“Ivyo mugomba bimenyeshwe Imana”
“Muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka”.—AB’I FILIPI 4:6.
1. Twatewe agateka ko kuvugana na nde, kandi ni kubera iki ivyo bitangaje cane?
HAMWE wosaba guhabwa umubonano n’umukuru w’igihugu, ni inyishu iyihe woronka? Vyoshika abakorera mu biro vyiwe bakakwishurana urupfasoni, mugabo birashoboka rwose yuko utokwemererwa kuvugana na we amaso mu yandi. Ariko rero, ku bijanye na wa Mutegetsi ruheta Yehova Imana, umwe Segaba w’ibiriho vyose, si uko bimeze. Turashobora kuvugana na we, ahantu aho ari ho hose twoba turi be n’igihe ico ari co cose twoba twipfuza. Amasengesho yemera yama amushikira (Imigani 15:29). Emwe, ico ni ikintu ciza koko! Wumva none gukenguruka ico kintu bidakwiye kutuvyurira umutima wo kwama dusenga Umwe yitwa mu buryo bubereye ‘Uwumva ivyo asabwa’?—Zaburi 65:2.
2. Ni igiki gikenewe kugira ngo Imana yemere amasengesho iturwa?
2 Ariko rero, hari uwobaza ati: ‘Ni amasengesho ayahe Imana yemera?’. Bibiliya irasigura ikintu kimwe gikenewe kugira ngo amasengesho yemerwe, mu kuvuga iti: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera” (Abaheburayo 11:6). Emwe, nk’uko ikiganiro c’imbere y’iki cabisiguye, ukwizera ni ikintu nyamukuru gikenewe kugira ngo umuntu yegere Imana. Imana iriteguriye kwemera amasengesho aturwa n’abayegera, mugabo bategerezwa kubigira bafise ukwizera kujana n’ibikorwa vyiza, ata buryarya, kandi bari n’inyifato ibereye yo mu mutima.
3. (a) Nk’uko amasengesho yatuwe n’abasuku b’intahemuka bo mu gihe ca kera avyerekana, ni ibiki dushobora gushira mu masengesho dutura? (b) Ni ubwoko butandukanye ubuhe bw’amasengesho dushobora gutura?
3 Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bo mu gihe ciwe, ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Bibiliya iravugwamwo abantu benshi bamenyesheje Imana ivyari bibaraje ishinga. Muri abo harimwo Hana, Eliya, Hezekiya na Daniyeli (1 Samweli 2:1-10; 1 Abami 18:36, 37; 2 Abami 19:15-19; Daniyeli 9:3-21). Turakwiye gukurikiza akarorero kabo. Urabona kandi yuko amajambo Paulo yavuze yerekana ko hariho ubwoko butandukanye bw’amasengesho dushobora gutura. Yaravuze isengesho ry’ugukenguruka, rikaba ari isengesho ryo gukengurukira Imana ku vyo itugirira. Iryo sengesho ryoshobora gushirwamwo n’amajambo yo kuyishemeza. Hariho n’isengesho ry’ukwinginga, iryo na ryo rikaba ari isengesho ryo gutakamba dutura twicishije bugufi. Turashobora kandi gusenga ku bijanye n’ivyo tugomba, ni ukuvuga tugasaba ikintu kinaka gitomoye dukeneye (Luka 11:2, 3). Data wa twese wo mw’ijuru arahimbarwa no kwemera ko tumwegera mu buryo ubwo ari bwo bwose muri ubwo.
4. Naho Yehova asanzwe azi ivyo dukeneye, ni kubera iki tubimumenyesha?
4 Hari abobaza bati: ‘None [Yehova] ntasanzwe azi ivyo dukeneye vyose?’. Egome, arabizi (Matayo 6:8, 32). Ni kubera iki none ashima ko tumwegera, tukamusaba ivyo dukeneye? Rimbura kano karorero: Nyene iduka yoshobora kwemerera bamwebamwe mu bakiriya biwe ingabirano. Yamara, kugira ngo abo bakiriya baronke iyo ngabirano, bategerezwa kuza kuri uwo munyeduka, bakayimusaba. Abatoshima kugira ako kigoro, boba berekanye ko vy’ukuri badashima iyo ngabirano yabemereye. Na twebwe nyene, tutitayeho kumenyesha Yehova mw’isengesho ivyo dukeneye, vyokwerekana yuko tudakenguruka ivyo aturonsa. Yezu yavuze ati: “Musabe muzohabga” (Yohana 16:24). Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye yuko twiheka ku Mana.
Dukwiye kwegera Imana gute?
5. Ni kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?
5 Yehova ntadushiriraho amategeko umuyoro ntabanduka yerekeye ukuntu twosenga. Yamara, turakeneye kumenya uburyo bubereye bwo kwegera Imana, buno bukaba busigurwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, Yezu yigishije intumwa ziwe ati: “Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje” (Yohana 16:23, ni twe dushimitse.). Urabona rero ko dusabwa gusenga mw’izina rya Yezu, gutyo tukaba twemeye ko ari we muhora rudende imihezagiro y’Imana icako kugira ngo ishikire abantu bose.
6. Dukwiye kuba twifashe gute igihe dusenga?
6 Dukwiye kuba twifashe gute igihe dusenga? Muri Bibiliya, nta na hamwe hadondora ukuntu dukwiye kuba twifashe kugira ngo amasengesho yacu yumvirwe (1 Abami 8:22; Nehemiya 8:6; Mariko 11:25; Luka 22:41). Igihambaye ni ugusenga Imana ata buryarya kandi dufise inyifato ibereye yo mu mutima.—Yoweli 2:12, 13.
7. (a) Ijambo “Amen” risobanura iki? (b) Iryo jambo rikoreshwa gute mu buryo bubereye mu masengesho?
7 Tuvuge iki ku bijanye no gukoresha ijambo “Amen”? Ivyanditswe vyerekana yuko mu bisanzwe gukoresha iryo jambo ari uburyo bubereye bwo gusozera amasengesho yacu, na canecane igihe tuba turiko turasenga twaserukiye abandi (Zaburi 72:19; 89:52). Insobanuro nyamukuru y’ijambo ry’igiheburayo ʼa·menʹ ni “nta gukeka”. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Cyclopedia) canditswe na McClintock na Strong gisigura yuko kuvuga “Amen” isengesho riheze ari “ukwemeza amajambo aba ahejeje kuvugwa, no gusaba ko yoranguka”. Igihe rero uwuriko aratura isengesho arisozereye mu kuvuga “Amen” abikuye ku mutima, aba yerekanye ko ivyo ahejeje kuvuga vyavuye ku mutima vy’ukuri. Igihe umukirisu yaserukiye abandi mw’isengesho asozereye mu kuvuga “Amen”, abariko barikurikira boshobora na bo nyene kuvuga “Amen” n’ijwi ryumvikana canke bakabivugira mu mutima, kugira ngo berekane bimwe bivuye ku mutima ko bashigikiye ibihejeje kuvugwa.—1 Ab’i Korinto 14:16.
8. Amwamwe mu masengesho dutura yoshobora gute gusa n’amasengesho Yakobo na Aburahamu batuye, kandi ivyo vyokwerekana iki ku bitwerekeye?
8 Hari aho vyoshika Imana ikareka ngo twerekane ko vy’ukuri turajwe ishinga n’ivyo tuyimenyesha mu masengesho tuyitura. Hari aho vyosaba ko tumera nka Yakobo wo mu gihe ca kera, uwamaze ijoro ryose anyinyana n’umumarayika kugira ngo ahezagirwe (Itanguriro 32:24-26). Canke vyoshobora gusaba yuko tuba nka Aburahamu, uwituye akatari gake Yehova asabira Loti be n’abandi bagororotsi bose boba bari i Sodomu (Itanguriro 18:22-33). Natwe twoshobora gutakambira Yehova ku bijanye n’ibintu tubona ko ari ivy’agaciro, tukamwitura twishimikije ubutungane bwiwe, ubuntu-mvarukundo bwiwe be n’ikigongwe ciwe.
Ni ibiki twoshobora gusaba?
9. Ni ibiki dukwiye gushira imbere mu masengesho yacu?
9 Uribuka yuko Paulo yavuze ati: “Muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana” (Ab’i Filipi 4:6, ni twe dushimitse.). Ku bw’ivyo rero, amasengesho dutura yoshobora kuba yerekeye imice nka yose y’ubuzima bwacu. Ariko rero, ivyerekeye Yehova ni vyo bikwiye gushirwa imbere mu masengesho dutura. Daniyeli yaradusigiye akarorero keza muri ivyo. Igihe Abisirayeli bariko bahanirwa ivyaha bakoze, Daniyeli yaratakambiye Yehova ngo abagirire ikigongwe mu kuvuga ati: “Ntutebe; bibe kubgawe, Mana yanje, kuk’umurwa wawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe” (Daniyeli 9:15-19). Amasengesho yacu yoba na yo nyene yerekana ko dushira imbere ivy’uko izina rya Yehova ryezwa be n’uko ivyo agomba biranguka?
10. Ni igiki kitwemeza yuko bibereye ko mu masengesho dusaba n’ivyo ubwacu dukeneye?
10 Ariko ntiwumve, birabereye yuko mu masengesho yacu dushiramwo n’ivyo ubwacu dukeneye. Nk’akarorero, nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, twoshobora gusenga dusaba ugutahura ibintu vyimbitse vyo mu vy’impwemu. Yavuze ati: “Umpe gutahura, nanje nzokwitondera ivyagezwe vyawe, mbere nzovyitondera n’umutima wose” (Zaburi 119:33, 34; Ab’i Kolosayi 1:9, 10). Yezu ‘yaringinze, arasenga cane iyashoboye kumukiza urupfu’ (Abaheburayo 5:7). Mu kubigenza gutyo, yarerekanye yuko bibereye ko dusenga dusaba inkomezi igihe tugeramiwe canke turi mu bigeragezo. Igihe Yezu yigisha abigishwa biwe ca gisabisho ca Dawe wa twese, yaravuzemwo ivyo umuntu akenera, nk’uguharirwa amakosa canke kuronswa ivyo afungura bikwiranye n’umusi.
11. Isengesho rishobora gute kudufasha kutagwa mu nyosha mbi?
11 Muri ico gisabisho ca Dawe wa twese, Yezu yaravuze kandi ko twosaba duti: “Ntutujane mu bitwosha nabi, arik’udukize wa Mubi” (Matayo 6:9-13). Mu nyuma, yatanze iyi mpanuro igira iti: “Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi” (Matayo 26:41). Isengesho ni ntahara igihe turiko turoshwa nabi. Twoshobora kwoshwa kwirengagiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ku kazi canke kw’ishure. Abatari Ivyabona boshobora kudusaba kwifatanya na bo mu bintu biteye amakenga. Boshobora kudusaba gukora ikintu giteye kubiri n’ingingo ngenderwako zigororotse. Mu bihe nk’ivyo, vyoba vyiza dukurikije impanuro ya Yezu, haba igihe tubonye ko tugire twoshwe nabi canke mu gihe koko dushikiwe n’inyosha mbi, tugasenga dusaba ko Imana idufasha kugira ngo ntitugwe muri izo nyosha mbi.
12. Ni ibintu ibihe bitera amaganya bishobora gutuma dusenga, kandi ni igiki dushobora kwitega kuri Yehova?
12 Muri iki gihe, abasavyi b’Imana barashikirwa n’ingorane zitandukanye be n’amaganya yo mu buryo butandukanye mu buzima. Indwara n’ukugira umubabaro mu mutima ni ibintu bikunze gutuma abenshi bagira amaganya. Ibintu vy’ubukazi bikorerwa hirya no hino yacu biratuma ubuzima buba ubutesha umutwe. Ingorane zo mu vy’ubutunzi ziratuma bitugora kuronka ikitubeshaho. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova atega ugutwi abasavyi biwe bamumenyesha izo ngorane! Muri Zaburi 102:17 havuga ku vyerekeye Yehova hati: “A[zoshira] umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero, nt[azo]kēngera ugusenga kwabo”.
13. (a) Ni ibintu ibihe bitwerekeye dushobora gushira mu masengesho dutura? (b) Niwigane akarorero k’umuntu yatuye mwene iryo sengesho.
13 Mu vy’ukuri, ikintu ico ari co cose kigira ico gikoze ku murimo turangurira Yehova canke ku bucuti dufitaniye na we, turashobora kugishira mu masengesho tumutura (1 Yohana 5:14). Niba hari ingingo utegerezwa gufata ku bijanye n’ukwubaka urwawe, akazi canke ukwagura ubusuku urangura, ntiwitinye kubimenyesha Imana uyisaba ngo ikuronse ubuyobozi bwayo. Nk’akarorero, hari umuvukanyikazi umwe w’inkumi wo muri Filipine yari afise icipfuzo co gukora ubusuku bw’igihe cose. Ariko, nta kazi yari afise kotumye yironsa utwo akenera. Avuga ati: “Umusi umwe ku wa gatandatu, narasenze Yehova ndomako ku bijanye n’icipfuzo nari mfise co gukora ubutsimvyi. Mu nyuma kuri uwo musi nyene, ndiko ndamamaza, narashikirije igitabu umwigeme umwe w’umuyabaga. Uwo mwigeme nagiye numva ambwira ati: ‘Ku musi wa mbere mu gatondo, imbere y’ibindi vyose uzoze kw’ishure nigako’. Naciye ndamubaza nti: ‘Kubera iki?’. Yaransiguriye yuko kuri iryo shure hari hakenewe umukozi umwe bimwe vyihuta. Naragiyeyo, kandi uwo musi nyene naciye ndonka ako kazi. Ivyo vyabaye mu kanya gato”. Hari Ivyabona benshi cane na bo nyene bashikiwe n’ibintu bisa n’ivyo. Rero, ntiwitinye kubwira Imana mw’isengesho ivyo ukeneye vy’ukuri.
Bite ho igihe twoba twakoze icaha?
14, 15. (a) Ni kubera iki umuntu adakwiye kureka gusenga naho yoba yakoze icaha? (b) Igihe umuntu yakoze icaha, ni ikindi kintu ikihe giheza kikamufasha gusubira kugira intege mu vy’impwemu, uretse amasengesho ubwiwe atura?
14 Isengesho rishobora gute gufasha uwo vyashitse agakora icaha? Kubera isoni, abakoze icaha bamwebamwe usanga baca bareka gusenga. Mugabo rero, ico si ikintu kiranga ubukerebutsi umuntu yokora. Reka tubitangire akarorero: Abadereva b’indege barazi yuko bishitse bakazimira, bashobora kuvugana n’abagenzura ivy’uruja n’uruza rw’indege mu kirere kugira ngo babafashe. Vyogenda gute none nka hamwe umudereva w’indege yazimiye yotinya kuvugana n’abo bagenzura indege, bitumwe n’uko yumva biteye isoni kuba yazimiye? Ivyo birashobora gukwega akarambaraye! Umuntu yakoze icaha hanyuma akagira isoni zo gusenga Imana, na we nyene yoshobora kumererwa nabi kuruta. Isoni umuntu agira igihe yakoze icaha ntizikwiye kumubuza kuvugana na Yehova. Nkako, Imana isaba abakoze amakosa akomeye kuyisenga. Wa muhanuzi Yesaya yarahimirije abakoze ivyaha bo mu gihe ciwe ngo biture Yehova “kukw [a]kunda guharira” (Yesaya 55:6, 7). Ariko rero, hari aho vyoba ngombwa ko imbere y’uko umuntu ‘yinginga Uhoraho Imana yiwe ngo imutunge’, canke imuharire, abanza kworosha umutima wiwe, mu kuva mu ngendo yiwe y’icaha no mu kwigaya vy’ukuri.—Zaburi 119:58; Daniyeli 9:13.
15 Igihe umuntu yakoze icaha, hariho iyindi mpamvu ituma isengesho riba ngirakamaro. Wa mwigishwa Yakobo avuga ku bijanye n’umuntu akeneye imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu, ati: “N’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, . . . Umwami azomuvyura” (Yakobo 5:14, 15). Ego ni ko, uwakoze icaha arakwiye ubwiwe kwaturira Yehova mw’isengesho icaha yakoze, ariko kandi yoshobora no gusaba abakurambere ngo bamusengere. Iryo sengesho riraheza rikamufasha gusubira kugira intege mu vy’impwemu.
Ukuntu amasengesho yishurwa
16, 17. (a) Yehova yishura gute amasengesho yacu? (b) Ni ibintu ibihe vyabaye vyerekana yuko isengesho be n’igikorwa co kwamamaza bifitaniye isano cane?
16 Mbega amasengesho yishurwa gute? Amwe arashobora kwishurwa bidatevye kandi mu buryo bwibonekeza (2 Abami 20:1-6). Ayandi arashobora kwishurwa haciye igihe kinaka kandi mu buryo burushirije kuba ubugoye gutahura. Nk’uko ka karorero Yezu yatanga ka wa mupfakazi yaguma aza ku mucamanza kavyerekana, vyoshobora kuba ngombwa ko dutura Imana isengesho akatari gake (Luka 18:1-8). Ariko rero, turashobora guhera amazinda yuko nitwatura amasengesho ajanye n’ivyo Yehova Imana agomba, atazokwigera atubwira ngo: “Sigaho kungora”.—Luka 11:5-9.
17 Abasavyi ba Yehova bariboneye akatari gake yuko amasengesho yishurwa. Akenshi, ivyo vyaragaragariye mu busuku bwo mu ndimiro turangura. Nk’akarorero, hari abavukanyikazi babiri bo muri Filipine bariko bashikiriza abantu ibitabu bivuga ivya Bibiliya mu karere kari kure y’utundi ko muri ico gihugu. Igihe baha agapapuro k’inkuru nziza umukenyezi umwe, amosozi yaciye amwuzura mu maso. Yavuze ati: “Ejo mw’ijoro, narasenze Imana nsaba ko yorungika umuntu kugira ngo anyigishe Bibiliya, kandi nibaza ko isengesho ryanje ryishuwe”. Haciye igihe gito, uwo mukenyezi yaratanguye kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Mu kindi gice co muri Aziya yo mu Bumanuko bushira Ubuseruko, hari umuvukanyi yumva ko kuja kwamamariza mu nyubakwa imwe y’uburaro icungerewe cane hari ukuntu vyamutera ubwoba. Yamara rero, igihe kimwe uwo muvukanyi yarasenze Yehova, ararya umutima amenyo hanyuma arinjira muri iyo nyubakwa. Yaradodoye ku muryango w’icumba kimwe, hanyuma haca haza umukenyezi umwe akiri muto. Igihe uwo muvukanyi yamusigurira igituma amugendeye, uwo mukenyezi yaciye atangura kurira. Yavuze yuko yari amaze igihe arondera kubonana n’Ivyabona vya Yehova kandi ko yari yasenze asaba Imana ngo imufashe kubabona. Uwo muvukanyi yarahimbawe no kumufasha kubonana n’Ivyabona vya Yehova bo mw’ishengero ry’aho hantu.
18. (a) Igihe amasengesho yacu yishuwe, dukwiye gukora iki? (b) Ni igiki tutokekeranyako mu gihe tutagisha akaryo na kamwe ko gusenga?
18 Mu vy’ukuri, isengesho ni intunganyo nziza utoraba. Yehova ariteguriye kwumviriza amasengesho yacu no kuyishura (Yesaya 30:18, 19). Ariko rero, turakeneye kuba abantu bazi kwihweza uburyo Yehova yishura amasengesho tumutura. Hari aho bitokwama bigenda nk’uko tuba tuvyiteze. Yamara, mu gihe dutahuye uburyo yayoboye ibintu, turakwiye kutigera twibagira kumukengurukira no kumushemeza (1 Ab’i Tesalonike 5:18). Vyongeye, turakwiye kwama twibuka ya mpanuro ya Paulo igira iti: “Muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka”. Ntiwigere ugisha akaryo na kamwe uronka ko kuyaga n’Imana. Niwabigenza gutyo, uzoguma wibonera yuko amajambo Paulo avuga ku vyerekeye abantu batura amasengesho maze akishurwa, ari ay’ukuri. Agira ati: “Amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu”.—Ab’i Filipi 4:6, 7.
Woshobora kuvyishura?
• Ni ubwoko butandukanye ubuhe bw’amasengesho dushobora gutura?
• Dukwiye gusenga gute?
• Ni ibiki twoshira mu masengesho yacu?
• Isengesho rirangura uruhara uruhe igihe umuntu yakoze icaha?
[Ifoto ku rup. 29]
Isengesho rivuye ku mutima riradufasha kutagwa mu nyosha mbi
[Ifoto ku rup. 31]
Biciye kw’isengesho, turakengurukira Imana, tukayitura ibituraje ishinga, tukongera tukayisaba ivyo dukeneye