Abakobwa ba Zelofehadi bariko basaba intoranwa ya se
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Niwigane ukutagira nkunzi kwa Yehova
Abakobwa batanu ba Zelofehadi bararondeye kuzigama intoranwa ya se (Gh 27:1-4; w13 15/6 10 ing. 14; raba ishusho iri ku gipfukisho)
Ingingo Yehova yafashe yarerekanye ko atagira nkunzi (Gh 27:5-7; w13 15/6 11 ing. 15)
Natwe dutegerezwa kutagira nkunzi mu vyo dukora (Gh 27:8-11; w13 15/6 11 ing. 16)
Turigana Yehova mu gutera iteka abo dusangiye ukwemera, mu kubagaragariza urukundo rudahemuka no mu kubwira inkuru nziza abantu b’uburyo bwose.