ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/01 rup. 3
  • Amahwaniro Ni Igihe c’Umunezero!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amahwaniro Ni Igihe c’Umunezero!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arakoranya abasavyi biwe bahimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Woba Ushima Ibintu Vyeranda?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ya Materaniro y’Intara yo mu 1999 Yataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana”
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 5/01 rup. 3

Amahwaniro Ni Igihe c’Umunezero!

1 Amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova ni ibihe vy’umunezero mwinshi. Haraheze imyaka irenga ijana iyo mitororokano iterera agacumu k’ubumwe mw’iyongerekana ryagiye riraboneka mw’ishirahamwe ryacu. Kuva igikorwa dukorera kw’isi yose gitanguranye n’abantu bake, turibonera ingene Yehova yagihezagiye cane. Muri ibi bihe vya none, kw’ihwaniro rya mbere ryabereye i Chicago muri Illinois mu 1893, mu baryitavye 360 abashika kuri 70 barabatijwe mu kugaragaza ko biyeguriye Yehova. Muri uyu mwaka uheze, mu rukurikirane rw’Amahwaniro y’lntara yataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana,” abayitavye bose hamwe kw’isi yose bari abantu 9.454.055, habatizwa abagera ku 129.367. Ese ingene iryo yongerekana ari imvo nziza igitangaza ituma tugira umunezero!

2 No mu bihe vya Bibiliya nyene, imitororokano y’abasavyi b’Imana yarabaronsa uburyo bwibonekeje bwo kuronka inyigisho ziva kuri Yehova. Mu gihe ca Ezira na Nehemiya, abantu barumvirije ugusomwa kw’Ivyagezwe “uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka.” (Neh. 8:2, 3) Kubera ko abantu baronka ugutahura neza Ivyagezwe, baragize “umunezero mwinshi.” (Neh. 8:8, 12) Na twebwe nyene turanezerezwa n’uko amahwaniro aturonsa akaryo keza ko kuronka inyigisho nziza hamwe n’imfungurwa z’ivy’impwemu biva kuri Yehova kandi bigatangwa “ku gihe kibereye,” biciye kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45, NW) Kuva aho Yezu avugiye yuko umuntu ategerezwa gutungwa “n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana,” amahwaniro ni ntahara mu vy’ukumererwa neza kwacu mu vy’impwemu.—Mat. 4:4.

3 Birakwiriye ko Tugira Akigoro Kose ngo Tuyitabe! Twese turakwiye kwishingira umugambi wo kuzoba turi kw’Ihwaniro ry’Intara ry’uyu mwaka ryose uko ringana ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.” Turakwiye gutegekanya gushika kare ku misi yose y’iryo hwaniro no kuhaguma gushika kw’isengesho ryo gusozera, kugira ngo twifatanye n’abandi mu kuvuga tuti: “Amen!” Kugira ngo ivyo tubishikeko, kumbure twogira ico duhinduye ku rutonde rwacu. Gusaba umukoresha wacu imisi tutokora kugira ngo twitabe ihwaniro, vyoshobora gutera ingorane zimwezimwe. Turakeneye guhagarara dushikamye, ntitwibaze yuko bizopfa kwizana. Nimba dukeneye uburaro canke n’uburyo bwo kwiyunguruza, canke tukaba tubikeneye vyompi, turakwiye kubitunganya hakiri kare. Akigoro kose dukwiye kugira ntikazoba impfagusa!

4 Imihezagiro abasavyi ba Yehova baronka igihe bitavye ihwaniro ntibayigereranya n’amahera basohora. Rimbura uturorero twa bamwebamwe biyemeje kwitaba Iteraniro Mpuzamakungu ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye mu gisagara c’i New York mu 1958, iryari ryataziriwe ngo Ivyo Imana Igomba. Hari umuvukanyi umwe yamaze indwi zibiri ahagaritse ishirahamwe ryiwe ry’ivy’ubwubatsi, kugira ngo afashe avyishakiye yongere yitabe iryo teraniro. Umuvukanyi umwe wo mu mazinga yitwa Îles Vierges yaragurishije itongo ry’amahegitari 2 kugira ngo umuryango wiwe wose ugizwe n’abantu batandatu ushobore kuryitaba. Hari umugabo n’umugore wiwe bakiri bato bagurishije ubwato bwabo bw’imoteri, kugira ngo bashobore gutwara kw’iteraniro abana babo bose batatu bafise imyaka iri hagati y’amezi abiri n’imyaka indwi. Abavukana batatu b’i Kariforoniya bari babwiwe yuko baramutse basivye akazi kabo, batogasubiyeko bagarutse. Naho vyari uko, ivyo ntivyababujije kwitaba iryo teraniro ritazokwibagirwa. Abavukanyi n’abavukanyikazi baba ahabereye iryo hwaniro baragurishije inka, impene, intama canke ivyo bimbuye, kugira ngo bashobore kwitaba amahwaniro.

5 Yehova Aratanga Impera ku bw’Utwigoro Twinshi Tugira: Yehova arabona kandi agahezagira utwigoro abasavyi biwe bagira. (Heb. 6:10) Nk’akarorero, kuri rya Teraniro ryo mu 1950 ryataziriwe ngo Iyongerekana mu vya Gitewokarasi, abaryitavye barakurikiye insiguro y’akataraboneka yari ifise umutwe uvuga ngo: “Urunkwekwe Rushasha rw’Ibintu.” Umuvukanyi Frederick Franz yaravyuriye ugushimishwa abantu bose mu kubaza ati: “Mbega abitavye iri teraniro mpuzamakungu ntibonezerwa no kumenya yuko ngaha, kuri uyu mugoroba, muri twebwe hari abaraririye kuzoba abaganwa b’isi nshasha batari bake?” Imyaka irenga 50 iraheze tukinezererwa ukwo gutahura Zaburi 45:16 mu buryo butomoye.

6 Inyuma yaho serugo umwe afise agatima ko gukenguruka yitabiye ihwaniro ry’intara ryo mu mwaka uheze, yanditse ibikurikira: “Bavukanyi, ntimwokwigera mumenya ukuntu iryo hwaniro ryatubereye irirokora ubuzima. Umuryango wanje wari wimukiye mu gisagara bivuye ku mpamvu z’akazi, ivyo na vyo bituma gusa tugeramirwa mu vy’impwemu. . . . Twari twarafashe minenerwe amabanga yacu ya gikirisu, eka mbere turahagarika buhere kwitaba amakoraniro hamwe no kugira uruhara mu murimo. . . . Iryo hwaniro ryaratuvyuriye ingoga, maze dusubira kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu, twongera turiyungunganya kugira ngo tuyirangure.”

7 Yehova ariko araturonsa imfungurwa z’ivy’impwemu dukeneye. Ku mahwaniro yacu Yehova aradutegurira imeza y’amazimano menshi. Ugukenguruka kwacu kuri iyo ntunganyo gukwiye gutuma tuvuga ivyo Koruneliyo yavuze igihe yagenderwa n’intumwa Petero ati: “Ubu twese dukoraniye imbere y’Imana turorereye iryo [“Yehova,” NW] yagutumye.” (Ivyak. 10:33, UB) Nimuze rero twishingire umugambi wo ‘gukoranira imbere y’Imana’ mu kiringo kimwekimwe cose c’Ihwaniro ry’Intara ry’uyu mwaka ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana” kandi tunezerwe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika