Ni nde ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwawe?
“[Ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”—ZAB. 83:18.
1, 2. Ku bijanye n’ukurokoka kwacu, ni kubera iki kumenya gusa izina Yehova bidahagije?
USHOBORA kuba wabonye izina Yehova ari bwo bwa mbere igihe barikwereka muri Yesaya 26:4. Ushobora kuba waratangaye igihe wasoma aya majambo agira ati: “Nimwizigire Yehova ibihe vyose, kuko Ya Yehova ari we Gitandara c’ibihe bitagira urugero.” Nta gukeka ko kuva ico gihe wakoresheje ico canditswe nyene kugira ngo ufashe abandi kumenya Imana yacu y’urukundo Yehova.—Rom. 10:12, 13.
2 Naho bihambaye ko abantu bamenya izina Yehova, kurimenya vyonyene ntibihagije. Raba ukuntu umwanditsi umwe wa Zaburi ashira ahabona ukuri guhambaye ku bijanye n’ukurokoka kwacu igihe avuga ati: “[Ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” (Zaburi 83:18) Egome, Yehova ni we ahambaye kuruta abandi bose mu biriho vyose. Kubera ko ari we yaremye ibintu vyose, arafise uburenganzira bwo kwitega yuko ibiremwa vyiwe vyose bimuyobokera bimwe bishitse. (Ivyah. 4:11) Birabereye rero ko twibaza duti: ‘Ni nde ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwanje?’ Birahambaye cane ko dusuzuma twitonze inyishu dutanga kuri ico kibazo!
Ca kibazo cavyuka mu murima wa Edeni
3, 4. Shetani yashoboye gute guhenda Eva, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
3 Ivy’uko ico kibazo gihambaye turashobora kubibona neza turavye ibintu vyabaye kera mu murima wa Edeni. Muri uwo murima, wa mumarayika w’umugarariji yahavuye yitwa Shetani wa Mubesheranyi, yaroheje umugore wa mbere Eva ngo ashire imbere ivyipfuzo vyiwe bwite aho kugamburuka itegeko Yehova yari yatanze ryo kutarya icamwa c’igiti kinaka. (Ita. 2:17; 2 Kor. 11:3) Eva yaratwawe n’iyo nyosha mbi aba yerekanye yuko atubaha ubusegaba bwa Yehova. Ntiyemeye icese ko Yehova ari we ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe. Ariko none Shetani yashoboye gute guhenda Eva?
4 Shetani yarakoresheje uburyo budashoka bwibonekeza butari buke mu kiyago yagiraniye na Eva. (Soma Itanguriro 3:1-5.) Ubwa mbere, Shetani ntiyakoresheje izina ry’uruharo Yehova. Yivugiye gusa ngo “Imana.” Igihushanye n’ivyo, umwanditsi w’Itanguriro yarakoresheje izina ry’uruharo Yehova mu murongo wa mbere w’ico kigabane. Ubwa kabiri, aho kuvuga ibijanye n’“itegeko” Imana yari yaratanze, Shetani yabajije gusa ibijanye n’ivyo Imana yari ‘yaravuze.’ (Ita. 2:16) Muri ubwo buryo budashoka bwibonekeza, Shetani ashobora kuba yariko aragerageza kwerekana ko iryo tegeko ritari rihambaye. Ubwa gatatu, naho Shetani yariko aravugana na Eva gusa, yakoresheje akajambo kerekana bwinshi “mu.” Mu kubigenza gutyo, ashobora kuba yariko aragerageza gufatira ku bwibone bwa Eva, mu kurondera gutuma yiyumvamwo ko ahambaye, nk’aho yoba yariko arivugira yongera avugira umugabo wiwe. None ivyo vyavuyemwo iki? Biboneka yuko Eva yaciye afata ingingo n’ubwishime n’akantu yo kwivugira no kuvugira umugabo wiwe mu kubwira iyo nzoka ati: “Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako.”
5. (a) Shetani yatumye Eva ashira umutima ku ki? (b) Eva yerekanye iki mu kurya ku camwa cari kibujijwe?
5 Shetani kandi yaragoretse ukuri. Ni nk’aho yerekanye ko Imana yari yararenganije Adamu na Eva mu kubasaba ngo ‘ntibaze barye ku giti na kimwe co mu murima.’ Ubukurikira, Shetani yaratumye Eva yiyumvira ibimwerekeye be n’ukuntu ngo yari gushobora gutuma ivyiwe birushiriza kumera neza, ‘akamera nk’Imana.’ Amaherezo, yaratumye ashira umutima kuri ico giti no ku vyamwa vyaco aho kuwushira ku migenderanire yari afitaniye n’Umwe yari yaramuhaye ibintu vyose. (Soma Itanguriro 3:6.) Ikibabaje ni uko mu kurya kuri ico camwa Eva yerekanye ko Yehova atari we yari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe.
Ca kibazo cavyuka mu gihe ca Yobu
6. Shetani yahaririye gute ibijanye n’ugutungana kwa Yobu, kandi ivyo vyatumye Yobu aronka akaryo akahe?
6 Haciye imyaka amajana, wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yararonse akaryo ko kwerekana uwari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe. Igihe Yehova yabwira Shetani ibijanye n’ugutungana kwa Yobu, Shetani yasubijeyo ati: “Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa?” (Soma Yobu 1:7-10.) Shetani ntiyahakanye ko Yobu yagamburukira Imana. Ahubwo yarakekeranije ku mvo zatuma Yobu akora ibintu. Abigiranye urwenge yaragirije Yobu yuko akorera Yehova atabitumwe n’urukundo, mugabo abitumwe n’ubwikunzi. Yobu ni we wenyene yari gushobora kwerekana ko ivyo birego atari vyo, kandi yarahamwe akaryo ko kubigira.
7, 8. Ni ibigeragezo ibihe Yobu yabwirijwe kwihanganira, kandi yerekanye iki biciye ku kwihangana adahemuka?
7 Yehova yararetse Shetani arateza Yobu ivyago bikurikirana. (Yobu 1:12-19) None Yobu yavyifashemwo gute igihe ivyiwe vyahinduka? Tubwirwa yuko “[at]acumuye canke ngo aherereze ku Mana ikintu na kimwe kitabereye.” (Yobu 1:22) Ariko Shetani ntiyashizwe. Yarongeye kwidoga ati: “Urukoba rukabwa urundi, kandi ivyo umuntu afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe.”a (Yobu 2:4) Shetani yivugishije yuko iyo Yobu amererwa nabi we ubwiwe, yari gushika ku ciyumviro c’uko Yehova atari we yari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe.
8 Yobu yarafashwe n’indwara isesemye iramuyoberanya, mu nyuma na ho umugore wiwe aramuremēra ngo avume Imana hanyuma apfe. Inyuma y’aho, abantu batatu bitwa ngo baje kumwirura bamwagirije yuko yigenjeje nabi. (Yobu 2:11-13; 8:2-6; 22:2, 3) Ariko rero, muri iyo mibabaro yose, Yobu yaranse guheba ugutungana kwiwe. (Soma Yobu 2:9, 10.) Biciye ku kwihangana adahemuka, yarerekanye yuko Yehova ari we yari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe. Yobu yarerekanye kandi ko bishoboka yuko umuntu w’umunyagasembwa agira ico yishuye ku birego vy’ikinyoma vya Shetani, naho hoba ku rugero runaka.—Gereranya n’Imigani 27:11.
Inyishu itagira agahaze Yezu yatanze
9. (a) Shetani yarondeye gute kugerageza Yezu afatiye ku cipfuzo c’umubiri? (b) Yezu yakiriye gute ico kigeragezo?
9 Haciye igihe gito Yezu abatijwe, Shetani yaragerageje kumuryosharyosha kugira ngo akurikirane ivyipfuzo vy’ubwikunzi aho kuguma abona ko Yehova ari we ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe. Shetani yaragerageje Yezu akoresheje ibintu bitatu. Ubwa mbere, yararondeye gufatira ku cipfuzo c’umubiri, mu kugerageza Yezu ngo ahindure amabuye imikate. (Mat. 4:2, 3) Yezu yari amaze imisi 40 yisonzesha akaba yari ashonje cane. Shetani yaciye rero amuhimiriza ngo akoreshe nabi ububasha bwo gukora ibitangaro yari afise kugira ngo yimare inzara. None Yezu yavyakiriye gute? Mu buryo butandukanye n’uko Eva yavyifashemwo, Yezu yarashize umutima kw’Ijambo rya Yehova aca aramirira kure ico kigeragezo.—Soma Matayo 4:4.
10. Ni kubera iki Shetani yahigishije Yezu ngo yikororere hasi avuye ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero?
10 Shetani yaragerageje kandi kwosha Yezu ngo akore ikintu kiranga ubwikunzi. Yarahigishije Yezu ngo yikororere hasi avuye ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero. (Mat. 4:5, 6) None Shetani yari yizigiye gushika ku ki? Shetani yavuze yuko Yezu aramutse yikororeye hasi ntihagire ico aba, vyokwerekanye yuko ari “umwana w’Imana.” Biboneka ko Shetani yashaka ko Yezu yitwararika birenze urugero ibijanye n’uko abandi bamubona, gushika n’aho yiyerekana. Shetani yari azi yuko umuntu yokwemera gukora ikintu giteye akaga bamuhigishije gukora, abitumwe n’ubwibone be n’icipfuzo co kudatakaza icubahiro imbere y’abandi. Shetani yarakoresheje nabi icanditswe, mugabo Yezu we yarerekanye yuko yatahura neza Ijambo rya Yehova. (Soma Matayo 4:7.) Mu kwanka gukora ico kintu, Yezu yari yongeye kwerekana yuko Yehova ari we yari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe.
11. Ni kubera iki Yezu yanse ubwami bwose bw’isi Shetani yari amwemereye?
11 Mu kugerageza Yezu ubwa nyuma yivuye inyuma, Shetani yaramwemereye ubwami bwose bw’isi. (Mat. 4:8, 9) Yezu yaciye ubwo nyene yanka ico kintu yari amwemereye. Yaratahura yuko kwemera ico kintu vyobaye ari co kimwe no gutera akagere ubusegaba bwa Yehova, ari bwo burenganzira Imana ifise bwo kuba Musumbavyose. (Soma Matayo 4:10.) Mu kigeragezo kimwekimwe cose, Yezu yishura Shetani mu gusubiramwo amajambo yo mu vyanditswe yarimwo izina ry’uruharo ry’Imana ari ryo Yehova.
12. Ni ingingo ikomeye iyihe Yezu yabwirizwa gufata igihe yari mu kurangiza ubuzima bwiwe bwo kw’isi, kandi ni igiki twigira ku kuntu yavyifashemwo mu bijanye n’iyo ngingo?
12 Igihe Yezu yari mu kurangiza ubuzima bwiwe bwo kw’isi, hariho ingingo ikomeye cane yabwirizwa gufata. Mu kiringo cose c’ubusuku bwiwe, yari yaraseruye ko yiteguriye gutanga ubuzima bwiwe ngo bube inkuka. (Mat. 20:17-19, 28; Luka 12:50; Yoh. 16:28) Ariko rero, Yezu yaratahura yuko yokwagirijwe kandi ibinyoma maze agakubitwa intahe mu gahanga n’ubucamanza bw’Abayuda hanyuma akicwa nk’umurogosi. Ico kintu comushikiye mu rupfu rwiwe caramuhagarika umutima cane. Yasenze ati: “Dawe, nimba bishoboka, iki gikombe nikindengane.” Mugabo yabandanije ati: “Yamara ntibibe nk’uko jewe ngomba, mugabo bibe nk’uko wewe ugomba.” (Mat. 26:39) Egome, kuba Yezu yaragumye ari umwizigirwa gushika ku rupfu vyarerekanye neza uwari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe uwo ari we!
Inyishu dutanga kuri ca kibazo
13. Gushika ubu ni ivyigwa ibihe twigiye mu vyashikiye Eva, Yobu, na Yezu Kristu?
13 Gushika ubu twize iki? Mu vyashikiye Eva, twiga yuko abantu batwarwa n’ivyipfuzo vy’ubwikunzi canke ukwiyumvamwo yuko bahambaye baba berekanye ko Yehova atari we ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwabo. Igihushanye n’ivyo, kuba Yobu yaragumanye ugutungana kwiwe, biratwigisha yuko n’abantu b’abanyagasembwa bashobora kwerekana yuko bashira Yehova mu kibanza ca mbere mu kwihanganira ingorane badahemuka, n’igihe nyene baba badatahura neza igiteza izo ngorane. (Yak. 5:11) Ubwa nyuma, akarorero ka Yezu karatwigisha kwemera kumaramara no kutarazwa ishinga birenze urugero n’ukuntu abandi batubona. (Heb. 12:2) Ariko none dushobora gute gushira mu ngiro ivyo vyigwa?
14, 15. Ukuntu Yezu yavyifashemwo igihe yageragezwa kwari gutandukanye gute n’ukuntu Eva yavyifashemwo, kandi twokwigana Yezu gute? (Nugire ico uvuze kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 18.)
14 Ntiwigere ureka ngo ibigeragezo bitume wibagira Yehova. Eva yararetse umutima wiwe urerekezwa ku kigeragezo cari imbere yiwe. Yarabonye ko ico camwa “cari kibereye kuribwa be n’uko cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso, emwe, ico giti cari kiryoheye ijisho.” (Ita. 3:6) Ese ingene ivyo bihushanye n’ukuntu Yezu yavyifashemwo muri vya bigeragezo bitatu! Mu kigeragezo kimwekimwe cose, ntiyaretse ngo ivyo yariko arageragereshwa bitume yibagira inkurikizi z’ivyo yari gukora. Yariheka kw’Ijambo ry’Imana akongera kandi agakoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova.
15 Igihe tugeragejwe ngo dukore ibintu bidahimbara Yehova, ni igiki dushirako umutima? Uko turushiriza gushira umutima kuri ico kigeragezo, ni ko ico cipfuzo kitabereye kirushiriza gukomera. (Yak. 1:14, 15) Turakeneye guca tugira ico dukoze kugira ngo turandurane n’imizi ico cipfuzo, naho nyene ico kintu twokora cosa n’ikigoye cane ku buryo kwoba ari nko gukura ku mubiri wacu igihimba kinaka. (Mat. 5:29, 30) Nk’uko Yezu yabigize, turakeneye gushira umutima ku nkurikizi z’ivyo twokora, ni ukuvuga ukuntu bizogira ico bikoze ku migenderanire dufitaniye na Yehova. Dutegerezwa kwibuka ivyo Ijambo ryiwe Bibiliya rivuga. Tubigize gutyo, ni ho gusa twoba twerekanye ko Yehova ari we ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwacu.
16-18. (a) Ni ibiki bishobora gutuma ducika intege? (b) Ni igiki kizodufasha kwihanganira ibintu bibabaje?
16 Ntiwigere ureka ngo ivyago bigushikira bitume ushavurira Yehova. (Imig. 19:3) Uko turushiriza kwegera iherezo ry’ivy’iyi si mbi, ni ko abasavyi ba Yehova bagenda barongerekana bashikirwa n’ivyago. Ntitwitega gukingirwa mu buryo bw’igitangaro muri iki gihe. Naho ari ukwo, nka kumwe kwa Yobu, twoshobora gucika intege igihe tubuze abo dukunda canke igihe dushikiwe n’ingorane.
17 Yobu ntiyatahura igituma Yehova yareka ibintu bimwebimwe bigashika, kandi vyoshobora gushika natwe ntidutahure igituma ibintu bibi bishika. Kumbure twarumvise abavukanyi b’abizigirwa bahitanywe na nyamugigima, nka bamwe bo muri Haïti, canke abahitanywe n’ikindi cago c’icaduka. Canke twoshobora kuba tuzi umuntu yagumana ugutungana kwiwe yakorewe ivy’ubukazi kibure yahitanywe n’isanganya rikomeye. Canke twoshobora mbere gushikirwa n’ibintu bibabaje kibure biranga akarenganyo. Intuntu tuba dufise yoshobora gutuma twibaza duti: ‘None ga Yehova, kubera iki ari jewe bishikira? Nacumuye iki?’ (Hab. 1:2, 3) Ni igiki kizodufasha kwihangana mu bihe nk’ivyo?
18 Turakeneye kuba maso kugira ngo ntitwiyumvire yuko mwene ivyo bintu ari ikimenyamenya c’uko Yehova atadushima. Yezu yarashize ahabona ico kintu igihe yavuga ibijanye n’ivyago bibiri vyashitse mu gihe ciwe. (Soma Luka 13:1-5.) Ivyago vyinshi usanga bishika kubera “ibihe be n’ibishika giturumbuka.” (Umus. 9:11) Mugabo amarushwa adushikira naho yoba atewe n’iki, turashobora kwihangana nimba tugumiza umutima kuri ya “Mana y’uruhoza rwose.” Izoduha inkomezi dukeneye kugira ngo tubandanye kuyisukurira tudahemuka.—2 Kor. 1:3-6.
19, 20. Ni igiki cafashije Yezu kwihanganira ibintu bimaramaza, kandi ni igiki natwe codufasha kuvyihanganira?
19 Ntiwigere ureka ngo ubwibone canke ugutinya kumaramara bibe vyo bintu nyamukuru ushirako umutima. Ukwicisha bugufi kwa Yezu kwatumye ashobora ‘guheba vyose maze amera nk’umushumba.’ (Flp. 2:5-8) Yarashoboye kwihanganira ibintu vyinshi bimaramaje kubera yuko yiheka kuri Yehova. (1 Pet. 2:23, 24) Mu kubigenza gutyo, Yezu yarashize imbere ivyo Imana igomba, ivyo bikaba vyaratumye aduzwa agashirwa mu kibanza co hejuru. (Flp. 2:9) Yezu yategetse abigishwa biwe kubaho muri ubwo buryo nyene.—Mat. 23:11, 12; Luka 9:26.
20 Vyoshobora gushika ibintu bimwebimwe bigerageza ukwizera kwacu bikadutera ubuyega. Naho ari ukwo, turakwiye kugira ukujijuka nk’ukwo intumwa Paulo yari afise, uwavuze ati: “Ico ni co gituma nanje ndiko nshikirwa n’ivyo bintu, ariko ntibintera isoni. Kuko nzi uwo nemeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda ico namubikije gushika kuri wa musi.”—2 Tim. 1:12.
21. Naho isi ifise agatima k’ubwikunzi, wewe wiyemeje iki?
21 Bibiliya yari yaravuze ko mu gihe cacu abantu bobaye “abikunda.” (2 Tim. 3:2) Ntibitangaje rero kubona dukikujwe n’abantu bikwegerako. Ese tutokwigera twanduzwa n’agatima k’ubwikunzi nk’ako! Ahubwo nyabuna, twaba turi mu kigeragezo, twugarijwe n’ivyago, canke turiko turashikirwa n’ibintu vyoshobora gutuma tumaramara, ese umwumwe wese muri twebwe yokwiyemeza kwerekana yuko Yehova ari we vy’ukuri ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe!
[Akajambo k’epfo]
a Hari incabwenge mu vya Bibiliya ziyumvira ko imvugo ngo “urukoba rukabwa urundi” yoshobora kwerekana yuko Yobu abigiranye ubwikunzi yari kwemera kureka abana biwe n’ibitungwa vyiwe bigatakaza urukoba ari bwo buzima magingo yari gushobora kugumana urukoba rwiwe ari bwo buzima. Abandi biyumvira ko iyo mvugo ishimika ku vy’uko umuntu yokwemera gutakaza igice kinaka c’urukoba mu gihe ivyo vyotuma arokora ubuzima bwiwe. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kuduza ukuboko kugira ngo akingire umutwe wiwe igihe barondeye kuwukubita ikintu, gutyo akaba atakaje igice kinaka c’urukoba kugira ngo arokore urukoba rwiwe. Ico iyo mvugo y’ikigereranyo yoba isobanura cose, biboneka ko yashaka kwerekana yuko Yobu yokwemeye guheba ibintu vyose magingo yari gushobora kuguma ari muzima.
Ni ibiki dushobora kwigira . . .
• ku kuntu Shetani yahenze Eva?
• ku kuntu Yobu yavyifashemwo igihe yashikirwa n’ivyago?
• ku kintu nyamukuru Yezu yagumizako umutima?
[Ifoto ku rup. 17]
Eva ntiyagumije umutima ku migenderanire yari afitaniye na Yehova
[Ifoto ku rup. 18]
Yezu yaramiriye kure ibigeragezo vya Shetani maze agumiza umutima ku gukora ivyo Yehova agomba
[Amafoto ku rup. 20]
Ugushinga intahe ku hema no ku rindi inyuma ya ca kinyamugigima caba muri Haïti
Mu bihe vy’amarushwa, turashobora kugumiza umutima kuri ya “Mana y’uruhoza rwose”