Akajambo k'epfo
a Kubera ko tudatunganye, twoshobora kuvuga canke gukora ibintu bibabaza abavukanyi na bashiki bacu. None bishitse tuvyifatamwo gute? Twoba twihatira gusubiza hamwe? Twoba tunyaruka gusaba imbabazi? Canke duca twiyumvira ngo birabasha? Ku rundi ruhande, twoba dukunda kubabazwa n’ivyo abandi bavuga canke bakora? Twoba duca twisigura ngo ni ko twimereye? Canke duca tubona ko ari ubugoyagoye dukwiye gutsinda?