UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nurondere kumenya uko Imana ibona ibintu
Twipfuza guhimbara Yehova mu vyo dukora vyose. (Img 27:11) Kugira tubishikeko, turakeneye gufata ingingo zihuye n’uko Imana ibona ibintu mbere n’igihe ata tegeko ritomoye rihari twokwisunga. None ni ibiki vyodufasha muri ivyo?
Nugume wiyigisha Bibiliya udahorereza. Igihe cose tuba turiko turasoma Bibiliya, ni nk’aho tuba tumaranye akanya na Yehova. Turashobora kumenya uko Yehova abona ibintu turavye ivyo yakoreye abasavyi biwe kandi tugasuzuma uburorero bw’abakoze ivyo abona ko ari vyiza canke ivyo abona ko ari bibi. Igihe tugomba gufata ingingo, impwemu nyeranda irashobora kutwibutsa ivyigwa bihambaye hamwe n’ingingo ngenderwako twize mw’Ijambo ry’Imana.—Yoh 14:26.
Nugire ubushakashatsi. Igihe ugomba gufata ingingo, niwibaze uti: ‘Ni ivyanditswe ibihe canke inkuru izihe zo muri Bibiliya zomfasha gutahura ukuntu Yehova abona iki kintu?’ Nusabe Yehova agufashe, wongere ukoreshe ibikoresho vy’ubushakashatsi biboneka mu rurimi rwawe kugira ubone ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihuye n’ikibazo cawe maze uzisunge.—Zb 25:4.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO DUTEGEREZWA ‘KWIRUKA TWIHANGANYE’—NIWIFUNGURIRE IBITUMA UGIRA AMAGARA MEZA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Uwo mushiki wacu yerekanywe muri iyo videwo yari ahanganye n’ibibazo ibihe?
Wokoresha gute ibikoresho vy’ubushakashatsi kugira ushobore guhangana n’ibibazo mwene ivyo?
Twungukira gute ku gufata akanya ko kugira ubushakashatsi no kwiyigisha ibintu vyodufasha gufata ingingo nziza?—Heb 5:13, 14