Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki Bibiliya Traduction du monde nouveau ivuga mu Gusubira mu vyagezwe 31:2 yuko Musa ‘atari acemererwa kwinjira no gusohoka’ bwa ndongozi y’Abisirayeli, mu gihe izindi Bibiliya zozo zivuga yuko atari akibishoboye?
Naho ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe muri ico canditswe rishobora guhindurwa muri ubwo buryo bwompi, uravye ukuntu ryahinduwe muri Bibiliya zimwezimwe, ritanga iciyumviro c’uko Musa mu myaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe yari afise amagara make ku buryo atari agishoboye kuba indongozi y’Abisirayeli. Nk’akarorero, Bibiliya Yera ivuga yuko Musa yagize ati: “Ubu mmaze imyaka ijana na mirongwibiri, singishobora gutēra ururengo”. Iyindi Bibiliya (The New English American Bible) na yo ivuga yuko Musa yagize ati: ‘Singishoboye kugenda uko nshatse kwose’.
Ariko rero, mu Gusubira mu vyagezwe 34:7 herekana yuko naho Musa yari yitereye mu myaka, atari afise amagara make. Hagira hati: “Mose yapfuye amaze imyaka ijana na mirongwibiri; kand’amaso yiwe ntiyaribgarābe ivyijiji, cank’inkomezi ziwe ngo zigabanuke”. Ku bw’ivyo rero, Musa yari agishoboye kuyobora iryo hanga, ariko Yehova ntiyagomba ko Musa abandanya kuriyobora. Ivyo birerekanwa n’amajambo Musa yaciye yongerako ati: “Uhoraho ya[mbariye], ati Ntuzojabuka uru ruzi Yorodani”. Biboneka yuko Yehova yari yasubiye kubwira Musa ivyo yari yaramubaririye kuri ya mazi y’i Meriba.—Guharūra 20:9-12.
Musa yari amaze imyaka myinshi kandi yari yagize ubuzima budasanzwe, ubushobora kugaburwamwo ibiringo bitatu. Imyaka 40 ya mbere, yayimaze mu Misiri, aho “yigish[irijwe] ubgenge bgose bg’Abanyegiputa”. Kandi ico gihe yari “[umunya]bushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe” (Ivyakozwe n’intumwa 7:20-22). Iyindi myaka 40, yayimaze i Midiyani, aho yatsimbatarije kamere zo mu vy’impwemu yari akeneye kugira ngo ayobore igisata ca Yehova. Imyaka 40 ya nyuma yayimaze ayobora Abisirayeli. Ariko inyuma y’iyo myaka, Yehova yari amaze gufata ingingo yuko mu gishingo ca Musa, Yosuwa ari we yoyoboye Abisirayeli, akabajabukana Uruzi Yorodani maze akabajana muri ca Gihugu c’Isezerano.—Gusubira mu vyagezwe 31:3.
Urabona rero ko Bibiliya Traduction du monde nouveau itanga insobanuro ibereye y’ico canditswe co mu Gusubira mu vyagezwe 31:2. Musa ntiyobandanije kuba indongozi ya Isirayeli, atari kubera yuko yari afise amagara make, yamara kubera yuko Yehova atari akibimwemerera.