Ibintu indwi vyogufasha kwungukira ku busomyi bwa Bibiliya
“Bibiliya si igitabu caguzwe cane kuruta ibindi vyose muri kahise kose gusa, ariko kandi ni co gitabu kiguma kigurwa cane kuruta ibindi vyose buri mwaka, bikama ari ukwo uko umwaka utashe.”—VYAVUZWE N’IKINYAMAKURU TIME.
“Rimwe na rimwe ndasoma Bibiliya ariko ntiworaba ukuntu indambira.”—VYAVUZWE NA KEITH, AKABA ARI UMURIRIMVYI AKUNDWA CANE WO MU BWONGEREZA.
BIRATANGAJE kubona abantu benshi batunze Bibiliya ariko ugasanga basa nk’aho ata kintu kinini bunguka mu kuyisoma. Ariko abandi bobo barabona ko ivyo basoma muri Bibiliya biri n’agaciro. Nk’akarorero, umugore umwe yitwa Nancy yigana ati: “Kuva ntanguye gusoma Bibiliya no kuyizirikanako hakiri kare buri gitondo, nguma numva niteguriye guhangana n’ingorane iyo ari yo yose yonshikira kuri uwo musi. Ako kamenyero karamfashije cane kuruta ibindi bintu maze imyaka 35 ngerageza gukora kugira ngo noroherwe igihe kaba kaciyemwo nkagira akabonge.”
Naho woba utarigera usoma Bibiliya, woba wipfuza kumenya ingene bamwebamwe yabafashije? Nimba na ho usanzwe uri umusomyi wa Bibiliya, woba woshima kurushiriza kwungukira ku busomyi bwawe? Nimba ari ukwo biri, nugerageze gukora ibi bintu indwi bidondorwa muri iki kiganiro.
Ica 1—Nuyisome ubitumwe n’imvo ibereye
◼ Woshobora gusoma Bibiliya ubona gusa ko ari igitabu ciza canke ukabigira wumva ko ari itegeko, kibure na ho ukabigira wiyumvira ko woshobora kuyironkamwo ubuyobozi bugufasha muri iyi si idurumbanye. Ariko rero woshobora kuhungukira cane rwose nimba intumbero yawe ari iyo kumenya ukuri kwerekeye Imana. Vyongeye, uzokwironkera ivyiza vyinshi nimba uyisoma ushaka kuraba ukuntu ubutumwa bwo muri yo bushobora kugira ico buhinduye ku buzima bwawe.
Ivyanditswe birerekana ukuntu bihambaye gusoma Bibiliya tubitumwe n’imvo nziza mu kuyigereranya n’icirore. Bivuga biti: “Nimba umuntu ari uwumva rya jambo, ntabe uwukora, uwo ameze nk’umuntu araba mu cirore mu maso hiwe yavukanye. Kuko yiraba, maze agaca yigira hanyuma buno nyene akibagira uwo ari. Mugabo uwihweza yitonze muri rya tegeko ritunganye ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, uwo muntu, kubera atacitse uwumva akibagira, mugabo uwukora igikorwa, azoba ahiriwe mu kubikora.”—Yakobo 1:23-25.
Uwo muntu avugwa muri ako karorero yararavye mu cirore mu maso hiwe mugabo ntiyatosora ukuntu yasa. Ashobora kuba yakubiseko rumwe gusa mu kwiraba, canke kumbure akaba ata cipfuzo yari afise co kugira ico ahinduye. Muri ubwo buryo nyene, dusomye Bibiliya ata rutonde canke ntidushire mu ngiro ivyo dusoma, tuzokwunguka bike. Igihushanye n’ivyo, turashobora kwironkera agahimbare nyakuri mu gihe twihweza twitonze muri Bibiliya dufise icipfuzo co gucika ‘abakora,’ tukareka ivyiyumviro vy’Imana bigahindura ivyo twiyumvira be n’ivyo dukora.
Ica—2 Nuhitemwo Bibiliya yo kwizigirwa
◼ Woshobora kuba ufise Bibiliya nyinshi wohitamwo iyo ushimye mu ziri mu rurimi usanzwe ukoresha. Naho Bibiliya iyo ari yo yose ishobora kugira ico igufashije, hariho izo usanga zikoresha imvugo ya kera canke ihanitse yoshobora kugora itahura. (Ibikorwa 4:13) Bibiliya zimwezimwe mbere zirahindura ubutumwa butyoroye bwo mw’Ijambo ry’Imana mu kwisunga imigenzo. Nk’akarorero, nk’uko twabibonye mu biganiro bitangura muri iki kinyamakuru, hari abahinduye izina ry’Imana ari ryo Yehova, barisubiriza amazina y’icubahiro nka “Uhoraho” canke “Umukama.” Gutyo, igihe uhitamwo Bibiliya, nurabe irya ishikiriza Ijambo ry’Imana ata makosa kandi mu mvugo yoroshe gutahura ituma wumva wobandanya gusoma Bibiliya.
Abantu amamiliyoni bo mu mihingo yose yo kw’isi basanze Bibiliya Traduction du monde nouveau ishitsa neza ico kintu.a Rimbura akarorero k’umutama umwe wo muri Biligariya. Yaritavye ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova maze bamuha Bibiliya Traduction du monde nouveau. Mu nyuma yavuze ati: “Maze imyaka myinshi nsoma Bibiliya, ariko sinari bwigere nsoma Bibiliya yoroshe cane gutahura kandi inkora ku mutima nk’iyi.”
Ica—3 Nuture isengesho
◼ Urashobora kurushiriza gutahura Bibiliya mu gusaba Uwo ikomokako ngo abigufashemwo, nk’uko umwanditsi wa Zaburi yabigize. Yanditse ati: “Hwezesha amaso yanje, kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe.” (Zaburi 119:18) Senga Imana igihe cose usoma Ivyanditswe, uyisaba ngo igufashe gutahura Ijambo ryayo. Urashobora kandi kuyishimira kuba yaraduhaye Bibiliya, kubera ko iyo hataba yo tutomenye Imana.—Zaburi 119:62.
Mbega Imana yoba yumva amasengesho mwene ayo yo kuyisaba imfashanyo? Rimbura ivyashikiye abigeme babiri bavukana b’abayabaga bo mu gihugu ca Uruguay. Bari bazazaniwe n’ivyo Bibiliya ivuga muri Daniyeli 2:44 maze barasenga basaba ko Imana yobarungikira umuntu abafasha kubitahura. Igihe Bibiliya yabo yari ikizinguruye, Ivyabona vya Yehova babiri baciye bahashika, baca basoma wa murongo nyene abo bigeme bari basenze basaba gutahura, maze barabasigurira yuko ushaka kuvuga yuko intwaro z’abantu zizokurwaho zigasubirirwa n’Ubwami bw’Imana.b Abo bigeme bavukana b’abayabaga baciye bemera badakeka ko Imana yari yishuye isengesho bayituye bayisaba ngo ibafashe.
Ica—4 Nuyisome buri musi
◼ Hari umuntu umwe yasohoye igitabu yavuze ko inyuma ya vya bitero vya ba gaterabwoba vyaba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa 11 Nyakanga 2001, “abantu baciye bacanacanako mu kugura amabibiliya.” Abenshi usanga mu bihe vy’ingorane ari ho gusa bibuka Ijambo ry’Imana. Ariko rero Bibiliya ituremesha ko twoyisoma buri musi, kubera ko igira iti: “Ibiri mur’ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ubikūre mu kanwa kawe; arik’uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.”—Yosuwa 1:8.
Kugira tubone akamaro ko gusoma Bibiliya tudahorereza, twobitangira akarorero k’umuntu agize ingorane y’umutima agaca afata ingingo yo kuza arafungura ivyo kurya birimwo ivya ngombwa bikwiye. Ubwo none ivyo bifungurwa vyoba hari ico vyomumarira nimba aza arabifata gusa igihe yumvise umusonga umusonze mu gikiriza? Eka data. Ategerezwa kwama yihereje ibifungurwa birimwo ivya ngombwa bikwiye kugira ngo agire ikintu kinini cane yungutse. Muri ubwo buryo nyene, gusoma Bibiliya buri musi bizogufasha kugira ngo ‘ivyawe bigende neza.’
Ica—5 Nukoreshe uburyo butandukanye igihe usoma
◼ Gusoma Bibiliya guhera mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuwe birashobora kuba vyiza, ariko hari aho wosanga ubundi buryo bworushiriza kuba bwiza. Raba uburyo bukeyi uhawe.
Nusome ibijanye n’umuntu kanaka avugwa muri Bibiliya. Nusome ibigabane vyose canke ibitabu vyose bivuga ibijanye n’umusavyi kanaka w’Imana, nk’aba bakurikira:
• Yozefu: Itanguriro 37-50.
• Rusi: Rusi 1-3.
• Yezu: Matayo 1-28; Mariko 1-16; Luka 1-24; Yohani 1-21.c
Niwibande ku ciyumviro kanaka. Nusome ivyanditswe bijanye na co. Nk’akarorero, nugire ubushakashatsi ku bijanye n’isengesho, maze uce usoma impanuro Bibiliya itanga ku vyerekeye isengesho, utibagiye amwamwe mu masengesho menshi dusanga muri Bibiliya.d
Nusome n’ijwi ryumvikana. Urashobora kwungukira cane ku gusoma Bibiliya n’ijwi ryumvikana. (Ivyahishuwe 1:3) Mwoshobora mbere gusoma n’ijwi ryumvikana uko mugize umuryango, mukaza murahanahana mu gusoma imigwi kanaka y’imirongo, canke umwumwe mu bagize umuryango agahabwa gusoma ibivugwa n’umuntu kanaka wo muri Bibiliya. Hariho abahimbarwa no kwumviriza igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi. Umugore umwe avuga ati: “Ntivyanyoroheye gutangura, nkaba naciye rero mbanza kuza ndumviriza igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi. Ubu mbona yuko Bibiliya iryoshe cane kuruta igitabu kiryoshe cigana inkuru.”
Ica—6 Nuzirikane
◼ Umuvuduko ubuzima bwa none bufise be n’ibisamaza vyabwo ntivyorohereza ivyo kuzirikana. Ariko rero, nka kurya umushishito utegerezwa gusya ivyo dufungura kugira ngo bitugirire akamaro, ni na ko dutegerezwa kuzirikana ku vyo dusoma muri Bibiliya kugira ngo tuvyungukireko. Ivyo tubigira mu gusubira gusuzuma mu bwenge ivyo twasomye maze tukibaza ibibazo nk’ibi: ‘Ni ibiki nize ku bijanye na Yehova Imana? Ibi binyerekeye gute? Nobikoresha gute kugira ngo mfashe abandi?’
Ukuzirikana mwene ukwo kuratuma ubutumwa bwo muri Bibiliya budukora ku mutima maze kukongereza umunezero turonka mu gusoma Ijambo ry’Imana. Muri Zaburi 119:97 hagira hati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.” Biciye ku kuzirikana, umwanditsi wa Zaburi yaramara umusi wose arimbūra Ivyanditswe. Kubigenza gutyo vyaramufashije kurushiriza gukunda ivyo yiga.
Ica—7 Nurondere abogufasha kuyitahura
◼ Imana ntiyiteze ko dutahura Ijambo ryayo bimwe bishitse ata wubidufashijemwo. Mbere na Bibiliya iriyemerera ko irimwo “ibintu bimwebimwe bigoye gutahura.” (2 Petero 3:16) Igitabu c’Ibikorwa kiravuga ivyerekeye umutegetsi w’Umunyetiyopiya vyari vyagoye gutahura igihimba yariko arasoma co muri Bibiliya. Imana yararungitse umwe mu basavyi bayo kugira ngo amufashe, icavuyemwo akaba ari uko uwo Munyetiyopiya “yabandanije urugendo [a]nezerewe.”—Ibikorwa 8:26-39.
Na wewe nyene urashobora kurushiriza kwungukira ku gusoma Bibiliya mu kurondera abogufasha gutahura ivyo usoma. Nuganire n’Ivyabona vya Yehova bo ng’aho ubaye, canke ubandikire ukoresheje aderese usanga ku rupapuro rwa 4 rw’iki kinyamakuru, kugira ngo bagufashe kwiga Bibiliya ku muhana iwawe ata co urinze kuriha.
[Utujambo tw’epfo]
a Bibiliya Traduction du monde nouveau yasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Mu kirundi iboneka irimwo ibitabu biva kuri Matayo gushika ku Vyahishuwe, ikaba yitwa Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Kw’isi yose Traduction du monde nouveau iramaze gucapurwa mu ndimi 83 ari yose canke igice cayo, ikaba kandi iboneka mu ndimi 17 ku muhora wa Internet ari wo www.watchtower.org.
b Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ivyo buzokora, raba ikigabane ca 8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Nimba uri mushasha mu bijanye n’ugusoma Bibiliya, nugerageze utanguriye ku nkuru yigana ibintu inyarutsa yerekeye ubusuku bwa Yezu dusanga mu gitabu ca Mariko.
d Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? carafashije benshi kwiga Bibiliya bafatiye ku ciyumviro kanaka. Nk’akarorero, ikigabane ca 17 kiraca irya n’ino ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’isengesho.