Izina riba rifise insobanuro
Umukenyezi umwe w’Umunyetiyopiyakazi aribarutse akana k’agahungu. Ariko umunezero wiwe urahinduka intuntu igihe abona ako kana karyamye kadakakaza. Igihe inakuru w’ako kana gasa n’akahwereye agatwaye kugira ngo akoze, gaca bukwi na bukwi gatangura gukakaza, guhema no kurira! Izina rya se w’ako kana risobanura ngo “Igitangaro,” gutyo rero abavyeyi bako baca bateranya iryo zina be n’irindi jambo ryo mu gihamuharike maze bakakita izina risobanura ngo hakozwe igitangaro.
Mu Burundi, hari umusore ahunze abasoda bariko bashaka kumwica. Igihe yinyegeje mu murima, arasezeranira Imana yuko hamwe yomukiza, umwana wiwe w’imfura azoca amwita Manirakiza. Haheze imyaka itanu, kubera ko uwo mugabo yakenguruka kubona yari akiri muzima, umwana wiwe w’imfura yaciye amwita iryo zina.
KWITA abana amazina afise insobanuro yinaka vyoshobora gusa n’ibintu abantu bamwebamwe batamenyereye, ariko kuva kera na rindi uwo mugenzo waragirwa. Nkako, Bibiliya irimwo amazina mwene ayo amajana n’amajana. Gutahura insobanuro y’amazina atandukanye abantu bafise birashobora gutuma urushiriza kwungukira ku busomyi bwawe bwa Bibiliya. Rimbura uburorero bumwebumwe gusa.
Amazina atekeye insobanuro ari mu Vyanditswe vy’igiheburayo
Mu mazina ya mbere yanditse muri Bibiliya harimwo irya Seti, irisobanura ngo “Uwagenywe.” Nyina wa Seti ari we Eva, yarasiguye igituma yahisemwo iryo zina, ati: “Imana [“yangeneye,” NW] urundi ruvyaro mu gishingo ca Abeli, kuko Kayini yamwishe.” (Itanguriro 4:25) Uwakomotse kuri Seti ari we Lameki, umuhungu wiwe yamwise Nowa, bisobanura ngo “Akaruhuko” canke “Uruhoza.” Lameki yaravuze impamvu yise umwana wiwe iryo zina, ati: “Uyu azoturuhura mu bikorwa vyacu no mu butame bg’amaboko yacu butewe n’iri vu Uhoraho yavumye.”—Itanguriro 5:29.
Imana ubwayo yarahinduye amazina y’abantu bamwebamwe bari bakuze ku bw’imvo zijanye n’ubuhanuzi. Nk’akarorero, yarahinduye izina Aburamu, risobanura ngo “Data araninahajwe,” riba Aburahamu, risobanura ngo “Se w’isinzi.” Nk’uko izina ryiwe rivyerekana, Aburahamu yaracitse se w’amahanga menshi. (Itanguriro 17:5, 6) Rimbura kandi ibijanye n’umukenyezi wa Aburahamu ari we Sarayi, bikaba bishoboka ko iryo zina risobanura ngo “Umunyamahane.” Ese ukuntu ategerezwa kuba yarahimbawe igihe Imana yahindura izina ryiwe rikaba “Sara,” irisobanura ngo “Umuganwakazi,” ivyo bikaba vyerekeza ku kuntu yocitse inakuruza w’abami.—Itanguriro 17:15, 16.
Imana ubwayo kandi yarahisemwo amazina y’abana bamwebamwe. Nk’akarorero, yabwiye Aburahamu na Sara kwita umwana wabo Izahaki, risobanura ngo “Agatwengo.” Iryo zina ryokwamye ryibutsa uwo mugabo n’umugore b’abizigirwa ukuntu bavyifashemwo igihe babwirwa yuko bokwibarutse umwana mu busaza bwabo. Igihe Izahaki yakura akaba umusavyi w’Imana w’umwizigirwa, nta gukeka ko izina ryiwe ryabandanije gutuma Aburahamu na Sara bagumana akamwemwe uko bamarana umwanya n’uwo mwana wabo bikundira cane.—Itanguriro 17:17, 19; 18:12, 15; 21:6.
Umukazana wa Izahaki ari we Rakeli izina yahaye umwana wiwe w’umuhererezi yarimwise ku bw’imvo itandukanye cane n’iyo. Igihe Rakeli yari ku mpfiro, yise umwana wiwe Ben-oni, risobanura ngo “Umwana wo mu mubabaro wanje.” Umunega wiwe Yakobo yari atuntujwe n’ukubura, yarahinduye gatoya iryo zina riba Benyamini, irisobanura ngo “Umwana wo mu kuboko kw’iburyo.” Iryo zina ntiryasobanura gusa ko umuntu afise ikibanza c’ubutoni ariko kandi ryasobanura ko ashigikiwe.—Itanguriro 35:16-19; 44:20.
Rimwe na rimwe abantu barahabwa amazina canke bakayiyita hisunzwe ukuntu baba bameze ku mubiri. Nk’akarorero, Izahaki na Rebeka bari bafise umwana w’umuhungu yavutse afise ubwoya butukura bwinshi nka kurya kw’impuzu ikozwe mu bwoya bw’intama, kikaba ari co gituma baciye bamwita Esawu. Uti kubera iki? Mu giheburayo iryo zina risobanura ngo “Savyoya.” (Itanguriro 25:25) Nk’uko bivugwa mu gitabu ca Rusi, Nawomi yari afise abahungu babiri. Umwe yitwa Mahaloni, risobanura ngo “Magoyagi, Goyigoyi,” uwundi na we yitwa Kiliyoni, risobanura ngo “Ntamagara.” Ivy’uko ayo mazina boba bayahawe bakivuka canke mu nyuma ntibivugwa, mugabo biboneka ko yari abereye, uravye ukuntu abo bagabo babiri urupfu rwabakubiranije.—Rusi 1:5.
Uwundi mugenzo wari umenyerewe wari uwo guhindura amazina canke kuyahuza n’uko ibintu vyaba vyifashe. Igihe Nawomi yasubira i Betelehemu, ari imbokoboko kubera yuko yari yabuze umunega wiwe be n’abahungu biwe, ntiyari agishaka kwitwa iryo zina, irisobanura ngo “Igikundiro canje.” Ahubwo, yasavye ashimitse ati: “Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara [risobanura ngo “Umururazi”]; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.”—Rusi 1:20, 21.
Uwundi mugenzo na wo wari uwo kwita umwana izina rizoza riribukiriza ikintu gihambaye cabaye. Nk’akarorero, izina ry’umuhanuzi Hagayi risobanura ngo “Uwavutse ku musi mukuru.”a
Amazina ari n’ico avuze yo mu gihe c’ubukirisu
Izina rya Yezu rirafise insobanuro ihambaye yo mu buryo bw’ubuhanuzi. Imbere y’uko avuka, abavyeyi biwe bahawe ubuyobozi buva ku Mana bwagira buti: “[M]utegerezwa kumwita Yezu,” iryo zina rikaba risobanura ngo “Yehova ni agakiza.” Ni kubera iki yiswe gutyo? Umumarayika yavuganye na Yozefu yagize ati: “Azokiza abantu biwe ibicumuro vyabo.” (Matayo 1:21) Yezu amaze kurobanuzwa impwemu nyeranda igihe yabatizwa, izina ryiwe ryaciye rifatanywa n’izina ry’icubahiro ry’igiheburayo ari ryo “Mesiya.” Mu kigiriki, iryo zina ry’icubahiro nyene rihindurwa ngo “Kristu.” Izo mvugo zompi zisobanura ngo “Uwarobanuwe.”—Matayo 2:4.
Yezu ubwiwe yarahitiyemwo bamwebamwe mu bigishwa biwe amazina yadondora uko bameze. Nk’akarorero, Simoni yamwise izina ry’igisemite ari ryo Kefa, risobanura ngo “Igitandara.” Kefa yahavuye amenyekana cane kw’izina rya “Petero,” rino rikaba ari iryo zina nyene Kefa rihinduwe mu kigiriki. (Yohani 1:42) Ba bigishwa bavukana b’abanyamwete ari bo Yakobo na Yohani, Yezu yabise “Bowanerige,” risobanura ngo “Abana b’Umuturagaro.”—Mariko 3:16, 17.
Abigishwa ba Yezu barabandanije umugenzo wo kuza baraha abantu amazina y’amatazirano ababereye. Akarorero kamwe ni ak’umwigishwa Yozefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanura ngo “Umwana w’Uruhoza.” Barunaba yabayeho ahuza n’izina ryiwe kuko yahojeje benshi mu vy’umubiri no mu vy’Imana.—Ibikorwa 4:34-37; 9:27; 15:25, 26.
Izina wihesha rirahambaye
Si twe twihitiyemwo izina twahawe igihe twavuka. Ariko rero, ni twebwe ubwacu dushinga ukuntu abandi batubona. (Imigani 20:11) Ubona gute wibajije uti: ‘Hamwe Yezu canke intumwa ziwe boronka akaryo ko kumpitiramwo izina, bonyita ngw’iki? Izina ribereye ryodondora kamere yiganje muri jewe canke ukuntu nzwi, ryoba irihe?’
Turakwiye kuzirikana kuri ico kibazo ata gufyina. Uti kubera iki? Umwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Izina ni iryo guhitamwo kuruta ubutunzi bugwiriye.” (Imigani 22:1, NW) Ata gukeka, igihe twihesheje izina ryiza mu kibano, ni ukuvuga igihe tuvugwa neza, tuba turonse ikintu c’agaciro cane. Ariko rero igihambaye kuruta, twihesheje izina ryiza ku Mana, turaronka ubutunzi buramba. Uti gute? Imana isezerana yuko izokwandika mu ‘gitabu cayo c’icibutso’ amazina y’abayitinya, kandi izobaha icizigiro c’ubuzima budahera.—Malaki 3:16; Ivyahishuwe 3:5; 20:12-15.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyabona vya Yehova benshi bo muri Afirika bitwa amazina afitaniye isano n’imitwe-shimikiro y’amahwaniro be n’amateraniro y’Ivyabona yabaye igihe bavuka.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 15]
Izina ribereye ryodondora ukuntu nzwi, ryoba irihe?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 14]
Emanweli yari nde?
Amazina y’abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya yari afise insobanuro ijanye n’ubuhanuzi kandi akadondora igikorwa nyene kuryitwa yokoze. Nk’akarorero, umuhanuzi Yesaya yarahumekewe kwandika ati: “Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.” (Yesaya 7:14) Iryo zina risobanura ngo “Imana iri kumwe natwe.” Abantu bamwebamwe bagira ico bavuze kuri Bibiliya baragerageje kwerekeza iranguka rya mbere ry’ubwo buhanuzi kuri umwe mu bami b’Abisirayeli canke umwe mu bahungu ba Yesaya. Ariko rero, umwanditsi w’Injili Matayo yarerekanye ko ubwo buhanuzi bwa Yesaya bwarangukiye bimwe vyuzuye kuri Yezu.—Matayo 1:22, 23.
Hari abavuze yuko ngo mu kwerekeza izina Emanweli kuri Yezu, Bibiliya iba yigishije ko Yezu ari Imana. Yamara, umuntu yiyumviriye muri ubwo buryo, na wa musore Elihu, uwahumurije akongera agakosora Yobu, yoba yari Imana. Uti kubera iki? Izina ryiwe risobanura ngo “Ni we Mana yanje.”
Yezu ntiyigeze na rimwe avuga ko ari Imana. (Yohani 14:28; Abafilipi 2:5, 6) Ariko yaragaragaje kamere za Se bimwe bitagira agahaze, kandi yararanguye imihango yose Imana yatanze ku bijanye na Mesiya. (Yohani 14:9; 2 Abakorinto 1:20) Izina Emanweli riradondora neza uruhara Yezu arangura rwo kuba Uruvyaro ari rwo Mesiya, uwukomoka kuri Dawidi, uwutanga ikimenyamenya c’uko Imana iri kumwe n’abayisenga.
[Picture]
EMANWELI “Imana iri kumwe natwe”
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 15]
Izina rifise insobanuro ihambaye gusumba ayandi yose
Izina ry’uruharo ry’Imana riraboneka muri Bibiliya incuro zishika 7.000. Iryo zina, iryandikwa hakoreshejwe za ndome zine z’igiheburayo ari zo יהוה rikunze guhindurwa ngo “Yehova” mu kirundi. None iryo zina rifise insobanuro iyihe? Igihe Musa yabaza ivyerekeye izina ry’Imana, Yehova yishuye ati: “Nzocika ico nshaka cose.” (Kuvayo 3:14, The Emphasised Bible, yahinduwe na J. B. Rotherham) Ku bw’ivyo rero, izina ry’uruharo ry’Imana ni icemeza ko izocika igikenewe cose kugira ngo irangure imigambi yayo. (Yesaya 55:8-11) Igihe Imana itanze umuhango, turashobora kubaho tuwisunga tudakekeranya. Kubera iki? Kubera yuko izina ryayo ari Yehova.
[Ifoto ku rup. 13]
ABURAHAMU “Se w’isinzi”
[Ifoto ku rup. 13]
SARA “Umuganwakazi”