Nimwigishe abana banyu gutanga insasanuro
PERLA aturuka muri Megizike, aribuka yuko igihe yari akiri agakobwa gatoyi nyina yaza aramufasha gutegura insasanuro ngufingufi zo gushikiriza mu gihe c’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ubu Perla afise agahungu k’imyaka itanu. None agafasha gute? Avuga ati: “Ntegerezwa kubanza gutegura icigwa tuzokwiga mw’ishengero. Igihe mba ndiko ndategura, ndarondera ingingo agahungu kanje gashobora gutahura, iyo gashobora gusigura mu majambo yako bwite. Maze, duca twitunira ku ngingo gatazira ngo ‘ingingo yanje’. Ndagasaba kuyisobanura gakoresheje uturorero tw’ibintu kabona mu buzima bwa misi yose. Duca rero twimenyereza gutanga iyo nsasanuro incuro n’izindi. Turakoresha ikintu kingana n’imikoro kugira ngo kamenye ukuntu kazofata mikoro mu gihe co gutanga insasanuro. Ndahimbarwa cane no kubona ata koraniro ryijana kadatanze insasanuro canke kadakirije. Kenshi na kenshi, karashikira uwuza kurongora iyo nyigisho imbere y’uko amakoraniro atangura, kakamubwira ya ngingo yako”.
Uwitwa Jens, uwo akaba ari umukurambere mu mugwi ukoresha ururimi rw’igihindi, afise uduhungu tubiri, kamwe gafise imyaka ibiri akandi imyaka ine. Igihe we n’umukenyezi wiwe be n’abo bana babo baba bariko barategura ikoraniro, barakoresha uburyo Jens yigiye ku bavyeyi biwe. Avuga ati: “Muri ayo mayagwa, turarondera igihimba abana bashobora gutahura. Duca rero tubashikiriza incamake y’ibivugwa muri nya gihimba canke ivyiyumviro bikurubikuru vy’ikiganiro, maze tukababaza utubazo dushaka ko baza kwishura mw’ikoraniro. Kenshi, turatangazwa n’inyishu batanga nk’aho boba bariko bariyagira. Ukuntu batanga insasanuro, biragaragaza vy’ukuri ivyo batahura. Ivyo bituma inyishu zabo ziba vy’ukuri izishemeza Yehova, kandi zikababera uburyo bwo guserura ukwizera bafise”.