ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/1 rup. 16-17
  • Kubera iki twokwigishwa n’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki twokwigishwa n’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Iyo nkuru nziza ni iyihe?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Imana ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ikete ryavuye ku Mana y’urukundo
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/1 rup. 16-17

Niwige Ijambo ry’Imana

Kubera iki twokwigishwa n’Imana?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Kubera iki twokwigishwa n’Imana?

Imana irafitiye abantu inkuru nziza y’ikintu ciza cane. Iratubwira ibijanye n’iyo nkuru nziza muri Bibiliya. Bibiliya imeze nk’ikete Umuvyeyi wacu munyarukundo wo mw’ijuru yatwandikiye.​—Soma Yeremiya 29:11.

2. Iyo nkuru nziza ni iyihe?

Abantu barakeneye intwaro nziza. Nta mutegetsi arigera akiza abantu ubukazi, akarenganyo, indwara canke urupfu. Ariko hariho inkuru nziza womenya. Imana izoronsa abantu intwaro nziza izokuraho ibintu vyose bituma abantu bababara.​—Soma Daniyeli 2:44.

3. Kubera iki bihambaye ko twigishwa n’Imana?

Vuba Imana izorandura kw’isi abantu bose batuma haba umubabaro. Imbere y’uko ico gihe kigera, iriko irigisha amamiliyoni y’abantu batekereza ngo babeho mu buryo burushirije kuba bwiza bushingiye ku gukunda Imana na mugenzi wacu. Abantu bariko bariga mw’Ijambo ry’Imana ingene bovyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima, ingene boronka agahimbare nyakuri be n’ingene bohimbara Imana.​—Soma Zefaniya 2:3.

4. Bibiliya ikomoka kuri nde?

Bibiliya igizwe n’ibitabu bitobito 66. Abagabo bashika 40 ni bo bavyanditse. Bitanu vya mbere vyanditswe na Musa haraheze nk’imyaka 3.500. Ica nyuma canditswe n’intumwa Yohani haraheze imyaka irenga 1.900. Ariko rero abanditse Bibiliya banditse ivyiyumviro vy’Imana, ntibanditse ivyabo bwite. Ku bw’ivyo, Bibiliya ikomoka ku Mana.​—Soma 2 Timoteyo 3:16; 2 Petero 1:21.

Ikitumenyesha ko Bibiliya ikomoka ku Mana ni uko ivuga imbere y’igihe ibijanye na kazoza itihenda, ikabivuga ido n’ido. Nta muntu ashoboye ico kintu. (Yesaya 46:9, 10) Vyongeye, Bibiliya iraduhishurira neza kamere z’igikundiro Imana ifise. Irafise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’abantu bukamera neza kuruta. Ivyo vyose birajijura amamiliyoni y’abantu yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.​—Soma Yosuwa 23:14; 1 Abatesalonika 2:13.

5. Ushobora gute gutahura Bibiliya?

Yezu yaramenyekanye cane ko yari umwigisha w’Ijambo ry’Imana. Naho abantu benshi yayagisha bari bamenyereye Ivyanditswe, bari bakeneye gufashwa kubitahura. Kugira ngo Yezu abafashe, yagenda yisunga ivyanditswe vyo muri Bibiliya, maze akabasigurira “insobanuro y’Ivyanditswe.” Iki kiganiro “Niwige Ijambo ry’Imana” kizoza kirakoresha ubwo buryo nyene kugira ngo kigufashe.​—Soma Luka 24:27, 45.

Si ibintu vyinshi uzosanga bishimishije nko kwigishwa n’Imana ibijanye n’intumbero y’ubuzima. Mugabo rero abantu bamwebamwe boshobora kudahimbarwa n’uko uriko urasoma Bibiliya. Ntucike intege. Kugira ngo ugire icizigiro co kwironkera ubuzima budahera, bisaba ko umenya Imana.​—Soma Matayo 5:10-12; Yohani 17:3.

Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 2 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika