Integuro nshasha y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi
IKINYAMAKURU uriko urasoma ni inomero ya mbere y’integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Twagomba kugusigurira imice imwimwe ijanye n’uburyo bushasha iki kinyamakuru gitunganijwemwo.
Integuro y’ukwiga igenewe Ivyabona vya Yehova be n’abatohoji ba Bibiliya bariko baratera imbere. Izoza irasohorwa rimwe mu kwezi, ikazoba irimwo ibiganiro vy’ukwiga bine canke bitanu. Urutonde rwerekana ukuntu ivyo biganiro vy’ukwiga bizoza birarimburwa ruri ku gipfukisho c’ico kinyamakuru. Integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi ntimeze nk’integuro ya bose. Inomero z’iyo nteguro y’ukwiga zizoza zirasohorwa zidafise amashusho yo ku gipfukisho aza arahindagurwa, kubera yuko iyo nteguro itazoshikirizwa mu busuku bwo mu ndimiro.
Ku rupapuro rwa 2 rw’ico kinyamakuru, uzoza urahasanga incamake ngufi y’ingirakamaro cane yerekana intumbero y’ikiganiro c’ukwiga kimwekimwe cose canke y’ibiganiro vy’ukwiga nka bingahe bikurikirana, unahasange urutonde rw’ibiganiro bitari ivy’ukwiga. Abayobora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi bazosanga uwo muce ari ngirakamaro cane igihe bazoba bariko baritegurira ikiyago co guhana ijambo kiri n’ico kivuze gishingiye kuri ivyo biganiro kizogirwa mu gihe c’ikoraniro ry’ishengero.
Uzobona ko ibiganiro vy’ukwiga hari ukuntu ari bigufi ubigereranije n’ivyahahora. Ivyo bizotuma haboneka umwanya wiyongereye wo kurimbura ivyanditswe nyamukuru mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Tukuremesheje n’igishika cinshi kurondera buri ndwi ivyanditswe vyose vyatanzwe. Ivyanditswe bimwebimwe vyatanzwe uzosanga biri kumwe n’ijambo rivuga ngo “soma”, akaba ari co gituma bikwiye gusomwa no kugira ico bivuzweko mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ibindi vyanditswe na vyo nyene vyoshobora gusomwa umwanya ubibakundiye. Hari aho uzosanga ibiganiro bimwebimwe birimwo ivyanditswe biri kumwe n’imvugo igira ngo “gereranya na”. Kubera yuko mwene ivyo vyanditswe biterekana neza na neza ivyiyumviro bikurubikuru biba vyaseruwe mu ngingo yinaka, akenshi ntibizosomwa mu gihe c’ikoraniro ry’ishengero. Yamara rero, ivyo vyanditswe biri kumwe n’iyo mvugo ngo “gereranya na”, uzosanga birimwo amakuru ashimishije yiyongereye, canke na ho bishobore kuba bishigikira mu buryo butadomako ivyiyumviro biriko birarimburwa. Tukuremesheje gusuzuma ivyo vyanditswe igihe utegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Hari aho uzoshobora kuvyikorako mu nsasanuro uzotanga.
Raporo y’umwaka ntizosubira gusohorwa mu Munara w’Inderetsi. Guhera mu 2008, izoza irasohorwa ari inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami yongere isohorwe mu gitabu c’umwaka (Annuaire). Ariko rero, nk’uko twamaze kuvyerekana, integuro y’ukwiga irimwo n’ibiganiro bitari ivy’ukwiga. Naho vyinshi muri vyo bitazorimburwa mu gihe c’ikoraniro ry’ishengero, tukuremesheje kubisoma witonze. Na vyo nyene birimwo ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”.—Mat. 24:45-47.
Mu gusozera, twokumenyesha ko integuro y’ukwiga be n’integuro ya bose z’Umunara w’Inderetsi atari ibinyamakuru bibiri bitandukanye. Zompi ni Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova. Ku rupapuro rwa 2, izo nteguro zifise ingingo zisigura mu buryo bumwe ihangiro ry’Umunara w’Inderetsi. Zompi zizoshirwa mu mbumbe imwe y’umwaka wose. Vyongeye, amayagwa yo muri izo nteguro zompi uzoyasanga mu kiganiro kivuga ngo “Woba uvyibuka?”, ikizoza kirasohorwa mu nteguro y’ukwiga.
Kuva mu 1879, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi caratangaje kidahemuka ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana naho habaye ibihe vy’intambara, ingorane z’ivy’ubutunzi n’uruhamo. Dusenga dusaba yuko, biciye ku muhezagiro wa Yehova, kibandanya kubigenza gutyo muri ubu buryo bushasha gitunganijwemwo. Vyongeye, dusenga dusaba ko Yehova aguhezagira, wewe musomyi, uko ukoresha neza iyo nteguro nshasha y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi.