ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 11 rup. 14
  • Indirimbo zahumetswe zihumuriza kandi zigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indirimbo zahumetswe zihumuriza kandi zigisha
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Mbere ca Zaburi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatanu ca Zaburi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Kabiri ca Zaburi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 11 rup. 14
Dawidi ariko aravuza inanga yongera aririmba

IGIHIMBA CA 11

Indirimbo zahumetswe zihumuriza kandi zigisha

Dawidi be n’abandi Bisirayeli baratunganya indirimbo zikoreshwa mu gusenga. Igitabu ca Zaburi kirimwo indirimbo 150

IGITABU co muri Bibiliya kinini kuruta ibindi, ni ikigizwe n’indirimbo nyeranda. Ico gitabu cose camaze hafi imyaka 1.000 kiriko kiratunganywa. Igitabu ca Zaburi kirimwo amwamwe mu majambo aserura ukwizera akomeye cane kandi akora ku mutima atari bwigere yandikwa. Ico gitabu kiraserura inyiyumvo nyinshi zitandukanye abantu bagaragaza, uhereye ku munezero, ugushemeza n’ugukenguruka ugashika ku ntuntu, umubabaro n’ukwigaya. Biragaragara rero ko abanditsi b’ayo mazaburi bari bafitaniye n’Imana ubucuti somambike burimwo ukuyizigira. Reka turimbure bimwebimwe mu vyiyumviro biserurwa muri izo ndirimbo.

Yehova ni Segaba akwiriye kuganza, akaba abereye gusengwa no gushemezwa. Muri Zaburi 83:18 dusoma duti: “Wewe, uwitwa [“Yehova,” NW], [ni] wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.” Amazaburi atari make arashemeza Yehova kubera ibikorwa vyiwe vy’irema, nk’ijuru ryuzuye inyenyeri, ibintu bitangaje bifise ubuzima vyo kw’isi be n’ukuntu umubiri w’umuntu uremwe mu buryo bw’igitangaza. (Zaburi 8, 19, 139, 148) Ayandi mazaburi araninahaza Yehova nka we Mana igira ico ikoze kugira ngo irokore yongere ikingire abaguma ari intahemuka kuri yo. (Zaburi 18, 97, 138) Ayandi na yo arashira hejuru Yehova nka we Mana y’ubutungane itabara abahahazwa, igahana abanyakibi.—Zaburi 11, 68, 146.

Yehova arafasha abamukunda akongera akabahumuriza. Zaburi ihambaye cane muri uwo muce ishobora kuba ari iya 23, muri yo Dawidi akaba adondora Yehova ko ari Umwungere munyarukundo ayobora intama ziwe, akazikingira akongera akazibungabunga. Muri Zaburi 65:2 haributsa abasavyi b’Imana ko Yehova ‘yumva ivyo asabwa.’ Abantu benshi bakoze ibicumuro bikomeye barahumurijwe cane na Zaburi 39 be n’iya 51, aho Dawidi adondora ata buryarya ukuntu yigaye ibicumuro vyiwe bikomeye akongera agaserura ukuntu yizigiye ko Yehova yomugiriye ikigongwe. Muri Zaburi 55:22 harimwo amajambo aduhimiriza kwizigira Yehova no kumukorera imitwaro yacu yose.

Yehova azohindura isi biciye ku Bwami buyobowe na Mesiya. Ivyanditswe bitari bike vyo mu gitabu ca Zaburi birerekeza neza na neza kuri Mesiya, wa Mwami yari yarasezeranywe. Zaburi ya 2 iravuga ko uwo Mutware azorandura amahanga akora ikibi amurwanya. Zaburi ya 72 irahishura ko uwo Mwami azokuraho ikigoyi, akarenganyo n’agahahazo. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 46:9, Imana izokuraho intambara, inasangangure ibirwanisho vyose vy’intambara biciye ku Bwami burongowe na Mesiya. Muri Zaburi 37, dusoma yuko abanyakibi batazoba bakiriho mu gihe abagororotsi bobo bazoba kw’isi ibihe bidahera, hose hakarangwa amahoro n’umwumvikano.

​—Bivugwa mu gitabu ca Zaburi.

  • Igitabu ca Zaburi gishigikira gute uburenganzira Yehova afise bwo gutegeka?

  • Ni amazaburi ayahe yerekana ukuntu Imana ifasha ikongera igahumuriza abayikunda?

  • Igitabu ca Zaburi kivuga yuko Yehova azohindura isi gute?

INDIRIMBO YA SALOMO

Mu Ndirimbo ya Salomo, uwo mwami arahishura yuko mbere n’ubutunzi bwinshi cane yari afise butari co kintu cemeza yuko yokwamye nantaryo aronka ibintu vyose yipfuza mu bijanye n’urukundo. Arigana ukuntu yagerageje kuresha umwigeme w’isugi yasa n’irirenga yari asanzwe akundanye n’umwungere. Iyo ndirimbo yahumetswe irerekana yuko naho abantu boba bashimanye bimwe bikomeye, atari ngombwa ngo batsindwe n’inyosha zo gukora ibintu mu buryo butaranga urupfasoni. Uwo musore n’inkumi bari bareshanije baragaragaza kamere z’igikundiro nk’ukwigumya, ukutandura n’ukudahemukiranirana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika