Akajambo k'epfo
a Incabwenge y’Umudagi yitwa Heinrich Meyer ivuga iti: “Kubera . . . yuko umubiri wa Yezu utari bwamanyurwe (ni ukuvuga kuba yari akiri muzima), be n’uko amaraso yiwe atari bwaseswe, nta n’umwe muri abo batumire [ni ukuvuga intumwa] yari gushobora kwiyumvira . . . ko bariko bararya bongera banywa vy’ukuri umubiri nya mubiri n’amaraso nya maraso vy’Umukama, [akaba ari co gituma] Yezu ubwiwe atari afise intumbero y’uko amajambo yiwe asanzwe atahurwa mu buryo batari basanzwe bemera ico gihe.”