ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/7 rup. 25-28
  • Niwinjize mu bana bawe ugukunda gusoma no kwiga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwinjize mu bana bawe ugukunda gusoma no kwiga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urukundo rwawe be n’akarorero utanga
  • Urukundo rutangurira ku gusoma
  • Biri n’ico bivuze kandi birahimbaye
  • Impera nziza kuruta izindi zose
  • Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?
    Icofasha umuryango
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/7 rup. 25-28

Niwinjize mu bana bawe ugukunda gusoma no kwiga

KUGIRA utwigoro dukomeye two kwigisha abana bawe gusoma no kwiga ni bumwe mu buryo buhambaye kuruta ubundi ushobora kugerageza gutuma bazogira kazoza keza. Vyongeye, urazi ukuntu ivyo bikorwa bishobora gutuma umuntu agira umunezero! Bimwe mu bintu bishimishije kuruta ibindi vyose abantu usanga bibuka vyabaye mu bwana bwabo ni ibijanye n’ukuntu abavyeyi babo babasomera. Gusoma ubwavyo birashobora kuba ibishimishije nk’uko n’ibivamwo bishobora kuba ibishimishije. Ivyo ni ko biri na canecane ku basavyi b’Imana, kubera ko kwiga Bibiliya bifasha cane umuntu gukura mu vy’impwemu. Umuvyeyi mukirisu umwe yavuze ati: “Ibintu duha agaciro cane ni ibijanye no gusoma be no kwiga.”

Utumenyero twiza two kwiga turashobora gufasha abana bawe kurushiriza kugiranira ubucuti n’Imana. (Zab. 1:1-3, 6) Naho kumenya gusoma atari igisabwa kugira ngo umuntu azorokoke, Bibiliya irerekana ko gusoma bivamwo ivyiza bihambaye vyo mu vy’impwemu. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe 1:3 havuga hati: “Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi.” N’ikindi kandi, agaciro ko kwitunira ku vyo umuntu ariko ariga, kino kikaba ari ikintu gihambaye mu bijanye no kwiga, karerekanwa mu buryo butomoye n’impanuro yahumetswe intumwa Paulo yahaye Timoteyo, igira iti: “Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo.” Kubera iki? “Kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze.”​—1 Tim. 4:15.

Birumvikana ko kumenya gusa gusoma no kwiga ubwavyo atari icemeza ko ubwo bushobozi buzogirira akamaro umuntu. Abantu benshi bafise ubwo buhanga usanga bafata minenerwe ivyo kubukoresha, ugasanga riho bakurikirana ibintu ata kamaro kanini bifise. None abavyeyi bashobora gute gutuma abana babo bagira inyota yo kuronka ubumenyi ngirakamaro?

Urukundo rwawe be n’akarorero utanga

Abana barahimbarwa n’ibiringo vyo kwiga igihe ivyo biringo birangwamwo urukundo. Uwitwa Owen na Claudia, bano bakaba ari abubakanye bakirisu, baravuga ivyo bibuka ku bijanye n’abana babo babiri bati: “Si bo babona igihe co kwiga kirageze kubera yuko cari igihe kidasanzwe, aho biyumvamwo ko bakingiwe be n’uko bamerewe neza. Bahavuye babona ko ico kintu gikorwa harangwa igishika.” Mbere n’igihe abana bageze muri ya myaka yabo y’ubuyabaga, iyishobora kubamwo ingorane, ukuba inyigisho y’umuryango igirwa mu buryo buranga urukundo bizobandanya kugira ico bikoze ku kuntu babona ibijanye no kwiga. Abana ba Owen na Claudia ubu ni abatsimvyi kandi barabandanya kwungukira ku kuba barinjiijwemwo ivyo gukunda gusoma no kwiga.

Ikintu gikomeye gishobora gufasha abana bawe gukunda gusoma no kwiga ni akarorero ubaha. Abana bakunda kubona abavyeyi babo bariko barasoma bongera biga birashoboka cane ko babona yuko ivyo bikorwa biri mu bintu bakwiye kwama bakora mu buzima bwabo bwite. Ariko none, wewe umuvyeyi ushobora gute gutanga bene ako karorero igihe bitakworohera gusoma? Vyoshobora gusaba ko ugira ivyo uhinduye mu vyo ushira imbere canke mu kuntu ubona ibijanye no gusoma. (Rom. 2:21) Nimba gusoma ari kimwe mu bintu bihambaye wama ukora ku musi ku musi, ivyo bizogira ikintu kinini bikoze ku bana bawe. Umwete ugira, na canecane mu bijanye no gusoma Bibiliya, gutegura amakoraniro be n’inyigisho y’umuryango, bizokwerekana neza yuko bene ivyo bikorwa biri n’agaciro.

Ku bw’ivyo, urukundo rwawe be n’akarorero utanga birahambaye mu bijanye no kwinjiza mu bana bawe icipfuzo co gusoma. Ariko none ni ibintu ngirakamaro ibihe ushobora gukora kugira ngo ubaremeshe?

Urukundo rutangurira ku gusoma

Ni ibintu bimwebimwe bihambaye ibihe bizogufasha gushikira ihangiro ryawe ryo kwinjiza mu bana bawe ugukunda gusoma? Nubaronse ibitabu kuva bakiri bato. Umukurambere mukirisu umwe, uwo abavyeyi biwe binjijemwo ugukunda gusoma, ahimiriza ati: “Nureke abana bawe bamenyere gukoresha ibitabu. Muri ubwo buryo, ibitabu birababera abagenzi be n’ibintu bama bakoresha mu buzima.” Ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, nka kimwe kivuga ngo Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye be na kimwe kivuga ngo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, biraheza bikabera abana benshi abagenzi somambike bataranaganya kumenya gusoma. Igihe usomera hamwe n’abana bawe mwene ivyo bitabu, ntuba uriko uratuma gusa bamenya ururimi, ariko kandi uba uriko uratuma bamenya “ibintu vy’impwemu n’amajambo y’impwemu.”​—1 Kor. 2:13.

Niwame usoma n’ijwi ryumvikana. Nugire akamenyero ko gusoma buri musi uri kumwe n’abana bawe. Kubigenza gutyo birabigisha kwatura neza bikongera bigatuma barushiriza kugira akamenyero ko gusoma. Ukuntu usoma na vyo nyene birahambaye. Niwagira igishika, na bo bazokigira. Mu bisanzwe, woshobora gusanga abana bawe bagusavye ngo ubasomere inkuru imwe incuro nyinshi. Yibasomere! Mu nyuma bazokwipfuza gusuzuma ibiganiro bishasha. Mugabo uriyubara ntuhave utuma gusoma kiba ikintu kigirwa ku gahato. Yezu yarasize akarorero mu kwigisha abamwumviriza “uko bashoboye kwumviriza” gusa. (Mrk. 4:33) Nutahata abana bawe, bazoza bararindirana umushasharo ikiringo kimwekimwe cose co gusoma, kandi uzorushiriza gutera ugana kw’ihangiro ryawe ryo kwinjiza muri bo ugukunda gusoma.

Nubaremeshe kugira uruhara, mwongere muganire ku vyo muba mwasomye. Uzohimbarwa no kubona abana bawe bakiri bato badatevye kumenya insobanuro y’amajambo menshi, kuyatura neza no kuyatahura. Kuganira ku vyo musoma birashobora kugira ico biterereye kinini kw’iterambere ryabo. Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ingene abana bofashwa kuba abasomyi beza, gisigura yuko kuyaga bifasha abana “kwiga amajambo bazokenera kumenya no gutahura mu nyuma igihe bazoba bariko barasoma.” Ico gitabu nyene kibandanya giti: “Ku bana bakiri bato baba bariko barakura mu bwenge, abo usanga bihatira kumenya gusoma no kwandika, ikiyago kirahambaye cane, kikaba kirushiriza kuba ngirakamaro uko urushiriza kuganira na bo ibintu bihambaye.”

Nusabe abana bawe bagusomere, wongere ubaremeshe kubaza ibibazo. Hari aho wokwipfuza kubaza ibibazo wewe ubwawe maze ugatanga inyishu zishoboka. Muri ubwo buryo, abana baramenya ko ibitabu ari isôko ry’amakuru be n’uko amajambo bariko barasoma ari n’ico asobanura. Kubigenza gutyo birafasha na canecane igihe ivyo musoma biba bishingiye kw’Ijambo ry’Imana, akaba ari co gitabu ngirakamaro kuruta ibindi vyose.​—Heb. 4:12.

Ariko rero, ntiwigere wibagira yuko ubuhinga bwo gusoma ari ikintu kigoye. Bisaba umwanya n’ukwimenyereza kugira ngo umuntu abimenye neza.a Ku bw’ivyo, nurabe neza yuko uremesha abakiri bato ngo barushirize gukunda gusoma mu kubakeza cane. Gukeza abana bawe bizobaremesha gukunda gusoma.

Biri n’ico bivuze kandi birahimbaye

Kwigisha abana bawe ukuntu bakwiye kwiga biratuma gusoma bigira intumbero. Kwiga birimwo kurondera kumenya ibintu no gutahura isano bifitaniye. Bisaba ubushobozi bwo gutunganya amakuru, kuyibuka no kuyakoresha. Iyo umwana amaze kumenya ukuntu akwiye kwiga no kubona agaciro ngirakamaro ko kwiga, bica biba ibiri n’ico bivuze be n’ibihimbaye.​—Umus. 10:10.

Nubigishe ibintu bihambaye mu bijanye no kwiga. Imigoroba yahariwe Ugusenga kwo mu muryango, kurimbura icanditswe c’umusi be n’ibiringo nk’ivyo biratanga uturyo twiza cane two kwigisha abana bawe ubuhanga bwo kwiga. Kuguma bicaye be no kumara ibiringo bigufibigufi bariko barakurikirana ikiganiro kinaka, bizobigisha kwitunira ku vyo baba bariko bariga, ico kikaba ari ikintu gihambaye cane mu bijanye no kwiga. Vyongeye, urashobora kuremesha umuhungu wawe ngo akubwire ukuntu ivyo ahejeje kwiga bifitaniye isano n’ivyo yari asanzwe azi. Ivyo biramwigisha kugereranya ibintu. Tuvuge iki ku bijanye no gusaba umukobwa wawe ngo akubwire muri make mu majambo yiwe bwite ivyo yasomye? Ivyo bizomufasha gutahura ico bisobanura no kuvyibuka. Gusubiramwo mu yandi majambo ivyiyumviro nyamukuru igihe muhejeje gusoma ikiganiro kinaka, ni ikindi kintu gifasha kwibuka ushobora kubigisha. Mbere n’abana bakiri bato barashobora kwigishwa kugira utuntu dukeyi biyandikiye mu biringo vyo kwiga canke mu makoraniro y’ishengero. Ese ukuntu ivyo bishobora gutuma barushiriza kwitunira ku vyo bariko bariga! Ubwo buhinga busanzwe buratuma ivyo kwiga biguma biryoshe kandi ari ngirakamaro kuri wewe no ku bana bawe.

Nutunganye ibintu ku buryo mworoherwa no kwiga. Kwigira ahantu hari akayaga keza, hari umuco ukwiye, hatekanye kandi hameze neza, biratuma umuntu yoroherwa no kwitunira ku vyo ariko ariga. Birumvikana yuko ukuntu abavyeyi babona ibijanye no kwiga ari ikintu gihambaye cane. Inabibondo umwe avuga ati: “Birahambaye cane ko wama urondera umwanya wo gusoma no kwiga kandi ntuwuhindagure. Ivyo birafasha abana bawe kuba abanyarutonde. Baramenya ko iki canke kiriya gikeneye kurangurwa ku gihe kinaka.” Abavyeyi benshi ntibareka ngo hagire ibindi bintu bikorwa mu biringo vyo kwiga. Nk’uko umutegetsi umwe yabivuze, kubigenza gutyo ni ikintu nyamukuru kigira ico gikoze mu kwigisha abana utumenyero twiza two kwiga.

Nushimike ku gaciro ko kwiga. Ubwa nyuma, nufashe abana bawe kubona ivyiza ngirakamaro vyo kwiga. Gukoresha amakuru biga birashimika ku ntumbero nyakuri yo kwiga. Umuvukanyi umwe akiri muto yiyemerera ati: “Mu gihe ntabona agaciro k’ivyo ndiko ndiga, mu vy’ukuri sinumva ko nshaka kuvyiga. Ariko igihe mba nshobora kuvyiyerekezako, nca numva nipfuje kubitahura.” Abakiri bato nibabona ko kwiga ari uburyo bwo gushika ku ntumbero ihambaye, bazovyitaho cane. Bazotangura kwumva bashashaye kwiga, nk’uko kera bahora bumva bashashaye gusoma.

Impera nziza kuruta izindi zose

Ntitwodondagura ngo duheze ivyiza vyose biva mu kwinjiza mu bana banyu ugukunda gusoma. Bimwebimwe gusa mu vyiza bivamwo ni ukumenya kw’ishure, kuroranirwa mu kazi, kwumvikana n’abantu, gushobora gutahura isi tubamwo be no gutsimbataza ubucuti burushirije kuba ubwa hafi hagati y’umuvyeyi n’umwana, tutiriwe turavuga ukuntu gusoma be no kwiga ubwavyo bituma umuntu ashira akanyota cane.

Ikiruta vyose, gukunda kwiga birashobora gufasha abana bawe kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu. Gukunda kwiga ni co kintu nyamukuru kibafasha kwugurura imizirikanyi yabo n’imitima yabo kugira batahure “ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’uburebure bw’igihagararo n’ubwimbike” vy’ukuri kwo mu Vyanditswe. (Ef. 3:18) Birumvikana ko abavyeyi bakirisu bafise ibintu vyinshi vyo kwigisha abana babo. Igihe abavyeyi bahebera abana babo umwanya bakongera bakabitwararika kandi bagakora ikintu cose gishoboka kugira ngo babafashe kugira intango nziza mu buzima, barizigira yuko abana babo amaherezo bazohitamwo kuba abasavyi ba Yehova. Gufasha abana bawe bakagira utumenyero twiza two kwiga biratuma baronka ibibafasha kuguma bamerewe neza mu vy’impwemu bakongera bakagiranira ubucuti bwiza n’Imana. Uko bishoboka kwose rero, nurondere guhezagirwa na Yehova biciye mw’isengesho uko wihatira kwinjiza mu bana bawe ugukunda gusoma no kwiga.​—Imig. 22:6.

[Akajambo k’epfo]

a Gusoma no kwiga biragora bimwe bidasanzwe abana bafise ubumuga butuma batoroherwa no kwiga. Nimba ushaka kumenya ico abavyeyi bokora kugira ngo babafashe, raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruhuhuma 1997, urupapuro rwa 3-10.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 26]

Gusoma . . .

• Nubaronse ibitabu

• Nusome n’ijwi ryumvikana

• Nubaremeshe kugira uruhara

• Nimuganire ku vyo musomye

• Nusabe abana bawe bagusomere

• Nuremeshe abana bawe kubaza ibibazo

Kwiga . . .

• Nutange akarorero keza ka kivyeyi

• Niwigishe abana bawe . . .

○ kwitunira ku vyo bariko bariga

○ kugereranya ibintu

○ gusubiramwo muri make

○ kugira isubiramwo

○ kugira utwo biyandikiye

• Nutunganye ibintu ku buryo mworoherwa no kwiga

• Nushimike ku gaciro ko kwiga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika