ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w22 Ruhuhuma rup. 2-7
  • Woba wizigira uburyo Yehova akora ibintu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wizigira uburyo Yehova akora ibintu?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWIZIGIRE YEHOVA IGIHE USOMA BIBILIYA
  • NIWIZIGIRE YEHOVA IGIHE UHAWE UBUYOBOZI
  • INGENE KWIZIGIRA YEHOVA MURI IKI GIHE BIDUTEGURA KU BWA KAZOZA
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwame wizigira Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Niwizigire Yehova N’umutima Wawe Wose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
w22 Ruhuhuma rup. 2-7

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 6

Woba wizigira uburyo Yehova akora ibintu?

“Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose ari ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.”​—GUS. 32:4.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKEa

1-2. (a) Kubera iki abantu benshi muri iki gihe bibagora kwizigira indongozi zabo? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

MURI iki gihe, abantu benshi usanga bibagora kwizigira indongozi n’imwe. Barabonye ko intwaro be n’inzego z’ubutungane zigirira ka mwana wa mama abatunzi n’abakomeye, ariko zikarenganya abakene. Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ivuga iti: “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umus. 8:9) N’abakuru b’amadini bamwebamwe, ivyabo vyifashe gutyo nyene. Ivyo vyatumye abantu bamwebamwe badasubira kwizigira Imana. Igihe rero hagize uwemera kwiga Bibiliya, usanga bitatworohera kumufasha kwizigira Yehova be n’abamuserukira ng’aha kw’isi.

2 Ariko rero, abo twigisha Bibiliya si bo bonyene bakeneye kwiga kwizigira Yehova be n’ishirahamwe ryiwe. Mbere na twebwe naho twoba tumaze imyaka myinshi turi mu kuri, ntidukwiye kwigera twibagira ko uburyo Yehova akora ibintu bwama ari bwo bwiza kuruta. Rimwe na rimwe, hoshobora gushika ibintu bishira ahabona urugero tugezako mu kwizigira Yehova. Muri iki kiganiro, tugiye kwihweza imice itatu, aho ukwizera kwacu gushobora gushirwa ku munzane: (1) igihe dusoma inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya, (2) igihe ishirahamwe rya Yehova riduhaye ubuyobozi, (3) ibintu bitoroshe bishobora kuzodushikira muri kazoza.

NIWIZIGIRE YEHOVA IGIHE USOMA BIBILIYA

3. Inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya zishobora gute kwerekana urugero tugezako mu kwizigira Yehova?

3 Igihe turiko turasoma Bibiliya, turashobora kugira ibibazo ku bijanye n’ivyo Yehova yagiriye abantu bamwebamwe be n’ingingo zimwezimwe yafashe. Nk’akarorero, igitabu co Guharūra kiravuga ingene Yehova yaciriye urubanza rwo gupfa Umwisirayeli umwe yatoraguye udukwi ku musi w’Isabato. Muri Samweli wa kabiri na ho, havuga yuko imyaka amajana inyuma y’aho Yehova yababariye Umwami Dawidi icaha co kurenga ibigo no kwica. (Guh. 15:32, 35; 2 Sam. 12:9, 13) Twoshobora kwibaza duti: ‘Kubera iki none Yehova yababariye Dawidi icaha co kurenga ibigo no kwica, mugabo agacira urwo gupfa uwakoze icaha gisa n’ikidakomeye?’ Kugira turonke inyishu y’ico kibazo, nimuze turimbure ibintu bitatu dukwiye kuguma twibuka igihe turiko turasoma Bibiliya.

4. Ibivugwa mw’⁠Itanguriro 18:20, 21 no mu Gusubira mu vyagezwe 10:17, bidufasha gute kurushiriza kwizigira imanza za Yehova?

4 Si igihe cose Bibiliya itanga amakuru y’ido n’ido ku nkuru kanaka. Nk’akarorero, turazi ko Dawidi yigaye vy’ukuri ivyaha yakoze. (Zab. 51:2-4) Tuvuge iki hoho kuri wa muntu yarenga kw’itegeko ry’Isabato? Yoba yarigaye ku vyo yari yakoze? Yoba yari yarigeze kurenga ku mategeko ya Yehova? Yoba yari yarahawe imburi maze akazirengagiza? Bibiliya nta co ibivugako. Ariko ico tuzi neza coco ni iki: Yehova ‘ntiyigera arenganya.’ (Gus. 32:4) Afata ingingo yisunze ukuri kwose. Ntafatira ku mabwire, ku mwikeko, canke ku bindi bintu bituma abantu baca urwa ngondagonde. (Soma Itanguriro 18:20, 21; Gusubira mu vyagezwe 10:17.) Uko turushiriza kumenya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe, ni ko turushiriza kwizigira imanza ziwe. N’igihe inkuru kanaka yo muri Bibiliya yotuma tugira ibibazo tutoronkera inyishu muri iki gihe, ivyo tuzi ku Mana yacu birakwiye kugira ngo duhere amazinda yuko ‘igororotse mu nzira zayo zose.’​—Zab. 145:17.

5. Kuba tudatunganye bigira ingaruka gute ku kuntu tubona ibintu? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “Kuba tudatunganye biratuma tubona ibintu ukutari kwo.”)

5 Kuba tudatunganye birashobora gutuma tubona ibintu ukutari kwo. Kubera ko Imana yaturemye mw’ishusho yayo, ntitwipfuza kubona uwurenganya uwundi. (Ita. 1:26) Ariko rero kubera ko tudatunganye, turashobora kubona ibintu ukutari kwo, mbere n’igihe twoba twiyumvira ko dufise amakuru yose. Nk’akarorero, niwibuke ingene Yona yababajwe no kubona ingene Yehova yagiriye imbabazi abantu b’i Ninewe. (Yona 3:10–4:1) Yamara rero, raba ico vyavuyemwo. Abanyaninewe barenga 120.000 barigaye maze bararokoka. Vyahavuye bigaragara ko Yona ari we yabona ibintu ukutari kwo, mugabo ko atari Yehova.

Kuba tudatunganye biratuma tubona ibintu ukutari kwo

Umugabo yambaye amarori arimwo igipfungu bigatuma atabona neza ibimukikije.

Kubera ko tudatunganye, birashika ntitubone ibintu nk’uko Yehova abibona, ku ruhande rumwe ugasanga twarengeje urugero, ku rundi na ho tukabifata minenegwe. (1 Sam. 16:7) Ivyo vyoshobora gutuma dukekeranya uburyo Yehova akora ibintu. Ariko rero, uko ivyacu vyifashe twobigereranya n’umuntu yambaye amarori arimwo igipfungu. Naho yogerageza kuraba ibintu neza gute, ntabibona nk’uko biri koko. Muri ubwo buryo nyene, igihe bitugoye gutahura uburyo Yehova akora ibintu bimwebimwe, vyoshobora kuba biva ku kuba tudatunganye. Ni twebwe tubona ibintu ukutari kwo, si Yehova.​—Ezk. 18:29.

6. Kubera iki atari ngombwa ko Yehova adusigurira igituma afata ingingo?

6 Si ngombwa ngo Yehova asigurire abantu igituma afata ingingo. Ego ni ko, muri kahise Yehova yararetse abasavyi biwe baraserura amakenga ku bijanye n’ingingo yari yafashe canke izo yagira afate. (Ita. 18:25; Yona 4:2, 3) Vyongeye, rimwe na rimwe yarasigura igituma yafashe ingingo kanaka. (Yona 4:10, 11) Ariko rero, si ngombwa ngo Yehova adusigurire imvo zituma afata ingingo kanaka. Kubera ko ari Umuremyi wacu, imbere y’uko akora ikintu canke inyuma yo kugikora, ntakenera ko tubanza kucemeza.​—Yes. 40:13, 14; 55:9.

NIWIZIGIRE YEHOVA IGIHE UHAWE UBUYOBOZI

7. Ni igiki gishobora kutatworohera, kandi kubera iki?

7 Turemera n’umutima wacu wose ko Yehova yama akora ibigororotse. Ariko rero, birashobora kutatworohera kwizigira abo yagenye ngo bamuserukire ng’aha kw’isi. Twoshobora kwibaza nimba abajejwe amabanga mw’ishirahamwe rya Yehova bakora ibintu bisunze koko ubuyobozi Yehova abaronsa canke nimba bisunga ivyiyumviro vyabo. Ivyo birashobora kuba vyarashikiye abantu bamwebamwe bo mu bihe vya Bibiliya. Zirikana bwa burorero twabona mu ngingo ya 3. Incuti ya wa muntu yicwa azira kurenga kw’itegeko ry’Isabato, ishobora kuba yaribajije nimba vy’ukuri Musa yarasiguje Yehova imbere yo kumucira urwo gupfa. Ku rundi ruhande, incuti ya Uriya Umuheti umugabo wa wa mugore yarenga ibigo na Dawidi, ishobora kuba yariyumviriye ko Dawidi yakoresheje ububasha yari afise bwo kuba umwami kugira ngo ntacirwe urubanza yari abereye. Ikizwi coco, ni uko tutovuga ko twizigira Yehova mu gihe tutizigira abo yizigira akabagena ngo bamuserukire ng’aha kw’isi.

8. Ibivugwa mu Vyakozwe 16:4, 5, bifitaniye isano gute n’ingene ishengero rikora muri iki gihe?

8 Muri iki gihe, Yehova ayobora igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Nka kumwe kw’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, uwo mushumba arahagarikira igikorwa kirangurwa n’abasavyi b’Imana kw’isi yose, akongera agaha ubuyobozi abakurambere. (Soma Ivyakozwe 16:4, 5.) Abo bakurambere na bo baca batanga ubwo buyobozi mu mashengero. Tugamburutse ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe be n’abakurambere, tuba twerekanye ko twizigira uburyo Yehova akora ibintu.

9. Ni ryari vyoshobora kutugora gushigikira ingingo abakurambere bafashe, kandi kubera iki?

9 Rimwe na rimwe, vyoshobora kutugora gushigikira ingingo abakurambere bafashe. Nk’akarorero, muri iyi myaka ya vuba amashengero menshi be n’imizunguruko vyaratunganijwe bushasha. Vyarashitse abakurambere barasaba abamamaji kwimukira mu rindi shengero mu ntumbero yo gukoresha neza Ingoro z’Ubwami. Hamwe twosabwa kuja mu rindi shengero, vyoshobora kutugora gutandukana n’incuti n’abagenzi. None Imana yoba ari yo ibwira abakurambere ishengero buri mwamamaji akwiye kujamwo? Habe namba. Ico kintu coshobora gutuma bitugora gukurikiza ubuyobozi tuba duhawe. Ariko ko Yehova yizigira abo bakurambere bafata izo ngingo, na twebwe turakwiye kubizigira.b

10. Twisunze Abaheburayo 13:17, kubera iki dukwiye gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere?

10 Kubera iki dukwiye gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere tukongera tugashigikira ingingo bafata, mbere n’aho zoba zisa n’izitatworohereza? Ni kubera yuko bituma abasavyi b’Imana bunga ubumwe. (Ef. 4:2, 3) Igihe abagize ishengero bose bagamburutse bicishije bugufi ingingo zifatwa n’inama y’abakurambere, ishengero riratera imbere. (Soma Abaheburayo 13:17.) N’igihambaye kuruta, iyo dusenyeye ku mugozi umwe n’abo Yehova yajeje ibanga ryo kutwitwararika, tuba twerekanye ko tumwizigira.​—Ivyak. 20:28.

11. Ni ibiki vyodufasha kurushiriza kwizigira ubuyobozi abakurambere baturonsa?

11 Kwibuka ko abakurambere basenga basaba impwemu nyeranda igihe baba bariko barihweza ibibazo bijanye n’ishengero, birashobora gutuma turushiriza kwizigira ubuyobozi baduha. Vyongeye, bararimbura bitonze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ivyo bibazo, bakongera bakaraba ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe rya Yehova. Ico baba bipfuza, ni uguhimbara Yehova be n’ukwitwararika abasavyi biwe uko bashoboye kwose. Abo bagabo b’abizigirwa barazi ko hari ico bazobazwa n’Imana ku kuntu barangura amabanga yabashinze. (1 Pet. 5:2, 3) Zirikana iki kintu: Muri iyi si yiciyemwo ibice bivuye ku macakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba, kw’idini no kuri politike, abasavyi ba Yehova bobo basenga Imana imwe y’ukuri bunze ubumwe. Ivyo bishoboka gusa kubera umuhezagiro Yehova ariko araronsa ishirahamwe ryiwe.

12. Ni ibiki abakurambere bategerezwa kurimbura igihe barondera kumenya nimba umuntu yigaya?

12 Yehova yarajeje abakurambere ibanga rihambaye ryo gukingira ishengero kugira ngo rigume rityoroye. Igihe hagize umukirisu akora igicumuro gikomeye, Yehova yiteze ko abakurambere bicarira ico kibazo kugira ngo barabe nimba uwo muntu yoguma mw’ishengero. Nk’akarorero, barakeneye kumenya nimba uwo muntu yigaya vy’ukuri. Naho yoshobora kuvuga ko yigaya, yoba vy’ukuri abona ko ivyo yakoze ari bibi? Yoba yiyemeje kutazosubira gukora ico gicumuro? Nimba abagenzi babi ari bo batumye akora ico gicumuro, yoba yiteguriye kuvavanura na bo? Abakurambere barasenga, bagasuzuma ivyabaye bisunze Ivyanditswe, bakongera bakaraba ingene uwo mucumuzi abona ikibi yakoze. Baca bafata ingingo nimba uwo mucumuzi yoguma mw’ishengero canke nimba atorigumamwo. Mu bihe bimwebimwe, biraba ngombwa ko acibwa.​—1 Kor. 5:11-13.

13. Ni amakenga ayahe twogira igihe incuti canke umugenzi aciwe?

13 Ni ryari bishobora kutugora kwizigira abakurambere? Igihe uwaciwe atari incuti canke umugenzi wa hafi, vyoshobora kutworohera kwemera ingingo abakurambere bafashe. Ubu na ho dufate ko uwaciwe ari umugenzi wacu somambike. Twoshobora kugira amakenga y’uko abakurambere batarimbuye ibintu vyose, canke tukibaza nimba vy’ukuri baciye urubanza nk’uko nyene Yehova yari kuruca. None ni igiki codufasha kuguma tubona iyo ngingo mu buryo bubereye?

14. Ni igiki codufasha igihe abakurambere bafashe ingingo yo guca incuti yacu canke umugenzi wacu somambike?

14 Turakwiye kwibuka ko guca umucumuzi ari intunganyo ya Yehova be n’uko bigirira akamaro ishengero be n’uwo mucumuzi nyene. Hamwe uwo mucumuzi atigaya yoguma mw’ishengero, yoshobora kurigirako akosho kabi. (Gal. 5:9) Vyongeye, ntiyobona uburemere bw’igicumuro yakoze, ivyo rero bikaba vyotuma atagira umutima wo guhindura ivyiyumviro vyiwe be n’ivyo akora kugira ngo asubire kwemerwa na Yehova. (Umus. 8:11) Turakwiye guhera amazinda yuko igihe abakurambere bafashe ingingo y’uko umuntu acibwa, baba babisuzumye bavyitondeye. Cokimwe n’abacamanza bo muri Isirayeli ya kera, abakurambere barazi ko ‘badaca imanza z’umuntu mugabo ko baca imanza za Yehova.’​—2 Ngo. 19:6, 7.

INGENE KWIZIGIRA YEHOVA MURI IKI GIHE BIDUTEGURA KU BWA KAZOZA

Abavukanyi na bashiki bacu bahuriye mu nzu yo mu kuzimu. Umuvukanyi umwe ariko aratanga ubuyobozi, uwundi na we agasa n’uwubugirako amakenga.

Ni igiki kizodufasha kwizigira no kugamburuka ubuyobozi tuzohabwa mu gihe ca ya makuba akomeye? (Raba ingingo ya 15)

15. Kubera iki dukwiye kurushiriza kwizigira ubuyobozi Yehova atanga muri iki gihe?

15 Uko iherezo ry’iyi si ryegereza, ni ko dukwiye kurushiriza kwizigira uburyo Yehova akora ibintu. Kubera iki? Mu gihe ca ya makuba akomeye, twoshobora kuzohabwa ubuyobozi umengo ntibwumvikana, kandi busa n’ubugoye gushira mu ngiro. Ico twomenya co, ni uko Yehova atazokwivuganira natwe. Biboneka ko azotanga ubuyobozi abicishije ku bo yagenye ngo bamuserukire ng’aha kw’isi. Ico ntikizoba ari igihe co gukekeranya ku buyobozi canke kubugirako amakenga twibaza ngo: ‘Bwoba vy’ukuri buvuye kuri Yehova, canke abavukanyi batuja imbere ni bo babwigeneye?’ Uzovyifatamwo gute muri ico gihe kizoba kigoye kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho? Inyishu y’ico kibazo ivana n’ingene ubona ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe muri iki gihe. Nimba wizigira ubuyobozi duhabwa muri iki gihe ukongera ukabugamburuka bivuye ku mutima, birashoboka ko uzobigenza gutyo nyene no mu gihe ca ya makuba akomeye.​—Luka 16:10.

16. Ingene twizigira imanza za Yehova bishobora gute kuzogezwa muri kazoza ka hafi?

16 Ikindi kintu dukwiye kuzirikanako ni ingene tuzokwakira imanza Yehova azoca kw’iherezo ry’iyi si mbi. Turafise icizere c’uko abantu benshi bataramenya Yehova, ushizemwo n’incuti zacu, bazohitamwo kumukorera imbere y’uko iherezo rishika. Ariko rero kuri Harumagedoni, Yehova abicishije kuri Yezu azofata ingingo ntabanduka ku biberekeye. (Mat. 25:31-33; 2 Tes. 1:7-9) Si twe tuzohitamwo abo Yehova azobabarira n’abo atazobabarira. (Mat. 25:34, 41, 46) Twoba tuzokwizigira imanza za Yehova, canke tuzoreka zidutsitaze? Biragaragara rero ko dukwiye kurushiriza kwizigira Yehova muri iki gihe, kugira ngo muri kazoza tuzomwizigire duherejeko.

17. Tuzokwungukira gute ku manza za Yehova iyi si mbi niyahera?

17 Iyumvire ingene tuzomererwa mw’isi nshasha nitwabona ivyo imanza za Yehova zizoba zavuyemwo. Idini ry’ikinyoma rizoba ryakuweho, tutibagiye igisata c’ubudandaji kirangwa n’umwina, hamwe n’intwaro zagiye ziracinyiza abantu zikabateza amarushwa atavugwa. Ntituzosubira kurwara, gusaza no kubura abacu. Shetani n’amadayimoni yiwe bazopfungwa imyaka igihumbi. Ingorane zose zatewe n’ubugarariji bwabo ntizizoba zikiriho. (Ivyah. 20:2, 3) Ese ukuntu ico gihe tuzokenguruka kuba twarizigiye uburyo Yehova akora ibintu!

18. Twisunze Guharūra 11:4-6 na 21:5, ni ibiki twigira ku karorero k’Abisirayeli?

18 Mw’isi nshasha, twoba tuzoshikirwa n’ibintu bituma tutizigira uburyo Yehova akora ibintu? Raba nk’akarorero ivyashikiye Abisirayeli gatoyi inyuma y’aho baviriye mu buja bwo mu Misiri. Bamwebamwe baratanguye kwidoga kubera ko batari bakironka ibifungurwa baronka bakiriyo, bongera basuzugura manu Yehova yabaronsa. (Soma Guharūra 11:4-6; 21:5.) Twoba natwe tuzogira ivyiyumviro nk’ivyo inyuma ya ya makuba akomeye? Ibikorwa tuzogira mu gusukura isi maze tukayihindura iparadizo intambwe ku yindi, ntituzi uko bizoba bingana. Birashoboka ko hazoba hari akazi kenshi, kandi ko mu ntango ubuzima bushobora kutazokworoha. Twoba tuzokwidogera ivyo Yehova azoturonsa ico gihe? Ico tuzi coco ni iki: Nimba turushiriza gukenguruka ivyo Yehova aturonsa muri iki gihe, bizokworoha ko dukenguruka n’ivyo azoturonsa muri ico gihe.

19. Vuga mu ncamake ivyiyumviro nyamukuru wize muri iki kiganiro.

19 Turakwiye kwizigira tudakeka ko uburyo Yehova akora ibintu bwama ari bwiza. Turakwiye kandi kwizigira abo Yehova acishako mu kuduha ubuyobozi. Ese tutokwigera twibagira ivyo Yehova yavuze biciye ku muhanuzi Yesaya, ati: “Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira.”​—Yes. 30:15.

NI IGIKI KIZODUFASHA KUDAKEKERANYA UBURYO YEHOVA AKORA IBINTU . . .

  • nitwasoma inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya?

  • nitwahabwa ubuyobozi?

  • nitwashikirwa n’ibintu bitoroshe muri kazoza?

URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana

a Iki kiganiro kiraza kudufasha kubona igituma tworushiriza kwizigira Yehova be n’abamuserukira ng’aha kw’isi. Turaza no kubona igituma kubigenza gutyo bitugirira akamaro muri iki gihe, n’ingene bidutegura ku bw’ibintu bitoroshe bishobora kuzodushikira muri kazoza.

b Rimwe na rimwe, hoshobora kubaho imvo zituma umuntu canke umuryango kanaka baguma mw’ishengero basanzwe barimwo. Raba ikiganiro kivuga ngo “Inyishu ku bibazo vyanyu,” mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2002.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika