Abagaragaje ukwizera mu bihe vya kera bayobowe n’impwemu y’Imana
“Umukama Segaba Yehova ubwiwe arantumye, mbere impwemu yiwe.”—YES. 48:16.
1, 2. Hakenewe iki kugira ngo tugaragaze ukwizera, kandi tuzoremeshwa gute nitwarimbura ibijanye n’abantu ba kera bagaragaje ukwizera?
NAHO abantu batanguye kugaragaza ukwizera kuva mu gihe ca Abeli, “[si] ikintu gifiswe na bose.” (2 Tes. 3:2) Ni igiki gituma umuntu agira ukwizera, kandi ni igiki kimufasha kukugaragaza? Ahanini, ukwizera kuva ku vyo umuntu yumvise mw’Ijambo ry’Imana. (Rom. 10:17) Ni umwe mu mice igize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana. (Gal. 5:22, 23) Ku bw’ivyo, turakeneye impwemu nyeranda kugira ngo tugaragaze ukwizera.
2 Twoba twihenze hamwe twokwiyumvira yuko abagabo n’abagore bafise ukwizera bakuvukana, yuko ukwizera ari ikintu gipfa kwizana. Abasuku b’Imana b’intangakarorero bavugwa muri Bibiliya bari abantu “[b]iyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) Bari abantu bahagarika umutima, bikengera kandi bafise ubugoyagoye, mugabo “baragirwa abanyabubasha” biciye ku mpwemu nyeranda kugira ngo bihanganire ingorane zibashikira. (Heb. 11:34) Nitwarimbura ukuntu impwemu ya Yehova yakoreye kuri bo, natwe muri iki gihe tuzoremeshwa kubandanya kugaragaza ukwizera, narirya tubaye mu gihe aho usanga ukwizera kwacu kugeramiwe.
Impwemu y’Imana yarahaye ububasha Musa
3-5. (a) Tuzi dute yuko Musa yafashwa n’impwemu nyeranda? (b) Akarorero ka Musa katwigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova atanga impwemu yiwe?
3 Mu 1513 B.G.C., vyaragaragaye ko Musa yari “uwutekereza kuruta kure n’iyo” abantu bose bariho ico gihe (Guh. 12:3) Uwo musavyi w’Imana yitonda yarashinzwe ibanga ritoroshe mw’ihanga rya Isirayeli. Impwemu y’Imana yarahaye Musa ububasha bwo kuvuga ubuhanuzi, guca imanza, kwandika, kuyobora, no gukora ibitangaro. (Soma Yesaya 63:11-14.) Yamara, igihe kimwe Musa yaridoze avuga yuko iryo banga ryari riremereye cane. (Guh. 11:14, 15) Yehova yaciye “[akura] nkeyi ku mpwemu” yari kuri Musa maze ayishira ku bandi bagabo 70 kugira ngo bamufashe kwikorera uwo mutwaro. (Guh. 11:16, 17) Naho umutwaro Musa yari yikoreye wasa n’uwuremereye cane, mu bisanzwe ntiyawikorera wenyene, eka kandi n’abo 70 bari bagenywe ngo bamufashe ntibari kuwikorera bonyene.
4 Musa yari yarahawe impwemu nyeranda ihagije kugira ngo imufashe kurangura ico gikorwa. Yehova amaze guha impwemu nyeranda abo bagabo 70, Musa yari agifise impwemu yose yari akeneye. Musa ntiyari asigaranye iyidakwiye, eka kandi n’abo bagabo b’inararibonye 70 ntibaronse iyirenze. Yehova araturonsa impwemu dukeneye, yisunze uko ivyacu vyifashe. “[Nta]tanga impwemu isorosoro” mugabo ayitanga “bivuye ku kunengesera kwiwe.”—Yoh. 1:16; 3:34.
5 Woba uriko urihanganira ibigeragezo? Woba ubona ko amabanga ujejwe ariko ararushiriza kugutwara umwanya? Woba uriko urita ku rutare kugira ngo uronse umuryango wawe ivy’umubiri n’ivy’impwemu magingo ibiciro bibandanya kuduga canke uhagaritswe umutima n’amagara? Woba ujejwe amabanga atoroshe mw’ishengero? Numenye neza ko Imana ibicishije ku mpwemu yayo ishobora kuguha inkomezi ukeneye kugira ngo wihanganire ingorane iyo ari yo yose.—Rom. 15:13.
Impwemu nyeranda yaratumye Bezaleli aba uwubishoboye
6-8. (a) Impwemu y’Imana yafashije Bezaleli na Oholiyabu gukora iki? (b) Ni ikindi kintu ikihe cerakana ko Bezaleli na Oholiyabu bari bayobowe n’impwemu y’Imana? (c) Ni kubera iki ivyashikiye Bezaleli bituremesha cane?
6 Ivyashikiye umuntu yabayeho mu gihe ca Musa ari we Bezaleli birahishura vyinshi ku bijanye n’ukuntu impwemu y’Imana ikora. (Soma Kuvayo 35:30-35.) Bezaleli yaragenywe kugira ngo ahagarikire igikorwa co guhingura ibikoresho vya nkenerwa vyari gukoreshwa mw’itaberenakulo. Yoba yari asanzwe azi guhingura ibintu imbere y’uko ico gikorwa amahero gitangura? Kumbure. Mugabo birashoboka cane yuko igikorwa yaheruka gukora cari ico kubumbira amatafari Abanyamisiri. (Kuv. 1:13, 14) None Bezaleli yari gushobora gute kurangura ico gikorwa kigoye yari yashinzwe? Yehova “ya[ra]tanguye kumwuzuza impwemu y’Imana mu bijanye n’ubukerebutsi, n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga ngo ahingure ibintu vy’ubuhinga . . . ku bwo gukora ibintu vy’ubuhanga vy’ubwoko bwose.” Impwemu nyeranda yararyohoye ubuhanga ubwo ari bwo bwose Bezaleli ashobora kuba yari asanzwe afise. Ukwo nyene ni ko vyagenze kuri Oholiyabu. Bezaleli na Oholiyabu bategerezwa kuba baramenye ubwo buhinga neza, kubera ko bataranguye gusa ibikorwa bashinzwe ariko kandi bigishije n’abandi ukuntu bobikora. Egome, Imana yarashize mu mitima yabo igikorwa co kwigisha.
7 Ikindi kimenyamenya c’uko Bezaleli na Oholiyabu bari bayobowe n’impwemu y’Imana, ni uko ivyo bakoze vyaramvye bimwe bitangaje. Abantu bari bakibikoresha n’inyuma y’imyaka nka 500. (2 Ngo. 1:2-6) Abantu benshi bahingura ibintu mu bihe vya none, usanga bipfuza ko abandi babahayagiza kubera ivyo bakoze. Mugabo Bezaleli na Oholiyabu si ko bari bameze. Bipfuza ko Yehova aba ari we wenyene ahayagizwa kubera ibikorwa vyabo.—Kuv. 36:1, 2.
8 Muri iki gihe, twoshobora gushingwa ibikorwa bigoye bisaba ubuhanga budasanzwe, nko kwubaka, gucapura, gutunganya amahwaniro, guhagarikira igikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago no kuyaga n’abaganga be n’abakora ku bitaro ku bijanye n’ukuntu tubona ivyo gukoresha amaraso twisunze Ivyanditswe. Rimwe na rimwe, ivyo bikorwa usanga birangurwa n’abakozi b’abahanga, mugabo akenshi birangurwa n’abantu bitanga batazi vyinshi ku bijanye n’igikorwa kinaka. Impwemu y’Imana iratuma baroranirwa mu twigoro bagira. Woba warigeze kwanka gushingwa igikorwa kinaka mu murimo wa Yehova, wiyumvira ko hariho abandi bagishoboye kukurusha? Niwibuke ko impwemu ya Yehova ishobora kugufasha gukoresha ubumenyi n’ubushobozi ufise kugira ngo urangure igikorwa ico ari co cose agushinze.
Yosuwa yararoraniwe afashijwe n’impwemu y’Imana
9. Abisirayeli bategerezwa gukora iki aho bamariye kuva mu Misiri, kandi ni ikibazo ikihe cavyutse?
9 Impwemu y’Imana yarayoboye kandi umuntu umwe yabayeho mu gihe ca Musa na Bezaleli. Inyuma gato y’aho abasavyi b’Imana baviriye mu Misiri, Abamaleki barabagavyeko igitero babahora ubusa. Hari hageze ko Abisirayeli bivuna umwansi. Naho batari bamenyereye na gato ibijanye n’intambara, bategerezwa kurwana intambara yabo ya mbere ari igisata cidegemvya. (Kuv. 13:17; 17:8) Hari hakenewe umuntu wo kuyobora ingabo. None uwo muntu yari kuba nde?
10. Ni kubera iki Abisirayeli bari bayobowe na Yosuwa batahukanye intsinzi?
10 Yosuwa ni we yatowe. Ariko none iyo biba ngombwa ko avuga ibikorwa yari yarakoze vyerekana ko yari akwije ibisabwa vyari gutuma ashingwa ico gikorwa, yari kuvuga ibihe? Yoba yari kuvuga ko yigeze kuba umushumba akora ibikorwa vy’umuruho? Ko yigeze kuba uwuvanga ibikumbi n’ibumba ku bw’amatafari? Ko yigeze gukora igikorwa co kwegeranya manu? Ego ni ko, sekuru wa Yosuwa ari we Elishama yari umukuru w’umuryango wa Efurayimu bikaba biboneka ko yayobora abagabo 108.100 bo muri umwe mu migabane ya Isirayeli yari igizwe n’imiryango itatitatu. (Guh. 2:18, 24; 1 Ngo. 7:26, 27) Yamara, Yehova ntiyategetse Musa ngo atore Elishama canke umuhungu wiwe Nuni. Ahubwo riho, yavuze ko Yosuwa ari we yari kuyobora ingabo zari gutsinda uwo mwansi. Iyo ndwano yamaze igice kinini c’umusi. Kubera ko Yosuwa yagamburutse adaca ku ruhande akongera agakurikiza neza ubuyobozi bw’impwemu nyeranda y’Imana, Isirayeli yaratahukanye intsinzi.—Kuv. 17:9-13.
11. Dushobora gute kuroranirwa mu murimo mweranda nk’uko Yosuwa yaroraniwe?
11 Mu nyuma Yosuwa, uwari “yuzuye impwemu y’ubukerebutsi,” yarasubiriye Musa. (Gus. 34:9) Impwemu nyeranda ntiyamuhaye ubushobozi bwo kuvuga ubuhanuzi canke gukora ibitangaro nk’uko yari yarabuhaye Musa, mugabo yaratumye Yosuwa ashobora kuyobora Abisirayeli mu rugamba rwatumye bigarurira Kanani. Muri iki gihe, twoshobora kwiyumvamwo ko tudashoboye kurangura ibikorwa bimwebimwe bijanye n’umurimo mweranda turangura. Yamara, nka kumwe kwa Yosuwa, turakurwa amazinda yuko tuzororanirwa nitwakurikiza neza ubuyobozi butangwa n’Imana.—Yos. 1:7-9.
‘Impwemu ya Yehova yaratwikiriye Gideyoni’
12-14. (a) Kuba abantu 300 barashoboye kunesha Abamidiyani indiri bihishura iki? (b) Yehova yakuye amazinda gute Gideyoni? (c) Imana idukura amazinda gute muri iki gihe?
12 Yosuwa amaze gupfa, Yehova yarabandanije kwerekana ingene ububasha bwiwe bushobora gukomeza abamwizera. Igitabu c’Abacamanza cuzuyemwo inkuru z’abantu “[bagizwe] abanyabubasha kandi bari goyigoyi.” (Heb. 11:34) Imana ikoresheje impwemu nyeranda, yaratumye Gideyoni arwanira abasavyi bayo. (Abac. 6:34) Ariko rero, ingabo Gideyoni yatororokanije zari nkeyi cane ugereranije n’iz’Abamidiyani, bakaba bari 1 kuri 4. Yehova yabona ko mbere n’izo ngabo nkeyi z’Abisirayeli zari ikirenga. Incuro zibiri yarategetse Gideyoni kugabanya igitigiri c’ingabo, ku buryo hasigara 1 ku 450. (Abac. 7:2-8; 8:10) Ico ni co gitigiri Yehova yabona ko kibereye. Abisirayeli baramutse batahukanye intsinzi idasanzwe, ni nde yari kwiyemera avuga yuko iyo ntsinzi yabonetse bivuye ku nkomezi z’abantu canke ku bukerebutsi bwabo?
13 Gideyoni n’ingabo ziwe basa n’abiteguye. Iyo uja kuba uri muri izo ngabo zari ku rushi, woba wari kwumva utekaniwe kandi uzi yuko abo mwari kumwe basubijwe inyuma kubera bagize ubwoba canke kubera batagumye bari maso? Canke woba wari kwumva usa n’uwuhagaritse umutima wiyumviriye ukuntu ibintu biza kugenda? Turashobora kwemera tudakeka ko Gideyoni yari yizigiye Imana. Yakoze ivyo yari yasabwe gukora! (Soma Abacamanza 7:9-14.) Yehova ntiyahambariye Gideyoni kubera ko amusavye ikimenyetso comwemeje ko Imana yobaye kumwe na we. (Abac. 6:36-40) Ahubwo nyabuna, yarakomeje ukwizera kwa Gideyoni.
14 Ubushobozi bwo kurokora Yehova afise ntibugira aho bugarukira. Arashobora kurokora abasavyi biwe akabakura mu ngorane iyo ari yo yose badashobora kwikiza, ivyo mbere akabigira akoresheje abantu basa n’abagoyagoya canke basa n’abatagira gitabara. Rimwe na rimwe twoshobora kubona yuko abaturwanya ari benshi cane canke ko turi mu bintu bitoroshe. Ntitwitega gukurwa amazinda mu buryo bw’igitangaro nk’uko Gideyoni yayakuwe, mugabo biciye kw’Ijambo ry’Imana no kw’ishengero ryayo riyobowe n’impwemu turashobora kuronka ubuyobozi bwinshi tukongera tugakurwa amazinda. (Rom. 8:31, 32) Imihango iranga urukundo Yehova yaduhaye irakomeza ukwizera kwacu ikongera igatuma tujijuka ko adufasha vy’ukuri!
“Impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta”
15, 16. Ni kubera iki umukobwa wa Yefuta yari afise agatima kabereye, kandi ivyo biremesha gute abavyeyi?
15 Rimbura akandi karorero. Igihe Abisirayeli babwirizwa gutana mu mitwe n’Abamoni, impwemu ya Yehova “[yaraje] kuri Yefuta.” Kubera ko Yefuta yari ashashaye gutahukana intsinzi kugira Yehova ashemezwe, yaragize indagano yari kumutwara ikintu c’agaciro kanini. Yaraganiye Imana yuko iramutse itanze Abamoni mu kuboko kwiwe, umuntu wa mbere yosohotse mu miryango y’inzu yiwe aje kumusanganira atabarutse, yobaye uwa Yehova. Igihe Yefuta yatahuka avuye kumara igabo Abamoni, umukobwa wiwe yaraje kumusanganira yiruka. (Abac. 11:29-31, 34) Ivyo vyoba vyaratangaje Yefuta? Birashoboka ko bitamutangaje kubera yuko yari afise umwana umwe gusa. Yarashikije indagano yiwe mu gutanga umukobwa wiwe ngo akorere kw’ihema rya Yehova i Shilo. Kubera yuko umukobwa wa Yefuta yari umusavyi wa Yehova w’intahemuka, yaremera yuko indagano se yari yagize ikwiye gushitswa. (Soma Abacamanza 11:36.) Impwemu ya Yehova yarabaronkeje bompi inkomezi bari bakeneye.
16 Umukobwa wa Yefuta yari yatsimbataje gute ako gatima ko kwitanga? Nta gukeka ko ukwizera kwiwe kwakomera uko yabona umwete se wiwe yari afise be n’ukuntu yihebera Imana. Yemwe bavyeyi, abana banyu ntibabura kubona akarorero mutanga. Ingingo mufata zirerekana ko mwemera ivyo muvuga. Abana banyu barumviriza amasengesho avuye ku mutima mutura, bakitwararika inyigisho mutanga bakongera bakabona utwigoro twose mugira kugira ngo mukorere Yehova n’umutima ukwiye. Birashoboka ko ivyo vyose bizobafasha kugira icipfuzo gikomeye co gukorera Yehova. Ivyo bizotuma munezerwa.
“Impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri” Samusoni
17. Ni ibiki Samusoni yakoze abifashijwemwo n’impwemu y’Imana?
17 Rimbura akandi karorero. Igihe Isirayeli yagirwa imbohe n’Abafilisitiya, ‘mu nyuma impwemu ya Yehova yaratanguye gucanira’ Samusoni kugira ngo arokore Isirayeli. (Abac. 13:24, 25) Imana yarahaye Samusoni inkomezi zitangaje ata wundi muntu yari azifise. Igihe Abafilisitiya bajijura Abisirayeli bagenzi ba Samusoni ngo bamufate, “impwemu ya Yehova [yaciye] itangura gukorera kuri we, maze [i]migozi yari ku maboko yiwe iba nk’inyuzi z’ilino zibabuwe n’umuriro, ku buryo ivyari bimuboshe bishonga bikava ku maboko yiwe.” (Abac. 15:14) N’igihe nyene Samusoni yaba goyigoyi bitumwe n’uko yafashe ingingo zitabereye, yarasubiye kugirwa umunyabubasha “kubera ukwizera.” (Heb. 11:32-34; Abac. 16:18-21, 28-30) Impwemu ya Yehova yarakoreye kuri Samusoni mu buryo budasanzwe kubera ko yari mu bihe bidasanzwe. Naho Yehova atazoduha ububasha bwo gukora ivyo Samusoni yakoze, ivyo bintu vyabaye kera biraturemesha cane. Uti gute?
18, 19. (a) Ivyashikiye Samusoni bidukura amazinda gute? (b) Wungukiye gute ku kwihweza uburorero bw’abantu bagaragaje ukwizera bavugwa muri iki kiganiro?
18 Turiheka kuri iyo mpwemu nyeranda nyene Samusoni yihetseko. Ivyo turabigira igihe turangura ca gikorwa Yezu yashinga abayoboke biwe, ni ukuvuga “kwamamaza inkuru nziza ku bantu no gushinga intahe inogangije.” (Ivyak. 10:42) Hari aho bitotworohera gukora ico gikorwa. Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova akoresha impwemu yiwe kugira ngo idufashe kurangura ibikorwa bitandukanye dushingwa! Ku bw’ivyo, uko turangura igikorwa cacu, turashobora kuvuga nk’uko umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “Umukama Segaba Yehova ubwiwe arantumye, mbere impwemu yiwe.” (Yes. 48:16) Egome, impwemu y’Imana ni yo yadutumye! Turashira umutima kuri ico gikorwa twizigiye yuko Yehova azodufasha kuryohora ubuhanga bwacu nk’uko yafashije Musa, Bezaleli na Yosuwa. Turakira “inkota y’impwemu, [ari] ryo jambo ry’Imana,” twizigiye yuko Imana izoturonsa ububasha nk’uko yaburonkeje Gideyoni, Yefuta na Samusoni. (Ef. 6:17, 18) Twihetse kuri Yehova kugira ngo adufashe gutsinda intambamyi, turashobora kuba abanyenkomezi mu buryo bw’impwemu nk’uko Samusoni yabaye umunyenkomezi ku mubiri.
19 Biragaragara ko Yehova ahezagira abashigikira bashikamye ugusenga kw’ukuri. Igihe turetse impwemu nyeranda y’Imana igakorera kuri twebwe, ukwizera kwacu kurongerekana. Ku bw’ivyo, tuzohimbarwa no kwihweza ibintu bimwebimwe bishimishije bivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Ivyo bizotwereka ukuntu impwemu ya Yehova yakoreye ku basavyi biwe bagaragaje ukwizera mu kinjana ca mbere, ni ukuvuga imbere ya Pentekoti yo 33 G.C. n’inyuma y’aho. Izo nkuru tuzozihweza mu kiganiro gikurikira.
Ni kubera iki uremeshwa no kumenya ukuntu impwemu y’Imana yakoreye kuri . . .
• Musa?
• Bezaleli?
• Yosuwa?
• Gideyoni?
• Yefuta?
• Samusoni?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]
Impwemu y’Imana irashobora gutuma tuba abanyenkomezi mu buryo bw’impwemu nk’uko Samusoni yabaye umunyenkomezi ku mubiri
[Ifoto ku rup. 21]
Yemwe bavyeyi, akarorero mutanga mu kugira umwete karagira ico gakoze ku bana banyu