Niwishingire Imigambi yo mu vy’Impwemu
1 Ese ukuntu azoba ari agateka gushemeza Yehova ibihe bidahera! Kugira ngo bidufashe gushika kuri uwo mugambi, turashobora gushinga imigambi yo mu vy’impwemu yihutirwa kuruta iyindi, kandi tukihatira kuyishikako. Ivyo biratuma dushobora gukoresha inguvu zacu mu buryo buranga ubukerebutsi. (1 Kor. 9:26) Ni imigambi iyihe yoba ishoboka kuri wewe?
2 Kwiga Bibiliya: Woba witegurira ikoraniro ry’ishengero iryo ari ryo ryose? Niba ubigira, igihe wiga woba ufata umwanya wo kugira ubushakashatsi no kuzirikana? Nk’akarorero, igihe witegurira Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi be n’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero bigirwa ku ndwi ku ndwi, woba gusa uca imirongo ku nyishu, canke uraraba ivyanditswe vyatanzwe ukongera ukazirikana ku mvo zatumye insobanuro zirimwo zitangwa? Woba ushobora kwishingira umugambi w’uko ku ndwi ku ndwi ugira ubushakashatsi ku vyiyumviro bike bivuye mu gisomwa ca Bibiliya cashinzwe gusomwa ku bw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi? Ukwo kugira ubushakashatsi mu vy’impwemu gusaba umwanya n’akigoro, mugabo kuvamwo impera nyinshi.—Imig. 2:4, 5.
3 Amakoraniro y’Ishengero: Uwundi mugambi ni uwo kwitaba ubudahorereza amakoraniro y’ishengero yose uko ari atanu. Gushika kare bihagije kugira ngo wifatanye n’abo musangiye ukwemera no kugira ngo ugire uruhara mu ruririmbo rwo kwugurura be no mw’isengesho, birafasha kuryohora inyifato y’ishengero. Twoshobora kandi kwihatira gutanga insasanuro kw’ikoraniro iryo ari ryo ryose no kugerageza kuryohora insasanuro dutanga. Kumbure urashobora kwerekana ukuntu icanditswe kiri mu ngingo gifitaniye isano n’ikiyago muriko muganirako, canke kwerekana ukuntu amayagwa yoshirwa mu ngiro mu buzima bwa misi yose.—Heb. 10:24, 25.
4 Umurimo wo mu Ndimiro: Ubusuku turangura buratera imbere cane igihe twishingira imigambi. Woba warishingiye umugambi w’amasaha utegekanya kuza uramara mu murimo ku kwezi ku kwezi? Bamwebamwe basanga ivyo bibafasha. Canke, woba ushobora kuryohora mu mice imwimwe y’ubusuku urangura, nk’ugukoresha Bibiliya mu gikorwa c’inzu ku nzu, gusubira kugendera abantu mu buryo burushirije kuba ngirakamaro, kwihatira gutanguza inyigisho ya Bibiliya, canke kurushiriza kwigisha mu buryo ngirakimazi mu gihe c’inyigisho za Bibiliya?
5 Bavyeyi, mwoba muriko muremesha abana banyu kwishigira imigambi mu murimo wa Yehova? Nimubafashe kubona yuko gukora ubutsimvyi canke kuba uwo mu bagize umuryango wa Beteli ari uburyo bwiza ntangere bwo kugaragaza yuko bakengurukira Yehova mu buryo bugera ibwina.—Umus. 12:1.
6 Uko twihweza igikorwa turangura, tukishingira imigambi maze tukihatira kuyishikako, turarushiriza kugira umunezero mwinshi mu murimo turangura kandi tukaba isoko ry’indemesho ku bandi.—Rom. 1:12.