Nushikire Umutima w’Uwo Mwigana Bibiliya
1 Imbere yuko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe kwigisha abandi “kwitondera” ivyo yabategetse vyose. (Mat. 28:19, 20) Nimba umuntu agiye kuzokwitondera ivyo Kirisitu yategetse, ivyo tumwigisha bibwirizwa kumushika ku mutima. (Zab. 119:112) Woshobora gute gukora ku mutima umuntu mwigana Bibiliya?
2 Nusabe Yehova Ubuyobozi: Guhindura abantu abigishwa ni igikorwa c’Imana. Umuhezagiro wayo ni wo utuma turoranirwa, si ubushobozi bwacu. (Ivyak. 16:14; 1 Kor. 3:7) Ni co gituma gusaba Yehova imfashanyo mu gihe twigisha abandi ukuri ari ntahara.—Yes. 50:4.
3 Nutegere Ivyo Uwo Mutohoji Yemera: Kumenya ivyo abantu bemera n’igituma bavyemera birashobora gutuma tumenya ico tuvuga kugira ngo tubashike ku mutima. Ni igiki gituma umutohoji abona ko inyigisho yinaka ikwegera? Ni igiki camujijuye yuko ishobora kwemerwa? Kumenya ivyo birashobora kudufasha kuvugana ubukerebutsi.—Ivyak. 17:22, 23.
4 Nukoreshe Ivyiyumviro Bitegereka vyo mu Vyanditswe: Ukuri gukwiye kuba kwumvikana kuri uwo mutohoji. (Ivyak. 17:24-31) Turakwiye gutanga imvo yumvikana y’ivyizigiro vyacu. (1 Pet. 3:15) Ariko rero, wame ubigirana ubuntu, n’ukwihangana.
5 Nukomeze Inyigisho Ukoresheje Ibigereranirizo: Ibigereranirizo ntibituma gusa inyigisho yorohera umutohoji gutegera, biranamuvyurira akanyengetera. Biragira ico bikora ku muzirikanyi no ku mutima. Yezu yarabikoresha kenshi. (Mrk. 4:33, 34) Birumvikana yuko kugira ngo ikigereranirizo gikoreshejwe kibe kirumara, gitegerezwa kuba kijanye n’iciyumviro kiriko kiraganirwa. Gikwiye kandi kuba kijanye n’ubuzima bwa nya mutohoji.
6 Niwerekane Ivyiza Biva ku Kwakira Ukuri: Abantu barashaka kumenya ivyiza biva ku gushira mu ngiro ivyo bariko bariga. Fasha umutohoji wawe kubona ubukerebutsi buri mu majambo ya Paulo ari muri 2 Timoteyo 3:14-17.
7 Ntucike intege nimba bamwe batitabira inyigisho yawe. Imitima yose ntiyakira ukuri. (Mat. 13:15) Ariko rero, ntikibuza ko abantu bamwebamwe bacika abizera. (Ivyak. 17:32-34) Ese utwigoro ugira two gushikira imitima ukoresheje inkuru nziza twofasha abandi benshi kwemera ivyo Yezu yategetse bakongera ‘bakavyitondera.’