yuko umugisha wa Yehova ata mubabaro awuvangamwo? (b) Ni kubera iki abasavyi b’Imana b’intahemuka benshi bacumukura?

18 “Umugisha w’Uhoraho”, ng’ico ikintu catumye abasavyi biwe basagamba mu vy’impwemu. Kandi dukurwa amazinda yuko “[ata] mubabaro awuvangamwo” (Imigani 10:22). Ariko none, ni kubera iki abasavyi b’Imana b’intahemuka benshi usanga bashikirwa n’ibigeragezo be n’ibintu bigoye bituma bagira umubabaro mwinshi kandi bikabacumukuza cane? Dushikirwa n’ingorane be n’amarushwa kubera impamvu nyamukuru zitatu. (1) Impengamiro ubwacu dufise yo gukora icaha (Itanguriro 6:5; 8:21; Yakobo 1:14, 15). (2) Shetani n’amadayimoni yiwe (Abanyefeso 6:11, 12). (3) Iyi si mbi (Yohana 15:19). Yehova arareka ibintu bibi bikadushikira, mugabo si we abitera. Kukaba nkako, “gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico” (Yakobo 1:17). Imigisha Yehova atanga ntigiramwo imibabaro.

19. Ni igiki ababandanya kugendera mu kutadohoka biteze?

19 Gusagamba mu vy’impwemu vyama bijana n’ukwiyegereza Imana. Igihe tuguma dutsimbataza ubucuti somambike dufitaniye na we, tuba turiko ‘turibikira ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo ducakire ubuzima nyakuri’, ari bwo buzima budahera (1 Timoteyo 6:12, 17-19). Mw’isi nshasha y’Imana igiye kuza, imihezagiro yo mu buryo bw’umubiri izokwiyongera ku mihezagiro yo mu buryo bw’impwemu. Ico gihe, abantu bose ‘[‘baguma’, NW] bumvira Uhoraho’ bazokwironkera ubuzima nyakuri (Gusubira mu vyagezwe 28:2). Nimuze rero twiyemeze twivuye inyuma kubandanya kugendera mu kutadohoka tunezerewe.

Wize iki?

• Ni kubera iki kurazwa ishinga n’ivya kazoza bimwe birenze urugero bitaranga ubukerebutsi?

• Ni imihezagiro iyihe twinovora muri iki gihe?

• Ni kubera iki abasavyi b’Imana b’intahemuka bacumukura?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika