Ivyo twigira kuri Yezu
Ku bijanye n’ukuntu twofata abandi
Ni kubera iki dukwiye kuba abanyabuntu?
Woba ugaragaza ubuntu mbere n’igihe abandi batabukugaragariza? Nimba twipfuza kwigana Yezu, dutegerezwa kugaragariza ubuntu mbere na barya batwanka. Yezu yavuze ati: “Nimwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kuko n’abacumuzi bakunda ababakunda. . . . Ahubwo mushishikare gukunda abansi banyu . . . , kandi muzoba abana ba Musumbavyose, kuko agirira ubuntu intashima n’abanyakibi.”—Luka 6:32-36; 10:25-37.
Ni kubera iki dukwiye kubabarira abandi?
Igihe dukoze amakosa, turipfuza ko Imana itubabarira. Yezu yigishije yuko bibereye ko dusenga dusaba ko Imana yotubabarira. (Matayo 6:12) Ariko rero, Yezu yavuze kandi yuko Imana izotubabarira mu gihe gusa twoba dufise umutima ukunze wo kubabarira abandi. Yavuze ati: “Nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira; ariko nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.”—Matayo 6:14, 15.
Imiryango ishobora gute kuronka agahimbare?
Naho Yezu atigeze yubaka urwiwe, turashobora kumwigirako vyinshi ku bijanye n’ingene twoshobora gutuma ubuzima bwo mu muryango burangwamwo agahimbare. Biciye ku vyo yavuze be n’ivyo yakoze, yaradusigiye icitegererezo twokurikiza. Rimbura ibi vyiyumviro bitatu bikurikira:
1. Umugabo ategerezwa gukunda umugore wiwe nk’umubiri wiwe bwite. Yezu yarasigiye akarorero abanega. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane.” Gushika ku rugero uruhe? Yavuze ati: “Nk’uko nabakunze.” (Yohani 13:34) Mu kwerekeza iyo ngingo ngenderwako ku banega, Bibiliya ivuga iti: “Bagabo, mushishikare gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero kandi akitanga ku bwaryo . . . Ukwo ni ko abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo, nk’uko na Kristu agirira ishengero.”—Abanyefeso 5:25, 28, 29.
2. Abubakanye bategerezwa kudahemukiranira. Guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye ni icaha ku Mana kandi birasambura imiryango. Yezu yavuze ati: “Mbega ntimwasomye . . . ‘[Yuko] umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri ba[ka]ba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye. . . . Ndababwiye yuko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”—Matayo 19:4-9.
3. Abana bategerezwa kuyobokera abavyeyi babo. Naho Yezu yari atunganye abavyeyi biwe bakaba batari batunganye, igihe yari akiri umwana yarabagamburukira. Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu igihe yari afise imyaka 12 iti: “Amanukana na bo [abavyeyi biwe] ashika i Nazareti, aguma abayobokera.”—Luka 2:51; Abanyefeso 6:1-3.
Ni kubera iki dukwiye gushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako?
Ku bijanye n’ivyigwa Yezu yigishije abigishwa biwe, yavuze ati: “Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.” (Yohani 13:17) Kugira tube abakirisu b’ukuri, dutegerezwa gushira mu ngiro impanuro Yezu yatanze ku bijanye n’ukuntu dukwiye gufata abandi. Yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”—Yohani 13:35.
Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 14 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?a
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 16]
Umugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi uratwigisha igituma bihambaye kuba abanyabuntu n’abababarira abandi.—Luka 15:11-32
[Ifoto ku rup. 17]
Abubakanye bakwiye kudahemukiranira