Imana yoba ifise ibiyiranga?
Inyishu zikunze gutangwa:
◼ “Imana iri ahantu hose, mu bintu vyose. Imeze nk’umuyaga.”
◼ “Imana ni ubwenge butadondoreka, ni ububasha busiga ubwenge.”
Yezu yabivuzeko iki?
◼ “Mu nzu ya Data hari ibibanza vyinshi.” (Yohani 14:2) Yezu yavuze mu buryo bw’ikigereranyo ko Imana ifise inzu, canke ahantu ho kuba.
◼ “Navuye kwa Data nza mw’isi. Vyongeye, ndiko ndava mw’isi nja kwa Data.” (Yohani 16:28) Yezu yaremera ko Imana ifise ibiyiranga, ikaba iba ahantu kandondwa.
YEZU ntiyigeze avuga ko Imana ari ububasha busiga ubwenge. Ahubwo riho, yaraganirira Imana akongera akayisenga. Akenshi yita Yehova Imana ko ari Se wiwe wo mw’ijuru, iryo jambo rikaba rihishura ubucuti somambike yari afitaniye na we.—Yohani 8:19, 38, 54.
Ego ni ko “nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana” kandi “Imana ni Impwemu.” (Yohani 1:18; 4:24) Ariko ivyo ntibisobanura yuko ata mubiri canke imero kanaka ifise. Bibiliya itubwira iti: “Nimba hariho umubiri w’inyama, hariho n’uw’impwemu.” (1 Abakorinto 15:44) None, Yehova yoba afise umubiri w’impwemu?
Ego cane. Igihe Yezu yazuka, “yinjiye mw’ijuru ubwaho, kugira ngo buno aduserukire mu nyonga z’Imana.” (Abaheburayo 9:24) Ivyo biratwigisha ibintu bibiri bihambaye ku bijanye n’Imana. Ica mbere, irafise aho iba. Ica kabiri, irafise ibiyiranga, si inguvu gusa zitadondoreka ziba ahantu hose.
None bishoboka gute ngo ububasha bw’Imana bwibonekeze ahantu hose? Imana irashobora kurungika impwemu yayo nyeranda, ni ukuvuga ububasha bwayo bukora, ahantu aho ari ho hose kw’isi no mw’ijuru. Nka kurya sebibondo akoresha ukuboko kwiwe kugira ngo ahumurize yongere ashigikire abana biwe, Imana irakoresha impwemu yayo nyeranda kugira ngo irangure umugambi wayo.—Zaburi 104:30; 139:7.
Kubera yuko Imana ifise akaranga, irafise kandi ivyo yanka n’ivyo ikunda, ikaba mbere ifise n’inyiyumvo. Bibiliya itubwira yuko ikunda abasavyi bayo, ko ihimbarwa n’ibikorwa vyayo, ko yanka ugusenga ibigirwamana be n’uko ibabazwa n’ububisha. (Itanguriro 6:6; Gusubira mu vyagezwe 16:22; 1 Abami 10:9; Zaburi 104:31) Muri 1 Timoteyo 1:11, yitwa “Imana ihimbawe.” Ntibitangaje rero kubona Yezu yaravuze yuko dushobora kwiga gukunda iyo Mana n’umutima wacu wose!—Mariko 12:30.a
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo, raba ikigabane ca 1 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 5]
Nka kurya sebibondo akoresha ukuboko kwiwe, Imana irakoresha impwemu yayo nyeranda kugira ngo irangure umugambi wayo