Woba wari ubizi?
Imibembe ivugwa muri Bibiliya yoba yari cokimwe n’indwara yitwa gutyo muri iki gihe?
Ijambo “imibembe,” nk’uko rikoreshwa mu vy’ubuvuzi muri kino gihe, ryerekeza ku ndwara ifata abantu iterwa n’umugera. Uwo mugera (Mycobacterium leprae) wubuwe ari bwo mbere na Muganga G.A. Hansen mu 1873. Abashakashatsi basanze uwo mugera ushobora kubandanya ubaho uri mu biseru utari mu mubiri w’umuntu, gushika ku misi icenda. Basanze kandi abantu baba hafi cane y’abarwaye imibembe biba bishoboka rwose ko bandura iyo ndwara be n’uko ivyambarwa birimwo imigera y’iyo ndwara bishobora kuyandukiza abantu. Twisunze ivyavuzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, mu 2007 abandi bantu barenga 220.000 bari barwaye imibembe.
Nta gukeka ko imibembe yasinzikaza abantu baba mu karere k’ibihugu vy’Abarabu mu bihe vya Bibiliya, kandi Itegeko rya Musa ryarasaba ko umuntu arwaye imibembe aba ukwa wenyene. (Abalewi 13:4, 5) Ariko rero, ijambo ry’igiheburayo tsa·raʹʽath rihindurwa ngo “imibembe” ntiryerekana ko abantu gusa ari bo bafatwa n’iyo ndwara. Tsa·raʹʽath yarafata kandi impuzu be n’amazu. Ubwo bwoko bw’imibembe bwarashobora kuboneka ku mpuzu zihinguwe mu bwoya canke zoroshe, kibure ikintu ico ari co cose gikozwe mu rusato. Rimwe na rimwe, imibembe yarashobora kuzimanganywa mu kumesa, ariko igihe ico “cago c’urwatsi rutoto rugomba gusa n’umuhondo canke ikigomba gutukura” caba canse kuzimangana, iyo mpuzu canke urwo rusato vyaca biturirwa. (Abalewi 13:47-52, NW) Mu mazu, ico cago carigaragaza mu ruhome kimeze nk’“ibicokwe vy’urwatsi rutoto rugomba gusa n’umuhondo canke bigomba gutukura.” Amabuye be n’ibiyafatanije vyaba vyamaze kwandura vyategerezwa gukurwaho bigatabwa kure y’aho abantu baba. Bishitse imibembe ikagaruka, iyo nzu yategerezwa guca isamburwa, ivyaba biyubatse na vyo bigatabwa kure. (Abalewi 14:33-45, NW) Hari abavuga yuko imibembe yaba iri mu mpuzu canke mu mazu ishobora kuba yadondora ico twita muri kino gihe ururyi canke ifira. Ariko rero, ivyo ntawovyemeza ata kwihenda.
Ni kubera iki igikorwa co kwamamaza intumwa Paulo yaranguriye i Efeso catumye haba akaguma mu bacuzi b’ifeza?
Abacuzi b’ifeza b’i Efeso barungukira ku gukora “utunyabugoro tw’ifeza twa Arutemi,” kino kikaba cari ikimanakazi c’uruhigi, umwimbu n’irondoka, bikaba vyavugwa yuko ngo gikingira igisagara ca Efeso. (Ibikorwa 19:24) Igishushanyo caco vyavugwa ko coba cakorotse “kivuye mw’ijuru” kandi cari cashizwe mu rusengero rwa Arutemi i Efeso. (Ibikorwa 19:35) Urwo rusengero rwabonwa ko ari kimwe mu bintu indwi vy’akaroruhore gusumba ibindi bintu vyari mw’isi ico gihe. Abantu amasinzi baja gusenga barasidukana n’iyonka baje i Efeso mu kiringo kiri hagati ya Ntwarante na Ndamukiza uko umwaka utashe kugira ngo bitabe imisi mikuru yo gutera iteka Arutemi. Urwo ruja n’uruza rw’ingenzi rwatumye hakenerwa utuntu abantu benshi bahurumbira bakaba badukoresha nk’utugenegene tw’icibutso, ibiheko, canke amashikanwa yo guha ico kimanakazi kibure ayo bazokoresha bariko barasenga mu muryango bamaze gusubira i muhira. Ivyandikano vya kera vyakuwe i Efeso biravuga ibijanye n’uguhingura ibishushanyo vy’inzahabu be n’ivy’ifeza vya Arutemi, ibindi vyandikano na vyo biravuga bitomora ibijanye n’umugwi w’abacuzi b’ifeza bakorera hamwe.
Paulo yigishije yuko ibishushanyo “[vy]akozwe n’amaboko atari imana.” (Ibikorwa 19:26) Ku bw’ivyo, ba bacuzi b’ifeza barabonye ko umwuga wari ubatunze ugeramiwe baca bosha umugwi w’abantu gutera intureka kugira ngo biyamirize igikorwa co kwamamaza Paulo yarangura. Demetiriyo, umwe muri abo bacuzi b’ifeza, yaraseruye ivyari bibateye ubwoba mu kuvuga ati: “Hariho akaga, atari uko gusa iki gikorwa cacu kizosigara kivugwa nabi, ariko kandi n’urusengero rw’imanakazi ikomeye Arutemi ruzosigara rubonwa ko ari ubusa, mbere n’ubuninahazwa bwayo bwasengwa n’intara ya Aziya yose be n’isi yose bigiye gutiturwa bihindurwe ubusa.”—Ibikorwa 19:27.