IKIGANIRO C’UKWIGA CA 29
URURIRIMBO RWA 87 Ingo muruhurirwe!
Ingene twotanga impanuro
«Nzokugira inama, ndakugumizeko ijisho.»—ZAB. 32:8.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ingene twotanga impanuro zogirira abandi akamaro.
1. Ni nde akwiye gutanga impanuro, kandi kubera iki?
UBONA gute ibijanye no gutanga impanuro? Hari abo vyorohera. Abandi na bo usanga bagonanwa gutanga impanuro canke bakabura uko bifata bariko barayitanga. Vyaba bitworohera canke bitatworohera, rimwe na rimwe twese tubwirizwa gutanga impanuro. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu yavuze yuko abigishwa biwe b’ukuri boranzwe n’urukundo bakundana. (Yoh. 13:35) Uburyo bumwe twerekana urwo rukundo, ni mu guha impanuro abavukanyi na bashiki bacu igihe bikenewe. Nakare Ijambo ry’Imana rivuga ko iyo duhaye umuntu «impanuro nziza» bituma ubugenzi bukomera.—Imig. 27:9.
2. Ni igiki abakurambere bakwiye kuba bashoboye gukora, kandi kubera iki? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Impanuro zitangwa mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.»)
2 Abakurambere ni bo canecane bakwiye kuba bashoboye gutanga impanuro nziza. Yehova abicishije kuri Yezu yaragenye abo bagabo kugira ngo baragire ishengero. (1 Pet. 5:2, 3) Kimwe mu vyo bakora mu kwitwararika ishengero, ni ugutanga impanuro zishingiye kuri Bibiliya mu nsiguro bashikiriza. Bategerezwa kandi guha impanuro intama imwimwe yose ku giti cayo, ushizemwo n’ababa baravuye mu ruhongore. None abakurambere, na twebwe tudasigaye inyuma, twoshobora gute gutanga impanuro nziza?
3. (a) Twokora iki kugira tube abantu batanga impanuro nziza? (Yesaya 9:6; raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Niwigane Yezu igihe utanga impanuro.») (b) Tuza kuganira ku biki muri iki cigwa?
3 Turashobora kuba abantu batanga impanuro nziza mu kwiga ingene abantu bamwebamwe bo muri Bibiliya batanze impanuro, na canecane Yezu. Nakare rimwe mu mazina y’icubahiro yahawe ni «Umujanama w’agatangaza.» (Soma Yesaya 9:6.) Muri iki cigwa, turaza kuganira ku vyo twokora igihe hari uwudusavye impanuro be n’ivyo twokora igihe bibaye ngombwa ko dutanga impanuro batarinze kuyidusaba. Turaza no kubona igituma bihambaye gutanga impanuro ku mwanya ubereye no mu buryo bubereye.
IGIHE HARI UWUDUSAVYE IMPANURO
4-5. Igihe hari uwudusavye impanuro, ni ikibazo ikihe dukwiye kubanza kwibaza? Tanga akarorero.
4 Igihe hari uwudusavye impanuro dukwiye guca dukora iki? Twoshobora kuryoherwa cane tugaca twumva twogira ico tumufashije ubwo nyene. Ariko vyoba vyiza tubanje kwibaza duti: «Noba mbereye gutanga impanuro kuri iki kibazo?» Rimwe na rimwe, uburyo bwiza bwo kumufasha hari aho wosanga atari ukumuha impanuro, ahubwo ari ukumuronderera umuntu atahura neza ikibazo afise.
5 Raba aka karorero. Dufate ko umugenzi wawe somambike agize ingorane ikomeye y’amagara. Arakubwiye ko amaze gutangura kurondera uburyo butandukanye bwo kwivuza maze aca agusaba ko womuhitishamwo uburyo bwoba bwiza kuruta. Naho ushobora kuba ubona uburyo wiyumvira ko bwomufasha, nta buganga wigiye. Mu gihe nk’ico, uburyo bwiza bwo gufasha umugenzi wawe ni ukumufasha kurondera uwavyigiye.
6. Kubera iki vyoba vyiza turindiriye imbere yo gutanga impanuro?
6 Mbere n’igihe twoba tubona ko tubereye gutanga impanuro ku kibazo kanaka, twoshobora guhitamwo kurindira gato imbere yo kugira ico tubwiye uwaduhanuje. Uti kubera iki? Mu Migani 15:28 havuga ko ‘umugororotsi azirikana imbere yo kwishura.’ Bite ho igihe twiyumvira ko dufise inyishu y’ico kibazo? Na ho nyene vyoba vyiza dufashe akanya ko kugira ubushakashatsi, tugasenga, tukongera tukazirikana. Aho ni ho twokwizigira tudakeka ko impanuro tuza gutanga iza kuba ihuye n’ukuntu Yehova abona ico kibazo. Ehe raba akarorero k’umuhanuzi Natani.
7. Twigira iki ku vyashikiye umuhanuzi Natani?
7 Umwami Dawidi yarabwiye umuhanuzi Natani ko yipfuza kwubaka urusengero rwa Yehova. Natani yaciye ubwo nyene amuhanura kubigira. Ariko Natani yari akwiye kubanza kubaza Yehova. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova atashaka ko Dawidi ari we yubaka urwo rusengero. (1 Ngo. 17:1-4) Nk’uko iyo nkuru ivyerekana, igihe hari uwudusavye impanuro vyoba vyiza ‘dutevye kuvuga.’—Yak. 1:19.
8. Ni iyindi mvo iyihe ikwiye gutuma twiyubara igihe dutanga impanuro?
8 Raba iyindi mvo ikwiye gutuma twiyubara igihe dutanga impanuro. Twoshobora kugira ico tubazwa hamwe impanuro duhaye umuntu yotuma afata ingingo zimukwegera akarambaraye. Turafise imvo rero yumvikana yo kubanza kwiyumvira twitonze imbere yo gutanga impanuro.
GUTANGA IMPANURO ATA WUYIDUSAVYE
9. Ni igiki abakurambere bakwiye kubanza kumenya neza imbere yo gutanga impanuro? (Abagalatiya 6:1)
9 Rimwe na rimwe, abakurambere baribwiriza guha impanuro umuvukanyi canke mushiki wacu yafashe «inzira itari yo.» (Soma Abagalatiya 6:1.) Umuntu yoshobora kuba ariko arafata ingingo zitaranga ubukerebutsi zomushikana ku gukora igicumuro gikomeye. Intumbero rero y’abakurambere iba ari iyo gufasha umuntu nk’uyo kuguma mu nzira ijana mu buzima budahera. (Yak. 5:19, 20) Ariko rero, kugira ngo impanuro batanga ibe kirumara barakwiye kubanza kumenya neza nimba uwo muntu amaze gufata vy’ukuri inzira itari yo. Baribuka ko twese Yehova yaturemanye ubushobozi bwo gufata ingingo twisunze ijwi ryacu ryo mu mutima. (Rom. 14:1-4) Bite hoho nimba umuvukanyi kanaka yamaze gufata inzira itari yo maze abakurambere bakabona ko bakwiriye kumuhanura?
10-12. Ni ibiki abakurambere bakwiye gukora imbere yo gutanga impanuro ata wayibasavye? Tanga akarorero. (Raba n’amafoto.)
10 Ntivyorohera abakurambere igihe babwirizwa guhanura umuntu atabibasavye. Kubera iki? Intumwa Pawulo yavuze ko umuntu ashobora gufata inzira itari yo ntabimenye. Abakurambere barakwiye rero kubanza gutegura uwo muntu imbere yo kumuhanura.
11 Guhanura umuntu atabigusavye twobigereranya no gutera ibiterwa ahantu hagumaraye. Imbere y’uko umurimyi atangura kuhateragira abanza kuharima kugira ngo horohe. Amaze gutera izo mbuto arazivomera kugira ngo zikure. N’umukurambere rero, imbere yo guhanura umuntu atabimusavye, vyoba vyiza amuteguye kugira ngo yakire neza iyo mpanuro. Nk’akarorero, amaze kubona akaryo kabereye ko kuyagisha uwo muvukanyi, aramubwira ko amukunda kandi ko hari ico yashaka ko baganira. Igihe uwutanga impanuro azwi ko ari umuntu akundana kandi yitwararikana, biroroha ko abandi bakira impanuro abaha.
12 Bariko baraganira, uwo mukurambere arabandanya gutuma uwo muvukanyi yoroherwa no kwakira iyo mpanuro mu kumwereka ko twese dukora amakosa kandi ko rimwe na rimwe dukenera guhanurwa. (Rom. 3:23) Uwo mukurambere abigiranye icubahiro kigera kure n’ijwi rituje, aramwereka neza akoresheje Ivyanditswe ko yafashe inzira itari yo. Uwo muvukanyi amaze gutahura ko yakoze ikosa, uwo mukurambere aca amera nk’uwuteragira imbuto mu kumusigurira neza ico yokora kugira ngo akosore ibintu. Amaherezo, uwo mukurambere aca amera nk’uwuvomera izo mbuto mu gukeza uwo muvukanyi ata buryarya no mu gusenga bari kumwe.—Yak. 5:15.
Gutanga impanuro utarinze kubisabwa bisaba urukundo n’ubuhanga (Raba ingingo ya 10-12)
13. Abakurambere bokora iki kugira biyemeze neza ko uwo bahaye impanuro ayitahura?
13 Rimwe na rimwe, ivyo uwutanga impanuro avuga be n’ivyo uwuyihabwa atahura biratandukanye. None abakurambere bokora iki kugira biyemeze neza ko impanuro batanze yatahuwe neza? Barashobora gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru mu kubaza utubazo babigiranye ukwiyubara n’icubahiro. (Umus. 12:11) Inyishu atanga ni zo zituma babona neza ko uwo muntu yatahuye impanuro yahawe.
GUTANGA IMPANURO KU GIHE KIBEREYE NO MU BURYO BUBEREYE
14. Kubera iki tudakwiye gutanga impanuro igihe dushavuye?
14 Kubera ko twese tudatunganye, rimwe na rimwe birashika tugakora canke tukavuga ibintu bibabaza abandi. (Kol. 3:13) Na Bibiliya irerekana ko bishobora gushika tugashavuza abandi canke na bo bakadushavuza. (Ef. 4:26) Ariko rero, turakwiye kwirinda gutanga impanuro igihe dushavuye. Uti kubera iki? Kubera ko «ishavu ry’umuntu ridashitsa ivyo Imana ibona ko bigororotse.» (Yak. 1:20) Igihe dutanze impanuro dushavuye turahakwa kwonona vyinshi gusumba ivyo twokiza. Ariko ivyo ntibisobanura ko tudakwiye kwigera tubwira uwatubabaje ukuntu tubona ibintu be n’ukuntu tumerewe. Yamara tubanje gutekana ni ho vyogenda neza kuruta. Raba akarorero twokwigira kuri Elihu wa muhanuzi mwiza wa Yobu.
15. Twigira iki ku karorero ka Elihu? (Raba n’ifoto.)
15 Elihu yaramaze imisi yumviriza ukuntu Yobu yisigura ku bintu ba bagenzi biwe b’ikinyoma bariko baramwagiriza. Elihu yarumviye impuhwe Yobu. Ariko kandi yaramushavuriye cane kubera ko yariko aragerageza kwerekana ko ari we ari mu kuri, bica bituma avuga ibintu bitari vyo kuri Yehova. Naho ari ukwo, Elihu yararindiriye gushika ashikiriwe hanyuma ahanura Yobu abigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure. (Yobu 32:2; 33:1-7) Akarorero ka Elihu karatwigisha iki kintu gihambaye: Impanuro nziza ni iyitanzwe ku gihe kibereye no mu buryo bubereye, ni ukuvuga mu buryo buranga urukundo n’icubahiro.—Umus. 3:1, 7.
Naho mu ntango Elihu yari yashavuye, yabanje kurindira maze ahanura Yobu mu bugwaneza n’icubahiro kigera kure (Raba ingingo ya 15)
NUBANDANYE GUHANURA ABANDI NO KWEMERA GUHANURWA
16. Ni icigwa ikihe dukura muri Zaburi 32:8?
16 Icanditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro kivuga ko Yehova ‘atugira inama akatugumizako ijisho.’ (Soma Zaburi 32:8.) Ivyo bisobanura ko atigera adutererana. Ntaduha gusa impanuro, ahubwo aradufasha no kuzikurikiza. Ese ingene ari akarorero keza twokwigana! Igihe na twebwe rero dutewe iteka ryo guhanura abandi, nimuze twigane Yehova mu kubagumizako ijisho no mu kubafasha uko dushoboye kwose kugira baroranirwe.
17. Abakurambere batanga impanuro zidomako kandi zishingiye kuri Bibiliya bameze nk’iki? Sigura. (Yesaya 32:1, 2)
17 Ubu kuruta ikindi gihe, turakenera guhanura abandi no guhanurwa. (2 Tim. 3:1) Abakurambere batanga impanuro zidomako kandi zishingiye kuri Bibiliya bameze «nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi.» (Soma Yesaya 32:1, 2.) Abagenzi baduha impanuro tuba dukeneye koko aho kudusiga inkore ku maso, baba baduhaye ikintu c’agaciro cane «nk’amapome y’inzahabu ari mu dusharizo tw’ifeza.» (Imig. 25:11) Ese twese twobandanya kwironsa ubukerebutsi bwodufasha gutanga impanuro nziza no kuzakira.
URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima