ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/7 rup. 13-16
  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni igiki ‘gihwamika uburake’?
  • ‘Ururimi rw’abanyabwenge rukora iciza’
  • Gutozwa indero no ‘gukwiragiza ubumenyi’
  • ‘Kuba uwera mu ngeso’
  • Ukubona ibintu mu buryo bwiza
  • Ugutinya Imana ‘kwigisha ubukerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • ‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Gutahura intumbero y’ugutozwa indero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/7 rup. 13-16

‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’

“SHIRA umutima ku gutozwa indero nziza, n’amatwi yawe ku majambo y’[“ubumenyi”, NW]”. Ukwo ni ko mu Migani 23:12 havuga. Muri ico canditswe, “ugutozwa indero”, ari kwo kwigishwa inyifato runtu, kurimwo ukwitoza indero be n’ugukangirwa n’abandi. Ugutozwa indero nk’ukwo gusaba ko umuntu aba azi igikeneye gukosorwa be n’ukuntu cokosorwa. Ku bw’ivyo, ‘amajambo y’ubumenyi’ aturuka kw’isôko ryo kwizigirwa arahambaye rwose mu vy’ugutoza indero.

Igitabu ca Bibiliya c’Imigani ni isôko ryiza cane ry’amajambo y’ubukerebutsi. Imigani yanditswe muri ico gitabu ni “[i]yo kumenya ubgenge bo n’[“ugutozwa indero”, NW]; . . . kwigishwa gukora ibiroranye mu bgenge, mu kugororoka, mu kwitegereza neza no mu gutunganya” (Imigani 1:1-3). Twoba tubaye inkerebutsi ‘tuyishizeko ugutwi kwacu’. Mu Migani ikigabane ca 15 haratanga ubuyobozi bwiza mu bijanye no gucungera ishavu, gukoresha ururimi no gutanga ubumenyi. Nimuze turimbure imirongo imwimwe yo muri ico kigabane.

Ni igiki ‘gihwamika uburake’?

Mu kudondora ingaruka amajambo tuvuga ashobora kugira kw’ishavu canke ku burake, wa mwami Salomo wa Isirayeli ya kera avuga ati: “Ukwishura kwiyoroheje guhwam[ik]a uburake, arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu” (Imigani 15:1). “Ishavu” ni ijambo rikoreshwa mu kudondora umuntu yarunguye canke biboneka ko hari ibitamuhimbaye. “Uburake” busigurwa ko ari “ishavu ryinshi cane rigoye cane gucungera”. Uwo mugani ushobora gute kudufasha kumenya ingene twovyifatamwo igihe uwundi muntu yashavuye be n’igihe ubwacu twashavuye?

Amajambo ataranga ubuntu ababaza arashobora guhuhura ivyahuha. Ariko kwishura mu buryo bwiyoroheje akenshi birahwamika umuntu yarakaye. Yamara, kwishura mu buryo bwiyoroheje umuntu yashavuye ntivyama vyoroshe. Mugabo rero, tugerageje gutahura icatumye ashavura biragira ico bifashije. Bibiliya ivuga iti: “Kwitonda kw’umuntu kumutera guteba kuraka, kand’icubahiro ciwe n’ukwirengagiza ico yacumuweko” (Imigani 19:11). Mbega yoba yashavujwe n’uko yikengera canke ashaka kwitwararikwa? Hari aho ivyo twoba twavuze canke twakoze bitoba ari vyo mu vy’ukuri vyatumye ashavura. Igihe umuntu atwishuranye ishavu mu busuku bwa gikirisu, ivyo ntivyoba none akenshi bitumwa n’amakuru atari yo afise ku bijanye n’ivyo twemera canke bigatumwa n’uko yahumwe amaso n’ivyiyumviro bimwebimwe bitari vyo? Wumva none dukwiye guca tubona ko ari twebwe ashavuriye maze tugaca tumwishurana ugukara? Mbere no mu gihe icatumye umuntu ashavura kidashoka cibonekeza, kwishura dukoresheje amajambo ababaza vyokwerekana ko tutigumya. Turakwiye kwirinda kwishura gutyo.

Impanuro duhabwa yo kwishura mu buryo bwiyoroheje ni ngirakamaro no mu bijanye n’ugucungera ishavu ryacu bwite. Turashobora kuyishira mu ngiro mu kwiga guserura ukuntu twiyumva mu buryo butababaza uwumviriza. Igihe tuvugana n’abo mu muryango, aho kuvuga mu buryo bubabaza canke gukoresha ibitutsi, twokwihatira guserura ukuntu twiyumva dutekereje. Akenshi iyo umuntu abwiwe amajambo ababaza bituma arondera kugera ingere ku yindi. Kubwira umuntu ukuntu twiyumva tubigiranye ubwitonzi bituma adafata ko tumwagirije, kandi tubigenjeje gutyo vyoshobora gutuma yisubirako.

‘Ururimi rw’abanyabwenge rukora iciza’

Kwigumya biragira ico bihinduye ku kuntu tuvuga no ku vyo tuvuga. Salomo avuga ati: “Ururimi rw’abanyabgenge [“rukora iciza rukoresheje ubumenyi”, “NW”], arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu” (Imigani 15:2). Mu gihe dutsimbataje icipfuzo co gufasha abandi tukongera tukababwira ibijanye n’umugambi w’Imana be n’intunganyo nziza igitangaza yashizeho, ntituba none turiko ‘dukora iciza dukoresheje ubumenyi’? Umuntu w’igipfu ntagira ico kintu kubera ko ata bumenyi afise.

Imbere yo gutanga ubundi buyobozi ku bijanye no gukoresha ururimi, Salomo arashikiriza iciyumviro kirimwo ibintu bibiri bihushanye bituma umuntu azirikana. Avuga ati: “Inyonga z’Uhoraho zir’ahantu hose, zītegereza ababi n’abeza” (Imigani 15:3). Turashobora kuryoherwa n’ico kintu kubera ko dusubirizwa umutima mu nda duti: “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye” (2 Ngoma 16:9). Igihe tuba turiko dukora ivyiza, Imana irabimenya. Irabona kandi abakora ibiki, kandi izogira ico ibabaza.

Salomo arabandanya ashimika ku kamaro k’ururimi rwiyoroheje mu kugira ati: ‘[“Ugutekana kw’ururimi”, “NW”] ni igiti c’ubuzima, ariko uwurugoreka ni akavunamutima’ (Imigani 15:4). Ayo majambo ngo ‘igiti c’ubuzima’ atanga iciyumviro c’ikintu kivura kandi gikomeza (Ivyahishuriwe 22:2). Imvugo irimwo ugutekana y’umuntu w’inkerebutsi iraruhurira abayumva. Ishimika kuri kamere zabo nziza. Ariko ururimi ruhendana canke rukora ibigoramye rwo rudendebura abumva ivyo ruvuga.

Gutozwa indero no ‘gukwiragiza ubumenyi’

Wa mwami w’inkerebutsi abandanya ati: ‘Igipfu gikengera gutozwa indero nziza na se, ariko uwumvira [“igikangiro”, “NW”] ni inkerebutsi’ (Imigani 15:5). Umuntu yoshobora gute ‘kwumvira igikangiro’ mu gihe atoba agihawe? Ico canditswe, ntigishaka none kwerekana ko igihe bikenewe, ugutoza indero kurimwo ugukosora gutegerezwa gutangwa? Mu muryango, abavyeyi, na canecane serugo, ni bo bajejwe ibanga ryo gutoza indero, abana na bo bakaba babwirizwa kwemera ukwo gutozwa indero (Abanyefeso 6:1-3). Ariko rero, abasavyi ba Yehova bose baratozwa indero mu buryo bunaka. Mu Baheburayo 12:6 havuga hati: “Uwo Uhoraho akunda [ni] we akāngīra, kand’aramagura uwo yemera wese kw ar’umwana wiwe”. Ukuntu twakira ugutozwa indero birahishura niba turi inkerebutsi canke ibipfu.

Mu gutanga ikindi ciyumviro kirimwo ibintu bibiri bihushanye, Salomo avuga ati: “Iminwa y’abanyabgenge ikwiza [“ubumenyi”, “NW”], arik’umutima w’ibipfu si k’umeze” (Imigani 15:7). Gutanga ubumenyi bimeze nk’ugukwiragiza imbuto. Mu bihe vya kera, umurimyi ntiyabiba imbuto ziwe zose ahantu hamwe. Aho kubigenza gutyo, yaza aramija dukeduke, gushika abivye umurima wose. Ni ko bimeze no ku bijanye n’ugutanga ubumenyi. Nk’akarorero, igihe duhuye n’umuntu mu busuku, ntivyoba biranga ubukerebutsi tumusukiye icarimwe ivyo tuzi vyose ku vyerekeye Bibiliya. Ahubwo riho, umuntu w’inkerebutsi araraba neza ivyo avuga. ‘Akwiragiza’ ubumenyi mu kugenda buhorobuhoro arashimika ku ciyumviro kimwekimwe gusa co muri Bibiliya kandi akacubakirako, akaza ararimbura uko uwo abwira avyakira. Umwe Karorero wacu Yezu Kirisitu, ivyo yarabigize igihe yariko aganira n’umugore w’Umusamariyakazi.​—Yohana 4:7-26.

Gutanga ubumenyi bisaba kuvuga ikintu cigisha kandi c’ingirakamaro. Bisaba ko umuntu azirikana kugira avuge amajambo agira ico yungura kandi aremesha. Ku bw’ivyo, “umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura” (Imigani 15:28). Ese ukuntu bihambaye ko amajambo tuvuga aba nk’imvura igwa buhorobuhoro ikanyosha isi kandi ikagira akamaro, aho kuba nk’isegenya rikukumura ibintu vyose risanze mu nzira!

‘Kuba uwera mu ngeso’

Gukwiragiza ubumenyi bwerekeye Yehova n’umugambi wiwe no kumushikanira “ikimazi co gukenguruka”, ari co “mbuto z’iminwa”, nta gukeka ko ari yo ngendo iranga ubukerebutsi (Abaheburayo 13:15). Ariko rero, kugira ngo ico kimazi Yehova acemere, dutegerezwa ‘kuba abera mu ngeso zacu zose’ (1 Petero 1:14-16). Salomo, akoresheje imigani ibiri irimwo ivyiyumviro bihushanye, aratwereka ukwo kuri guhambaye cane. Avuga ati: “Ikimazi abanyakibi batanga n’igisesema k’Uhoraho, arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi. Inzira y’umunyakibi n’igisesema k’Uhoraho, arikw akunda ūkurikira ubugororotsi”.​—Imigani 15:8, 9.

Abata inzira ijana mu buzima babona gute igikangiro, kandi ni igiki kibarindiriye (Matayo 7:13, 14)? “Igihano [“ni kibi”, “NW”] ku muntu ata inzira, kand’uwanka guhanwa azopfa” (Imigani 15:10). Abariko bakurikira ingendo itabereye bamwebamwe, aho kwemera impanuro yo kubakosora bahabwa n’ababijejwe mw’ishengero rya gikirisu bakigaya vy’ukuri, bahitamwo guta inzira y’ukugororoka. Ese ukuntu ubwo ari ubupfu! Bibiliya imwe (An American Translation), ihindura uwo murongo muri ubu buryo: “Ugutozwa indero gukomeye kurindiriye umuntu ata inzira ibereye; uwanka gukeburwa azopfa”.

Bite ho nimba umuntu yigira nk’uwemeye igikangiro ariko akaba mu vy’ukuri acanka? Ivyo na vyo nyene ntibiranga ubukerebutsi. Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Sheoli be n’ikibanza c’amahonero biri imbere ya Yehova. None imitima y’abana b’abantu ntirushirije kuba imbere yiwe?” (Imigani 15:11, NW). Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, kuri ya Mana nzima, nta kintu na kimwe coba kure gusumba Sheoli, ari ho hantu abapfuye bari. Naho ari ukwo, muri Sheoli hari imbere yiwe. Arazi akaranga k’abariyo bose be na kamere zabo, gutyo akaba ashoboye kubazura (Zaburi 139:8; Yohana 5:28, 29). Emwe, kuri Yehova, kumenya ibiri mu mitima y’abantu biroroshe rwose! Intumwa Paulo yanditse ati: “Vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze” (Abaheburayo 4:13). Igihe umuntu yiyerekana uko atari, birashobora guhenda abantu ariko ntibishobora guhenda Imana.

Umuntu yanka gutozwa indero ntiyanka gusa igikangiro, ariko kandi arasuzugura abagitanga. Salomo avuga ati: “Umucokoranyi ntakunda [“uwumukangira”, “NW”]”. Mu gushikiriza iciyumviro kijanye n’ico kugira agitomore, yongerako ati: “Kandi ntagendera abanyabgenge” (Imigani 15:12). Emwe, umuntu yokwizigira buhoro ko mwene uyo muntu azogorora inzira yiwe!

Ukubona ibintu mu buryo bwiza

Mu migani ya Salomo itatu ica ikurikira haravugwamwo umutima, bikaba bituma igiranira isano. Mu kudondora ingaruka inyiyumvo zacu zigira mu maso hacu, uwo mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Umutima unezerewe ukesha mu maso, arik’umubabaro wo mu mutima usāvya umushaha”.​—Imigani 15:13.

Ni igiki gishobora gutuma umutima ubabara? Bibiliya ivuga iti: “Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikīra [kubera ukwijirwa]” (Imigani 12:25). Dushobora gute kubuza ibintu vyo mu buzima bitameze neza kutudendebura? Aho kuguma twiyumvira ibintu vyo mu buzima ata kintu kinini twoshobora kubihindurako, turashobora kuzirikana ku mihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu Yehova yaduhunze muri iki gihe no ku vyo azodukorera muri kazoza. Ivyo bizotuma tumwiyegereza. Ni vyo, kwiyegereza ya “Mana ihimbawe” ntibizobura gutuma umutima wacu wari wijiriwe unezerwa.​—1 Timote 1:11, UB.

Vyongeye, ubutumwa bwo muri Bibiliya ni isôko ryiza cane ry’impumurizo n’agahimbare. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ko umuntu ahiriwe ari ‘uwuhimbarwa n’ivyagezwe vy’Uhoraho, kandi ivyo vyagezwe vyiwe bikaba ari vyo [“asoma n’ijwi ritoyi”, NW] ku murango no mw’ijoro’ (Zaburi 1:1, 2). Mbere n’igihe twoba dufise umubabaro mu mutima, gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo ivuga bizoturemesha. Hariho kandi n’ubusuku turangura twashinzwe n’Imana. Dukurwa amazinda yuko “ababiba barira bazokwimbura banezerewe”.​—Zaburi 126:5.

Salomo abandanya ati: “Umutima w’ūfise ubgenge urondera kumenya, arikw akanwa k’ibipfu kandavura ivy’ubupfu” (Imigani 15:14). Uwo mugani uratwereka itandukaniro ryibonekeje rwose riri hagati y’impanuro z’umuntu w’inkerebutsi n’impanuro z’umuntu w’igipfu. Umuntu afise umutima w’ubwenge, imbere yo gutanga impanuro, abanza kurondera kumenya. Arumviriza neza akamenya bimwe bihagije ukuntu ibintu vyifashe koko. Ararondera mu Vyanditswe kugira arabe ko ata mategeko canke ingingo ngenderwako vyoba bijanye na nya bintu. Impanuro atanga ziba zishingiye rwose kw’Ijambo ry’Imana. Ariko rero, umuntu w’igipfu ntiyigora ngo arondere kumenya ukuntu ibintu vyifashe koko, kandi apfa kwadukana ibimuje mu mutwe vyose. Rero, igihe turondera impanuro, ni vyiza ko tuja ku bantu bazi utuntu n’utundi kandi bahumuye, aho kuja ku bantu boba bafise agatima ko kudushirira aho dushaka. Ewe kuntu ari vyiza kuba twifitiye “abantu b’ingabirano” mw’ishengero rya gikirisu, ‘barondera kumenya’ imbere yo gutanga impanuro!​—Abanyefeso 4:8, NW.

Umurongo ukurikira uravuga ivyiza bitanganje biva ku kubona ibintu mu buryo bwiza. Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Imisi y’umunyamubabaro ni mibi yose, arik’uw’umutima ukeye yamana ibinoboye” (Imigani 15:15). Mu buzima habaho ibihe vy’ubuhirwe n’ibihe vy’amarushwa, ibihe vy’umunezero n’ibihe vy’amarira. Niba tuguma twiyumvira gusa ibihe bibi, intuntu ni yo izokwiganza mu vyiyumviro vyacu, bitume mu misi yacu yose y’ukubaho twama ata munezero tugira. Ariko rero, turetse imihezagiro twironkeye be n’icizigiro twahawe n’Imana bikaba ari vyo vyiganza mu vyiyumviro vyacu, ibintu vyo mu buzima bitera umubabaro bizoca bicika ibintu ata co bivuze, gutyo tugire umunezero mu mutima. Ukubona ibintu mu buryo bwiza gutuma “[tw]amana ibinoboye”.

Uko vyogenda kwose rero, nimuze duhe agaciro kanini cane ugutozwa indero. Nimuze ntitureke ngo ukwo gutozwa indero kugire ico gukoze gusa ku kuntu twiyumva, ku vyo tuvuga no ku vyo dukora, ariko kandi kugire ico gukoze no ku kuntu tubona ibintu.

[Ifoto ku rup. 13]

‘Ukwishura kwiyoroheje guhwamika uburake’

[Ifoto ku rup. 15]

Abavyeyi ni bo bajejwe ibanga ryo gutoza indero abana

[Ifoto ku rup. 15]

‘Iminwa y’abanyabwenge ikwiragiza ubumenyi’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika