“Abagororotsi bazokayangana nk’izuba”
“Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.”—MAT. 13:43.
1. Yezu yakoresheje ibigereranyo kugira ngo asigure imice iyihe itandukanye y’Ubwami?
YEZU KRISTU yarakoresheje ibigereranyo bitari bike, canke imigani, kugira ngo asigure imice itandukanye y’Ubwami. “[Yabwira] amasinzi mu bigereranyo. Nkako, adakoresheje ikigereranyo nta co yababwira.” (Mat. 13:34) Mu bigereranyo Yezu yatanze vyerekeye ukubiba imbuto y’ukuri kw’Ubwami, yarashimitse ku vy’uko ukuntu umuntu aba ameze mu mutima bigira uruhara mu bijanye n’ingene yakira ubutumwa, yongera ashimika ku ruhara Yehova arangura mu gutuma haba ikura ryo mu buryo bw’impwemu. (Mrk. 4:3-9, 26-29) Yezu yaratanze kandi ikigereranyo cerekeye ikura ridasanzwe ry’ivy’Ubwami ng’aha kw’isi, naho mbere iryo kura ritama rishoka ryibonekeza. (Mat. 13:31-33) N’ikindi kandi, yarashimitse ku vy’uko atari ngombwa ngo abantu bose bakira neza ubutumwa bw’Ubwami babe ababereye kuba abatwarwa b’ubwo Bwami.—Mat. 13:47-50.a
2. Mu kigereranyo Yezu yatanze c’ingano n’icatsi kibi, imbuto nziza igereranya iki?
2 Ariko rero, hariho kimwe mu bigereranyo Yezu yatanze gishimika ku bijanye n’ukwegeranywa kw’abazofadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bwiwe. Ico kigereranyo ni kimwe gikunze kwitwa umugani w’ingano n’icatsi kibi, tukaba tugisanga muri Matayo ikigabane ca 13. Mu gihe mu kindi kigereranyo Yezu atubwira yuko imbuto ibibwa ari “ijambo ry’ubwami,” muri iki kigereranyo hoho atubwira yuko imbuto nziza igereranya ikindi kintu kitari ico, ni ukuvuga “abana b’ubwami.” (Mat. 13:19, 38) Abo si abatwarwa b’Ubwami, ahubwo ni “abana,” canke ba samuragwa, b’Ubwami.—Rom. 8:14-17; soma Abagalatiya 4:6, 7.
Ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi
3. Sigura ingorane umuntu avugwa muri ico kigereranyo afise be n’ukuntu ahitamwo kuyitorera umuti.
3 Ico kigereranyo ni co c’iki: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu yabivye imbuto nziza mw’itongo ryiwe. Igihe abantu bari basinziriye, umwansi wiwe araza abiba icatsi kibi mu ngano, arigira. Zimaze kumera zikayangika, ca catsi kibi na co caciye giseruka. Nuko abashumba ba nyen’urugo baraza, bamubwira bati: ‘Databuja, mbega burya ntiwabivye imbuto nziza mw’itongo ryawe? None bigenze gute ngo habemwo icatsi kibi?’ Arababwira ati: ‘Ni umuntu w’umwansi yabigize’. Bamubwira bati: ‘None ushaka ko tugenda tukacegeranya?’ Avuga ati: ‘Oya; ntimuhave musanga igihe mwegeranya ico catsi kibi mukiranduranye n’ingano. Reka vyompi bikurane kugeza kw’iyimbura; maze mu kiringo c’iyimbura nzobwira abagenyi nti: Banze mwegeranye icatsi kibi, mugitekere mu mikama mugiturire, muheze mugende mwegeranirize ingano mu kigega canje.’”—Mat. 13:24-30.
4. (a) Wa muntu avugwa muri ca kigereranyo ni nde? (b) Ni ryari Yezu yatanguye igikorwa co kubiba iyo mbuto, kandi yabigize gute?
4 None uwo muntu yabivye imbuto nziza mw’itongo ryiwe ni nde? Yezu aratanga inyishu mu nyuma igihe asigurira abigishwa biwe ico kigereranyo, ati: “Umubivyi w’imbuto nziza ni Umwana w’umuntu.” (Mat. 13:37) Yezu, we “Mwana w’umuntu,” yarateguye itongo kugira ngo ariteragire mu kiringo c’imyaka itatu n’igice y’ubusuku bwiwe bwo kw’isi. (Mat. 8:20; 25:31; 26:64) Mu nyuma, kuva kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., yaciye atangura kubiba imbuto nziza, ni ukuvuga “abana b’ubwami.” Biboneka yuko ukwo kubiba kwabaye igihe Yezu, uwaserukiye Yehova, yatangura gusuka impwemu nyeranda ku bigishwa, gutyo aba arabarobanuye ngo babe abana b’Imana.b (Ibik. 2:33) Iyo mbuto nziza yagiye irakura gushika aho iba ingano zikuze. Ku bw’ivyo, intumbero yatumye iyo mbuto nziza ibibwa yari iy’uko amaherezo hokwegeranijwe igitigiri cuzuye c’abocitse abaraganwa na Yezu mu Bwami bwiwe bakaba n’abafadikanya na we kuganza muri bwo.
5. Wa mwansi avugwa muri ca kigereranyo ni nde, kandi ni bande bagereranywa na ca catsi kibi?
5 None wa mwansi we ni nde, kandi ca catsi kibi kigereranya bande? Yezu atubwira yuko uwo mwansi “[ari] wa Mubesheranyi.” Ico catsi kibi kidondorwa ko ari “abana ba wa mubi.” (Mat. 13:25, 38, 39) Tubifashe ukwo nyene bivugwa, birashoboka yuko ca catsi kibi Yezu yavuga ari icitwa umufunga canke ruvani. Igihe kiba kikiri gito, ico catsi c’ubumara kirasa rwose n’ingano. Ese ukuntu ivyo bitanga ishusho itomoye yerekeye abiyita abakirisu, abivugisha yuko ari abana b’Ubwami ariko bakaba batama ivyamwa nyakuri! Abo bakirisu b’abiyorobetsi, abivugisha ko ari abayoboke ba Kristu, mu vy’ukuri bari mu bagize “uruvyaro” rwa Shetani wa Mubesheranyi.—Ita. 3:15.
6. Ca catsi kibi catanguye guseruka ryari, kandi ni gute muri ico gihe abantu bari “basinziriye”?
6 None abo bakirisu bameze nk’icatsi kibi baserutse ryari? Yezu avuga ati: “Igihe abantu bari basinziriye.” (Mat. 13:25) None aho hari ryari? Inyishu tuyisanga mu vyo intumwa Paulo yandikiye abakurambere b’i Efeso, ati: “Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho, kandi muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibintu bigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (Ibik. 20:29, 30) Yaciye abandanya guhimiriza abo bakurambere kuguma bari maso mu buryo bw’impwemu. Inyuma y’aho intumwa zitanguriye gusinzira mu rupfu, zino zikaba ari zo zabera “intambamyi” ubuhuni, abakirisu batari bake baciye basinzira mu buryo bw’impwemu. (Soma 2 Abatesalonika 2:3, 6-8.) Ico gihe ni ho ubuhuni bukomeye bwatangura.
7. Mbega hariho ingano zoba zarahindutse icatsi kibi? Sigura.
7 Yezu ntiyavuze yuko ingano zocitse icatsi kibi, ahubwo yavuze ko icatsi kibi cabibwe mu ngano. Ico kigereranyo rero nticerekeza ku bakirisu b’ukuri bataye ukuri. Ahubwo, cerekeza ku twigoro Shetani agira nkana kugira ngo yonone ishengero rya gikirisu, mu kuryinjizamwo abantu babi. Igihe intumwa ya nyuma Yohani yari ageze mu zabukuru, ubwo buhuni bwari bumaze kwigaragaza.—2 Pet. 2:1-3; 1 Yoh. 2:18.
“Reka vyompi bikurane kugeza kw’iyimbura”
8, 9. (a) Ni kubera iki amategeko uwo shebuja yahaye abashumba biwe yumvikana ku bariko barumviriza Yezu? (b) Mw’iranguka ry’ico kigereranyo, ni gute ingano zakuranye n’icatsi kibi?
8 Ba basuku baramenyesha Shebuja ibijanye n’iyo ngorane, hanyuma bakamubaza bati: “None ushaka ko tugenda [tukegeranya ico catsi kibi]?” (Mat. 13:27, 28) Inyishu abaha ishobora gusa n’iyitangaje. Ababwira ngo bareke izo ngano be n’ico catsi kibi bikurane, gushika igihe c’iyimbura kigeze. Iryo tegeko rirumvikana ku bigishwa ba Yezu. Baratahura ukuntu bigoye gutandukanya ingano n’umufunga canke ruvani. Abazi ivyerekeye uburimyi na bo nyene baratahura yuko mu bisanzwe imizi y’ico catsi kibi usanga ifatangana n’imizi y’ingano.c Ntibitangaje rero kubona uwo Shebuja atanga itegeko ry’uko boba barabangiriye.
9 Mu buryo busa n’ubwo, mu binjana n’ibindi, utudumbi twinshi tw’amadini y’abiyita abakirisu twaravuyemwo ivyatsi bibi vyinshi, ivyo bikaba vyabanje kuba mw’idini rya Ekeleziya Gatolika ya Roma be n’iry’Aborotodogisi, mu nyuma biba mu migwi itari mike y’abaporotisanti yahavuye ivuka. Muri ico gihe nyene, imbuto nkeya z’ingano nyakuri zarabibwe muri rya tongo rigizwe n’isi. Nyen’urugo avugwa muri ca kigereranyo yararindiriye yihanganye mu gihe kirekire c’ikura, gushika igihe c’iyimbura kigufi kuri ico kigeze.
Ca gihe c’iyimbura camara igihe kinini kirindiriwe
10, 11. (a) Igihe c’iyimbura gishika ryari? (b) Ingano z’ikigereranyo ziriko zizanwa gute mu kigega ca Yehova?
10 Yezu atubwira ati: “Iyimbura ni insozero y’ivy’isi, abashwabuzi na bo ni abamarayika.” (Mat. 13:39) Mu misi y’iherezo y’ivy’iyi si mbi, haraba igikorwa co gutandukanya; abana b’Ubwami babwirizwa kwegeranywa, bagatandukanywa n’abantu bose bameze nk’icatsi kibi. Ku bijanye n’ico kintu, intumwa Petero atubwira ati: “[Ni] igihe cashinzwe c’uko urubanza rutangurira ku nzu y’Imana. Nimba rero rubanza gutangurira kuri twebwe, iherezo ry’abatagamburukira inkuru nziza y’Imana rizoba irihe?”—1 Pet. 4:17.
11 Gatoya inyuma y’aho ikiringo c’imisi y’iherezo gitanguriye, ari co kiringo c’“insozero y’ivy’iy’isi,” abiyita ico gihe ko ari abakirisu b’ukuri baratanguye gucirwa urubanza, kugira ngo bimenyekane nimba koko ari “abana b’ubwami” canke “abana ba wa mubi.” ‘Habanje’ gutemba Babiloni Akomeye, mu nyuma abana b’Ubwami ‘baraheza’ begeranirizwa hamwe, mu ntango z’iyimbura. (Mat. 13:30) Ariko none, ni gute muri iki gihe ingano z’ikigereranyo ziriko zirazanwa mu kigega ca Yehova? Abo bantu bimbuwe barazanywe mw’ishengero rya gikirisu ryasubijwe umutamana, aho batonesherezwa n’Imana bakongera bagakingirwa na yo, canke na ho bahabwa impera yabo yo mw’ijuru.
12. Iyimbura ribandanya gushika ryari?
12 None urwo rubanza rumara igihe kingana gute? Igihe c’iyimbura Yezu yavuze ko ari “ikiringo.” Ku bw’ivyo rero, iryo yimbura rirabandanya gushika igihe kinaka. (Ivyah. 14:15, 16) Urubanza rw’umwumwe wese mu barobanujwe impwemu rurabandanya mu kiringo cose c’iherezo. Ruzobandanya gushika bashizweko ikidodo ca nyuma.—Ivyah. 7:1-4.
13. Ni mu buryo ubuhe abameze nka ca catsi kibi batsitaza abantu, kandi ni gute bariko barakora ivy’ubugarariji?
13 None ni bande bazokwegeranywa bagakurwa mu Bwami, kandi ni gute batsitaza abandi bakongera bagakora ivy’ubugarariji? (Mat. 13:41) Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu, abameze nka ca catsi kibi, barazimije abantu amamiliyoni mu binjana n’ibindi. Ivyo babigize biciye ku nyigisho zitukisha Imana, ari vyo “bintu bitsitaza,” nka ya nyigisho ivuga ibijanye n’uguhanishwa umuriro ibihe bidahera be na ya yindi ivuruga ubwenge kandi y’amayobera yerekeye Ubutatu. Indongozi z’amadini nyinshi zarahaye akarorero kabi imikuku ziyoboye mu kugirana n’iyi si ubugenzi bw’ukurenga ibigo, mu bihe bimwebimwe na ho zikabigira mu kuja mu buhumbu bw’agahomerabunwa. (Yak. 4:4) N’ikindi kandi, amadini y’abiyita abakirisu yagiye ararushiriza kurenza uruho rw’amazi ku buhumbu bukorwa n’abayarimwo. (Soma Yuda 4.) Naho ibintu vyifashe gutyo, barabandanya kwiyerekana ko bayobokera Imana be n’uko bayubaha. Ese ukuntu abana b’Ubwami bahimbarwa no kuba baratandukanijwe n’utwosho nk’utwo tumeze nk’icatsi kibi be n’inyigisho zonona zitsitaza abantu!
14. Ni mu buryo ki abameze nk’icatsi kibi barira bakongera bagahekenya amenyo?
14 Ni mu buryo ki abameze nk’icatsi kibi barira bakongera bagahekenya amenyo? (Mat. 13:42) “Abana ba wa mubi” barababazwa cane no kubona “abana b’ubwami” barashize ku kabarore utwosho be n’inyigisho birimwo ubumara vyo mu buryo bw’impwemu vy’abameze nk’icatsi kibi. Baridoga kandi kubera yuko abanywanyi b’idini ryabo batakibashigikira nka mbere, bakanidoga kubera yuko abayoboke babo batakibayobokera.—Soma Yesaya 65:13, 14.
15. Ni mu buryo ki abameze nk’icatsi kibi baturizwa umuriro?
15 Ni mu buryo ki ico catsi kibi cegeranywa kigaturizwa umuriro? (Mat. 13:40) Ivyo vyerekeza ku bizoshikira ubwa nyuma ico catsi kibi. Ukwo kuba gitererwa mw’itanure ry’umuriro mu buryo bw’ikigereranyo kwerekana yuko gisangangurwa ibihe bidahera. (Ivyah. 20:14; 21:8) Abo bantu bameze nk’icatsi kibi bigira abakirisu, abo bahumvyi, bazoranduranwa n’imizi mu kiringo ca ya “makuba akomeye.”—Mat. 24:21.
“Bazokayangana nk’izuba”
16, 17. Malaki yamenyesheje iki ku bijanye n’urusengero rw’Imana, kandi ivyo vyatanguye kuranguka gute?
16 None ni ryari abameze nk’ingano ‘bakayangana nk’izuba’? (Mat. 13:43) Ku bijanye n’ugutyorora urusengero rw’Imana, Malaki yamenyesheje ati: “Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’araje, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize. Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi. Kand’azovyagira nk’uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’inkamba: kand’abahungu ba Lewi azobamaramw’inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi.”—Mal. 3:1-3.
17 Mu bihe vya none, biboneka yuko ubwo buhanuzi bwatanguye kuranguka mu 1918 igihe Yehova, ari kumwe na ya “ntumwa y’isezerano,” ari we Yezu Kristu, bagenzura rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Malaki aratubwira ibiba iryo tyororwa rimaze kurangira. Avuga ati: “Muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.” (Mal. 3:18) Iterambere mu bijanye n’igikorwa ryagizwe n’abakirisu b’ukuri basubijwe intege, rirerekana ko muri ico kiringo ari ho igihe c’iyimbura catangura.
18. Ni ibiki Daniyeli yamenyesheje ko vyobaye muri iki gihe cacu?
18 Umuhanuzi Daniyeli yaravuze ivyerekeye iki gihe cacu, ati: “Abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira.” (Dan. 12:3) None abo bantu bakayangana cane gutyo ni bande? Erega abo si abandi uretse abakirisu barobanujwe impwemu, abagize ingano nyakuri Yezu yerekejeko muri ca kigereranyo yatanga c’ingano n’icatsi kibi. Ukwo ‘kwegeranywa’ kw’abameze nk’icatsi kibi bigira abakirisu, kwaratahuwe neza n’abagize rya sinzi rinini ry’abameze nk’intama badasiba kwongerekana. Mu kwifatanya n’amasigarira y’abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, abo bantu bafise icizigiro co kuzoba abatwarwa b’Ubwami, na bo nyene barareka umuco wabo ugakayangana muri iyi si y’umwiza.—Zek. 8:23; Mat. 5:14-16; Flp. 2:15.
19, 20. Ni igiki “abana b’ubwami” barindiranye umushasharo, kandi ni igiki kirimburwa mu kiganiro gikurikira?
19 Muri iki gihe, “abana b’ubwami” bararindiranye umushasharo impera yabo ininahaye yo mw’ijuru. (Rom. 8:18, 19; 1 Kor. 15:53; Flp. 1:21-24) Ariko rero, mu kurindira ko ico gihe kigera, bategerezwa kuguma ari intahemuka, bakabandanya gukayangana cane, bakaguma berekana ko batandukanye n’“abana ba wa mubi.” (Mat. 13:38; Ivyah. 2:10) Ese ukuntu twese duhimbarwa no kuba twaratewe agateka ko kwibonera muri iki gihe cacu ibiva muri ukwo ‘kwegeranywa’ kw’icatsi kibi kwo mu buryo bw’ikigereranyo!
20 Ariko none, ni ubucuti ubuhe buri hagati y’abana b’Ubwami be n’isinzi rinini ridasiba kwongerekana ry’abafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi batwarwa n’ubwo Bwami? Ikiganiro gikurikira kirishura ico kibazo.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka kumenya ido n’ido ku bijanye n’ivyo bigereranyo, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2008, urupapuro rwa 12-21.
b Muri uwu mugani, kubiba ntibigereranya igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, icotumye haboneka abohavuye bacika abakirisu barobanujwe impwemu. Ku bijanye n’imbuto nziza ibibwa mw’itongo, Yezu yavuze ati: “[Abo] ni abana b’ubwami,” ntiyavuze ko “bazoba” abana b’ubwami. Ukwo kubiba kwerekeza kw’irobanurwa ry’abo bana b’Ubwami mw’itongo rigizwe n’isi.
c Imizi y’umufunga canke ruvani irafatangana cane n’imizi y’ingano, ku buryo nka hamwe umuntu yobirandura iyimbura ritaragera vyotuma ahomba ingano.—Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe 1, urupapuro rwa 836.
Woba uvyibuka?
Muri ca kigereranyo Yezu yatanga c’ingano n’icatsi kibi, ibi bintu bivugwamwo bisigura iki?
• Imbuto nziza
• Wa muntu yabiba imbuto
• Ukubiba imbuto
• Umwansi
• Icatsi kibi
• Ikiringo c’iyimbura
• Ikigega
• Ukurira be n’uguhekenya amenyo
• Itanure ry’umuriro
[Amafoto ku rup. 20]
Ya mbuto nziza yatanguye kubibwa kuri Pentekoti yo mu 33 G.C.
[Ifoto ku rup. 23]
Ingano z’ikigereranyo ubu ziriko zirazanwa mu kigega ca Yehova
[Abo dukesha ifoto]
Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.