ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/1 rup. 3
  • Emwe, iyi ni integuro y’ukwiga!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Emwe, iyi ni integuro y’ukwiga!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Integuro nshasha y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Amahinduka ateye umunezero yerekeye Umunara w’Inderetsi!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Gutangura gusohora integuro iri mu congereza coroheje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Umunara w’Inderetsi woroheje—Kubera iki watanguye gusohorwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/1 rup. 3

Emwe, iyi ni integuro y’ukwiga!

Twaratunganije bushasha integuro y’ukwiga kugira ngo irushirize kugukwegera no kukugirira akamaro igihe uzoba uriko uriga Ijambo rya Yehova ry’ukuri rifise agaciro.​—Zab. 1:2; 119:97.

Haciye imyaka ine dutanguye gusohora integuro zibiri z’Umunara w’Inderetsi: iyigenewe abantu bose n’iyindi igenewe twebwe Ivyabona vya Yehova hamwe n’abo twigana Bibiliya bariko baratera imbere.

Ku bijanye n’integuro y’ukwiga, umusavyi wa Yehova umwe amaze igihe kirekire amusukurira yanditse ati: “Igihe nasoma integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi ya mbere, nasanze iryoshe cane kandi ikora ku mutima. Ukuntu ibintu vy’impwemu bivugwa mu buryo bwimbitse vyaranshitse ku nyota. Ndabakengurukiye cane kuri iyo ntunganyo nshasha nziza igitangaza.” Hari uwundi muvukanyi yanditse ati: “Nditegana umushasharo kumara umwanya mwinshi ndiko ndiga iyo nteguro, nkoresheje na Bibiliya yanje ifise amarabiro.” Turizigiye ko na wewe nyene wiyumva gutyo.

Nk’uko ubizi, Umunara w’Inderetsi watanguye gusohorwa mu 1879, ivyo bikaba vyashobotse gusa biciye ku mpwemu ya Yehova no ku gufatwa mu mugongo na we. (Zek. 4:6) Muri iyo myaka 133, harabaye amahinduka atari make ku gipfukisho c’ico kinyamakuru. Mu 2012, integuro y’ukwiga imwimwe yose izoba ifise igipfukisho kiriko ishusho y’amabara yacapwe n’umunyatugenegene yerekana abantu bariko barashinga intahe, itwibutsa ca gikorwa Imana yadushinze co gushinga intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bwa Yehova. (Ivyak. 28:23) Imbere ku gipfukisho, ni ukuvuga ku rupapuro rwa 2, uzoza urahasanga ifoto yafatiweko mu gucapa iyo shusho, iri kumwe n’akajambo gasigura ibiriko biraba be n’aho biriko birabera. Uko igihe kizogenda kirarengana muri uwo mwaka, ivyo bizoza biratwibutsa twese yuko abasavyi ba Yehova bariko baramamaza inkuru nziza “mw’isi yose.”​—Mat. 24:14.

Ni ayandi mahinduka ayahe yabaye kuri ico kinyamakuru? Rwa ruzitiro rurimwo ibibazo vy’isubiramwo rwarimuriwe mu ntango y’ikiganiro c’ukwiga kimwekimwe cose. Ivyo bizokwereka ivyiyumviro nyamukuru ukwiye kurondera igihe usoma wongera wiga ico kiganiro. Ariko ntiwumve, abarongora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi bakwiye kubandanya gukoresha ivyo bibazo kugira bagire isubiramwo ry’ayo mayagwa icigwa giheze. Uzobona yuko ikibanza co ku mibari caguwe gatoyi be n’uko ibiharuro vyerekana impapuro n’ingingo biboneka kuruta.

Nk’uko bisigurwa muri iki kinyamakuru, harongewemwo ikiganiro gishasha kivuga ngo “Ivyo mu bushinguro bwacu,” kugira ngo cerekane ibintu bihambaye vyabaye mu bihe vya none vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Vyongeye, rimwe na rimwe hazoza harasohorwa ibintu vyashitse mu buzima bw’abantu, munsi y’ahavuga ngo: “Baritanze babikunze.” Ivyo bintu bizokwerekana mu buryo bukora ku mutima umunezero, ugushira akanyota, hamwe n’agahimbare abavukanyi na bashiki bacu bironkeye mu gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta.

Ese wokwinovora bimwe bishitse umwanya umara uriko uriga Ijambo ry’Imana ufashijwe n’iki kinyamakuru!

Abagisohora

[Ifoto ku rup. 3]

1879

[Ifoto ku rup. 3]

1895

[Ifoto ku rup. 3]

1931

[Ifoto ku rup. 3]

1950

[Ifoto ku rup. 3]

1974

[Ifoto ku rup. 3]

2008

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika