Woba ushobora kwemera ibitangaro bivugwa muri Bibiliya?
HAMWE umuntu yokubwira inkuru itangaje, kuba azwi ko ari imvugakuri canke atari imvugakuri, ntivyotuma none uyemera canke utayemera? Icokwereka ko avuga ukuri si uburyo gusa akubwiye iyo nkuru, ariko kandi n’ukuntu usanzwe uzi ko avugisha ukuri biratuma uvyemera. Nakare, niba amaze imyaka n’iyindi akubwira ukuri akaba atarigera akubesha nkana, uba uri n’imvo yumvikana rero yo kwemera ivyo akubwiye.
Ni na ko biri ku bitangaro bivugwa muri Bibiliya. Nta n’umwe muri twebwe yariho igihe vyaba. Mugabo turashobora kumenya nimba inkuru iri muri Bibiliya ari iy’ukuri. Uti gute? Ng’ibi ibintu bimwebimwe bituma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’ibitangaro zigaragara ko ari iz’ukuri:
Ibitangaro vyinshi vyabereye ku mugaragaro. Rimwe na rimwe vyarabonwa n’abantu ibihumbi canke amamiliyoni. (Kuvayo 14:21-31; 19:16-19) Ntivyakorewe mu kinyegero, ata babibona.
Vyaba ata bintu bihanitse vyiriwe biragirwa. Nta bintu bidasanzwe canke ivyo kwiyerekana canke ivy’umuco udasanzwe vyarinda gukoreshwa. Vyinshi mu bitangaro bivugwa muri Bibiliya vyakorwa bitubiranye n’uko uwubikorerwa ahuye n’uwubikora canke ari uko umuntu avyisabiye. (Mariko 5:25-29; Luka 7:11-16) Uca wumva ko nyene gukora igitangaro atashobora kuba yabiteguye.
Icatuma bene gukora ibitangaro babikora ntikwari ukurondera kumenyekana, kuninahazwa canke amatungo. Ahubwo babikora kugira Imana ininahazwe. (Yohani 11:1-4, 15, 40) Uwo wese yaba arondeye kuronka amatungo biciye ku bubasha bwo gukora ibitangaro yaraterwa ivyatsi.—2 Abami 5:15, 16, 20, 25-27; Ivyakozwe 8:18-23.
Ni ibitangaro vy’ubwoko butandukanye ku buryo bidashobora kuba vyavuye ku bubasha bw’abantu. Nk’akarorero, ikiyaga n’imiyaga vyaratururujwe, amazi ahindurwa umuvinyu, imvura irabuzwa kugwa mu nyuma irasubira kugwa, abarwaye barakizwa, n’impumyi zirahumurwa. Turavye ivyo bitangaro hamwe n’ibindi vyinshi duca tubona ko bitegerezwa kuba vyakozwe bivuye ku bubasha burengeye abantu bushobora kugira ico bukoze ku kintu ico ari co cose.—1 Abami 17:1-7; 18:41-45; Matayo 8:24-27; Luka 17:11-19; Yohani 2:1-11; 9:1-7.
N’abarwanya bene kubikora ntibahakana ko ibitangaro baba babonye vyabaye. Igihe Yezu yazura umugenzi wiwe Lazaro, abarwanya Yezu mu vy’idini ntibahakanye ko Lazaro yari yarapfuye. Bari kubihakana gute nyene? Lazaro yari amaze imisi ine mu mva. (Yohani 11:45-48; 12:9-11) N’ibinjana n’ibindi inyuma y’urupfu rwa Yezu, abanditse ca gitabu c’Abayahudi citwa Talimudi bari bacemera ko Yezu yari afise ububasha bwo gukora ibitangaro. Ico bavyurako ibibazo ni aho yakura ubwo bubasha. Igihe abigishwa ba Yezu barengutswa imbere ya sentare y’Abayuda, na bo nyene ntibabajijwe ngo: “Mwoba mwakoze igitangaro?” Ahubwo babajijwe ngo: “Ni ku bubasha ki canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”—Ivyakozwe 4:1-13.
Woba wemera ivyo Bibiliya itubwira ku bijanye n’ibitangaro? Tuzirikanye ivyo duhejeje kwihweza, biribonekeza ko inkuru zo muri Bibiliya zigana ibitangaro zivuga ukuri nk’ukurima. Ariko hariho n’izindi mvo zotuma twizigira izo nkuru zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, igihe Bibiliya yigana inkuru y’ivyabaye, akenshi iratubwira igihe vyabereyeko, aho vyabereye be n’amazina y’abavugwa muri iyo nkuru. Mbere n’abahinga basuzuma ivya Bibiliya baratangajwe n’ukuntu inkuru zo muri Bibiliya usanga zitanga amakuru y’ido n’ido atagira amahinyu. Hari ibintu amajana n’amajana Bibiliya yari yaravuze ko bizoba, kandi vyararangutse, emwe, biranguka ido n’ido. Vyongeye, Bibiliya irimwo impanuro nyinshi z’ingene tworonka agahimbare mu migenderanire tugiranira n’abandi, zikaba ari impanuro zafashije abantu b’imyaka itandukanye kandi bo mu mice yose y’ubuzima. Mu bijanye n’imigenderanire y’abantu, impanuro zo muri Bibiliya ni agahebuza.
Nimba ugifise amakenga ku vy’uko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, ubona gute ufashe umwanya ukayisuzuma witonze? Uko uzorushiriza kuyimenya ni ko uzorushiriza kuyizigira. (Yohani 17:17) Uzobona ko ushobora kwizigira ivyo ivuga ku bijanye n’ibitangaro vyabaye muri kahise. Niwamara kwemera izo nkuru, uzoba ufise imvo yumvikana yo kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ko vuba bigiye kuzoba.
[Ifoto ku rup. 7]
Abarwanya Yezu ntibahakanye ko Lazaro yari yarapfuye