ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Rusama rup. 32
  • Kwihanganira akarenganyo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwihanganira akarenganyo
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Wa “Mucamanza w’isi yose” yama akora ibigororotse
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yehova ariko aragufasha kuroranirwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yozefu yaragamburukiye Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Rusama rup. 32

IVYO WOKWIYIGISHA

Kwihanganira akarenganyo

Soma Itanguriro 37:​23-28; 39:​17-23 kugira ngo ubone akarenganyo Yozefu yihanganiye.

Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Ni ibiki vyatumye Yozefu bamufata nabi? (Ita. 37:​3-11; 39:​1, 6-10) Yamaze igihe kingana gute yihanganiye akarenganyo? (Ita. 37:2; 41:46) Muri ico kiringo, ni ibiki Yehova yakoreye Yozefu, ariko ni ibiki atamukoreye?—Ita. 39:​2, 21; w23.01 17 ing. 13.

Rondera kumenya n’ibindi. Bibiliya ntivuga ko Yozefu yoba yarisiguye ku binyoma muka Potifari yamwagirije. Ivyanditswe bikurikira bidufasha gute kwiyumvira icoba caratumye Yozefu ahitamwo kutisigura, canke ku gituma tudakwiye kwitega ko Bibiliya itubwira amakuru yose ku nkuru kanaka? (Imig. 20:2; Yoh. 21:25; Ivyak. 21:37) Ni kamere izihe zishobora kuba zarafashije Yozefu kwihanganira akarenganyo?—Mika 7:7; Luka 14:11; Yak. 1:​2, 3.

Rondera ivyigwa wohakura. Niwibaze uti:

  • «Ni ibintu ibihe vy’akarenganyo bishobora kuzonshikira kubera ko ndi umwigishwa wa Yezu?» (Luka 21:​12, 16, 17; Heb. 10:​33, 34)

  • «Ni ibiki vyomfasha kuzoguma nshikamye ninarenganywa?» (Zab. 62:​7, 8; 105:​17-19; w19.07 2-7)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika