ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/05 rup. 3
  • Ividewo irimwo ubutumwa budata igihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ividewo irimwo ubutumwa budata igihe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Igituma Dawidi Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 3/05 rup. 3

Ividewo irimwo ubutumwa budata igihe

Ni ubutumwa ubuhe buri muri videwo yitwa David—Il mettait sa confiance en Dieu (Dawidi yarizigira Imana)? Ni ubutumwa buvuga yuko dutegerezwa kwizigira Yehova nka kumwe kwa Dawidi (Zab. 91:2). Kwibonera ibintu bikomakomeye vyashitse mu buzima bwa Dawidi vyerekanwa muri iyo videwo, bizofasha abana be n’abakuze kwigira ku karorero yadusigiye (Zab. 31:14). Kugira ngo turushirize kuhungukira, iyo videwo iri ku kadisiki kitwa DVD irimwo n’ibibazo vy’ugusuzuma ubumenyi (Video Quiz) hamwe n’udukorwa twigisha twinshi (Activités éducatives).

Nurabe iyo videwo hanyuma wibaze uti: (1) Ni kubera iki Yehova yahisemwo umwami mwiza kuruta? (1 Sam. 15:10, 11; 16:1) (2) Ni kubera iki atahisemwo uwundi uwo ari we wese muri bene wabo na Dawidi? (1 Sam. 16:6, 7) (3) Ni kubera iki Sauli yashima ko Dawidi amuvugiriza inanga? (1 Sam. 16:14-23) (4) Goliyati yari nde? (1 Sam. 17:4-10) (5) Ni kubera iki Dawidi yashimye kurwana na Goliyati? (1 Sam. 17:23, 24, 36, 37) (6) Yonatani yari nde? (1 Sam. 14:1) (7) Ni ryari Sauli yacitse umwansi katwa wa Dawidi? (1 Sam. 18:25-29) (8) Ni kubera iki Dawidi atishe Sauli? (1 Sam. 26:7-11) (9) Sauli yapfuye gute? (1 Sam. 31:1-6) (10) Dawidi yavyifashemwo gute igihe Yonatani yapfa? (2 Sam. 1:11, 12) (11) Ni igiki Yehova yasezeraniye Dawidi? (2 Sam. 7:12, 13, 16) (12) Ni amakosa akomeye ayahe Dawidi yakoze? (2 Sam. 11:1-5, 14-17) (13) Dawidi yerekanye gute ko yababajwe cane n’ivyo yari yarakoze? (Zab. 51) (14) Ni ivyigwa ibihe Dawidi yigishije umusore Salomo? (1 Abm. 2:1-4; 1 Ngo. 22:6-13; 28:9, 10) (15) Ni ivyiza ibihe ubutegetsi bwa Yezu buzozanira Dawidi, Yonatani na wewe?— Yes. 11:6-9; Yoh. 11:25, 26.

Ubu na ho, zirikana kuri iki kibazo: Wewe ubwawe wokwigana gute ukwizigira Imana kwa Dawidi?

Bavyeyi, nimwinjize mu bana banyu ivy’uko kwizigira Imana nka kumwe kwa Dawidi vyama nantaryo bihambaye.—Zab. 56:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika