ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 15/1 rup. 32
  • Ico nahisemwo nkiri umwana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico nahisemwo nkiri umwana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Nkore iki ko ndi hagati y’imico kama idahuye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Ni igiki gituma ugira ubuzima buri n’ico buvuze?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 15/1 rup. 32
Jason Blackwell ariko aramamaza muri Kamboje

Ico nahisemwo nkiri umwana

Jason Blackwell akiri agahungu

Nkiri agahugu

Nari mfise imyaka cumi gusa mu 1985 igihe abana bari bavuye muri Kamboje bashika kw’ishure nigako i Columbus muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umwe muri abo bahungu yari azi amajambo makeyi y’icongereza. Akoresheje amashusho, yaratanguye kumbwira inkuru ziteye ikinya zerekeye abantu basinzikarijwe ubuzima, abishwe be n’abacitse kw’icumu. Narakoma induru mw’ijoro igihe naba niyumviriye ibijanye n’abo bana. Naripfuza kubabwira ivyerekeye icizigiro c’Iparadizo n’izuka, mugabo ntibumva ururimi rwanje. Naho nari nkiri agahungu, narafashe ingingo yo kwiga ururimi rw’igikamboje kugira ngo nshobore kubwira abo twigana ivyerekeye Yehova. Ico gihe sinatahura na gato ukuntu iryo hitamwo ryogize ico rikoze kuri kazoza kanje.

Kwiga igikamboje ntivyari vyoroshe. Narafashe ingingo yo kubiheba incuro zibiri, mugabo Yehova yarandemesheje abicishije ku bavyeyi banje. Mu nyuma, abigisha bacu hamwe n’abanyeshure bagenzanje baratanguye kumpimiriza gukurikirana umwuga wotumye ndonka amahera menshi. Mugabo nipfuza kuba umutsimvyi, nkaba nahisemwo kwiga ivyigwa vyo mu mashure yisumbuye vyomfashije kuronka akazi k’igihe gitogito kugira ngo nshobore gushika ku mugambi wanje. Igihe naba mvuye kw’ishure, naraja kuraba abatsimvyi bamwebamwe maze tugakorana mu busuku. Narigisha kandi abanyeshure bariko bariga icongereza ngo kibe ururimi rugira kabiri bazi, iryo rikaba ari ihitamwo ryangiriye akamaro cane mu nyuma.

Igihe nari mfise imyaka 16, narumvise ivyerekeye umugwi wakoresha ururimi rw’igikamboje wari i Long Beach muri Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Naragiyeyo maze ndiga gusoma igikamboje. Nkirangiza amashure, naratanguye naciye mba umutsimvyi maze ndabandanya kubwira inkuru nziza Abanyakamboje baba hafi y’i muhira. Igihe nari mfise imyaka 18, nariyumvira ivyo kwimukira muri Kamboje. Hari hakiri ahantu hateye akaga, mugabo nari nzi ko bakeyi mu bantu imiliyoni cumi baba muri Kamboje ari bo gusa bari barumvise inkuru nziza y’Ubwami. Ico gihe, mu gihugu cose hari ishengero rimwe gusa ryarimwo abamamaji 13. Nagiye muri Kamboje ari bwo bwa mbere igihe nari mfise imyaka 19. Haciye imyaka ibiri, nahisemwo kuja kwiberayo. Nararonse akazi k’igihe gitogito ko guhindura no kwigisha icongereza kugira ngo nibesheho ndiko ndakora ubusuku. Nahavuye ndonka umukenyezi twari dusangiye imigambi mu buzima. Turi kumwe, twarahimbawe no gufasha Abanyakamboje benshi kwegurira Imana ubuzima bwabo.

Yehova yarandonkeje ‘ivyo umutima wanje usaba.’ (Zab. 37:4) Guhindura abantu abigishwa ni co gikorwa giteye umunezero kuruta ibindi vyose. Mu myaka 16 maze muri Kamboje, rya koraniro ritoyi ry’abasavyi ba Yehova 13 ryarongerekanye rivamwo amashengero 12 be n’imigwi ine iri ukwa yonyene!​—Vyavuzwe na Jason Blackwell.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika