ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/12 rup. 20-24
  • Yehova araha ‘impwemu yera abayimusaba’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova araha ‘impwemu yera abayimusaba’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nukovye mu gusenga
  • Tuyisaba cane kubera ko tuyikenera cane
  • Ni igiki gituma dusenga Imana twizigiye ko itwumvira?
  • Ukuntu impwemu yera itubera umufasha
  • Ingene impwemu nyeranda idufasha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • “Mugume musaba, muzohabwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Impwemu nyeranda ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Impwemu nyeranda ni inguvu ukeneye mu buzima bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/12 rup. 20-24

Yehova araha ‘impwemu yera abayimusaba’

“Mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?”​—LUKA 11:13.

1. Ni ryari canecane dukenera gufashwa n’impwemu yera?

‘IYI ngorane sinshobora kuyihanganira jewe jenyene. Ndabifashijwemwo gusa n’impwemu yera ni ho nzoshobora kuyihanganira’. Vyoba bimaze gushika ukavuga mwene ayo majambo aserura ukuntu wiyumva mu mutima? Abakirisu benshi ivyo biramaze kubashikira. Kumbure ivyo vyagushikiye igihe wamenya yuko urwaye indwara ikomeye. Canke kumbure vyagushikiye igihe uwo mwari mumaze imyaka n’iyindi mwubakanye yasinzira mw’itiro ry’urupfu. Canke vyoba vyagushikiye igihe watangura kwumva wishwe n’intuntu kandi wahora uri umuntu yamana akanyamuneza. Igihe wariko uca mu bintu biteye umubabaro mu buzima, ushobora kuba wariyumvisemwo yuko ata kindi cariko kigufasha kuvyihanganira atari “ubushobozi buhebuje” wahabwa n’impwemu yera ya Yehova.​—2 Ab’i Korinto 4:7-9; Zaburi 40:1, 2.

2. (a) Ni ibintu bitoroshe ibihe abakirisu b’ukuri banyinyana na vyo? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye guca irya n’ino muri iki kiganiro?

2 Abakirisu b’ukuri babwirizwa kwihanganira imikazo n’ukurwanywa bitera vyiyongera bituruka kuri ino si itubaha Imana (1 Yohana 5:19). N’ikindi kandi, abayoboke ba Kristu baraterwa na Shetani wa Mucokoranyi, uno akaba arwanya bimwe bikaze “abitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe 12:12, 17). Ntibitangaje rero kuba muri iki gihe dukeneye gufashwa n’impwemu yera y’Imana kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Twokora iki none kugira ngo dushobore kubandanya turonka cane impwemu yera y’Imana? Kandi ni kubera iki dushobora guhera amazinda yuko Yehova afise vy’ukuri umutima ukunze wo kuduha inkomezi dukeneye igihe tuba turi mu kigeragezo? Inyishu z’ivyo bibazo tuzisanga mu bigereranyo bibiri Yezu yatanze.

Nukovye mu gusenga

3, 4. Ni ikigereranyo ikihe Yezu yatanze, kandi yerekanye gute ingene kijanye n’ivyo gusenga?

3 Igihe kimwe, umwe mu bigishwa ba Yezu yamusavye ati: “Mugenzi, twigishe gusenga” (Luka 11:1). Mu kumwishura, Yezu yaciye yiganira abigishwa biwe ibigereranyo bibiri bifitaniye isano. Ica mbere cerekeye umugabo agendewe n’umushitsi, ikigira kabiri na co kikaba cerekeye umuvyeyi atega ugutwi umwana wiwe. Reka turimbure kimwekimwe cose muri ivyo bigereranyo bibiri.

4 Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebge afise incuti yoja i we mu gicugu, akayibgira, ati Ncuti yanje, ngurana udutsima dutatu, kuko haje incuti yanje ivuye ku rugendo, nanje ntagira ico ndayizimana: uwo mu nzu yomwishura, ati Sigaho kungora, namaze kwugara, kandi turi kumwe n’abana banje ku buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndayiguhe. Ndababgire: Nah’atovyurwa n’ukw ar’incuti yiwe ngw ayimuhe, ariko kukw atagize isoni zo kumuhambira, aravyuka, akamuha ivy’agomba vyose”. Yezu yaciye rero asigura ingene ico kigereranyo kijanye n’ivyo gusenga, mu kuvuga ati: “Nanje ndababgire: [“Gume”, NW] [mu]sab[a] muzohabga; [“gume”, NW] muronder[a] muzoronka; [“gume”, NW] muramuts[a] muzokwugururirwa. Kuk’ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa”.​—Luka 11:5-10.

5. Ikigereranyo c’umugabo akovya mu gusaba kitwigisha iki ku bijanye n’agatima dukwiye kugira igihe dusenga?

5 Ico kigereranyo gikora ku mutima c’umugabo yakobeje mu gusaba kiratwereka agatima dukwiye kugira igihe dusenga. Urabona ko Yezu avuga yuko uwo mugabo aruhira kuronka ivyo akeneye “kukw atagize isoni” zo kuguma asaba umugenzi wiwe (Luka 11:8). Ijambo ry’ikigiriki ryo mu ntango ryahinduwe ng’aha ngo ‘kutagira isoni’ riboneka rimwe gusa muri Bibiliya. Akenshi kutagira isoni bibonwa ko ari bibi. Ariko rero, igihe umuntu agaragaje ukutagira isoni ku bw’imvo nziza, ni ukuvuga akobeje mu gukora ikintu kinaka ku bw’imvo nziza, ukwo kutagira isoni kurashobora kubonwa ko ari kamere nziza. Ukwo ni ko biri kuri uwo mugabo agenderwa n’umushitsi, avugwa muri ico kigereranyo. Ntagira isoni zo gukovya mu gusaba ivyo akeneye. Kubera ko uwo mugabo Yezu amutangako akarorero twokwigana, dukwiye natwe gukovya mu gusenga. Yehova ashaka yuko ‘tuguma dusaba, tuguma turondera, tuguma turamutsa’, canke tudodora. Na we araheza ‘agaha impwemu yera abayimusaba’.

6. Mu gihe ca Yezu, ivy’ukwakira abashitsi vyabonwa gute?

6 Yezu ntatwereka gusa ukuntu dukwiye gusenga, ni ukuvuga dukobeje, ariko kandi aratwereka igituma dukwiye kubigenza gutyo. Kugira ngo ico cigwa tugitahure neza, turakwiye kurimbura ukuntu abumvirije ico kigereranyo Yezu yatanze c’umugabo akovya mu gusaba igihe agenderwa n’umushitsi, bari basanzwe babona ibijanye no kwakira abashitsi. Inkuru nyinshi zo mu Vyanditswe zirerekana ko mu bihe vya Bibiliya, kwitwararika abashitsi cari ikintu abantu, na canecane abasavyi b’Imana, bafatana uburemere (Itanguriro 18:2-5; Abaheburayo 13:2). Kutakira umushitsi vyaba ari akamaramaza (Luka 7:36-38, 44-46). Dufise ivyo ku muzirikanyi, reka dusubire kuri ya nkuru Yezu yigana.

7. Ni kubera iki umugabo avugwa mu kigereranyo ca Yezu agenderwa n’umushitsi, atagira isoni zo kuvyura umugenzi wiwe?

7 Nya mugabo avugwa mu kigereranyo agenderwa n’umushitsi mu gicugu. Uwo mugabo arumva ko abwirizwa kugira ico azimanye nya mushitsi, ariko ‘ntagira ico amuzimana’. We abona ko ategerezwa kugira ico akoze ubwo nyene! Ategerezwa gukubita inzu ibipfunsi kugira ngo aronke imitsima nk’ingahe. Aciye rero agenda ku mugenzi wiwe maze akamuvyura, kandi ntagire isoni zo kubigira. Atabaza uwo mugenzi wiwe ati: “Ncuti yanje, ngurana udutsima dutatu”. Arabandanya gusaba uwo mugenzi wiwe ivyo akeneye gushika abironse. Amaze kuronka iyo mitsima, ni ho gusa aheza akaba umwakiranyi nyawe.

Tuyisaba cane kubera ko tuyikenera cane

8. Ni igiki kizotuvyurira umutima wo gukovya mu gusenga dusaba impwemu yera?

8 Ico kigereranyo kitwereka iki ku bijanye n’igituma twokovya mu gusenga? Nya mugabo yagumye asaba imitsima kubera yuko yabona ko kugira ngo ashitse ibanga ryo kwakira umushitsi, yabwirizwa kuba afise iyo mitsima vyanka vyakunda (Yesaya 58:5-7). Adafise iyo mitsima, ntiyari gushobora kwakira uwo mushitsi nk’uko bibereye. Na twebwe abakirisu b’ukuri, kubera yuko dutahura ko dutegerezwa kuba dufise impwemu y’Imana kugira ngo turangure ubusuku tujejwe, ni co gituma tuguma tuyisaba Imana mw’isengesho (Zekariya 4:6). Tutayifise, nta co twoshikako (Matayo 26:41). Woba ubona icigwa gihambaye dukura muri ico kigereranyo? Nimba tubona ko impwemu y’Imana ari ikintu dukeneye bimwe vyihutirwa, bizoheza bitworohere cane ko dukovya mu kuyisaba.

9, 10. (a) Tanga akarorero kerekana igituma dukeneye gukovya mu gusaba Imana impwemu yayo. (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza, kandi kubera iki?

9 Reka dusigure ico cigwa dukoresheje akarorero ko muri iki gihe. Dufate ko hari umuntu wo muryango wanyu agize ingorane y’amagara mu gicugu. Woba wovyura umuganga ukamutabaza? Mu gihe koba ari akagorane kadakomeye, ivyo ntiwobigira. Ariko nko mu gihe uwo muntu yoba agize ingorane y’umutima, ntiwogira isoni zo gutabaza umuganga. Kubera iki? Kubera yuko iyo ari ingorane yihutirwa. Uratahura yuko vyanka vyakunda habwirizwa kuboneka imfashanyo y’umuntu abishoboye. Udaciye utabaza, uwo muntu yohasiga ubuzima. Na twebwe abakirisu b’ukuri, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, twama turi mu bintu vyihutirwa. Kukaba nkako, Shetani agendagenda nk’“intambge yivuga”, arondera kuturotsa (1 Petero 5:8). Kugira ngo tugume turi bazima mu vy’impwemu, ni ngombwa ko dufashwa n’impwemu y’Imana. Hamwe tutosaba ko Imana idufasha, vyoshobora kudukwegera akarambaraye. Ni co gituma rero tutagira isoni zo gukovya mu gusaba Imana ngo ituronse impwemu yayo yera (Abanyefeso 3:14-16). Tubigenjeje gutyo ni ho gusa twoheza tukaguma dufise inkomezi dukeneye kugira ngo ‘twihangane gushitsa kw’iherezo’.​—Matayo 10:22; 24:13.

10 Ku bw’ivyo, birahambaye cane ko tuza turafata akanya tukibaza duti: ‘Mvugishije ukuri, noba nkovya mu gusenga?’. Niwibuke yuko igihe dutahura neza ko dukeneye gufashwa n’Imana, duheza tukarushiriza gukovya mu gusenga dusaba impwemu yera.

Ni igiki gituma dusenga Imana twizigiye ko itwumvira?

11. Ikigereranyo c’umuvyeyi n’umwana wiwe, Yezu yacerekeje gute ku bijanye n’isengesho?

11 Ico kigereranyo Yezu yatanze c’umugabo akovya mu gusaba igihe agenderwa n’umushitsi, gishimika ku gatima k’uwusenga, uwo na we akaba ari umuntu yemera Imana. Ikigereranyo gikurikira coco gishimika ku gatima k’uwumva amasengesho, uwo na we akaba ari Yehova Imana. Yezu yabajije ati: “Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?”. Yezu yaciye atanga icigwa c’ico kigereranyo mu kuvuga ati: “None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?”.​—Luka 11:11-13.

12. Ikigereranyo cerekeye umuvyeyi yumviriza ivyo umwana wiwe amusaba, gishimika gute ku vy’uko Yehova afise umutima ukunze wo kwishura amasengesho tumutura?

12 Yezu, akoresheje ako karorero k’umuvyeyi aha umwana wiwe ivyo amusavye, arerekana ukuntu Yehova yiyumva ku bijanye n’abamwitura mw’isengesho (Luka 10:22). Ubwa mbere, raba iri tandukaniro: Yehova ntameze nk’urya mugabo wo mu kigereranyo ca mbere yabanje kumera nk’uwanka gufasha uwariko amutabaza; we ameze nk’umuvyeyi yitwararikana afise umutima ukunze wo kuronsa umwana wiwe ico amusavye (Zaburi 50:15). Yezu aca yongera kwerekana umutima ukunze Yehova afise ku bitwerekeye, mu kudufasha kuzirikana ku bijanye n’itandukaniro riri hagati y’umuvyeyi w’umuntu buntu be n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ico avuga ni iki: Niba umuvyeyi w’umuntu buntu aha umwana wiwe ingabire nziza, kandi ubwiwe ‘ari mubi’ kubera agasembwa yarazwe, wumva none tutorushiriza kwitega ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, we afise umutima ukunze wo kudufasha, azoha impwemu yera umuryango wiwe w’abamusenga?​—Yakobo 1:17.

13. Ni igiki dushobora kwitega tudakeka igihe dutura isengesho Yehova?

13 None ivyo bitwigisha iki? Bitwigisha ko dushobora guhera amazinda yuko igihe dusavye impwemu yera Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, yiteguriye cane kuyituronsa (1 Yohana 5:14). Nitwitura Yehova mw’isengesho incuro n’izindi, ntazokwigera amera nk’uwutubwira ati: “Sigaho kungora, namaze kwugara” (Luka 11:7). Ahubwo riho, Yezu yavuze ati: “[“Mugume”, NW] [m]usab[a] muzohabga; [“mugume”, NW] muronder[a] muzoronka; [“mugume”, NW] muramuts[a] muzokwugururirwa” (Luka 11:9, 10). Nta gukeka, Yehova ‘azotwishura uko tumwambaza’.​—Zaburi 20:9; 145:18.

14. (a) Ni ivyiyumviro bitari vyo ibihe usanga bivuruga ubwenge bamwebamwe igihe bashikiwe n’ibigeragezo? (b) Igihe turi mu bigeragezo, ni kubera iki twoshobora gusenga Yehova twizigiye ko atwumvira?

14 Ico kigereranyo Yezu yatanze c’umuvyeyi yitwararika umwana wiwe kirashimika kandi ku kuntu ukugira neza kwa Yehova kuruta kure n’iyo ukw’umuvyeyi uwo ari we wese w’umuntu buntu. Ni co gituma rero, mu gihe twoba turiko dushikirwa n’ibigeragezo, tudakwiye guca twiyumvira yuko ivyo bitegerezwa kuba vyerekana ko Imana itadushima. Umwansi wacu mukuru Shetani ni we ashaka ko twiyumvira gutyo (Yobu 4:1, 7, 8; Yohana 8:44). Ivyiyumviro vyo kwiyagiriza mwene ivyo ntibishingiye ku Vyanditswe. Yehova ntatugerageresha “ibibi” (Yakobo 1:13). Ntatuma dushikirwa n’ikigeragezo cogereranywa n’inzoka canke na sikorupiyo. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aha “ivyiza abamusavye” (Matayo 7:11, ni twe dushimitse; Luka 11:13). Rero, uko turushiriza gutahura ukugira neza kwa Yehova be n’umutima ukunze afise wo kudufasha, ni na ko turushiriza kuvyurirwa umutima wo gusenga twizigiye ko atwumvira. Tubigenjeje gutyo, natwe tuzoshobora kuvuga nka wa mwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Vy’ukuri Imana iranyumviye, yabangiye ugutwi ijwi ry’ugusenga kwanje”.​—Zaburi 10:17; 66:19.

Ukuntu impwemu yera itubera umufasha

15. (a) Ni igiki Yezu yasezeranye ku bijanye n’impwemu yera? (b) Ni mu buryo bumwe ubuhe impwemu yera idufasha?

15 Igihe gitoyi imbere y’uko Yezu apfa, yarasubiye kuvuga amajambo asubiriza umutima mu nda, nk’uko yari yarabigize muri vya bigereranyo yatanga. Igihe yariko avuga ibijanye n’impwemu yera, yabwiye intumwa ziwe ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’abane namwe ibihe bidashira” (Yohana 14:16). Gutyo, Yezu yari asezeranye yuko umwitsa canke umufasha, ari yo mpwemu yera, yobaye ari kumwe n’abayoboke biwe muri kazoza, ushizemwo n’iki gihe cacu. Ni mu buryo bumwe buhambaye ubuhe twebwe muri iki gihe dufashwa n’iyo mpwemu yera? Impwemu yera iradufasha kwihanganira ibigeragezo bitandukanye. Uti gute? Intumwa Paulo, ubwiwe akaba yarashikiwe n’ibigeragezo, yaradondoye mw’ikete rimwe yandikiye abakirisu b’i Korinto ingene impwemu y’Imana yamufashije. Reka twihweze gatoyi ivyo yanditse.

16. Dushobora gute gusanga ivyacu vyifashe nk’uko ivya Paulo vyari vyifashe?

16 Paulo yabanje kubwira abo basangiye ukwizera ata guhisha yuko yariko anyinyana n’“[“ihwa”, NW] mu mubiri”, ico kikaba cari ikigeragezo kinaka. Hanyuma yaciye avuga ati: “Natakambiye Umwami wacu [Yehova] gatatu ngo [r]imvemwo” (2 Ab’i Korinto 12:7, 8). Naho Paulo yinginze Imana ngo imukureko uwo mubabaro, nya mubabaro nta ho wagiye. Ushobora kuba nawe muri iki gihe uriko ushikirwa n’ikintu nk’ico. Cokimwe na Paulo, hari aho woba umaze gusenga Yehova ukobeje umusaba ko yogukuriraho ingorane yinaka, kandi ukabigira wizigiye ko akwumvira. Ariko naho wamutakambiye akatari gake, iyo ngorane muracari kumwe. None ivyo vyoba bisobanura yuko Yehova atishuye amasengesho watuye kandi ko impwemu yiwe itariko iragufasha? Haba namba (Zaburi 10:1, 17)! Raba amajambo Paulo yaciye yongerako.

17. Yehova yishuye gute amasengesho Paulo yamutuye?

17 Mu kwishura amasengesho Paulo yari yatuye, Imana yamubwiye iti: “Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke”. Paulo na we ati: “Nuko cane-cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo [“bugume hejuru yanje nk’ihema”, NW]” (2 Ab’i Korinto 12:9; Zaburi 147:5). Gutyo, Paulo yariboneye ko biciye kuri Kristu, ubushobozi bw’Imana bwari bumukingiye nka kurya ihema rikingira umuntu. Muri iki gihe, Yehova arishura mu buryo nk’ubwo nyene amasengesho tumutura. Arakingira abasavyi biwe, bikamera nk’aho ashira ihema hejuru yabo.

18. Ni igiki kidushoboza kwihanganira ibigeragezo canke ingorane?

18 Mu bisanzwe, ihema ntiribuza imvura kugwa canke ngo ribuze imiyaga guhuhuta, mugabo rirakingira umuntu ivyo bintu ku rugero runaka. N’uburinzi turonswa n’“ubushobozi bga Kristo” ntibubuza ko dushikirwa n’ibigeragezo canke ingorane. Yamara, buradukingira mu buryo bw’impwemu ibintu vyo muri ino si bishobora kutugirira nabi be n’ibitero vya nyene kuyitwara, ari we Shetani (Ivyahishuriwe 7:9, 15, 16). Ku bw’ivyo rero, naho woba uriko unyinyana n’ingorane yanka ‘kukuvako’, urashobora guhera amazinda yuko Yehova azi neza urugamba uriko urarwana, kandi ko yishuye “ijwi ry’ugutakamba kwa[we]” (Yesaya 30:19; 2 Ab’i Korinto 1:3, 4). Paulo yanditse ati: “Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira”.​—1 Ab’i Korinto 10:13; Ab’i Filipi 4:6, 7.

19. Ni igiki wiyemeje kugira, kandi kubera iki?

19 Ni ivy’ukuri yuko ino “misi y’iherezo” y’iyi si itubaha Imana, irangwa n’“ibihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Naho ari ukwo, ku basavyi b’Imana ivyo bihe si ivyo badashobora kwihanganira. Uti kubera iki? Kubera yuko bashigikirwa bakongera bagakingirwa n’impwemu yera y’Imana, iyo Yehova aha abikunze kandi ku rugero runini abo bose bayimusaba bakobeje kandi bizigiye ko ayibaronsa. Ku bw’ivyo rero, nimuze twame imisi yose dusenga dusaba impwemu yera.​—Zaburi 34:6; 1 Yohana 5:14, 15.

Wokwishura gute?

• Dukeneye gukora iki kugira ngo turonke impwemu yera y’Imana?

• Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko Yehova azokwishura amasengesho tumutura dusaba impwemu yera?

• Impwemu yera idufasha gute kwihanganira ibigeragezo canke ingorane?

[Ifoto ku rup. 21]

Ikigereranyo Yezu yatanze c’umugabo akovya mu gusaba igihe agenderwa n’umushitsi, kitwigisha iki?

[Ifoto ku rup. 22]

Woba usaba impwemu yera y’Imana ukobeje?

[Ifoto ku rup. 23]

Ikigereranyo cerekeye umuvyeyi yitwararika umwana wiwe kitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika